Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dukenguruke kuba Yehova ari Umubumvyi wacu

Dukenguruke kuba Yehova ari Umubumvyi wacu

“Ewe Yehova, . . . uri Umubumvyi wacu; kandi twese turi igikorwa c’ukuboko kwawe.”​—YES. 64:8.

INDIRIMBO: 89, 26

1. Ni kubera iki Yehova ari we Mubumvyi aruta abandi bose?

MURI Munyonyo 2010, hari urwavya rwabumbwe n’Abashinwa mu kinjana ca 18 rwagurishijwe amadolari hafi imiliyoni 70 i Londres mu Bwongereza. Si ivy’imbeshere, umubumvyi arashobora gufata ikintu gisanzwe kandi kizimbutse nk’ibumba, akagihinguramwo ikintu giteye igomwe kandi kizimvye. Ariko rero, nta mubumvyi w’umuntu yorota yigereranya na Yehova. Mu mpera z’umusi ugira gatandatu w’irema, Imana yarafashe “umukungugu w’ubutaka” canke ibumba, iwuhinguramwo umuntu atunganye maze imuha ubushobozi bwo kugaragaza kamere z’Uwamuhinguye. (Ita. 2:7) Uwo muntu atunganye yakuwe mu mukungugu, ari we Adamu, vyari bibereye ko yitwa “umwana w’Imana.”​—Luka 3:38.

2, 3. Dushobora gute kwigana agatima k’Abisirayeli bari bigaye?

2 Ariko rero igihe Adamu yagarariza Uwamubumvye, yaciye atakaza agateka ko kuba umwana w’Imana. Naho ari ukwo, mu ruvyaro rwa Adamu harabaye “igipfungu kinini” c’abahisemwo gushigikira ubusegaba bw’Imana. (Heb. 12:1) Aho guhitamwo Shetani, barayobokeye Umuremyi wabo bicishije bugufi, baba berekanye ko bipfuza yuko ababera Umuvyeyi n’Umubumvyi. (Yoh. 8:44) Kuba batahemukiye Imana biratwibutsa ivyo Yesaya yavuze ku bijanye n’Abisirayeli bari bigaye, ati: “Ewe Yehova, uri Data. Twebwe turi ibumba, nawe uri Umubumvyi wacu; kandi twese turi igikorwa c’ukuboko kwawe.”​—Yes. 64:8.

3 Muri iki gihe, abasenga Yehova mu mpwemu no mu kuri bose barihatira kugaragaza ako gatima ko kwicisha bugufi no kuyoboka. Babona ko ari agateka kwita Yehova Dawe no kumuyobokera nk’Umubumvyi wabo. Woba ubona ko uri nk’ibumba ryoroshe riri mu maboko y’Imana, ukaba witeguriye ko akubumbamwo urwavya ruhimbaye mu maso yiwe? Woba kandi ubona ko umwe wese mu bavukanyi na bashiki bacu akiriko arabumbabumbwa n’Imana? Kugira turushirize kubitahura, nimuze turimbure ibintu bitatu bijanye n’igikorwa ca Yehova, we Mubumvyi wacu: Ukuntu ahitamwo abo abumbabumba, igituma ababumbabumba be n’ingene abigenza.

