Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nube intahemuka kuri Yehova

Nube intahemuka kuri Yehova

“Yehova ubwiwe abe hagati yanje nawe no hagati y’uruvyaro rwanje n’uruvyaro rwawe gushika igihe kitagira urugero.”​—1 SAM. 20:42.

INDIRIMBO: 125, 62

1, 2. Kubera iki ubugenzi Yonatani yari afitaniye na Dawidi ari akarorero kadasanzwe k’ukudahemuka?

YONATANI ategerezwa kuba yaratangajwe n’ukuntu agahungu Dawidi kari kirahiye ikigatanya Goliyati. Dawidi rero yari ahagaze imbere y’Umwami Sauli wa Isirayeli, se wa Yonatani, akaba yari “afise umutwe wa nya Mufilisitiya mu kuboko.” (1 Sam. 17:57) Nta gukeka ko Yonatani yakunze cane Dawidi kubera umutima rugabo yari afise. Vyaragaragara ko Imana yari kumwe na Dawidi, maze “umutima wa Yonatani ufatana n’uwa Dawidi.” Nkako, baciye ‘bagirana isezerano, kuko Yonatani yakunze Dawidi nk’uko yikunda.’ (1 Sam. 18:1-3) Yonatani yagumye ari intahemuka kuri Dawidi igihe cose yari asigaje kubaho.

2 Urwo Yonatani yakunze Dawidi rwarabandanije, naho nyene Imana yari yacaguye Dawidi ngo azobe umwami wa Isirayeli asubirira Sauli. Yonatani yarahagaritse umutima kubera Dawidi igihe Sauli yariko arondera kumwica. Kugira aremeshe uwo mugenzi wiwe, yarafashe urugendo aja mu gahinga ka Yudaya i Horeshi. Yonatani yarafashije Dawidi kugira “akomeze ukuboko kwiwe mu vyerekeye Imana.” Yavuze ati: “Ntutinye . . . ; wewe ubwawe uzoba umwami wa Isirayeli, nanje ubwanje nzoba uwa kabiri kuri wewe.”​—1 Sam. 23:16, 17.

3. Ni igiki Yonatani yabona ko gihambaye kuruta kuba intahemuka kuri Dawidi, kandi ivyo tubizi gute? (Raba ishusho itangura.)

3 Ukudahemuka ni ikintu gikundwa n’abantu nka bose. Ariko rero nka hamwe twotangarira ukuntu Yonatani yabaye intahemuka kuri Dawidi tutarimbuye ukuntu yabaye intahemuka ku Mana, hariho icigwa gihambaye cane coducika. Kubera iki Yonatani yabona Dawidi nk’umugenzi aho kumubona nk’umukeba? Biboneka ko hari ikintu cari gihambaye cane kuri Yonatani kuruta inyungu ziwe bwite. Uribuka ko yafashije Dawidi “[gukomeza] ukuboko kwiwe mu vyerekeye Imana.” Biragaragara rero ko kuba intahemuka ku Mana vyari bifise ikibanza ca mbere mu mutima wa Yonatani. Mu vy’ukuri, kuba intahemuka kuri Yehova ni vyo ahanini vyatuma Yonatani aba intahemuka kuri Dawidi. Vyongeye, abo bagabo bompi barisunze isezerano bagiraniye bati: “Yehova ubwiwe abe hagati yanje nawe no hagati y’uruvyaro rwanje n’uruvyaro rwawe gushika igihe kitagira urugero.”​—1 Sam. 20:42.

4. (a) Ni igiki gituma tugira agahimbare nyakuri? (b) Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

4 Twebwe abakirisu, ntidutangarira gusa abantu badahemukira abandi. Ubwacu turi intahemuka ku bo mu muryango wacu, ku bagenzi bacu no ku bo dusangiye ukwemera. (1 Tes. 2:10, 11) Ariko none ni nde aza ubwa mbere mu bo tudakwiye guhemukira? Emwe, nta wundi atari Umwe yaduha ubuzima! (Ivyah. 4:11) Kuguma turi intahemuka kuri we bituma tugira agahimbare nyakuri. Ariko kugira tube intahemuka ku Mana, dutegerezwa kuyumirako mbere n’igihe turi mu bigeragezo bikomeye. Muri iki kiganiro, turihweza ukuntu akarorero ka Yonatani gashobora kudufasha kuba intahemuka kuri Yehova mu bihe bine bitoroshe: (1) igihe umuntu afise ubukuru asa n’uwutabereye kwubahwa, (2) igihe tubwirizwa guhitamwo uwo tutohemukira, (3) igihe dutahuwe nabi canke turenganijwe, (4) igihe tubona ko bigoye gushitsa isezerano.

