Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mw’iranguka ryo mu gihe ca none, wa mugabo yari afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga agereranya Yezu Kristu, uwushira ikimenyetso ku bazorokoka, naho ataboneka

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Umugabo Ezekiyeli yeretswe afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga be n’abagabo batandatu bafise ibirwanisho vyo kumenagura, bagereranya bande?

Bagereranya ingabo zo mw’ijuru zagize uruhara mu gutikiza Yeruzalemu, zikaba zizogira n’uruhara mu gutikiza isi mbi ya Shetani kuri Harumagedoni. Kubera iki ukwo kuntu dusigaye dutahura ibintu kwumvikana?

Ezekiyeli yareretswe ibintu bibi vyariko birakorerwa i Yeruzalemu imbere y’uko ico gisagara cahemutse gitikizwa mu 607 imbere ya Kristu, arerekwa ingene ibintu vyokurikiranye gushika kuri iryo tikizwa. Yabonye abagabo batandatu bafise ibirwanisho vyo kumenagura. Yaranabonye muri bo umugabo “yambaye ilino” yari afise “agahembe k’irangi k’umunyamabanga.” (Ezk. 8:6-12; 9:2, 3) Uwo mugabo yabwiwe ati: “Nuce hagati mu gisagara, . . . ushire ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu baniha bakongera bakaboroga kubera ibintu biteye ishishi vyose biriko bikorerwa hagati muri co.” Mu nyuma, abo bagabo bafise ibirwanisho vyo kumenagura babwiwe ngo bice abantu bose bo mu gisagara badafise nya kimenyetso. (Ezk. 9:4-7) None ivyo bintu Ezekiyeli yeretswe bitwigisha iki, kandi uwo mugabo afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga ni nde?

Ubwo buhanuzi bwashikirijwe mu 612 imbere ya Kristu. Iranguka ryabwo rya mbere ryerekeza kuri ca gihe ingabo za Babiloni zatikiza Yeruzalemu, bikaba vyabaye neza na neza haciye imyaka itanu. Naho Abanyababiloni b’abapagani ari bo bemerewe gutikiza Yeruzalemu, babaye nk’abakozi ba Yehova. (Yer. 25:9, 15-18) Ivyo ni ko biri kubera ko Yehova yabakoresheje kugira ahane abantu biwe bari bahemutse. Ariko rero, ukwo gutikiza ntikwari ukwo kujaniranya abagororotsi n’ababisha. Yehova abigiranye urukundo, yaratunganije ibintu kugira arokore Abayuda batihanganira ibintu bishisha vyariko bibera muri ico gisagara.

Ezekiyeli nta ruhara yagize muri ico gikorwa co gushira ikimenyetso ku bantu canke muri iryo tikizwa. Ahubwo riho, igikorwa co gushitsa urubanza cayobowe n’abamarayika. Ubwo buhanuzi rero buradufasha kwiha ishusho y’ibiba mw’ijuru. Uretse ko Yehova yari yatumye abamarayika biwe gutunganya ivyo gutikiza abanyakibi, yari yabatumye kandi gushira ku ruhande abagororotsi kugira bazorokoke. *

Kera, twasigura ko mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi ryo mu gihe ca none, uwo mugabo afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga agereranya amasigarira y’abarobanuwe. Vyavugwa ko abakira neza ubutumwa twamamaza, baba baronse ikidodo c’uko bazorokoka. Ariko rero mu myaka ya vuba, vyaragaragaye ko hakwiye kuba ibihinduka mu buryo dusigura ico kintu. Twisunze ibivugwa muri Matayo 25:31-33, Yezu ni we azocira abantu urubanza. Urubanza rwiwe rwa nyuma azoruca mu gihe ca ya makuba akomeye, afate abameze nk’intama bazorokoka abatandukanye n’abameze nk’impene bazotikizwa.

None twisunze uwo muco mushasha, ni ivyigwa ibihe dukura ku vyo Ezekiyeli yeretswe? Hariho ibishika bitanu:

  1.  Imbere y’uko Yeruzaremu itikizwa, Ezekiyeli na Yeremiya barabaye nk’inderetsi, nk’uko nyene Yesaya yari yarabigize imbere y’aho. Muri iki gihe, Yehova ariko arakoresha umugwi mutoyi w’abasavyi biwe barobanuwe kugira bagaburire abantu biwe bongere baburire abandi, imbere y’uko ya makuba akomeye atangura. Abakozi bo mu nzu ba Kristu bose na bo baragira uruhara mu gutanga imburi.​—Mat. 24:45-47.

  2.  Ezekiyeli ntiyagize uruhara mu gikorwa co gushira ikimenyetso ku borokotse, kandi n’abasavyi b’Imana muri iki gihe ni ukwo nyene. Ico bakora gusa ni ugushikiriza ubutumwa bwa Yehova, uwo ukaba ari umwe mu mice y’igikorwa cabo co kwamamaza kiyoborwa n’abamarayika.​—Ivyah. 14:6.

  3.  Mu gihe ca Ezekiyeli, nta n’umwe yashizwe ku ruhanga ikimenyetso nya kimenyetso, kandi no muri iki gihe ni ko biri. None abantu bakwiye gukora iki kugira bashirweko ikimenyetso c’ikigereranyo kizotuma barokoka? Bakwiye kwakira neza igikorwa co kwamamaza kiriko kirarangurwa, bakambara kamere za gikirisu, bakiyegurira Yehova kandi bagashigikira badahemuka bene wabo na Kristu. (Mat. 25:35-40) Abakora ivyo barashobora kuronka ikimenyetso kizotuma barokoka ya makuba akomeye yimirije.

  4.  Mw’iranguka ryo mu gihe ca none, wa mugabo yari afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga agereranya Yezu Kristu, uwushira ikimenyetso ku bazorokoka, naho ataboneka. Abo muri rya sinzi rinini bazoshirwako ikimenyetso mu gihe ca ya makuba akomeye nibacirwa urubanza rw’uko ari intama. Ivyo bizotuma baba ababereye kuronka ubuzima budahera ng’aha kw’isi.​—Mat. 25:34, 46. *

  5.  Mw’iranguka ryo mu gihe ca none, ba bagabo batandatu bafise ibirwanisho vyo kumenagura, bagereranya ingabo za Yezu zo mw’ijuru ziyobowe na Yezu ubwiwe. Vuba bagiye gutikiza amahanga bongere bakureho ububisha bwose.​—Ezk. 9:2, 6, 7; Ivyah. 19:11-21.

Kumenya ivyo vyigwa vy’agaciro biratuma turushiriza kwizigira ko Yehova atajaniranya abeza n’ababisha. (2 Pet. 2:9; 3:9) Vyongeye, tuributswa ko igikorwa co kwamamaza gihambaye cane muri iki gihe. Abantu bose barakeneye kwumva imburi imbere y’uko iherezo rishika!​—Mat. 24:14.

^ ing. 6 Abantu nka Baruki (umunyamabanga wa Yeremiya), Ebedi-meleki Umunyetiyopiya hamwe n’Abarekabu bararokotse naho ata kimenyetso bashizwe ku ruhanga. (Yer. 35:1-19; 39:15-18; 45:1-5) Bashizweko rero ikimenyetso c’ikigereranyo kugira baze barokoke.

^ ing. 12 Abarobanuwe b’abizigirwa ntibakeneye gushirwako ico kimenyetso kugira baze barokoke. Ahubwo riho, bashirwako ikidodo ca nyuma imbere y’uko bapfa canke imbere y’uko ya makuba akomeye atangura.​—Ivyah. 7:1, 3.