YEHOVA ARAHITAMWO ABO ABUMBABUMBA

4. Yehova ahitamwo gute abo akwegera kuri we? Tanga uburorero.

4 Iyo Yehova yitegereje abantu, ntaraba uko baboneka inyuma. Ahubwo nyabuna, asuzuma umutima, ni ukuvuga umuntu w’imbere. (Soma 1 Samweli 16:7b.) Ivyo vyarigaragaje neza igihe Imana yashinga ishengero rya gikirisu. Yarakwegereye kuri yo no ku Mwana wayo abantu benshi boshoboye gusa n’abadahimbaye, twisunze uko umuntu abona ibintu. (Yoh. 6:44) Umwe muri abo ni Umufarizayo yitwa Sauli, uwari “umurogosi, uwuhamana, [a]kaba n’umuntu atisonera.” (1 Tim. 1:13) Ariko rero wa “musuzumyi w’imitima” ntiyabona Sauli nk’ibumba ata co rimaze. (Imig. 17:3) Ahubwo riho, Imana yabonye ko yoshobora kuvamwo icombo gihimbaye, imugira “icombo [y]itoreye” kugira ngo ashinge intahe “ku mahanga no ku bami no kuri bene Isirayeli.” (Ivyak. 9:15) Abandi Imana yabonye ko bashobora kuvamwo ivyombo “[b]ikoreshwa ibiteye iteka” harimwo abahoze ari imborerwa, abasambanyi n’abasuma. (Rom. 9:21; 1 Kor. 6:9-11) Bararonse ubumenyi butagira amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana, barakomeza ukwizera kwabo, gutyo barareka Yehova arababumbabumba.

5, 6. Kuba twemera ko Yehova ari we Mubumvyi wacu bikwiye guhindura gute ukuntu tubona (a) abo mu cibare cacu? (b) abavukanyi na bashiki bacu?

5 None ivyo duhejeje kubona vyodufasha gute? Kuba twizera ko Yehova ashobora gusoma imitima no gukwegera kuri we abo acagura, birakwiye gutuma twirinda gucira abandi urubanza, haba mu cibare cacu canke mw’ishengero. Rimbura akarorero k’umugabo umwe yitwa Michael. Yigana ati: “Igihe Ivyabona vya Yehova bangendera, naciye nugara umuryango, ndabagwiza n’ubusa. Emwe, narabasuzuguye! Mu nyuma, narahuriye n’umuryango umwe ahandi hantu, ndawutangarira kubera inyifato yawo nziza. Ariko umusi umwe, naravunitse umutima: Nasanze ari Ivyabona vya Yehova! Inyifato yabo yaratumye nibaza icatuma ndabinuba. Bidatevye, narabonye ko nabitumwa n’ukutamenya be n’amabwire.” Kugira Michael amenye aho ukuri kuri, yaremeye kwiga Bibiliya. Yahavuye abatizwa hanyuma atangura umurimo w’igihe cose.

6 Igihe twemeye ko Yehova ari we Mubumvyi wacu, birashobora guhindura n’ingene tubona abo dusangiye ukwemera. Woba ubona abavukanyi nk’uko Imana ibabona, ugatahura ko itararangiza kubabumbabumba? Imana irashobora kubona umuntu w’imbere hamwe n’ico umuntu ashobora kuvamwo igihe ari mu maboko yayo y’ubushobozi. Yehova rero arabona iciza kiri mu bantu kandi ntiyibanda ku dusembwa tw’akanya gato. (Zab. 130:3) Turashobora kumwigana mu kubona abasavyi biwe mu buryo bwiza. Nkako, turashobora gukorana n’Umubumvyi wacu mu gushigikira abavukanyi na bashiki bacu igihe bagwa bavyuka kugira batere imbere mu vy’impwemu. (1 Tes. 5:14, 15) Kubera ko abakurambere ari “ingabirano z’abagabo,” bakwiye gufata iya mbere muri ivyo.​—Ef. 4:8, 11-13.

KUBERA IKI YEHOVA ATUBUMBABUMBA?

7. Kubera iki uha agaciro indero dutozwa na Yehova?

7 Ushobora kuba umaze kwumva umuntu avuga ati: ‘Igihe naronka abana ni ho natahuye neza agaciro k’indero abavyeyi banje bantoje.’ Igihe tumaze kubona utuntu n’utundi mu buzima, twoshobora kubona indero mu bundi buryo. Twoshobora gutangura kuyibona nk’uko Yehova ayibona, tugatahura ko ari uburyo bwo kutugaragariza urukundo. (Soma Abaheburayo 12:5, 6, 11.) Ego cane, Yehova abitumwe n’urukundo afitiye abana biwe, aratubumbabumba abigiranye ukwihangana. Yipfuza ko tugira ubukerebutsi n’agahimbare, maze natwe tukamukunda. (Imig. 23:15) Ntahimbarwa n’uko tugira ingorane; eka kandi ntiyipfuza ko dupfa turi “abana bo kurakirwa,” nk’uko Adamu yabituraze.​—Ef. 2:2, 3.

