Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni ibiki twigira ku basavyi ba Yehova b’intahemuka?

Ni ibiki twigira ku basavyi ba Yehova b’intahemuka?

“Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka”​—ZAB. 18:25.

INDIRIMBO: 63, 43

1, 2. Dawidi yerekanye gute ko ari intahemuka ku Mana? (Raba ishusho itangura.)

HARI mu gicugu, Dawidi na Abishayi bakaba bariko barasoboka baca mu ngabo 3.000 zisinziriye. Igihe abo bagabo babiri bari bageze hagati na hagati muri iyo kambi, basanze Umwami Sauli ari muri rinini. Yari yagize urugendo aja mu bugaragwa bw’i Yudaya kurondera Dawidi kugira amwice. Abishayi yaciye amubwira mu bwongoshwe ati: “Undeke ndamutobekeranye [ni ukuvuga Sauli] n’isi rimwe gusa, nkoresheje icumu; sindamutobekeranya kabiri.” Inyishu Dawidi yamuhaye iratangaje cane! Yamubwiye ati: “Ntumukureho: mbega ni nde yatumye ukuboko ngo agirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta akaguma atagira ikimwagira? . . . Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, nisunze uko Yehova abona ibintu, ko notuma ukuboko kwanje ngo ngirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta!”​—1 Sam. 26:8-12.

2 Dawidi yaratahura ico bisobanura kuba intahemuka ku Mana. Ntiyashaka kugirira nabi Sauli. Uti kubera iki? Kubera ko Sauli yari umwami yarobanuwe n’Imana kugira aganze Isirayeli. Abasavyi ba Yehova b’intahemuka barubaha abo agena. Yehova asaba ko abasavyi biwe bose baba intahemuka.​—Soma Zaburi 18:25.

3. Ni gute Abishayi yabaye intahemuka kuri Dawidi?

3 Abishayi yarubaha Dawidi. Nk’akarorero, igihe Dawidi yariko aragerageza guhisha igicumuro c’ukurenga ibigo yari yakoranye na Bati-sheba, yasavye Yowabu mwene wabo na Abishayi ngo atunganye ivy’uko Uriya agwa mu ntambara. (2 Sam. 11:2-4, 14, 15; 1 Ngo. 2:16) Abishayi ashobora kuba hari ico yari abiziko, mugabo yarabandanije kwubaha Dawidi kuko yari umwami yagenywe n’Imana. Vyongeye, Abishayi ntiyigeze agerageza gukoresha ububasha bwiwe bwo kuba indongozi ya gisirikare kugira yigarurire ingoma ya Isirayeli. Ahubwo riho, yarafashije Dawidi kurwanya abamuhemukiye hamwe n’abandi bansi biwe.​—2 Sam. 10:10; 20:6; 21:15-17.

4. (a) Dawidi yerekanye gute ko ari intahemuka ku Mana? (b) Ni izindi nkuru izihe tugira turimbure?

4 Kuba Dawidi yaranse kugirira nabi Umwami Sauli, vyarerekanye ko yari umwe mu basavyi ba Yehova b’intahemuka. Dawidi akiri muto, yararwanije wa Mufilisitiya w’ikigatanya Goliyati, uwubahutse “[gu]cokora abatonze urugamba b’Imana nzima”! (1 Sam. 17:23, 26, 48-51) Igihe Dawidi yaba umwami maze agakora ibicumuro bikomeye vyo kurenga ibigo no kwica, yaremeye umuhanuzi Natani aramukangira maze arigaya. (2 Sam. 12:1-5, 13) Igihe Dawidi yari ageze mu zabukuru, yarabandanije kuba intahemuka ku Mana. Nk’akarorero, yaratanze atitangiriye itama intererano zo kwubaka urusengero rwa Yehova. (1 Ngo. 29:1-5) Ego ni ko, Dawidi yarakoze amakosa akomeye, mugabo yari intahemuka ku Mana. (Zab. 51:4, 10; 86:2) Uko twihweza izindi nkuru zerekeye Dawidi be n’abandi bo mu gihe ciwe, nimuze turondere inyishu z’ibibazo bikurikira: Uwa mbere tudakwiye guhemukira ni nde? Kugira tube intahemuka bisaba ko tugaragaza kamere izihe?

UWA MBERE TUDAKWIYE GUHEMUKIRA NI NDE?

