Intangamarara
BIBILIYA YOBA IHUJE N’IGIHE TUGEZEMWO?
Ubu mw’isi hari agafyo k’amakuru yo mu buhinga bugezweho. None Bibiliya yoba ari iya kera cane ku buryo itaba igihuje n’igihe? Bibiliya ivuga iti:
“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro.”—2 Timoteyo 3:16.
Uwu Munara w’Inderetsi urarimbura ukuntu Bibiliya ishobora kutuyobora mu mice yose y’ubuzima, nk’uko ibivuga.