8, 9. Yehova atwigisha gute muri iki gihe, kandi azorushiriza gute kutwigisha muri kazoza?

8 Tukiri “abana bo kurakirwa,” twari dufise ingeso zidahimbara Imana, kumbure na zimwezimwe z’ubunyamaswa! Yamara rero twarahindutse kubera Yehova yatubumbabumvye, ubu tukaba tumeze nk’imyagazi y’intama. (Yes. 11:6-8; Kol. 3:9, 10) Ni co gituma twovuga ko aho Yehova ariko aratubumbabumbira ari mw’iparadizo yo mu vy’impwemu itera yaguka. Turatekaniwe naho turi mw’isi mbi. Vyongeye, abo muri twebwe bakuriye mu miryango itarangwamwo urukundo kandi yuzuyemwo ingorane bahavuye bibonera urukundo nyakuri. (Yoh. 13:35) Ikindi na co, twarize kugaragariza abandi urukundo. Ikiruta vyose, twaramenye Yehova kandi ubu turibonera urukundo rwiwe rwa kivyeyi.​—Yak. 4:8.

9 Mw’isi nshasha, tuzokwungukira bimwe bishitse kw’iparadizo yo mu vy’impwemu. Tuzoca kandi twibera mw’Iparadizo nya Paradizo izoba itegekwa n’Ubwami bw’Imana. Muri ico gihe co gusubiza ibintu mu buryo kw’isi yose, Yehova azobandanya kubumbabumba ababa kw’isi, abigishe ku rugero tutoshobora kwiyumvira ubu. (Yes. 11:9) Vyongeye, Imana izotuma tugira ubwenge n’imibiri bitunganye, ku buryo tuzoshobora gutahura inyigisho ziwe no gukora ivyo agomba ata gahaze. Nimuze rero twiyemeze kubandanya tuyobokera Yehova, mu kumwereka ko igikorwa ciwe co kutubumbabumba tukibona nk’uburyo bwo kutugaragariza urukundo adufitiye.​—Imig. 3:11, 12.

INGENE YEHOVA ATUBUMBABUMBA

10. Yezu yagaragaje gute ukwihangana n’ubuhanga vya wa Mubumvyi Ahambaye?

10 Cokimwe n’umubumvyi karuhariwe, Yehova aramenya ubwoko bw’“ibumba” aba afise, maze akaribumba yisunze uko rimeze. (Soma Zaburi 103:10-14.) Nkako, aritwararika umwe wese muri twebwe afatiye ku bugoyagoye dufise, ivyo dushoboye be n’urugero tugezeko mu vy’impwemu. Umwana wiwe yaragaragaje ukuntu Yehova afata abasavyi biwe badatunganye. Rimbura ukuntu Yezu yakiriye utunenge tw’intumwa ziwe, na canecane agatima kabo ko guhazuka ku bijanye n’ubukuru. Iyo uza kubona ingene izo ntumwa zihazuka, woba wari kuvuga ko abo bagabo bitonda canke ko boroshe kubumbabumba? Yezu we ntiyaciye abona ko ata co bazovamwo. Yaratahura yuko intumwa ziwe z’intahemuka zoshoboye kubumbabumbwa n’impanuro zitanganywe umutima mwiza n’ukwihangana, hamwe no kwitegereza akarorero kiwe ko kwicisha bugufi. (Mrk. 9:33-37; 10:37, 41-45; Luka 22:24-27) Yezu amaze kuzuka maze impwemu nyeranda igasukwa kuri izo ntumwa, ntizashize imbere ivy’ubukuru canke icubahiro, ariko zibanze ku gikorwa yari yarazishinze.​—Ivyak. 5:42.