5. Ni icigwa ikihe dukura kw’ikosa rya Abishayi?

5 Igihe Abishayi yomboka akinjira mw’ikambi ya Sauli, ntiyari azi uwo yoshira imbere mu bo adakwiye guhemukira. Kubera ko yari intahemuka kuri Dawidi, yari ashashaye cane kwica Umwami Sauli, mugabo Dawidi yaramubujije kuko yatahura yuko vyobaye ari bibi gutuma ukuboko “ngo agirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta.” (1 Sam. 26:8-11) Hari icigwa gihambaye dukura kuri ico kintu cabaye: Naho twoba dufise ku mutima abantu benshi tutohemukira, kugira tumenye uwo twoshira imbere dukwiye kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

6. Naho ari ibisanzwe ko tutohemukira incuti n’abagenzi, ni kubera iki dutegerezwa kwiyubara?

6 Kuba intahemuka biva mu mutima, mugabo umutima w’umuntu ni umuhemu. (Yer. 17:9) Ku bw’ivyo, umuntu w’intahemuka ku Mana arashobora kwiyumvamwo rwose ko atohemukira umugenzi somambike canke incuti, n’igihe nyene uwo muntu yoba ariko arakora ibintu bibi. Dutegerezwa kwibuka yuko Yehova ari we yama aza imbere mu bo tudakwiye guhemukira, na canecane igihe umuntu twiyumvamwo ahevye ukuri.​—Soma Matayo 22:37.

7. Ni gute mushiki wacu umwe yabaye intahemuka ku Mana igihe yari mu kigeragezo kitoroshe?

7 Vyoshobora kutugora kumenya uwo tudakwiye guhemukira igihe hari incuti ya hafi iciwe. Nk’akarorero, mushiki wacu yitwa Anne  [1]yaritavye telefone ivuye kuri nyina wiwe yari yaraciwe. Yashaka kuza kuramutsa Anne kubera ko yari atuntujwe n’uko atakibonana n’abo mu muryango. Anne yarabuze ico afata n’ico areka, aca amwemerera ko azomwandikira akamuha inyishu. Imbere yo kwandika, yarasuzumye ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (1 Kor. 5:11; 2 Yoh. 9-11) Anne yarandikiye nyina maze aramwibutsa n’umutima mwiza yuko ari we yikuye mu muryango mu gukora ikibi ntiyigaye. Yanditse ati: “Uburyo bumwe gusa ushobora kugabanya intuntu ufise ni ukugaruka kuri Yehova.”​—Yak. 4:8.

8. Ni kamere izihe zishobora kudufasha kuba intahemuka ku Mana?

8 Ukudahemuka abantu bo mu gihe ca Dawidi bagaragaje kurashira ahabona kamere zitatu zishobora kudufasha kuba intahemuka ku Mana. Izo kamere ni ukwicisha bugufi, ubuntu n’umutima rugabo. Nimuze tuzirimbure imwimwe ukwayo.

BISABA UKWICISHA BUGUFI

9. Kubera iki Abuneri yagerageje kwica Dawidi?

9 Igihe Dawidi yari afise umutwe wa Goliyati mu minwe ariko aravugana n’Umwami Sauli, hari n’imiburiburi abagabo babiri bariko baravyihweza. Umwe yari Yonatani umuhungu wa Sauli, uwaciye asezerana na Dawidi ko babaye abagenzi. Uwundi yari Abuneri umukuru w’ingabo. (1 Sam. 17:57–18:3) Mu nyuma Abuneri yarashigikiye utwigoro Sauli yagize arondera kwica Dawidi. Dawidi yanditse ati: “Intwazamukazo zirondera ubuzima bwanje.” (Zab. 54:3; 1 Sam. 26:1-5) Kubera iki Yonatani na Abuneri bafashe Dawidi mu buryo butandukanye? Mu bisanzwe bompi bari bazi yuko Imana yari yaracaguye Dawidi ngo abe umwami wa Isirayeli. Inyuma y’urupfu rwa Sauli, Abuneri yari gushobora kwicisha bugufi maze akaba intahemuka ku Mana mu gushigikira Dawidi aho gushigikira Ishibosheti mwene Sauli. Mu nyuma, igihe Abuneri yaryamana n’incoreke y’Umwami Sauli, ashobora kuba yarondera kwigarurira ingoma.​—2 Sam. 2: 8-10; 3:6-11.

