Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova ‘arakubabaye’

Yehova ‘arakubabaye’

WEMEZWA n’iki ko Yehova akubabaye vy’ukuri? Kimwe coco ni uko Bibiliya ibivuga idomako. Muri 1 Petero 5:7 hagira hati: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.” Ni ibimenyamenya ibihe ufise vy’uko Yehova Imana akwitwararika?

IMANA IRARONSA ABANTU IVYO BAKENEYE MU VY’UMUBIRI

Yehova ni akarorero mu kugira ubuntu no gutanga cane

Imana irafise kamere woshima ko umugenzi somambike yoba afise. Abantu bagaragarizanya ubuntu kandi batimana, akenshi baracika abagenzi bashika. Nk’uko ushobora kubibona bitagoranye, Yehova ni umunyabuntu, kandi ntiyima abantu ivyo bakeneye buri musi. Rimbura akarorero kamwe: “Atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Mat. 5:45) None izuba n’imvura bimaze iki? Nk’akarorero, biciye kuri vyo Imana ‘iranengesereza imitima yacu ibifungurwa be n’urweze.’ (Ivyak. 14:17) Ego cane, Yehova aritwararika yuko isi itanga ibifungurwa vyinshi, kandi ni ibintu bike biduhimbara kuruta kwihereza imfungurwa ziryoshe.

None ni kubera iki abantu benshi bicwa n’inzara? Ni kubera ko abategetsi b’abantu kenshi bishinga kurondera ubukuru n’amaronko aho kwitwararika ubuzima bw’abantu. Vuba Yehova agiye gutorera umuti iyo ngorane y’umwina, mu gukuraho intwaro ziriho ubu maze azisubirize n’Ubwami bwo mw’ijuru burongowe n’Umwana wiwe. Ico gihe, ntawuzosubira kwica n’inzara. Mu kurindira, Imana iraronsa abasavyi bayo b’abizigirwa ivya nkenerwa. (Zab. 37:25) Ico none si icerekana ko Yehova atubabaye?

YEHOVA ARATANGA UMWANYA WIWE

Yehova ni akarorero mu gutanga umwanya

Umugenzi nyawe araguha umwanya. Yoshobora kumara amasaha n’ayandi muriko murayaga ibibashimisha mwempi. Vyongeye, umugenzi mwiza aragutega yompi igihe umwiganira ibikugoye n’ibikuraje ishinga. Yehova yoba ameze gutyo? Cane rwose! Arumviriza amasengesho tumutura. Ni co gituma Bibiliya ituremesha iti: “Mushishikare gusenga.” Yongerako mbere iti: “Musenge ubudahengeshanya.”​—Rom. 12:12; 1 Tes. 5:17.

None Yehova ashobora kumara umwanya ungana gute yumviriza amasengesho umutura? Inyishu turayisanga mu karorero kavugwa muri Bibiliya. Imbere y’uko Yezu atora intumwa ziwe, ‘yabandanije gusenga Imana ijoro ryose.’ (Luka 6:12) Muri iryo sengesho, Yezu ashobora kuba yagiye aravuga amazina y’abatari bake mu bigishwa biwe, ararimbura ubushobozi n’ubugoyagoye bafise, maze arasaba Se ngo amufashe guhitamwo. Bukeye izuba riserutse, Yezu yarabonye ko abo yari yatoye ngo babe intumwa ziwe bari bakwije ibisabwa. Kubera ko Yehova ‘yumva amasengesho,’ arahimbarwa no gutega yompi amasengesho yose avuye ku mutima. (Zab. 65:2) Mbere naho umuntu yomara amasaha n’ayandi asenga ku bijanye n’ikintu kimuraje ishinga, Yehova ntamugerera umwanya.

IMANA IRITEGURIYE KUTUBABARIRA

Yehova ni akarorero mu gutanga imbabazi

Ku bijanye no gutanga imbabazi, birashika n’abagenzi nyabo bikabagora. Abantu bamaze igihe kinini ari abagenzi boshobora gucanamwo kubera bibagora cane gutanga imbabazi. Yehova we si ko ameze. Bibiliya itera akamo abantu bose b’inziraburyarya ngo bamusabe imbabazi, ‘kuko azobababarira cane.’ (Yes. 55:6, 7) None ni igiki gituma Imana itubabarira ata gahigihigi?

Ni kubera ko Imana ifise urukundo ntangere. Irakunda cane abari mw’isi ku buryo yatanze Umwana wayo Yezu, kugira ngo ikize abantu igicumuro be n’ingaruka zaco. (Yoh. 3:16) Vy’ukuri, incungu idufitiye akamaro kanini. Biciye ku nkuka ya Kristu, Imana irababarira ata gahigihigi abo ikunda. Intumwa Yohani yanditse ati: “Iyo twemeye icese ibicumuro vyacu, Imana ni inyizigirwa ikaba n’iyigororotse kugira ngo itubabarire ibicumuro vyacu.” (1 Yoh. 1:9) Kubera imbabazi za Yehova, abantu barashobora kubandanya bagiranira na we ubugenzi, kandi kumenya ico kintu biraduhimbara cane.

IRAHASERUKA IGIHE UYIKENEYE

Yehova ni akarorero mu kuhaseruka igihe tumukeneye

Umugenzi nyakuri arafasha abandi mu gihe bari mu ngorane. Yehova we bite? Ijambo ryiwe rigira riti: “Naho [umusavyi w’Imana] yotemba, ntazoraririzwa hasi, kuko Yehova ashigikiye ukuboko kwiwe.” (Zab. 37:24) Yehova ‘arashigikira abasavyi biwe’ mu buryo butandukanye. Rimbura iki kintu cabaye mw’izinga rya Sainte-Croix, riri mu mazinga ya Karayibe.

Umwigeme umwe akiri muto yaratyekejwe n’abo bigana kubera ko yanse kuramutsa ibendera abitumwe n’ivyo yemera. Amaze gusaba Yehova ngo amufashe, yaciye ahitamwo kugira ico akoze. Yahavuye ashikiriza abanyeshure bagenziwe ikiganiro kivuga ibijanye no kuramutsa ibendera. Akoresheje Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, yarasiguye ukuntu inkuru yerekeye Shaduraki, Meshaki na Abedinego yamufashije gufata ingingo. Yavuze ati: “Yehova yakingiye abo Baheburayo batatu kubera ko banse gusenga igishushanyo.” Yaciye abaza abari ng’aho nimba boshima kuronka ico gitabu. Cumi n’umwe muri bo baciye bakimusaba. Uwo mwigeme yaranezerejwe cane no kubona Yehova yaramuhaye inguvu n’ubukerebutsi kugira ashinge intahe ku bijanye n’ico kibazo c’inkoramutima.

Nimba bishika ugakekeranya ko Yehova akwitwararika, nuzirikane ku mirongo yo muri Bibiliya, nka Zaburi 34:17-19; 55:22; na 145:18, 19. Nubaze Ivyabona ba kera ukuntu Yehova yabitwararitse. Vyongeye, igihe ukeneye ko Imana igufasha, nusenge ku bijanye n’ico kintu. Ntuzoteba kubona ukuntu Yehova ‘akubabara.’