11. Ni mu buryo ubuhe Dawidi yabaye nk’ibumba ryoroshe, kandi twomwigana gute?

11 Muri iki gihe, Yehova abumbabumba abasavyi biwe ahanini biciye kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yiwe nyeranda no kw’ishengero rya gikirisu. Ijambo ry’Imana rirashobora kutubumbabumba igihe turisoma dufise intumbero, tukarizirikanako kandi tugasaba Yehova ngo adufashe kurishira mu ngiro. Dawidi yanditse ati: “Iyo nkwibutse ndi ku buriri bwanje, mu materama y’ijoro ndakuzirikana.” (Zab. 63:6) Yanditse kandi ati: “Nzohezagira Yehova, we yangiriye inama. Ni ukuri, mu bihe vy’ijoro amafyigo yanje yarankosoye.” (Zab. 16:7) Egome, Dawidi yararetse impanuro ivuye ku Mana irashinga imizi muri we, maze iraryohora ivyiyumviro vy’ibwina muri we hamwe n’ukuntu yiyumva, mbere n’igihe iyo mpanuro yari ikomeye. (2 Sam. 12:1-13) Ese ukuntu Dawidi yadusigiye akarorero keza ko kwicisha bugufi no kuyoboka! Woba nawe uzirikana kw’Ijambo ry’Imana, ukareka rigashinga imizi mu bihimba vy’ibwina muri wewe? Woba mbere worushiriza kubigenza gutyo?​—Zab. 1:2, 3.

12, 13. Yehova atubumbabumba gute akoresheje impwemu yiwe nyeranda be n’ishengero rya gikirisu?

12 Impwemu nyeranda irashobora kutubumbabumba mu buryo bwinshi. Nk’akarorero, irashobora kudufasha gutsimbataza kamere nk’iya Kristu, iyigizwe n’icamwa c’impwemu y’Imana. (Gal. 5:22, 23) Umwe mu mice y’ico camwa ni urukundo. Turakunda Imana kandi twipfuza kuyigamburukira no kubumbabumbwa na yo, tugatahura ko amabwirizwa yayo atari umuzigo. Impwemu nyeranda irashobora kandi kuduha inkomezi zo kudufasha kunanira akosho k’iyi si be n’impwemu yayo mbi. (Ef. 2:2) Intumwa Paulo akiri umusore, agatima k’ubwibone karanga indongozi z’idini ry’Abayuda karamugizeko akosho gakomeye. Mu nyuma yanditse ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Flp. 4:13) Cokimwe na Paulo, nimuze tugume dusaba Imana impwemu nyeranda. Yehova azokwishura amasengesho avuye ku mutima abatekereza bamutura.​—Zab. 10:17.

Yehova aratubumbabumba akoresheje abakurambere, ariko natwe dutegerezwa gushitsa uruhara rwacu (Raba ingingo ya 12, 13)

13 Yehova arakoresha ishengero rya gikirisu be n’abacungezi baryo kugira atubumbabumbe, umwe wese ku giti rwiwe. Nk’akarorero, igihe abakurambere babonye ko dufise ingorane zo mu vy’impwemu, baragerageza kudufasha, ariko batisunze ubukerebutsi bw’abantu. (Gal. 6:1) Ahubwo riho bahanga amaso Imana bicishije bugufi, bakayisaba ugutahura kugera kure be n’ubukerebutsi. Baritwararika uko ivyacu vyifashe, bagahuza n’isengesho baba batuye mu kugira ubushakashatsi mw’Ijambo ry’Imana no mu bitabu vyacu. Ivyo bituma baronka ivyiyumviro vyo kudufasha bihuje n’ivyo dukeneye. None hamwe boza kugufasha babigiranye umutima mwiza n’urukundo, nko ku bijanye n’inyambaro, woba uzobona impanuro baguhaye nk’uburyo bwo kukugaragariza urwo Imana igukunda? Ubigenjeje gutyo, uzoba werekanye ko umeze nk’ibumba ryoroshe mu maboko ya Yehova, be n’uko witeguriye ko akubumbabumba ku neza yawe.