10. Ni kubera iki Abusalomu atabaye intahemuka ku Mana?

10 Ukuticisha bugufi kwaratumye Abusalomu mwene Dawidi ataba intahemuka ku Mana. Bibiliya igira iti: “Abusalomu yikoreshereza umukogote, yironderera amafarasi n’abagabo mirongo itanu biruka imbere yiwe.” (2 Sam. 15:1) Vyongeye, yarajijuye Abisirayeli benshi ngo babe intahemuka kuri we. Cokimwe na Abuneri, Abusalomu yararondeye kwica Dawidi naho yari azi ko ari we Yehova yagenye ngo abe umwami wa Isirayeli.​—2 Sam. 15:13, 14; 17:1-4.

11. Inkuru zo muri Bibiliya zerekeye Abuneri, Abusalomu na Baruki zitwigisha iki?

11 Uturorero twa Abuneri na Abusalomu turerekana neza yuko guhahamira ikintu birenze urugero bishobora gutuma umuntu ahemukira Imana. Ego ni ko, nta musavyi wa Yehova w’umwizigirwa yokurikirana ingendo iranga ubwikunzi n’ububisha nk’iyo. Ariko rero, kwipfuza ubutunzi canke akazi kubahitse muri iyi si birashobora na vyo nyene kunyoha umukirisu mu vy’impwemu. Mu buryo bunaka butazwi, umunyamabanga w’umuhanuzi Yeremiya ari we Baruki yaramaze igihe kinaka yakebeje umutima wiwe. Raba ubutumwa Yehova yarungikiye Baruki: “Ehe ico nubatse ngira ndagisambure, kandi ico nateye ngira ndakirandure, ni ukuvuga igihugu cose. Mugabo wewe, uguma wironderera ibintu bihambaye. Ntugume ubirondera.” (Yer. 45:4, 5) Baruki yaremeye gukosorwa. Ese ukuntu vyoba biranga ubukerebutsi tugumije ku muzirikanyi ayo majambo y’Imana mu gihe turindiriye iherezo ry’iyi si mbi!

12. Erekana igituma tudashobora kuba intahemuka ku Mana igihe dufise ubwikunzi.

12 Umuvukanyi wo muri Megizike yitwa Daniel, yabwirizwa guhitamwo hagati yo kuba intahemuka ku Mana no kurondera inyungu ziwe bwite ziranga ubwikunzi. Yashaka kwubakana n’umwigeme atari Icabona ca Yehova. Daniel avuga ati: “Narabandanije kumwandikira n’inyuma y’aho mbereye umutsimvyi. Mugabo nahavuye nicisha bugufi maze ndiganira umukurambere umwe aciye uruma yuko vyariko birangora guhitamwo uwo ntohemukira. Yaramfashije kubona ko nkwiye kureka kwandikira uwo mukobwa kugira mbe intahemuka ku Mana. Ivyo ni vyo nakoze maze gutura amasengesho menshi hariko n’amarira. Bidatevye, umunezero nkura mu gikorwa co mu ndimiro warongerekanye.” Daniel yahavuye yubakana na mushiki wacu yimereye neza, kandi ubu ni umucungezi w’umuzunguruko.

BITUMA TUBA ABANYABUNTU

Niwamenya ko uwo musangiye ukwemera yakoze igicumuro gikomeye, woba uzoba intahemuka ukamufasha kurondera gusahirizwa mu vy’impwemu? (Raba ingingo ya 14)

13. Igihe Dawidi yacumura, ni gute Natani yagumye ari intahemuka ku Mana no kuri Dawidi?

13 Kuba intahemuka kuri Yehova birashobora gutuma tuba intahemuka ku bandi. Umuhanuzi Natani yagumye ari intahemuka kuri Dawidi no ku Mana. Natani yaramenye ko Dawidi yari yarenze ibigo be n’uko yari yatunganije ivy’uko umugabo w’uwo mugore agwa ku rugamba. Igihe Yehova yarungika Natani gukangira Dawidi, uwo muhanuzi yaragamburutse maze arakorana umutima rugabo naho nyene yari intahemuka kuri Dawidi. Natani yarakangiriye Dawidi abigiranye ubukerebutsi n’ubuntu. Kugira ngo Natani afashe Dawidi kubona ukuntu igicumuro ciwe cari gikomeye, yakoresheje ikigereranyo c’umugabo w’umutunzi yarenganije umworo mu kumunyaga akagazi kiwe k’intama. Igihe Dawidi yashavuzwa n’ico kintu uwo mutunzi yari yakoze, Natani yaciye amubwira ati: “Uwo mugabo ni wewe!” Dawidi yaciye atahura ko yacumuye kuri Yehova.​—2 Sam. 12:1-7, 13.

