Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ntureke ngo amakosa y’abandi agutsitaze

Ntureke ngo amakosa y’abandi agutsitaze

“Mubandanye . . . kubabarirana ata gahigihigi.”​—KOL. 3:13.

INDIRIMBO: 121, 75

1, 2. Bibiliya yamenyesheje gute ibijanye n’iyongerekana ry’abasavyi b’Imana?

ABASAVYI ba Yehova badahemuka bo kw’isi, ari bo Vyabona vyiwe, bagize ishirahamwe ry’agatangaza koko! Naho bafise utunenge kandi bagakora amakosa, Imana irakoresha impwemu yayo nyeranda igatuma baguma batera imbere kw’isi yose. Rimbura uburyo bumwebumwe Yehova yahezagiye bimwe bitangaje abo basavyi biwe b’umutima ukunze, naho badatunganye.

2 Igihe imisi ya nyuma yatangura mu 1914, abasavyi b’Imana bari bakeya kw’isi. Ariko Yehova yarahezagiye igikorwa cabo co kwamamaza. Mu myaka mirongo yakurikiye, abantu amamiliyoni barize ukuri kwo muri Bibiliya, baracika Ivyabona vya Yehova. Yehova yari yaravuze ivyerekeye iryo yongerekana ridasanzwe, ati: “Umutoyi azocika igihumbi, uwo hasi na we acike ihanga rikomeye. Jewe Yehova, nzovyihutisha mu gihe cavyo.” (Yes. 60:22) Iranguka ry’ayo majambo turaryibonera muri iyi misi ya nyuma. Ubu kw’isi hariho ibihugu vyinshi usanga bifise igitigiri c’abanyagihugu kiri munsi y’igitigiri c’abasavyi b’Imana bari kw’isi.

3. Abasavyi b’Imana berekanye gute urukundo?

3 Muri ico kiringo, Yehova yarafashije kandi abasavyi biwe gutsimbataza ku rugero rukomeye kamere yiwe nyamukuru, ni ukuvuga urukundo. (1 Yoh. 4:8) Yezu, uwiganye urukundo rw’Imana, yabwiye abayoboke biwe ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane . . . Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:34, 35) Ayo majambo yarabonetse ko ahambaye cane mu gihe ca none, igihe amahanga yisuka mu ntambara zasheshe amaraso bimwe biteye ubwoba. Nk’akarorero, Intambara ya kabiri y’isi yose yonyene yahitanye abantu nk’imiliyoni 55. Ariko Ivyabona vya Yehova ntibagize uruhara muri ubwo bwicanyi bwabaye kw’isi yose. (Soma Mika 4:1, 3.) Ivyo vyatumye baguma “[ba]cuna ku maraso y’abantu bose.”​—Ivyak. 20:26.

4. Ni kubera iki iyongerekana ry’abasavyi ba Yehova ritangaje?

4 Abasavyi b’Imana barabandanya gutera imbere naho bari mw’isi yononekaye cane itwarwa na Shetani, uwo Bibiliya yita “imana y’iki gihe.” (2 Kor. 4:4) Shetani arakoresha intwaro be n’ibimenyeshamakuru vyo muri iyi si kugira ngo ahagarike igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Ariko rero, vyaramutaye ku w’amazi. Naho ari ukwo, kubera azi yuko asigaranye igihe gito, aguma akoresha uburyo butandukanye kugira atume abantu baheba ugusenga kw’ukuri.​—Ivyah. 12:12.

WOBA UZOGUMA URI INTAHEMUKA?

5. Ni kubera iki vyoshika abandi bakatubabaza? (Raba ishusho itangura.)

5 Abasavyi b’Imana bama bigishwa ko bihambaye gukunda Imana na bagenzi babo. Yezu yavuze ko ari ukwo bikwiye kugenda. Hari uwigeze kumubaza itegeko risumba ayandi yose, aca yishura ati: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.’ Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere. Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’” (Mat. 22:35-39) Ariko rero, Bibiliya irerekana neza ko twese tuvuka tudatunganye kubera igicumuro twarazwe na Adamu. (Soma Abaroma 5:12, 19.) Birashobora gushika rero mw’ishengero hakagira uwuvuga canke akora ikintu kitubabaza. Ivyo birashobora kwerekana nimba vy’ukuri dukunda Yehova n’abasavyi biwe. None mu bihe nk’ivyo twokora iki? Bibiliya iravuga abasavyi b’Imana b’abizigirwa bigeze kuvuga canke gukora ibintu bibabaza abandi. Nimuze turabe ivyo twokwigira ku vyabashikiye.

