Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yaratumye ndoranirwa mu murimo wiwe

Yehova yaratumye ndoranirwa mu murimo wiwe

Narabwiye iyo ntwazangabo ko nari maze gupfungwa nzira ko ntaja mu ntambara. Namubajije nti: “Ugira none unsubize muri ivyo bintu?” Ico kiyago cabaye igihe nasabwa ubugira kabiri kwinjira mu gisoda ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

NAVUKIYE i Crooksville muri Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1926. Dawe na mawe ntibakunda ivy’idini, mugabo uko twari abana umunani baratubwira ngo tuje gusenga. Jewe nagiye mw’idini ry’abametodiste. Igihe nari mfise imyaka 14, umukuru w’urwo rusengero yarampaye agashimwe kubera namaze umwaka wose ntasiba mu misa ku wa mungu.

Margaret Walker (uwugira kabiri uvuye i bubamfu) ni we yamfashije kumenya ukuri

Ico gihe, umubanyi umwe w’Icabona ca Yehova yitwa Margaret Walker yaratanguye kugendera mawe, akamubwira ivyerekeye Bibiliya. Umusi umwe narafashe ingingo yo kwicara kugira numvirize. Kubera ko mawe yiyumvira ko nohava ndamusamaza, yaciye ambwira ngo nsohoke. Ariko nagumye ngerageza kwumviriza ivyo bayaga. Margaret amaze kutugendera incuro nka zingahe, yambajije ati: “Woba uzi izina ry’Imana?” Namwishuye nti: “Nta n’umwe atazi ko ari Imana.” Yaciye ambwira ati: “Zana Bibiliya yawe maze urabe muri Zaburi 83:18.” Narabigize, nca nsanga izina ry’Imana ari Yehova. Naciye niruka mu bagenzi banje, ndababwira nti: “Nimwashika i muhira ku mugoroba, muze kuraba muri Bibiliya muri Zaburi 83:18; muraza kubona izina ry’Imana.” Woshobora kuvuga ko nari ntanguye kwamamaza ubwo nyene.

Narize Bibiliya maze mbatizwa mu 1941. Gatoyi inyuma y’aho, narashinzwe igikorwa co kuyobora inyigisho y’igitabu y’ishengero. Nararemesheje mawe be n’abo tuvukana ngo baze, kandi bose baratanguye kwitaba inyigisho y’igitabu nayobora. Ariko rero, dawe ntiyashimishijwe.

TURWANYWA I MUHIRA

Narashinzwe ayandi mabanga mw’ishengero, maze ndagira ububiko bw’ibitabu bwa gitewokarasi. Umusi umwe, dawe yaratunze urutoke ivyo bitabu vyanje maze avuga ati: “Urabona iyo sanduruma yose? Sindayikeneye muri iyi nzu kandi na wewe uce ujana na yo.” Naciye nimuka maze ndaronka inzu hafi i Zanesville muri Ohio, ariko naza ndagaruka kuremesha abo mu muryango.

Dawe yaragerageje kubuza mawe kwitaba amakoraniro. Rimwe na rimwe mawe ariko arajayo, dawe yaramwoma inyuma, akamukwega maze akamusubiza mu nzu. Mugabo mawe yaca yiruka agaca mu wundi muryango akigira ku makoraniro. Nabwiye mawe nti: “Ntugire ikibazo. Azotinda aruhe areke kukwiruka inyuma.” Dawe yahavuye areka kumubuza maze mawe aritaba amakoraniro ata nkomanzi.

Mu 1943, ishengero ryacu ryaratanguye kugira Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, maze ndatangura gushikiriza ibiganiro vy’abanyeshure. Impanuro nahabwa mpejeje gushikiriza ibiganiro muri iryo shure, zaramfashije kuryohora ubuhanga bwanje bwo kuvuga.

