Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

George Rollston na Arthur Willis barahagaze kugira bashire amazi mu muduga.—Muri leta ya Territoire du Nord, mu 1933

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Nta barabara ryabakanga”

“Nta barabara ryabakanga”

KU WA 26 Ntwarante 1937, hari abagabo babiri bashitse i Sydney muri Ostraliya barushe basanzaye, umuduga wabo na wo wuzuye ivumbi. Hari haheze umwaka bavuye muri ico gisagara, bakaba bari bagenze ibilometero birenga 19.300, baca mu turere turi iyo catawe kandi tumeze nabi cane two muri Ostraliya. Abo bagabo ni Arthur Willis na Bill Newlands. Ntibari bagiye kwitemberera kandi ntibari ba mukerarugendo. Abo ni babiri gusa mu batsimvyi b’abanyamwete bari biyemeje gushikana inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana mu karere amahero kari iyo catawe muri Ostraliya.

Imbere gato y’umwaka wa 1930, muri Ostraliya hari Abatohoji ba Bibiliya * bakeya. Ahanini wasanga bamamaza mu bisigara vyo ku nkengera y’ibahari canke hafi yavyo. Mu gihugu hagati ni akarere amahero karuta Uburundi incuro hafi 170, kakaba kagadutse kandi karimwo imihana mikeya iri kure na kure. Naho ari kwo, abavukanyi bari bazi neza ko abayoboke ba Yezu botegerejwe kumubera ivyabona “gushika mu karere ka kure rwose k’isi,” ushizemwo n’ako ko muri Ostraliya kari iyo catawe. (Ivyak. 1:8) None ga yemwe ico gikorwa amahero bogishoboye gute? Kubera bari bizigiye ko Yehova yohezagiye utwigoro twabo, bariyemeje gukora ibishoboka vyose.

ABATSIMVYI BARUGURUYE INZIRA

Mu 1929, ishengero ry’i Queensland be n’iryo muri Ostraliya yo mu Burengero yaratunganije imodoka zitari nke zifise ivya nkenerwa, zari kubafasha guhetura uturere two mu gihugu hagati. Iyo miduga yanyongwa n’abatsimvyi b’indyamunyu bashobora guca mu mabarabara agoye, no kuyikora iramutse ipfuye. Abo batsimvyi baragendeye uturere twinshi cane inkuru nziza itari bwigere ishikamwo.

Abatsimvyi batashobora kuronka umuduga, bagenda n’amakinga. Nk’akarorero mu 1932, umuvukanyi w’imyaka 23 yitwa Bennett Brickell yarahagurutse i Rockhampton muri leta ya Queensland, agira urugendo rw’amezi atanu n’ikinga, agiye kwamamaza mu karere kari kure cane mu buraruko bw’iyo leta. Kuri iryo kinga, yagiye ahetse umuzigo munini ugizwe n’ibirengeti, impuzu, ibifungurwa be n’ibitabu vyinshi cane. Amapine yarahevye amuhererako, mugabo arabandanya urugendo, yizigiye ko Yehova yomufashije agashika. Ibilometero 320 vya nyuma yabigenze asunika iryo kinga, aca mu turere abandi bantu bari barapfiriyemwo kubera inyota. Mu myaka irenga 30 yakurikiye, umuvukanyi Brickell yaragenze ibilometero ibihumbi amajana hirya no hino muri Ostraliya, akoresheje ikinga, ipikipiki be n’imodoka. Yaratanguje igikorwa co kwamamaza mu basangwabutaka, yongera aratanguza amashengero. Yari asigaye azwi cane muri utwo turere kandi yarubahwa rwose.

INGENE BATSINZE INTAMBAMYI

Ostraliya iri mu bihugu vya mbere kw’isi bibamwo abantu bake. Mu gihugu hagati hoho usanga imihana iri kure na kure cane. Ni co gituma abasavyi ba Yehova bagize ishaka riboneka ryo gusanga abantu mu turere turi iyo catawe two muri uwo mugabane w’isi.

Uwitwa Stuart Keltie na William Torrington, ni abatsimvyi bagaragaje mwene iryo shaka. Mu 1933, baraciye mu bugaragwa amahero bwitwa Simpson bwari bwuzuye ibirundo vy’umusenyi, bagiye kwamamaza mu gisagara ca Alice Springs kiri hagati na hagati muri Ostraliya. Akamodoka kabo karabapfiriyeko baca baragaheba. Umuvukanyi Keltie, naho kumwe mu maguru yiwe kwari uguterano, yarabandanije urwo rugendo akoresheje ingamiya. Akigoro k’abo batsimvyi karahezagiwe igihe bahura n’umuntu umwe yari afise ihoteri ku gituro c’amagariyamoshi, i William Creek. Nyene iyo hoteri, ari we Charles Bernhardt, yahavuye yakira ukuri, mu nyuma aragurisha iyo hoteli, aca amara imyaka 15 akora ubutsimvyi ari wenyene mu turere two muri Ostraliya tugadutse kandi turi iyo catawe.

Arthur Willis ariko aritegurira urugendo rwo kuja kwamamaza mu karere amahero ko muri Ostraliya kari iyo catawe.—I Perth muri leta ya Ostraliya yo mu Burengero, mu 1936

Kugira ngo abo batsimvyi bo mu ntango batsinde intambamyi nyinshi baciyemwo, vyabasavye kugira umutima rugabo no kwumira kw’ibanga. Umwe Arthur Willis na Bill Newlands twavuga mu ntango, vyarigeze gushika bamara amayinga abiri yose bagenda n’umuduga ibilometero 32 gusa, kubera imvura y’isegenya yari yatumye ubugaragwa bucika urushanga. Rimwe na rimwe baraca mu myonga y’ibitandara bakajabuka n’ahahoze inzuzi, bageze ahari ibirundo vy’umusenyi na ho, icuya kigahakwa kubica bariko basunika imodoka yabo. Akenshi imodoka yarabapfana, bagaca bamara imisi bagenda n’amaguru canke n’ikinga gushika mu gisagara kibegereye. Baca bahamara indwi nka zingahe barindiriye ivyuma vyo gusubiriza ivyapfuye. No mu ngorane nk’izo, baguma babona ko ibintu bizogenda neza. Ku bijanye n’ivyo Vyabona vya Yehova, umuvukanyi Arthur Willis yaravuze muri make iciyumviro cigeze gusohoka mu kinyamakuru Ikiringo c’Agakura (L’Âge d’Or), ati: “Nta barabara ryabakanga.”

Umutsimvyi yabumazemwo igihe kinini yitwa Charles Harris, yavuze ko kuba utwo turere twari iyo catawe kandi tukabamwo ingorane nyinshi, vyatumye arushiriza kwiyegereza Yehova aho kumuca intege. Yongeyeko ati: “Iyo utiremereje imizigo, ubuzima buroroha cane. Nimba Yezu yaremera kurara hanze igihe vyaba bikenewe, na twebwe turakwiye guhimbarwa no kubigira igihe igikorwa turangura gitumye biba ngombwa.” Ivyo nyene ni vyo abatsimvyi benshi bakoze. Ishaka ridasanzwe bagaragaje ryaratumye inkuru nziza ishika mu mihingo yose ya Ostraliya, maze biha akaryo abantu benshi cane ko gushigikira Ubwami bw’Imana.

^ ing. 4 Abatohoji ba Bibiliya bahavuye bitwa Ivyabona vya Yehova mu 1931.Yes. 43:10.