Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Kubera iki Imana yashigikira intambara muri Isirayeli ya kera?

Yehova ni umunyarukundo. Ariko vyarashika akemerera abasavyi biwe kurwana intambara igihe baba bariko baragirirwa nabi canke bacinyizwa. Imana ubwayo ni yo yagena uwojayo, igashinga n’igihe iyo ntambara yoberako.​—w15 1/11, rup. 4-5.

Ni ibintu ibihe bihambaye abavyeyi bokora kugira ngo bigishe abana babo b’imiyabaga gukorera Yehova?

Birahambaye ko abavyeyi bakunda abana babo b’imiyabaga kandi bakerekana ko bicisha bugufi biciye ku karorero batanga. Birahambaye kandi ko babona kure bakongera bakihatira gutahura abana babo b’imiyabaga.​—w15 15/11, rup. 9-11.

Ni kubera iki papa adakwiye kubonwa nk’umusubirizi wa Petero?

Muri Matayo 16:17, 18 ntihavuga ko intumwa Petero yobaye umukuru w’ishengero rya gikirisu. Aho kwerekana ko Petero yari kuba mukuru, Bibiliya ivuga ko Yezu ari we yobaye ibuye ry’imfuruka rigumya ishengero. (1 Pet. 2:4-8)​—w15 1/12, rup. 12-14.

Ni ibiki dukwiye kurimbura imbere yo kuvuga?

Kugira ngo dukoreshe neza ururimi rwacu, dukwiye kumenya neza (1) igihe co kuvuga (Umus. 3:7), (2) ivyo dukwiye kuvuga (Imig. 12:18), (3) ingene twobivuga (Imig. 25:15).​—w15 15/12, rup. 19-22.

Ni ibintu ibihe abakirisu birinda vyotuma bataba imvugakuri?

Abakirisu b’ukuri baririnda ukubesha be n’urusaku. Baririnda kubesha, urusaku, bakirinda amanyanga be n’ubusuma.​—wp16.1, rup. 5.

“Abakuru b’abaherezi” bavugwa muri Bibiliya bari bande?

Imvugo ngo “abakuru b’abaherezi” biboneka ko yerekeza ku baherezi bakomakomeye, ushizemwo abahoze ari abaherezi bakuru.​—wp16.1, rup. 10.

Dukwiye kubona gute umuntu yihereza ku bimenyetso vy’Icibutso?

Abakirisu ntibashira hejuru abihereza ku bimenyetso. Umuntu vy’ukuri yarobanuwe ntiyorondera gushirwa hejuru, canke ngo agende arabwira uwo ari we wese ibijanye n’ubucuti afitaniye n’Imana. (Mat. 23:8-12)​—w16.01, rup. 23-24.

Ni igiki twigira ku kuntu Aburahamu yabaye umugenzi w’Imana?

Aburahamu yamenye ivyerekeye Imana kumbure biciye kuri Shemu. Vyongeye, ivyo Imana yagiye iramukorera n’umuryango wiwe vyaratumye amenya ibintu vyinshi. Na twebwe twogerageza kumwigana.​—w16.02, rup. 9-10.

Ni nde yashize muri Bibiliya ibigabane n’imirongo?

Mu kinjana ca 13, musenyeri Stephen Langton ni we yashize ibigabane muri Bibiliya. Abimuzi b’Abayuda ni bo batanguye gushira imirongo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, mu kinjana ca 16 na ho umuhinga yitwa Robert Estienne aca ayishira mu Vyanditswe vy’ikigiriki.​—wp16.2, rup. 14-15.

Igihe Shetani yariko aragerageza Yezu, yoba yaramutwaye koko ku rusengero canke yarumweretse mu bwenge?

Nta wovyemeza. Muri Matayo 4:5 no muri Luka 4:9, hashobora gusigura yuko Yezu yajanywe ku rusengero biciye kw’iyerekwa canke ko yahagaze ahantu hakirurutse ku rusengero.​—w16.03, rup. 31-32.

Ni mu buryo butandukanye ubuhe igikorwa turangura kimeze nk’ikime?

Ikime kiza buhorobuhoro, kikaruhura kikongera kigahembura. Ikime ni umuhezagiro uva ku Mana. (Gus. 33:13) Ukwo nyene ni ko bimeze ku twigoro abasavyi b’Imana bashira hamwe mu gikorwa barangura.​—w16.04, rup. 4.