NANKA KUJA MU NTAMBARA

Ico gihe, ibihugu vyari mu Ntambara ya kabiri y’isi yose. Mu 1944, naratumweko ngo nje mu bikorwa vya gisirikare. Naragiye i Fort Hayes muri Columbus muri Ohio, barasuzuma ko ata ndwara mfise nongera nduzuza impapuro zasabwa. Narabwiye kandi abakuru mu vya gisirikare yuko ntobaye umusoda. Barandetse ndigira. Haciye imisi, hari intwazangabo yaje iwanje, imbwira iti: “Corwin Robison, nzanye umutahe wo kugufata.”

Haciye indwi zibiri, nararengutse muri sentare. Umucamanza yambwiye ati: “Iyaba ari je nabigira, nari kugucira umunyororo wo guherayo. Hari ico ufise uvuga?” Nasubijeyo nti: “Nyakubahwa, nari nkwiye gufatwa ko ndi umuvugabutumwa. * Nigishiriza imbere y’umuryango w’inzu y’umuntu wese, kandi narabwiye inkuru nziza y’Ubwami abantu benshi.” Nya mucamanza yabwiye umugwi w’abihweza urwo rubanza ati: “Ntimuri ng’aha kugira mwemeze ko uwo musore ari umuvugabutumwa canke atari we. Muhari kugira mwemeze ko yanse kwinjira mu gisirikare canke ko yavyemeye.” Mu mwanya udashika igice c’isaha, uwo mugwi waragarutse, umenyesha ko nagiriwe n’icaha. Uwo mucamanza yaciye ancira umunyororo w’imyaka itanu mw’ibohero rikuru ry’i Ashland muri Kentucky.

YEHOVA ANKINGIRA MW’IBOHERO

Indwi zibiri za mbere nazimaze mw’ibohero ry’i Columbus muri Ohio, umusi wa mbere nkaba nawumaze mu kumba ka jenyene. Nasenze Yehova nti: “Sinshobora kumara imyaka itanu ndi mu kumba ka jenyene. Sinzi ico nokora.”

Ku musi ukurikira, abarinzi barandetse ndasohoka. Naragiye ngana umugabo umwe yari apfunzwe, akaba yari muremure kandi afise ibitugu vyagutse, maze turahagarara ng’aho turabira mw’idirisha. Yambajije ati: “Wa mugabo mugufi we, kubera iki uri ng’aha?” Namubwiye nti: “Ndi Icabona ca Yehova.” Na we ati: “Uri Icabona? Kubera iki none uri ng’aha?” Namwishuye nti: “Ivyabona vya Yehova ntibaja mu ntambara kwica abantu.” Yaciye avuga ati: “Bagupfunze kubera utica abantu. Abandi babapfunga kubera bica abantu. Ivyo none wumva vyumvikana?” Nasubijeyo nti: “Eka ntivyumvikana.”

Yaciye avuga ati: “Naramaze imyaka 15 mu rindi bohero, maze ndasoma bimwebimwe mu bitabu vyanyu.” Nasenze nti: “Yehova mfasha ngumane n’uwu mugabo.” Uwo mugabo, akaba yitwa Paul, yaciye avuga ati: “Nihagira uwugukorako muri aba bantu, uzoce gusa uvuza induru. Nzoheza ndamwereke.” Nta ngorane n’imwe nahavuye ngiranira n’imbohe 50 zari muri ico gice c’ibohero.

Nari mu Vyabona bari bapfungiwe i Ashland muri Kentucky bahorwa ko batagira aho bahengamiye mu vya politike

Igihe abakuru b’iryo bohero banyimurira i Ashland, nahasanze abavukanyi batari bake bahumuye mu vy’impwemu. Kwifatanya na bo, jewe n’abandi vyaradufashije kuguma dukomeye mu vy’impwemu. Baraduha igihimba ca Bibiliya dusoma buri ndwi, maze tugategura ibibazo n’inyishu ku bw’amakoraniro yatunganywa n’abavukanyi. Hariho n’uwujejwe ivyibare yagenywe. Twari mu nzu nini y’uburaro itagiramwo ivyumba, yarimwo ibitanda impande y’impome. Uwari ajejwe ivyibare yarambwira ati: “Robison, wewe ujejwe ibitanda ibi n’ibi. Abaryama kuri ivyo bitanda ni bo bagize icibare cawe. Witwararike kubwira inkuru nziza uwuharyama wese imbere y’uko agenda.” Ukwo ni ko twamamaza mu buryo burimwo urutonde.

