Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugume ukorera Yehova unezerewe

Nugume ukorera Yehova unezerewe

UMUSI waguhimbaye kuruta iyindi yose mu buzima bwawe ni uwuhe? Hoba ari igihe wubaka urwawe canke igihe umwana wawe w’imfura yavuka? Canke ni igihe wiyegurira Yehova mu kubatizwa? Hari aho woba ubona ko uwo musi ari wo wabaye uwuhambaye n’uwuteye umunezero kuruta iyindi yose. Ese ukuntu abo musangiye ukwemera bahimbawe no kukubona werekanye ku mugaragaro ko ukunda Imana n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’umuzirikanyi wawe wose be n’inkomezi zawe zose!​—Mrk. 12:30.

Birashoboka rwose ko wahimbawe cane no gukorera Yehova kuva ubatijwe. Yamara rero, abamamaji b’Ubwami bamwebamwe hari ukuntu usanga batagifise umunezero nk’uwo bigeze kuba bafise. None ivyo biterwa n’iki? Ni imvo izihe zikwiye gutuma tubandanya gukorera Yehova tunezerewe?

IGITUMA BAMWEBAMWE BATAKAZA UMUNEZERO

Ubutumwa bw’Ubwami buratuma tugira umunezero mwinshi. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova asezerana yuko ubwo Bwami bugiye gukuraho iyi si mbi maze buzane isi nshasha y’Imana. Vyongeye, muri Zefaniya 1:14 hadukura amazinda hati: “Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi. Uri hafi, kandi urihuta cane!” Ariko rero, kurindira igihe kirekire kuruta ico twari twiteze birashobora kudutwara umunezero twahorana maze bigatuma tugabanya umwete mu gikorwa ceranda turangurira Imana.​—Imig. 13:12.

Kwifatanya n’abasavyi b’Imana biratuma tubandanya gukorera Yehova tunezerewe. Nkako, inyifato nziza y’abasavyi ba Yehova yoshobora kuba ari yo yadukwegereye ku gusenga kw’ukuri yongera iratuma dutangura gukorera Imana tunezerewe. (1 Pet. 2:12) Ariko none vyogenda gute bishitse umukirisu mugenzi wacu agatozwa indero kubera atashoboye kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana? Mu bihe nk’ivyo, bamwebamwe mu bakwegerewe ku kuri kubera inyifato nziza y’abasavyi ba Yehova, boshobora gucika intege maze bagatakaza umunezero.

Agatima ko guhahamira amaronko karanga isi mbi ya Shetani na ko nyene karashobora kudutwara umunezero. Shetani arakoresha isi yiwe kugira atwemeze ko dukeneye ibintu mu vy’ukuri bidakenewe. Ariko rero, vyoba vyiza twibutse amajambo ya Yezu agira ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.” (Mat. 6:24) Ntidushobora gukorera Yehova tunezerewe kandi turiko turaca ku biti no ku mabuye turondera ibintu vyose dushobora gukura muri iyi si.

‘TURANEZERERWA IMANA Y’UBUKIRIRO BWACU’

Gukorera Yehova si umuzigo ku bamukunda. (1 Yoh. 5:3) Twibuke ko Yezu yavuze ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe. Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.” (Mat. 11:28-30) Kwishirako ingǒgo yo kuba umwigishwa wa Kristu biraruhura kandi bivamwo umunezero. Turafise vy’ukuri imvo zo kunezerwa cane mu murimo wa Yehova. Ubu na ho nimuze turimbure imvo zitatu zihambaye zituma ‘tunezererwa Imana y’ubukiriro bwacu.’​—Hab. 3:18.

Dukorera Imana yaduhaye ubuzima kandi ihimbawe. (Ivyak. 17:28; 1 Tim. 1:11) Turatahura ko ubuzima dufise tubukesha Umuremyi wacu. Ni co gituma tubandanya kumukorera tunezerewe, tutaravye imyaka ihaciye tubatijwe.

Héctor agumana umunezero mu kugumiza ku muzirikanyi icizigiro c’Ubwami no mu kuguma ari umunyamwete

Rimbura ivyerekeye Héctor, uwamaze imyaka 40 akorera Yehova ari umucungezi w’ingenzi. Arabandanya gukorera Yehova anezerewe ‘no muri iki gihe ari n’imvi ku mutwe’. (Zab. 92:12-14) Kubera umukenyezi wiwe arwaye, ivyo Héctor akora mu murimo w’Imana vyaragabanutse, mugabo ntivyagabanije umunezero afise. Avuga ati: “Naho bimbabaza kubona umukenyezi wanje abandanya gusinzikara kandi ntibinyorohere kumwitwararika, sindeka ngo bintware umunezero nkura mu murimo ndangurira Imana y’ukuri. Kuba nzi ko ubuzima bwanje ndabukesha Yehova, we yaremye umuntu afise umugambi, birahagije kugira ndamukunde cane nongere ndamukorere n’umutima wanje wose. Ndihatira kuguma mfise umwete mu gikorwa co kwamamaza, kandi ndagerageza kugumiza umuzirikanyi wanje ku cizigiro c’Ubwami kugira sintakaze umunezero.”

