Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kamere irusha agaciro diyama

Kamere irusha agaciro diyama

Diyama ni ibuye ry’agaciro rimaze igihe kinini ribonwa ko ridasanzwe. Hariho ubwoko bwa diyama bugurwa amamiliyoni y’amadolari. Ariko none, hoba hariho ibindi bintu Imana ibona ko birusha agaciro diyama canke ayandi mabuye y’agaciro?

Haykanush ni umwamamaji atarabatizwa wo muri Armeniya. Umusi umwe, yaratoye igitabu c’inzira (passeport) hafi y’i muhira iwe. Muri ico gitabu harimwo amahera menshi cane hamwe n’udukarata twa banki. Yaciye abibwira umugabo wiwe, na we nyene akaba yari umwamamaji atarabatizwa.

Naho uwo mugabo n’umugore bari bafise ingorane zikomeye mu vy’ubutunzi hamwe n’amadeni, bahisemwo kujana ayo mahera kuri aderese basanze muri ico gitabu c’inzira. Umugabo yari yayataye yaraguye mu gahundwe, cokimwe n’umuryango wiwe. Haykanush n’umugabo wiwe bavuze ko bakoze ico kintu kubera ivyo bariko bariga muri Bibiliya. Babona ko bakwiye kuba inzirabugunge. Baciye baboneraho akaryo ko kubwira uwo muryango ivyerekeye Ivyabona vya Yehova, barawusigira n’ibitabu.

Uwo muryango waciye uha Haykanush amahera y’ikibonamaso, mugabo arayanka. Bukeye, inarugo yaragiye i muhira kwa Haykanush, aramwinginga ngo yakire impeta ya diyama umuryango wiwe wari umurungikiye kugira ukenguruke.

Cokimwe n’uwo muryango, benshi botangara bumvise ukuntu Haykanush n’umugabo wiwe babaye inzirabugunge. None Yehova yoba yaratangaye? Yabonye gute iyo nyifato yabo? Vyoba vyari bibereye ko baba inzirabugunge?

KAMERE Z’AGACIRO KURUTA IBINTU VY’UMUBIRI

Inyishu z’ivyo bibazo ziroroshe. Uti kubera iki? Kubera ko abasavyi b’Imana bemera yuko kugaragaza kamere za Yehova biri n’agaciro cane kuri we kuruta diyama, inzahabu be n’ibindi bintu. Ivyo Yehova abona ko biri n’agaciro biratandukanye n’ivyo abantu benshi babona ko bifise agaciro. (Yes. 55:8, 9) N’abasavyi ba Yehova babona ko kugaragaza kamere ziwe ku rugero runini rushoboka, ari ikintu c’agaciro ntangere.

Ivyo tubibonera ku vyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ugutahura be n’ubukerebutsi. Mu Migani 3:13-15 hagira hati: “Hahiriwe umuntu yaronse ubukerebutsi, n’umuntu aronka ugutahura, kuko kubwunguka ari vyiza kuruta kwunguka ifeza, kandi kubwimbura ni vyiza kuruta kwimbura inzahabu. Ni ubw’agaciro kuruta amabuye y’agaciro yitwa korali, mbere n’ibindi bintu vyawe vyose bihimbaye ntivyonganishwa na bwo.” Biratomoye rero ko Yehova aha agaciro cane izo kamere kuruta ibintu vyose abantu babona ko bifise agaciro.

None tuvuge iki ku bijanye no kuba inzirabugunge?

Yehova ubwiwe ni imvugakuri; ‘ntashobora kubesha.’ (Tito 1:2) Yarahumekeye intumwa Paulo kwandikira abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere ati: “Mubandanye kudusengera, kuko tuzi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse, kuko dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—Heb. 13:18.

Yezu Kristu ni intangakarorero mu bijanye no kuba imvugakuri. Nk’akarorero, umuherezi mukuru Kayifa yarigeze kumubwira ati: “Ndakurahije Imana nzima utubwire ko woba uri Kristu Umwana w’Imana!” Yezu yaciye amubwira adahisha ko ari we Mesiya, naho ukwo kuvugisha ukuri kwari gutuma abagize Inama Nkuru bavuga ko arogose, bigatuma yicwa.​—Mat. 26:63-67.

Tweho bite? Twoba tuzoba imvugakuri no mu gihe kubesha gatoyi vyotuma duca tuhatorera akoyokwe?

KUBA INZIRABUGUNGE NI URUGAMBA

Tutabeshe, ntivyoroshe kuba imvugakuri muri iyi misi ya nyuma, aho usanga abantu benshi ari ‘abikunda be n’inkunzi z’amahera.’ (2 Tim. 3:2) Ubukene be n’ukubura akazi biratuma abantu bibagora kuba imvugakuri. Abenshi babona ko kwiba, gutirisha canke gukora ayandi manyanga ata co bitwaye. Ico ciyumviro caratsimbataye mu bantu benshi ku buryo mu gihe babona ko hari ico bohanoba, ivyo kuba inzirabugunge baca babishira ku ruhande. Hari mbere n’abakirisu bafashe ingingo zitabereye kugira bironkere ‘inyungu mbi,’ bituma bataba bakivugwa neza mw’ishengero.​—1 Tim. 3:8; Tito 1:7.

