Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Umuduga usamiriza amajwi wari uzwi n’abantu amamiliyoni

Umuduga usamiriza amajwi wari uzwi n’abantu amamiliyoni

“Mu gikorwa c’Umukama muri Brezile harakoreshejwe umuduga umwe rudende uduza amajwi, kandi abantu amamiliyoni bari bawuzi, ukaba witwa ‘Umuduga usamiriza amajwi wa Watch Tower.’”​—Nathaniel Yuille, mu 1938.

MU NTANGO z’imyaka ya 1930, igikorwa c’Ubwami muri Brezile casa n’ikidatera imbere. Mugabo mu 1935, Nathaniel Yuille n’umukenyezi wiwe Maud, bompi bakaba bari abatsimvyi, barandikiye Joseph Rutherford. Ico gihe ni we yari ahagarikiye igikorwa co kwamamaza. Kubera ko bashaka kwitanga mu murimo, banditse ko “bohimbawe no kuja aho ari ho hose.”

Ico gihe Nathaniel yari afise imyaka 62, akaba yari umuhinga mu vy’ubwubatsi yakukurutse. Yari umuyobozi w’umurimo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova i San Francisco muri Kaliforniya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ng’aho yari yaratunganije igikorwa co kwamamaza yongera arakoresha ivyuma biduza amajwi mu gukwiragiza inkuru nziza. Kuba yari azi utuntu n’utundi kandi akaba yari afise agatima ko kwitanga, vyatumye afasha cane mu gikorwa ciwe gishasha co kuba umukozi w’ishami mu karere amahero kavugwamwo indimi nyinshi, ari ko Brezile.

Mu 1936, Nathaniel na Maud barashitse muri Brezile bari kumwe n’uwundi mutsimvyi yitwa Antonio Andrade yaza arabasobanurira. Bagiyeyo bafise umuzigo urimwo ibintu vy’agaciro, ni ukuvuga amafono 35 hamwe n’umuduga usamiriza amajwi. Ico gihugu kigira gatanu mu bwaguke kw’isi yose ari co Brezile, carimwo abamamaji b’Ubwami nka 60 gusa! Yamara rero, ivyo vyuma bisamiriza amajwi bitari bimenyerewe vyobafashije gushikira abantu amamiliyoni mu myaka mikeyi gusa.

Haciye ukwezi kumwe uwo muryango wa Yuille ushitse muri Brezile, ibiro vy’ishami vyaratunganije ihwaniro rya mbere ry’umurimo ryabereye mu gisagara ca São Paulo. Uwo muduga usamiriza amajwi, bikaba biboneka ko watwarwa na Maud, waratanguye kugenda urasamiriza insiguro y’icese yumvirijwe n’abantu 110! Iryo hwaniro ryarakabuye abamamaji, rituma barushiriza kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro. Barize ukuntu bokwamamaza bakoresheje ibisohokayandikiro, udukarata two gushinga intahe be n’amafono yasamiriza insiguro ziri mu congereza, mu gihongiriya, mu gipolonye, mu gisupanyoli, mu kidagi, mu nyuma na ho mu giportigale.

Uwo muduga usamiriza amajwi waratumye inkuru nziza ishikira abantu amamiliyoni muri Brezile

Amahwaniro atatu y’umurimo yabaye mu 1937 i São Paulo, i Rio de Janeiro be n’i Curitiba, yaratumye igikorwa co kwamamaza Injili kirushiriza gutera imbere. Uwo muduga usamiriza amajwi waragenda mu gikorwa c’inzu ku nzu uri kumwe n’abitavye ihwaniro. Uwitwa José Maglovsky, ico gihe akaba yari agasore, yahavuye yandika ati: “Twarashira ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya ku kameza, maze igihe uwo muduga waba uriko urasamiriza ubutumwa bwafashwe amajwi, twaca tuyaga n’abantu bavuye mu mihana yabo baje kuraba ibiriko biraba.”