IGIHE UMUNTU AFISE UBUKURU ASA N’UWUTABEREYE KWUBAHWA

5. Ni kubera iki bitari vyoroshe ko Abisirayeli baba intahemuka ku Mana igihe Sauli yari umwami?

5 Naho Imana yari yararobanuye Sauli se wa Yonatani ngo abe umwami, yahavuye agambarara maze Yehova aramwanka. (1 Sam. 15:17-23) Kubera ko Imana itaciye ikura Sauli ku ngoma, inyifato yiwe mbi yarabereye ikigeragezo abo yatwara hamwe n’abari hafi yiwe bose. Vyarabagoye cane kuba intahemuka ku Mana kubera ko uwo mwami yari ku “ntebe y’ubwami ya Yehova” yabandanya gukora ivyo yishakiye.​— 1 Ngo. 29:23.

6. Ni igiki cerekana ko Yonatani yagumye ari intahemuka kuri Yehova?

6 Igihe Sauli yatangura kugaragaza agatima ko kugambarara, umuhungu wiwe Yonatani yagumye ari intahemuka kuri Yehova. (1 Sam. 13:13, 14) Umuhanuzi Samweli yari yavuze ati: “Yehova [n]tazota abantu biwe, kubera izina ryiwe rihambaye.” (1 Sam. 12:22) Yonatani yarerekanye ko yemera ico kintu igihe ingabo nyinshi z’Abafilisitiya zatera Isirayeli zitwaje imikogote 30.000 y’intambara. Sauli yari afise abagabo 600 gusa kandi we na Yonatani bonyene ni bo bari bafise ibirwanisho! Yamara, Yonatani yarateye ikirindiro c’Abafilisitiya ari kumwe gusa n’uwumutwaza ibirwanisho. Yonatani yavuze ati: “[Nta] kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi.” Abo Bisirayeli babiri baragaritse abagabo nka 20 muri ico kirindiro. Mu nyuma, “isi itangura kunyiganyiga, ivyo biraheza bicika ukujugumira kuvuye ku Mana.” Abo Bafilisitiya baciye baja mu muvurungano maze baramarana. Gutyo, ukwizera kwa Yonatani gutuma Isirayeli itahukana intsinzi.​—1 Sam. 13:5, 15, 22; 14:1, 2, 6, 14, 15, 20.

7. Yonatani yafata gute se wiwe?

7 Naho nyene ubucuti Sauli yari afitaniye na Yehova bwadabutse, Yonatani yarashigikira se wiwe igihe cose vyaba bishoboka. Nk’akarorero, barafatanije mu kurwanira abasavyi b’Imana.​—1 Sam. 31:1, 2.

8, 9. Kwubaha ubukuru vyerekana gute ko turi intahemuka ku Mana?

8 Cokimwe na Yonatani, turaba intahemuka kuri Yehova mu kuyobokera ku rugero kanaka abakuru bari hejuru nk’uko Imana ibidusaba, n’igihe nyene bamwebamwe basa n’abatabereye kwubahwa. Nk’akarorero, umutegetsi yoshobora kuba yarononekaye, mugabo tukaguma twubaha ikibanza arimwo kubera ko tubwirizwa kugamburukira ku rugero runaka “abakuru bari hejuru” mu ntwaro. (Soma Abaroma 13:1, 2.) Mu bisanzwe, twese turashobora kuba intahemuka kuri Yehova mu kwubaha abo aha ubukuru, ushizemwo mu muryango no mw’ishengero.​—1 Kor. 11:3; Heb. 13:17.