Iyo uza kuba uri muri Isirayeli mu gihe ca Eli n’abahungu biwe, wari kuvyifatamwo gute? (Raba ingingo ya 6)

6. Ni mu buryo ki Eli yananiwe gutoza indero abahungu biwe?

6 Nk’akarorero, Umuherezi mukuru Eli yari afise abahungu babiri batakurikiza amategeko ya Yehova. Bibiliya ivuga iti: “Bene Eli bari abantu b’imburakimazi; ntibemera icese Yehova.” (1 Sam. 2:12) Naho se wabo yari afise ikibanza gikomeye mu gushigikira ugusenga kw’ukuri, abo bahungu biwe babiri barakora ibicumuro bikomeye. Eli yari abizi kandi yari akwiye kubatoza indero, ariko yarabarekerana. Ivyo vyatumye Imana ihana bimwe bikomeye inzu ya Eli. (1 Sam. 3:10-14) Mu nyuma, nta wumukomokako yasubiye kwemererwa kuba umuherezi mukuru. Iyo uza kubaho mu gihe ca Eli, wari kuvyakira gute ubonye ingene arekerana ibicumuro abahungu biwe bakora? Vyoba vyari kugutsitaza gushika n’aho uheba gukorera Imana?

7. Ni gute Dawidi yacumuye bimwe bikomeye, kandi Imana yakoze iki?

7 Yehova yarakunda Dawidi, ku buryo yavuze ko yari “umuntu ahimbara umutima wiwe.” (1 Sam. 13:13, 14; Ivyak. 13:22) Mugabo Dawidi yahavuye asambana na Batisheba, aca arasama inda. Ivyo vyabaye Uriya umugabo wa Batisheba ari ku rugamba. Igihe Uriya yakubitira i muhira, Dawidi yaragerageje kumusaba ko yoja kurarana n’umugore wiwe Batisheba kugira biboneke ko iyo nda ari iya Uriya. Uriya yaravyanse, maze Dawidi aca atunganya ivy’uko yicirwa ku rugamba. Ivyo Dawidi yakoze vyatumye yibonerako, kuko we n’inzu yiwe bahavuye bashikirwa n’ivyago. (2 Sam. 12:9-12) Yamara rero, Yehova yaragiriye imbabazi uwo mugabo, kuko muri rusangi yagendeye imbere yiwe afise “ugutungana kw’umutima.” (1 Abm. 9:4) Iyo uza kuba uri mu basavyi b’Imana ico gihe, wari kuvyakira gute? Ivyo Dawidi yakoze vyoba vyari kugutsitaza?

8. (a) Ni gute intumwa Petero yihindukije mw’ijambo? (b) Inyuma y’aho Petero akoreye ikosa, kubera iki Yehova yabandanije kumukoresha?

8 Akandi karorero ni ak’intumwa Petero. Naho Yezu yamutoye ngo abe mu ntumwa ziwe, rimwe na rimwe yaravuga canke agakora ibintu vyatuma mu nyuma yicuza. Nk’akarorero, igihe kimwe ibintu vyarakomeye gushika n’aho intumwa zita Yezu. Imbere y’aho, Petero yari yavuze ko atotaye Yezu, mbere naho abandi bose bomuta. (Mrk. 14:27-31, 50) Ariko rero, igihe Yezu yafatwa, intumwa zose zaramutaye, ushizemwo na Petero. Petero yarihakanye Yezu incuro n’izindi. (Mrk. 14:53, 54, 66-72) Yamara Petero yarigaye, Yehova na we arabandanya kumukoresha. Iyo uza kuba uri intumwa ico gihe, ivyo Petero yakoze vyoba vyari gutuma udohoka kuri Yehova?

