Uvyibazako iki?
Bibiliya yoba ishobora kugufasha kuba umugenzi w’Imana?
BAMWEBAMWE BIBAZA . . .
ko badashobora kuba abagenzi b’Imana kubera biyumvira yuko banduye canke ari abacumuzi. Abandi bavuga ko Imana itatwitwararika. Uvyibazako iki?
ICO BIBILIYA IVUGA
“Ubugenzi somambike na [Yehova] ni ivy’abagororotse.” (Imigani 3:32) Tugamburukiye Imana, duca tuba abagenzi bayo.
IBINDI BIBILIYA IVUGA
Imana ishaka kutubera Umugenzi.—Yakobo 4:8.
Kubera ko Imana idukunda, yiteguriye kudufasha no kutubabarira.—Zaburi 86:5.
Abagenzi b’Imana bakunda ivyo ikunda, bakanka ivyo yanka.—Abaroma 12:9.