Uburyo bumwe bwo kuba intahemuka kuri Yehova ni ukwubaha uwo mwubakanye mudasangiye ukwemera (Raba ingingo ya 9)

9 Olga [1]wo muri Amerika y’Epfo, yarabaye intahemuka ku Mana mu kugaragariza icubahiro umugabo wiwe mbere no mu bihe bitoroshe. Uwo mugabo wiwe yaramaze imyaka atamwerekwa kubera ko ari Icabona ca Yehova. Yaramuturubika, akamutuka, akanka kumuvugisha, akanamutera ubwoba yuko azotwara abana akamusiga wenyene. Ariko Olga ntiyigeze yishura ikibi ku kindi. Yarakoze uko ashoboye kwose kugira abe umukenyezi mwiza mu kuronderera uwo mugabo wiwe ibifungurwa, mu kumumesurira impuzu no mu kwitwararika incuti ziwe. (Rom. 12:17) Igihe vyaba bishoboka, yaramuherekeza agiye kuramutsa incuti canke abo bakorana. Nk’akarorero, igihe uwo mugabo yagomba kuja mu kindi gisagara ku maziko ya se wiwe, Olga yarateguye abana be n’ibindi vyose vyari bikenewe ku bw’urwo rugendo. Yaramurindiririye imbere y’urusengero gushika nya birori biheze. Haciye imyaka myinshi, uwo mugabo yaratanguye guturura kubera ukwihangana n’icubahiro Olga yagaragaje. Ubu aramwunguruza akamushikana ku Ngoro y’Ubwami, akanamuremesha kujayo, kandi rimwe na rimwe barajana ku makoraniro.​—1 Pet. 3:1.

IGIHE TUBWIRIZWA GUHITAMWO UWO TUTOHEMUKIRA

10. Yonatani yamenye gute uwo adakwiye guhemukira?

10 Kubera ko Sauli yari yiyemeje kwica Dawidi, Yonatani yabwirizwa guhitamwo uwo atohemukira. Naho yari yaragiraniye isezerano na Dawidi, yaripfuza kandi kuyobokera se wiwe. Yonatani yaratahura ko Imana itari kumwe na Sauli ahubwo ko yari kumwe na Dawidi. Yonatani rero yahisemwo kuba intahemuka kuri Dawidi aho kuba intahemuka kuri Sauli. Yaraburiye Dawidi ngo yinyegeze maze aramuvugira neza kuri Sauli.​—Soma 1 Samweli 19:1-6.

11, 12. Urwo dukunda Imana rudufasha gute kutayihemukira?

11 Kuba intahemuka ku Mana vyarafashije mushiki wacu umwe wo muri Ostraliya yitwa Alice kumenya uwo adakwiye guhemukira. Igihe yatangura kwiga Bibiliya, yarabwira abo mu muryango wiwe ibintu vyiza yariko ariga. Mu nyuma, yarababwiye ko atokwifatanije na bo mu guhimbaza Noweli. Yarabasiguriye igituma, ariko umwitwarariko usanzwe bari bafise wahavuye ucika ugushangashirwa gukaze. Biyumvira ko yariko aratera akagere umuryango. Alice avuga ati: “Mawe yahavuye avuga ko ankuyeko amaboko. Naravunitse umutima nongera ndababara cane kuko nakunda rwose abo mu muryango wacu. Ariko rero, nariyemeje gushira Yehova n’Umwana wiwe mu kibanza ca mbere mu mutima wanje, maze ndabatizwa kw’iteraniro ryakurikiye.”​—Mat. 10:37.

12 Tutabaye maso, urwo dukunda igihugu, ishure canke umugwi kanaka w’inkino, impera n’imperuka rurashobora kunyoha urwo dukunda Imana. Nk’akarorero, Henry arakunda gukina urukino rumeze nk’urudo (jeu d’échecs). Ishure yigako ryarakunda gutahukana intsinzi mu mahiganwa, kandi yaripfuza gukora uko ashoboye kwose kugira ritsinde. Mugabo yavuze ati: “Urwo nakunda ishure rwahavuye rutangura kuja imbere y’urwo nakunda Imana. Kubera ko nabwirizwa gukina buri mpera y’umushamvu, urwo rukino rwaratanguye kuntwara umwanya wo gukora imirimo y’Ubwami. Naciye mfata ingingo yo kuva mu mugwi nakinamwo.”​—Mat. 6:33.

13. Kuba intahemuka ku Mana bishobora gute kudufasha gutorera umuti ingorane zo mu muryango?

13 Kumenya uwo tudakwiye guhemukira mu bagize umuryango birashobora kuba urugamba. Nk’akarorero, Ken avuga ati: “Nashaka kwama nja kuraba mawe yari ageze mu zabukuru ngashaka n’uko yoza araza kugumana natwe. Mugabo mawe n’umugore wanje ntibahuza. Mu ntango, sinabona ico nokora kubera ko nshimishije umwe, uwundi ryaca riniga.” Mu nyuma Ken yarazirikanye ku vyo Bibiliya ivuga maze aratahura ko igihe vyifashe gutyo, ategerezwa kubanza gushimisha umugore wiwe. Gutyo, yaratoreye umuti ico kibazo mu buryo buhimbara umukenyezi wiwe. Kuba intahemuka ku Mana no kwubaha Ijambo ryayo vyaratumye Ken agira umutima rugabo wo gusigurira umukenyezi wiwe igituma bakwiye kwakirana umutima mwiza nyina wiwe yongera arasigurira nyina wiwe igituma akwiye gusonera umukazana wiwe.​—Soma Itanguriro 2:24; 1 Bakorinto 13:4, 5.