9. Kubera iki wemera ko Imana yama ikora ibigororotse?

9 Ubwo ni uburorero bukeyi gusa bw’abakoze ibintu bibabaza abandi. Twovuga n’ubundi burorero bwinshi bw’abantu ba kera be n’ab’ubu, bakoze ibintu bibabaza abandi naho bari abasavyi ba Yehova. None nivyashika uzokora iki? Woba uzotsitazwa n’amakosa yabo, gushika n’aho uheba Yehova n’abasavyi biwe, ushizemwo abo muri kumwe mw’ishengero? Canke woba uzokwibuka ko Yehova ashobora kureka hagaca akanya kugira umucumuzi yigaye, maze igihe kigeze agatunganya ibintu kandi mu buryo bugororotse? Ariko ntiwumve, hariho abakora ibicumuro bikomeye ntibigaye ngo Yehova abagirire imbabazi. None ikintu nk’ico nicashika, woba uzokwizigira ko Yehova azoteba agacira urubanza abo bacumuzi, kumbure bagacibwa mw’ishengero?

NUGUME URI INTAHEMUKA

10. Ni ibiki Yezu yatahura ku bijanye n’amakosa ya Yuda Isikariyoti n’aya Petero?

10 Bibiliya iravuga ivyerekeye abantu batari bake bagumye ari intahemuka kuri Yehova no ku basavyi biwe, no mu gihe abandi baba bakoze amakosa akomeye. Nk’akarorero, Yezu yaramaze ijoro ryose asenga, hanyuma aratora intumwa 12. Yuda Isikariyoti yari umwe muri bo. Igihe Yuda yahemuka, Kristu ntiyaretse ngo ubwo buhemu bwonone ubucuti yari afitaniye na Se Yehova, kandi ni ko vyagenze n’igihe Petero yamwihakana. (Luka 6:12-16; 22:2-6, 31, 32) Yezu yaratahuye ko adakwiye kwegeka ayo makosa kuri Yehova canke ku basavyi biwe muri rusangi. Kuba Yezu yarahemukiwe na bamwe mu bayoboke biwe ntivyamubujije kubandanya akorera Yehova. Yehova yarahaye impera Yezu mu kumuzura, gutyo bimucira inzira yo kuba Umwami w’Ubwami bwo mw’ijuru.​—Mat. 28:7, 18-20.

11. Bibiliya yavuze iki ku vyerekeye abasavyi ba Yehova bo muri kino gihe?

11 Yezu yarizigira cane Imana n’abasavyi bayo kandi n’ubu ni ko bikiri. Nkako, turavye ivyo Yehova ariko ararangura muri iyi misi ya nyuma biciye ku basavyi biwe, ni igitangaza. Abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe barunze ubumwe kandi bariko baramamaza inkuru nziza kw’isi yose bayobowe na we. Nta bandi bobishobora kuko batayobowe na Yehova. Muri Yesaya 65:14 harerekana ukuntu ivy’abasavyi b’Imana vyifashe mu vy’impwemu, hati: “Raba! Abasavyi banje bazokwiha akamo k’umunezero kubera bamerewe neza ku mutima.”

12. Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe abandi bakoze amakosa?

12 Abasavyi ba Yehova barahimbarwa no kubona ingene abayobora bagashika ku bintu vyiza vyinshi. Ariko rero, abantu bo muri iyi si iganzwa na Shetani baraniha kuko ibintu biguma biyangara. Ntivyoba rero biranga ubukerebutsi duhevye Yehova n’ishengero ryiwe ngo ni uko hari abakirisu bakeya bakoze amakosa. Turakwiye kuguma turi intahemuka kuri Yehova no ku ndinganizo yadushiriyeho, kandi tukamenya ingene dukwiye kuvyifatamwo igihe hari abakoze amakosa.

WOKORA IKI IGIHE ABANDI BAKOZE AMAKOSA?

13, 14. (a) Kubera iki dukwiye kwihanganirana? (b) Ni umuhango uwuhe dukwiye kwama twibuka?

13 None wovyifatamwo gute bishitse hakagira umusavyi w’Imana avuga canke akora ibintu bikubabaza? Bibiliya itanga impanuro nziza igira iti: “Ntiwihute kubabara mu mutima wawe, kuko ukubabara ari kwo gucumbitse mu gikiriza c’ibijuju.” (Umus. 7:9) Dukwiye kwibuka ko twese tumaze imyaka nka 6.000 twigijwe kure y’ugutungana kwarangwa muri Edeni. Abantu badatunganye ni ngombwa bakore amakosa. Ku bw’ivyo rero, ntidukwiye kwitega ibidashoboka ku bavukanyi bacu canke ngo tureke amakosa yabo atume dutakaza umunezero wo kuba turi abasavyi b’Imana muri iyi misi ya nyuma. N’icoba kibi kuruta ni ukureka amakosa y’abandi akadutsitaza, agatuma duheba ishirahamwe rya Yehova. Ivyo bishitse, twoca dutakaza agateka ko gukora ivyo Imana igomba be n’icizigiro co kuba mw’isi nshasha y’Imana.