14. Naho Yehova adufiseko ububasha, yerekana gute ko yubahiriza uburenganzira dufise bwo kwihitiramwo?

14 Gutahura ingene Imana iriko iratubumbabumba, birashobora kudufasha kugiranira ubucuti bwiza n’abo dusangiye ukwemera. Birashobora kandi gutuma tubona mu buryo bwiza abantu bo mu cibare cacu, harimwo n’abo twigisha Bibiliya. Mu bihe vya Bibiliya, umubumvyi ntiyimba ibumba ngo ace atangura kuribumbamwo ikintu. Yabanza kuritegura, agakuramwo amabuye be n’ibindi bintu bitabereye. Mu buryo bw’impwemu, Imana irategura abantu b’umutima ukunze kugira ngo ibabumbabumbe. Ntibahata ngo bagire ivyo bahinduye, mugabo irabahishurira ingingo ngenderwako zayo zigororotse kugira bashobore gutyorora ubuzima bwabo canke kugira ivyo bahinduye ata gahato.

15, 16. Abatohoji ba Bibiliya berekana gute ko bipfuza ko Yehova ababumbabumba? Tanga akarorero.

15 Rimbura akarorero ka mushiki wacu umwe wo muri Ostraliya yitwa Tessie. Mushiki wacu yamwigishije Bibiliya yavuze ati: “Tessie vyaramworohera kwiga Bibiliya. Mugabo nta terambere riboneka yagira mu vy’impwemu, n’imiburiburi ngo apfume yitaba amakoraniro! Maze gusenga cane ku bijanye n’iyo ngorane, naciye mfata ingingo yo guhagarika kumwigisha. Mu nyuma harabaye ikintu gitangaje cane. Igihe naja kumwigisha ku ncuro nabona ko ari yo ya nyuma, Tessie yaranseruriye akari ku mutima. Yavuze ko yakunda gukina akamari, bigatuma abona ko ari nk’indyadya. Ariko ico gihe yari yafashe ingingo yo kuvavanura n’iyo ngeso.”

16 Gatoyi inyuma y’aho, Tessie yaratanguye kwitaba amakoraniro no kugaragaza kamere za gikirisu, mbere n’igihe abagenzi biwe bamutwenga. Uwo mushiki wacu yongeyeko ati: “Haciye igihe, Tessie yarabatijwe, mu nyuma na ho aba umutsimvyi asanzwe, naho nyene yari agifise abana bakiri bato.” Ego cane, igihe abatohoji ba Bibiliya batanguye gutyorora ubuzima bwabo kugira bahimbare Imana, irabiyegereza maze ikababumbamwo ivyombo bihimbaye cane.

17. (a) Ni kubera iki uhimbarwa no kuba Yehova ari Umubumvyi wawe? (b) Ni ibiki tuzorimbura ubutaha?

17 No muri iki gihe, hariho ababumvyi bakibumbisha iminwe kandi bitwararika cane ico babumba. Na wa Mubumvyi wacu aratwitwararika kandi akatwihanganira, akatubumbabumba akoresheje impanuro aduha maze akaraba ingene tuzakira. (Soma Zaburi 32:8.) Woba ubona none ko Yehova akwitwararika? Woba ubona ukuntu Yehova akubumbabumba abigiranye ubwitwararitsi? Nimba ubibona, ni izindi kamere izihe zotuma uguma umeze nk’ibumba Yehova abona ko ryoroshe kubumbabumba? Ni kamere izihe wokwirinda kugira ntube nk’ibumba rigumaraye? Vyongeye, abavyeyi bashobora gute gusenyera ku mugozi umwe na Yehova mu kubumbabumba abana babo? Ikiganiro gikurikira kirarimbura ivyo bibazo.