UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ruhuhuma 2016

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 4 Ndamukiza gushika ku wa 1 Rusama 2016.

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yaratumye ndoranirwa mu murimo wiwe

Corwin Robison yaramaze imyaka 73 akorera Imana adahemuka, harimwo iyirenga 60 yamaze muri Beteli yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yehova yamwise “umugenzi wanje”

Woba wipfuza kuba umugenzi wa Yehova? Nurabe ukuntu wobishikako wisunze akarorero ka Aburahamu.

Twigane abagenzi somambike ba Yehova

Rusi, Hezekiya na Mariya bashoboye gute kugiranira n’Imana ubucuti bukomeye?

Nugume ukorera Yehova unezerewe

Kuzirikana ku ngingo ngenderwako zitatu nyamukuru birashobora kugufasha kugumana umunezero.

Nube intahemuka kuri Yehova

Akarorero ka Yonatani karashobora kudufasha kuba intahemuka kuri Yehova mu bihe bine bigoye.

Ni ibiki twigira ku basavyi ba Yehova b’intahemuka?

Ni gute Dawidi, Yonatani, Natani na Hushayi babanje kuba intahemuka kuri Yehova?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Umuduga usamiriza amajwi wari uzwi n’abantu amamiliyoni

Kuva mu 1936 gushika mu 1941, wa “muduga usamiriza amajwi wa Watch Tower” waratumye Ivyabona bari ku rushi bo muri Brezire bashikiriza abantu amamiliyoni ubutumwa bw’Ubwami.