Ni we wihitiramwo kazoza kawe!
WOBA USHOBORA KWIHITIRAMWO INGENE KAZOZA KAWE KAZOMERA? Hari abavuga ko badashobora kwihitiramwo ibibashikira mu buzima, ahubwo ko vyose biba vyaranditswe. Iyo bishitse ntibaroranirwe mu migambi yabo, baca bivugira ngo ‘nta kundi vyari kugenda.’ Bavuga bati: “Ivyo ntivyari ivyanje.”
Hari abandi bavunika umutima kubera babuze uko bobigenza muri iyi si y’agahahazo n’akarenganyo. Boshobora gukora uko bashoboye kwose ngo babeho neza ariko intambara, ubukozi bw’ikibi, ivyago vy’ivyaduka canke indwara bikaguma bitoba imigambi yabo. Boshobora guca bibwira bati: ‘None turiko turuhira iki?’
Ni ivy’ukuri ko ibishika mu buzima bishobora guhindura cane imigambi yawe. (Umusiguzi 9:11) Ariko rero kazoza kawe k’ibihe bidahera, ni ikintu ubwawe wihitiramwo. Nkako, Bibiliya yerekana neza ko kazoza kawe kavana na wewe. Rimbura ivyo ivuga.
Igihe Abisirayeli bagomba kwinjira mu Gihugu c’isezerano, uwari abarongoye ari we Musa yababwiye ahumekewe n’Imana, ati: “Nshize imbere yawe ubuzima n’urupfu, umuhezagiro n’umuvumo; kandi utegerezwa guhitamwo ubuzima kugira ubandanye kubaho, wewe n’uruvyaro rwawe, mu gukunda Yehova Imana yawe, mu kwumviriza ijwi ryiwe no mu kumata kuri we.”—Gusubira mu vyagezwe 30:15, 19, 20.
“Nshize imbere yawe ubuzima n’urupfu, umuhezagiro n’umuvumo; kandi utegerezwa guhitamwo ubuzima.”—Gusubira mu vyagezwe 30:19
Ego cane, Imana yarakuye Abisirayeli mu buja mu Misiri, ibaha icizigiro co kubaho bidegemvya kandi bahimbawe mu Gihugu c’isezerano. Ariko rero ivyo ntivyopfuye kwizana. Kugira baronke iyo mihezagiro, babwirizwa “guhitamwo ubuzima.” Uti gute? ‘Mu gukunda Imana, mu kwumviriza ijwi ryayo no mu kumata kuri yo.’
No muri iki gihe, ubwirizwa kwihitiramwo muri ubwo buryo nyene, kandi kazoza kawe kazovana n’ihitamwo ugira. Niwahitamwo gukunda Imana, ukumviriza ijwi ryayo kandi ukamata kuri yo, uzoba uhisemwo ubuzima, ni ukuvuga kubaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo. None ivyo bintu bitatu wobigira gute?
NUHITEMWO GUKUNDA IMANA
Urukundo ni co kintu nyamukuru kiranga Imana. Intumwa Yohani ahumekewe n’Imana, yanditse ko “Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) Ni co gituma igihe babaza Yezu ibwirizwa risumba ayandi iryo ari ryo, yavuze ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” (Matayo 22:37) Ntitugiranira ubucuti na Yehova Imana kubera ko tumutinya canke dupfa kumugamburukira, ahubwo tubitumwa n’urukundo. Ariko none, ni kubera iki twohitamwo kumukunda?
Urwo Yehova akunda abantu rumeze nk’urwo abavyeyi bakunda abana babo. Naho abo bavyeyi badatunganye, barigisha abana babo, bakabaremesha, bakabashigikira kandi bakabatoza indero kubera bipfuza ko babaho bahimbawe. None abo bavyeyi baca bitega iki? Bitega ko abana babo babakunda bakongera bagafata nkama ivyo babigishije ku bw’ineza yabo. Wumva none bitumvikana ko Umuvyeyi wacu atunganye wo mw’ijuru yitega ko tumwereka yuko dukenguruka ivyo yadukoreye vyose?
NIWUMVIRIZE IJWI RYAYO
Mu rurimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango, ijambo “kwumviriza” akenshi risobanura “kugamburuka.” Ivyo none si vyo tuba dushaka kuvuga iyo tubwiye umwana ngo “Niwumvirize abavyeyi bawe”? Ku bw’ivyo, kwumviriza ijwi ry’Imana bisobanura kwemera kwigishwa na yo kandi tukayigamburukira. Kubera ko tudashobora kwumva ijwi ry’Imana, tuyumviriza mu gusoma no mu gushira mu ngiro ibiri mw’Ijambo ryayo Bibiliya.—1 Yohani 5:3.
Umusi umwe, Yezu yarerekanye akamaro ko kwumviriza ijwi ry’Imana, ati: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova.” (Matayo 4:4) Naho bihambaye ko twihereza ibifungurwa vy’umubiri, kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana vyovyo birahambaye kuruta. Uti kubera iki? Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yasiguye ati: “Kuko ubukerebutsi bukingira umuntu nk’uko amahera akingira umuntu; mugabo akarusho k’ubumenyi ni uko ubukerebutsi buzigamira ubuzima benebwo.” (Umusiguzi 7:12) Ubumenyi n’ubukerebutsi Imana itanga burashobora kudukingira muri iki gihe, kandi buradufasha guhitamwo neza gutyo tukazoronka ubuzima budahera muri kazoza.
NUMATE KURI YO
Mu kiganiro giheruka, twumvise ikigereranyo Yezu yatanze, ati: “Irembo ryaga be n’inzira ipfunganye ni vyo bijana mu buzima, kandi bake ni bo bayitora.” (Matayo 7:13, 14) Igihe duca muri iyo nzira, nta nkeka ko vyodufasha turonse umuhinga atuyobora kandi tukaguma tumwisunga kugira dushike iyo turiko turaja, ni ukuvuga mu buzima budahera. Turi n’imvo zumvikana rero zo kuguma twiyegereje Imana. (Zaburi 16:8) None tuyiyegereza gute?
Hari vyinshi dutegerezwa gukora buri musi be n’ibindi vyinshi cane twoshima gukora. Ivyo birashobora kudufatira cane canke bikadusamaza ku buryo dusigarana umwanya muto wo kurimbura ivyo Imana itugombako, canke mbere tukawubura. Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza iti: “Mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye, kubera ko imisi ari mibi.” (Abanyefeso 5:15, 16) Tuguma rero twiyegereje Imana igihe ubucuti dufitaniye na yo ari bwo dushira imbere y’ibindi mu buzima bwacu.—Matayo 6:33.
NI WE WIHITIRAMWO
Naho ata co wokora ngo uhindure kahise kawe, hariho ivyo ushobora gukora kugira wewe n’abawe muze mwironkere kazoza keza. Bibiliya irerekana ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova Imana adukunda cane be n’uko atubwira ico yipfuza ko dukora. Umuhanuzi Mika yavuze ati:
“Yaraguhishuriye iciza ico ari co, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane no gukunda ubuntu no kugendana n’Imana yawe wifashe ruto?”—Mika 6:8.
Woba uzokwitaba akamo Yehova agutera ko kugendana na we kugira wironkere imihezagiro y’ibihe bidahera abikiye abitaba ako kamo? Ni we wihitiramwo!