Abantu babatirizwa mu nzuzi, mu gihe aboga baba bigaramiye ku kazuba hafi y’aho. Ese ukuntu kari akaryo keza ko kwamamaza inkuru nziza dufashijwe n’uwo muduga usamiriza amajwi! Igihe insiguro y’ibatisimu yashikirijwe n’umuvukanyi Rutherford yaba iriko irasamiranira mu vyuma biduza amajwi, abantu bashashaye kumenya ivyariko biraba, barakikuza uwo muduga bakumviriza igihe iyo nsiguro yaba iriko irasobanurwa mu giportigale. Iyo nsiguro irangiye, ababatizwa baribizwa mu mazi indirimbo z’Ubwami zafashwe amajwi mu gipolonye ziriko zirasamirana. Bene wacu na bashiki bacu baca baririmba mu ndimi zitandukanye bajana n’uwo muziki. Igitabu c’umwaka 1938 cavuze giti: “Vyaratwibukije ukuntu kuri Pentekoti umwe wese yatahuye mu rurimi rwiwe.”

Inyuma y’ayo mahwaniro, imisi yose ku wa mungu, imvura igwa canke itagwa, insiguro zafashwe amajwi zarashikira abantu mu bibanza vyo kwisamarizamwo, ahari inyubakwa zo kubamwo, ahari amahinguriro yo hagati mu gisagara ca São Paulo no mu bisagara vyo hafi yaho. Buri kwezi, uwo muduga usamiriza amajwi warashikiriza porogarama abarwayi b’imibembe 3.000 baba mu kigo kiri ku bilometero 97 mu buraruko bushira uburengero bwa São Paulo. Mu nyuma, harashinzwe ishengero ry’abamamaji b’umwete. Naho abo bamamaji b’Ubwami bari bamerewe nabi cane, bararonse uruhusha rwo kugendera ikindi kigo c’abarwaye imibembe babashiriye ubutumwa bwo muri Bibiliya buhumuriza.

Ivyerekeye Ubwami vyafashwe amajwi mu giportigale vyahavuye biboneka mu mpera z’umwaka wa 1938. Ku musi abagatolika bibuka abapfuye, wa muduga usamiriza amajwi warava kw’itongo ry’abapfuye uja ku rindi uvuza insiguro zigira ziti: “Abapfuye bari hehe?,” “Yehova,” “Ubutunzi,” zikaba zarashikiriye abantu barenga 40.000 bari bagandaye!

Abakuru b’amadini barababazwa cane n’insiguro zishingiye ku kuri kwo muri Bibiliya zishikirizwa n’umutima rugabo ku mugaragaro, akenshi bakaba barahata abategetsi bo muri ako karere ngo babuze uwo muduga gusamirana. Mushiki wacu Maud Yuille aribuka igihe kimwe umupadiri waho yagumuye akagwi k’inkozi z’ikibi ngo gasatire uwo muduga. Mugabo umukuru w’igisagara hamwe n’abapolisi baciye bashika maze barumviriza porogarama yose. Uwo mukuru w’igisagara yagiye atwaye mu minwe ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Uwo musi wa mugwi w’inkozi z’ikibi ntiwaje. Naho Ivyabona barwanijwe gutyo, Igitabu c’umwaka 1940 cavuze yuko Brezile yamenyesheje ko umwaka wa 1939 wabaye “igihe ciza kuruta ibindi vyose co gukorera wa Mutewokarate Mukuru no gutangaza izina ryiwe.”

Kuba uwo “muduga usamiriza amajwi wa Watch Tower” warabonetse vyaratumye igikorwa co kwamamaza gitera imbere cane muri Brezile. Warafashije cane kugira abantu amamiliyoni bashobore kwumva ubutumwa bw’Ubwami. Naho uwo muduga rurangiranwa wagurishijwe mu 1941, Ivyabona vya Yehova amasinzi barabandanije kubwira inkuru nziza abantu b’imitima nziraburyarya bo muri ako karere amahero ka Brezile.​—Vyakuwe mu bushinguro bwacu muri Brezile.