IGIHE DUTAHUWE NABI CANKE TURENGANIJWE

14. Sauli yarenganije gute Yonatani?

14 Vyoshobora kutugora kuba intahemuka kuri Yehova igihe umuntu afise amabanga aturenganije. Yonatani ashobora kuba yarashikiwe n’ingorane nk’iyo. Umwami Sauli, uwari yararobanuwe n’Imana, yari azi neza ko umuhungu wiwe akundana na Dawidi, ariko ntiyatahura igituma. Sauli yaratetereje Yonatani mu kumukankamira. Ariko rero, Yonatani ntiyageze ingere ku yindi. Ntiyadohotse ngo ahemukire Imana canke Dawidi, uwohavuye aba umwami wa Isirayeli.​—1 Sam. 20:30-41.

15. Dukwiye kuvyifatamwo gute bishitse umuvukanyi akaturenganya?

15 Muri iki gihe mu mashengero y’abasavyi ba Yehova, abavukanyi batuja imbere baragerageza kutarenganya. Ariko rero, ni abantu badatunganye kandi boshobora kudatahura neza ivyo dukora. (1 Sam. 1:13-17) Bishitse tukarenganywa canke tugatahurwa nabi, nimuze tugume turi intahemuka kuri Yehova.

IGIHE TUBONA KO BIGOYE GUSHITSA ISEZERANO

16. Ni mu bihe ibihe tubwirizwa kuba intahemuka ku Mana aho kwikunda?

16 Sauli yahimirije Yonatani gukurikirana inyungu ziwe bwite. (1 Sam. 20:31) Mugabo kubera ko Yonatani yari intahemuka ku Mana, vyatumye ashigikira Dawidi aho kwironderera kuba umwami. Turashobora kwigana agatima kazira ubwikunzi ka Yonatani tugumye twibuka ko umuntu Yehova yemera, “ico yarahiye naho comugirira nabi, [ada]hindura.” (Zab. 15:4) Yonatani ‘ntiyahinduye ico yari yararahiye’ Dawidi; kandi na twebwe ntidukwiye guhindura ivyo twarahiye. Nk’akarorero, nimba dusanze amasezerano twagize y’ivy’urudandaza atatworohera gushitsa nk’uko twari tuvyiteze, kuba intahemuka ku Mana no kw’Ijambo ryayo bikwiye gutuma dushitsa ivyo twasezeranye. Bite ho mu gihe umubano wacu w’ababiranye utagenze neza nk’uko twari tuvyiteze? Nta gukeka ko urwo dukunda Imana ruzotuma tudahemukira uwo twubakanye.​—Soma Malaki 2:13-16.

Nimba twaragize amasezerano mu vy’urudandaza, dutegerezwa kuyashitsa kubera ko turi intahemuka ku Mana (Raba ingingo ya 16)

17. Iki cigwa cagufashije gute?

17 Iyo twihweje akarorero ka Yonatani ko kudahemukira Imana, ntiduca none twipfuza kumwigana? Nimuze twirinde gukurikirana inyungu ziranga ubwikunzi. Cokimwe na Yonatani, nimuze tube intahemuka kuri Yehova mu kudahemukira abasavyi biwe, mbere n’abo vyoshika bakatubabaza. Igihe tubaye intahemuka kuri Yehova Imana mu bihe bigoye, turanezereza umutima wiwe, kandi ivyo biratuma tugira agahimbare kenshi gashoboka. (Imig. 27:11) Nitwaguma turi intahemuka kuri Yehova, tuzokwibonera ukuntu atuma vyose bigendera neza abamukunda. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ivyigwa ngirakamaro twohakura dusuzumye ivyakozwe n’abantu b’abizigirwa be n’abatari abizigirwa bo mu gihe ca Dawidi.

^ [1] (ingingo ya 9) Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.