14 Kugira ngo tugumane umunezero be n’icizigiro kizima, turakwiye kuguma twibuka umuhango uhumuriza Yehova yatanze ugira uti: “Ehe ndiko ndema amajuru mashasha n’isi nshasha; kandi ivya kera ntibizokwibukwa, eka mbere ntibizoza mu mutima.” (Yes. 65:17; 2 Pet. 3:13) Ntureke rero amakosa y’abandi ngo atume iyo mihezagiro iguca mu myanya y’intoke.

15. Yezu yavuze ko dukwiye gukora iki igihe abandi bakoze amakosa?

15 Ariko rero ntiturashika mw’isi nshasha. Ku bw’ivyo, turakwiye kwisunga impanuro Imana iduha ku bijanye n’ico twokora hagize uwuvuga canke akora ibintu bitubabaza. Nk’akarorero, imwe mu mpanuro dukwiye kwibuka ni iyo Yezu yatanze, igira iti: “Nimwababarira abantu amakosa yabo, na So wo mw’ijuru azobababarira; ariko nimutababarira abantu amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu.” Niwibuke kandi ko igihe Petero yabaza nimba akwiye kubabarira umuntu “gushika ku ncuro indwi,” Yezu yamwishuye ati: “Sinkubwiye gushika ku ncuro indwi, ahubwo gushika ku ncuro mirongo irindwi n’indwi.” Biragaragara ko Yezu yashaka kuvuga ko dukwiye kwama twiteguriye kubabarira abandi. Ico ni ikintu nyamukuru gikwiye kwama kituranga.​—Mat. 6:14, 15; 18:21, 22.

16. Ni akarorero keza akahe Yozefu yadusigiye?

16 Yozefu, uwari imfura mu bana babiri Yakobo yavyaranye na Rasheli, aratubera akarorero keza muri uwo muce. Benewabo cumi bari basangiye se, baramugiriye ishari kubera ko se yamukunda cane. Baciye bagurisha Yozefu ngo aje kuba umuja. Haciye imyaka myinshi, ibintu vyiza Yozefu yakoze mu Misiri vyatumye ashirwa hejuru, aba uwugira kabiri ku mwami w’ico gihugu. Igihe inzara yatera, benewabo na Yozefu baragiye mu Misiri kugura ibifungurwa, ariko ntibamumenya. Yozefu yari gukoresha ububasha yari afise kugira ngo yihore benewabo. Aho kubigenza gutyo, yarabagejeje kugira ngo arabe ko bahinduye umutima. Amaze kubona ko abo benewabo bahindutse koko, yaciye abibwira. Mu nyuma yababwiye ati: “Ntimutinye rero. Jewe nzoguma ndabaronsa ibifungurwa mwe n’abana banyu batoyi.” Iyo nkuru ibandanya iti: “Nuko arabahoza, avugana na bo mu buryo buhumuriza.”​—Ita. 50:21.

17. Dukwiye gukora iki igihe abandi bakoze amakosa?

17 Birabereye kandi ko twibuka yuko bishika tukababaza abandi, kubera ko twese dukora amakosa. Bishitse tukabona ko hari uwo twababaje, Bibiliya idusaba guca tuja kumuraba kugira ngo tugerageze kwikiranura. (Soma Matayo 5:23, 24.) Iyo abandi batubabariye, biratunezera. Ku bw’ivyo, natwe turakwiye kubababarira. Mu Bakolosayi 3:13 haduhimiriza hati: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.” Ku bijanye n’urukundo rwa gikirisu, mu 1 Bakorinto 13:5 havuga hati: “Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe.” Hamwe twogira akamenyero ko kubabarira abandi, Yehova na we azotubabarira. Egome, igihe abandi bakoze amakosa, twebwe abakirisu dukwiye kubafata nk’uko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru munyembabazi adufata igihe twakoze amakosa.​—Soma Zaburi 103:12-14.