INGENE VYAGENZE MAZE GUPFUNGURWA

Naho Intambara ya kabiri yarangiye mu 1945, naragumijwe mw’ibohero igihe gitoyi. Narahagarikwa umutima n’abo mu muryango wacu kuko dawe yari yambwiye ati: “Icompa ukamviraho, abasigaye twokwihurira.” Maze kurekurwa, hari ikintu giteye umunezero ntari niteze nasanze carabaye. Naho dawe yabarwanya, indwi mu bagize umuryango wacu baritaba amakoraniro, umwe muri bashikanje na we yari yarabatijwe.

Nari ngiye mu ndimiro ndi kumwe na Demetrius Papageorge, umuvukanyi yarobanuwe yatanguye gukorera Yehova mu 1913

Mu 1950 haradutse intambara muri Koreya, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zikaba zarayigizemwo uruhara. Narasubiye gusabwa kwinjira mu gisoda maze ndaja kwiyandikisha i Fort Hayes. Bamaze gusuzuma ubushobozi mfise, hari intwazangabo yambwiye iti: “Ni wewe waronse amanota meza kuruta abandi bose mu mugwi wanyu.” Nasubijeyo nti: “Ni vyiza, ariko jewe sinzoja mu gisoda.” Naciye nsubiramwo ibivugwa muri 2 Timoteyo 2:3 maze mvuga nti: “Nsanzwe ndi umusoda wa Kristu.” Yaramaze umwanya muremure acereje, aca avuga ati: “Niwigire.”

Budakeye na kabiri, naritavye inama y’abipfuza kuja gukorera kuri Beteli, kw’ihwaniro ryabereye i Cincinnati muri Ohio. Umuvukanyi Milton Henschel yatubwiye ko mu gihe umuvukanyi yoba yipfuza gukora cane ku bw’Ubwami, ishirahamwe ryoshobora kumukoresha kuri Beteli. Narasavye umurimo wo kuri Beteli, ndemererwa, nca nja kuri Beteli y’i Brooklyn muri Myandagaro 1954. Kuva ico gihe sinigeze mva kuri Beteli.

Sinigeze nsiba ku bikorwa kuri Beteli. Naramaze imyaka itari mike nkora ivyuma bishusha amazi mw’icapuriro no mu nyubakwa y’amabiro, nkaba narakanika imashini nkongera ngasanura ivyuma vyugara imiryango. Narakoreye kandi ku Ngoro z’amaterano i New York City.

Nariko nditwararika ivyuma bishusha amazi yo mu nyubakwa y’amabiro kuri Beteli y’i Brooklyn

Narakunze urutonde rw’ivy’impwemu Beteli yisunga, harimwo ugusenga kwo mu gitondo, inyigisho y’Umunara w’Inderetsi umuryango ugira hamwe no kugira uruhara mu ndimiro nifatanije n’ishengero. Igihe uzirikanye kuri ivyo bintu, urabona ko bishobora kugirwa muri buri muryango w’Ivyabona vya Yehova kandi ni ko bikwiye kumera. Igihe abavyeyi n’abana barimburiye hamwe icanditswe c’umusi, bakagira Ugusenga kwo mu muryango badahorereza kandi bakagira uruhara n’umwete mu makoraniro y’ishengero no mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, biba bishoboka ko abagize umuryango bose bakomera mu vy’impwemu.

Naragize abagenzi benshi kuri Beteli no mw’ishengero. Bamwe bari abarobanuwe, bakaba baramaze kwironkera impera yabo mw’ijuru. Abandi na bo ntibari abarobanuwe. Mugabo abasavyi ba Yehova bose ntibatunganye, harimwo n’Abanyabeteli. Bishitse hakagira ico dupfa n’umuvukanyi, nama ngerageza kugiranira amahoro na we. Ndazirikana kuri Matayo 5:23, 24 no ku kuntu vyitezwe ko dutorera umuti ukutumvikana. Gusaba imbabazi ntivyoroshe, ariko ni gake ingorane tuba dufitaniye n’umuvukanyi zibandanya maze kumubwira nti: “Mbabarira.”