14. Ushobora gute kuba intahemuka kuri Yehova no ku mugenzi canke incuti yawe?

14 Ubuntu burashobora kugufasha kuba intahemuka kuri Yehova no ku bandi. Nk’akarorero, woshobora kuba uzi neza ko uwo musangiye ukwemera yakoze igicumuro gikomeye. Woshobora kubona ko utomuhemukira, na canecane igihe ari umugenzi somambike canke incuti. Mugabo uramutse upfutse ico gicumuro, ntuba ubaye intahemuka ku Mana. Mu bisanzwe ukwiye kubanza kuba intahemuka ku Mana. Cokimwe na Natani rero, nugaragaze ubuntu ariko ushikame. Nuhimirize uwo mugenzi canke iyo ncuti kurondera gufashwa n’abakurambere. Nimba atabigize mu kiringo kinaka, nube intahemuka ku Mana maze umenyeshe ico kintu abakurambere. Ubigenjeje gutyo, uba ubaye intahemuka kuri Yehova ukaba kandi ugaragarije ubuntu umugenzi wawe canke incuti yawe, kuko abakurambere baca bagerageza kumubogora babigiranye ubwitonzi.​—Soma Abalewi 5:1; Abagalatiya 6:1.

BISABA KUGIRA UMUTIMA RUGABO

15, 16. Kubera iki Hushayi yari akeneye umutima rugabo kugira abe intahemuka ku Mana?

15 Umugabo yitwa Hushayi yari akeneye umutima rugabo kugira abe intahemuka ku Mana. Yari umugenzi w’intahemuka w’Umwami Dawidi. Ariko rero, ukudahemuka kwa Hushayi kwarageragejwe igihe Abusalomu mwene Dawidi yikwegerako imitima y’abantu benshi maze akarondera kwigarurira Yeruzalemu be n’ingoma. (2 Sam. 15:13; 16:15) None ko Dawidi yahunze ico gisagara, Hushayi yari gukora iki? Yoba yari guca aba intahemuka kuri Abusalomu canke yari gukurikira uwo mwami w’umutama yariko aranyaga amagara? Kubera ko Hushayi yari yiyemeje kudahemukira uwo mwami yagenywe n’Imana, yarasanze Dawidi ku mudugo w’Imyelayo.​—2 Sam. 15:30, 32.

16 Dawidi yasavye Hushayi gusubira i Yeruzalemu, akigira umugenzi wa Abusalomu maze akica impanuro ya Ahitofeli. Hushayi yaremeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga, araba intahemuka kuri Yehova maze arakora ivyo Dawidi yari amusavye. Nk’uko Dawidi yari yabisavye mw’isengesho, impanuro y’uwo murindutsi Hushayi yarishe iya Ahitofeli.​—2 Sam. 15:31; 17:14.

17. Kubera iki dukeneye umutima rugabo kugira tube intahemuka?

17 Turakeneye umutima rugabo kugira tube intahemuka kuri Yehova. Benshi muri twebwe twarashikamye n’umutima rugabo, turananira umukazo w’abo mu muryango, abo dukorana canke abategetsi kugira ngo tube intahemuka ku Mana. Nk’akarorero, uwitwa Taro wo mu Buyapani, yakuze azi ko abwirizwa kudahemukira abavyeyi biwe no kubagamburukira. Ivyo ntiyabigira kubera gusa abwirizwa kubigira. Yaripfuza vy’ukuri kunezereza abavyeyi biwe. Igihe rero bamubuza kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova, ntivyamworoheye na gato kubabwira yuko yafashe ingingo yo kwitaba amakoraniro. Taro avuga ati: “Barashavuye cane ku buryo namaze imyaka n’iyindi ntemererwa kuja kubaramutsa i muhira. Narasenze nsaba umutima rugabo wo kwumira ku ngingo nari nafashe. Ubu baraturuye, kandi ndashobora kwama nja kubaramutsa.”​—Soma Imigani 29:25.

18. Iki cigwa cagufashije gute?

18 Cokimwe na Dawidi, Yonatani, Natani be na Hushayi, ese twokwironkera agahimbare kenshi kava ku kuba intahemuka kuri Yehova! Ariko kandi, nimuze tugire ico twigiye ku buhemu bwa Abuneri na Abusalomu. Turipfuza vy’ukuri kwumira kuri Yehova nk’uko Dawidi yabigize. Kubera ko tudatunganye, ntidushobora kwirinda rwose gukora amakosa. Yamara rero, turashobora kwerekana ko kuba intahemuka kuri Yehova ari vyo bifise ikibanza ca mbere mu mutima wacu.

^ [1] (ingingo ya 7) Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.