Yehova yaratanze inkuka y’incungu maze atuma bishoboka ko tugira ubuzima buhimbaye. Mu vy’ukuri, “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yoh. 3:16) Ego cane, ibicumuro vyacu birashobora kubabarirwa maze tugashobora kubaho ibihe bidahera biciye ku kwizera intunganyo iranga urukundo Imana yashizeho yerekeye inkuka y’incungu ya Yezu. None iyo si imvo nziza igitangaza ikwiye gutuma dukenguruka? Kuba dukenguruka incungu, ntibikwiye none gutuma dukorera Yehova tunezerewe?

Jesús yaroroheje ubuzima bwiwe maze aramara imyaka akorera Yehova anezerewe

Umuvukanyi umwe yitwa Jesús wo muri Megizike, yavuze ati: “Nari narajakariye akazi nakora, bikaba vyarashika ngakora amasaha arenze nikurikiranya, n’igihe nyene ntaba mbwirizwa kubigira. Ivyo nabigira kugira gusa nironkere amahera menshi. Mu nyuma, narize ivyerekeye Yehova be n’ukuntu yatanze Umwana wiwe yikundira ku bw’ineza y’abantu. Naragize icipfuzo gikomeye co kumukorera. Nariyeguriye rero Yehova, maze haciye imyaka 28 nkora ako kazi, mfata ingingo yo kugaheba kugira ntangure umurimo w’igihe cose.” Iyo yabaye intango y’imyaka amaze mu murimo wa Yehova uteye umunezero.

Icamwa twama gituma tugira umunezero mwinshi, ntigituma tugira intuntu. Woba wibuka ukuntu ubuzima bwawe bwari bumeze utaramenya Yehova? Intumwa Paulo yibukije abakirisu b’i Roma yuko “[b]ari abashumba b’igicumuro,” mugabo ko bacitse “abashumba b’ubugororotsi.” Bariko barama icamwa “mu buryo bw’ubweranda,” bikaba vyari gutuma baronka ubuzima budahera. (Rom. 6:17-22) Na twebwe nyene turisunga ingingo ngenderwako za Yehova maze tukirinda intuntu iva ku guhumana mu nyifato runtu canke ku nyifato iranga ubukazi. Iyo none si imvo yotuma tugira umunezero?

“Imyaka ihimbaye kuruta iyindi yose mu buzima bwanje ni iyo maze nkorera Yehova.”​—Jaime

Rimbura ivyerekeye Jaime, umuhakanamana yashigikira ivy’ihindagurika, akaba yarakina urukino rwo guterana ibipfunsi. Jaime yaratanguye kwitaba amakoraniro ya gikirisu maze arakorwa ku mutima n’urukundo yahasanze. Kugira Jaime ahebe ingeso ziwe za kera, yabwirijwe gusaba Yehova ngo amufashe kumwizera. Jaime avuga ati: “Buhorobuhoro, naratahuye ko hariho Umuvyeyi akundana akaba n’Imana y’imbabazi. Kuguma nisunga ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse vyarankingiye. Iyo ntahinduka, hari aho mba narapfuye cokimwe na bamwebamwe mu bagenzi twahoze dukinana urwo rukino rwo guterana ibipfunsi. Imyaka ihimbaye kuruta iyindi yose mu buzima bwanje ni iyo maze nkorera Yehova.”

NTIDUHEBE!

Dukwiye kwiyumva gute magingo turindiriye iherezo ry’iyi si mbi? Twibuke ko turiko “[tu]biba ku bw’impwemu,” kandi ko “[tu]zokwimbura ubuzima.” Ku bw’ivyo, “ntiduhebe . . . gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutadebukirwa.” (Gal. 6:8, 9) Tubifashijwemwo na Yehova, nimuze twihangane, twihatire gutsimbataza kamere zizotuma turokoka “ya makuba akomeye,” maze tubandanye gukorera Yehova tunezerewe naho twoshikirwa n’ibigeragezo.​—Ivyah. 7:9, 13, 14; Yak. 1:2-4.

Turashobora guhera amazinda ko nitwihangana tutazotaha zirayoye, kuko Imana izi neza igikorwa tuyirangurira be n’urukundo tuyikunda tugakunda n’izina ryayo. Nitwabandanya gukorera Yehova tunezerewe, tuzomera nk’umwanditsi w’amazaburi Dawidi, uwavuze ati: “Nashize Yehova imbere yanje nantaryo. Kubera ko ari i buryo bwanje, sinzonyiganyizwa. Ni co gituma umutima wanje unezerwa, n’ubuninahazwa bwanje bukumva buhimbawe. Vyongeye, umubiri wanje uzokwiberaho mu mutekano.”​—Zab. 16:8, 9.