Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana

Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana

Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga bavuga bati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:9, 10) Ubwami bw’Imana ni iki? Ni ibiki buriko burarangura? Kubera iki twosenga dusaba ko buza?

Yezu ni we Mwami w’Ubwami bw’Imana.

Luka 1:31-33: “Uze umwite Yezu. Uyo azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana wa Musumbavyose; kandi Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”

Ubwami ni bwo Yezu yashimikako mu kwamamaza.

Matayo 9:35: “Yezu agendagenda mu bisagara vyose no mu bigwati vyose, yigisha mu masinagogi yabo, yamamaza inkuru nziza y’ubwami yongera akiza indwara z’ubwoko bwose n’ubumuga bw’ubwoko bwose.”

Yezu yarahaye abigishwa biwe ikimenyetso cobafashije kumenya ko Ubwami buri hafi.

Matayo 24:7: “Kuko ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami, kandi hazoba amapfa na vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi.”

Muri iki gihe, abigishwa ba Yezu baramamaza ivyerekeye ubwo Bwami kw’isi yose.

Matayo 24:14: “Kandi iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”