IVYIZA NIRONKEYE MU MURIMO

Kubera ko ubu nitereye mu myaka, birangora kuronka akanya ko kuja kwamamaza inzu ku nzu, mugabo sinatanye n’akabando. Narize igishinwa c’ikimandarini gikeyi, nkaba mpimbarwa no kuyagisha Abashinwa kw’ibarabara. Rimwe na rimwe mu gitondo, ndaha abantu bashimishijwe ibinyamakuru 30 canke 40.

Nariko ndabwira inkuru nziza Abashinwa i Brooklyn muri New York

Narasubiye mbere kuyaga n’uwo nari narabwiye inkuru nziza, ico gihe akaba yari mu Bushinwa! Umusi umwe, hari umwigeme ashwashwanutse yamwenyuriye ariko arakoka abakiriya ngo bamushorere ivyamwa. Naramwenyuye nca ndamuha Umunara w’Inderetsi na Be maso! mu gishinwa. Yaravyakiriye aca ambwira ko yitwa Katie. Mu nyuma, igihe cose Katie yaba ambonye, yaca aza kunganiriza. Naramwigisha amazina y’ivyamwa n’ay’imboga mu congereza, akaza arasubiramwo. Naramusigurira n’ivyanditswe vyo muri Bibiliya, kandi yarakiriye igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Ariko rero inyuma y’amayinga nk’angahe, sinasubiye kumubona.

Haciye amezi n’ayandi, uwundi mwigeme yariko arakoka abakiriya yarakiriye ibinyamakuru ndamuhaye. Mu ndwi yakurikiye, yarampaye telefone maze avuga ati: “Hari umuntu wo mu Bushinwa yipfuza ko muvugana.” Nasubijeyo nti: “Nta muntu n’umwe wo mu Bushinwa tuzinanyi.” Mugabo yagumye anyinginga, maze ndakira nya telefone, mvuga nti: “Allo! Ndi Robison.” Uwari aterefonye yavuze ati: “Robby, uriko uvugana na Katie. Narasubiye mu Bushinwa.” Nanje nti: “Mu Bushinwa?” Katie na we ati: “Ego. Robby, urazi uwo mukobwa aguhaye iyo telefone? Ni mwene wacu. Waranyigishije ibintu vyiza vyinshi. Ndagusavye umwigishe nk’uko wanyigishije.” Namubwiye nti: “Katie, nta ko ntazogira. Urakoze kumenyesha aho uri.” Inyuma y’aho gatoyi, naravuganye ubwa nyuma na mwene wabo na Katie. Abo bigeme babiri aho bari hose, ndizigiye ko babandanya kwiga ivyerekeye Yehova.

Ndamaze imyaka 73 mu murimo mweranda wa Yehova. Ndahimbawe kubona yaramfashije kuguma ata ho mpengamiye mu vya politike no kuguma ndi umwizigirwa mw’ibohero. Vyongeye, abo tuvukana barambwira ko igihe dawe yandwanya nkaguma numiyeko vyatumye bagira umutima rugabo. Mawe n’abo tuvukana batandatu bahavuye babatizwa. Mbere na dawe yaraturuye, kandi yaritaba amakoraniro amwamwe imbere y’uko asandaba.

Imana niyabishaka, incuti n’abagenzi bapfuye bazozuka babe mw’isi nshasha. Iyumvire umunezero tuzogira igihe tuzoba dusenga Yehova ibihe bidahera turi kumwe n’abo twikundira. *

^ ing. 14 Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abavugabutumwa bari bemerewe kutaja mu gisirikare.

^ ing. 32 Igihe iki kiganiro cariko kirategurwa kugira gisohorwe, Corwin Robison yarapfuye ari umwizigirwa kuri Yehova.