Ariko rero abakirisu benshi barigana Yezu, bakaguma bambaye ikirezi c’ukuba inzirabugunge igihe cose. Baratahura ko kuba bafise kamere zishimwa n’Imana bihambaye cane kuruta itunga iryo ari ryo ryose canke akarusho ako ari ko kose. Ni co gituma abanyeshure b’abakirisu badatirisha kugira baronke amanota meza kw’ishure. (Imig. 20:23) Ego ni ko, kuba inzirabugunge ntivyama bituma umuntu aronka agashimwe, nka Haykanush. Ariko rero, kuba inzirabugunge ni vyiza imbere y’Imana, kandi bituma tugumana ijwi ryo mu mutima ryiza, na ryo rikaba ari iry’agaciro kanini.

Ivyo turabibonera ku vyashikiye uwitwa Gagik. Avuga ati: “Imbere y’uko menya ukuri, nakora mw’ishirahamwe rinini, nyeneryo akaba yarakwepa amakori mu gutanga raporo zivuga ko ryunguka amahera make. Kubera ko nari umuyobozi w’iryo shirahamwe, nasabwa kuvyumvisha uwaza gusuzuma ivy’amakori, nkamuyengayenga kugira yirengagize ayo manyanga twakora. Ivyo vyatumye menyekana ko ndangwa n’ubugunge. Maze kwiga ukuri, naranse kubandanya nkora ivyo bintu, naho nahembwa menshi. Naciye rero nja kwikorera utwanje. Kuva ico gihe, narandikishije ishirahamwe ryanje imbere y’amategeko, kandi ndariha amakori yose.”​—2 Kor. 8:21.

Gagik yigana ati: “Nari nsigaye ninjiza ica kabiri c’ayo nahembwa, bikaba rero bitoroha ko ndonsa umuryango ivyo wari ukeneye. Naho ari ukwo, ubu ni ho mfise umunezero kuruta. Mfise ijwi ryo mu mutima ritanyagiriza ikibi imbere ya Yehova. Ndaha akarorero keza abahungu banje babiri kandi naratewe uduteka mw’ishengero. Abasuzuma ivy’amakori be n’abandi dukorana urudandaza, ubu babona ko ndi umuntu w’inzirabugunge.”

YEHOVA ARADUFASHA

Yehova arakunda abashariza inyigisho yiwe mu kugaragaza kamere ziwe z’agatangaza, ushizemwo n’ukuba inzirabugunge. (Tito 2:10) Yarahumekeye Umwami Dawidi kugira aduhumurize ati: “Narabaye umusore, mbere ndashaje, yamara sinabonye umugororotsi yahebwe buhere, canke uruvyaro rwiwe rusēga umukate.”​—Zab. 37:25.

Ivyashikiye Rusi birashigikira ukwo kuri. Yarumiye kuri inabukwe Nawomi, aho kumuta ageze mu busaza. Rusi yarimukiye muri Isirayeli, aho yari gusenga Imana y’ukuri. (Rusi 1:16, 17) Rusi amaze gushika muri Isirayeli, yarerekanye ko yari inzirabugunge n’umunyamwete, mu guhūmba abigiranye ishaka nk’uko vyavugwa mw’Itegeko. Mu buryo buhuye n’ivyo Dawidi yavuze, Yehova ntiyigeze aheba Rusi na Nawomi. (Rusi 2:2-18) Birashimishije kubona Yehova atahaye Rusi ivyo yari akeneye ku mubiri gusa. Yaramutoye ngo abe inakuruza w’Umwami Dawidi be n’uwa Mesiya yari yarasezeranywe!​—Rusi 4:13-17; Mat. 1:5, 16.

Vyoshobora gushika abasavyi ba Yehova bamwebamwe bikababera urugamba kuronka ibibatunga bikwiye. Aho kurondera inzira ya hafi yo kuvyironsa mu bugunge, barihatira gukora babigiranye umwete. Gutyo, baba berekanye ko ata kindi kintu coza kinganya agaciro na kamere zitangaje z’Imana, ushizemwo ukuba inzirabugunge.​—Imig. 12:24; Ef. 4:28.

Nka kumwe kwa Rusi, abakirisu bo hirya no hino kw’isi barizera ko Yehova ashoboye kubafasha. Barizigira baherejeko Umwe yandikisha mw’Ijambo ryiwe uwu muhango ugira uti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.” (Heb. 13:5) Yehova yarerekanye incuro nyinshi ko ashoboye gufasha abari mu nkenero, baguma ari inzirabugunge muri vyose. Yama ashitsa ivyo yasezeranye ku bijanye no kuturonsa ivyo dukenera mu buzima.​—Mat. 6:33.

Egome, abantu barashobora guhayagiza diyama canke ibindi bintu vy’agaciro. Ariko ico dukwiye kumenya ni uko Data wa twese wo mw’ijuru abona ko kuba inzirabugunge no kugaragaza izindi kamere, ari vyo bifise agaciro kuruta kure n’iyo ibuye ry’agaciro iryo ari ryo ryose!

Kuba inzirabugunge bituma tugumana ijwi ryo mu mutima ryiza be n’umwidegemvyo wo kuvuga mu ndimiro