Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuvuga ivya kazoza

Kuvuga ivya kazoza

Woba umaze kwibaza ingene wewe n’umuryango wawe muzoba mumerewe muri kazoza? Woba witeze itunga canke ubukene, gukundwa canke kuba nyamwigendako? Woba witeze kuramba canke kubaho igihe gito? Abantu baramaze imyaka ibihumbi biyumvira ibitandukanye ku bijanye n’ivyo bibazo.

Muri iki gihe, abahinga barihweza ibiba kw’isi bagaca bavuga ivya kazoza. Naho vyinshi mu vyo bavuga vyarangutse, hari n’ibindi bitarangutse na gato. Nk’akarorero, mu 1912 vyavuzwe ko Guglielmo Marconi, uwubuye ubuhinga bumwe bwo guhanahana amakuru, yavuze ati: “Umuzo w’ubwo buhinga uzotuma intambara ziba umugani.” Umwe mu bakuru b’ikompanyi y’ivy’umuziki (Decca Record Company) na we yariyamirije umugwi w’abaririmvyi witwa Beatles mu 1962, avuga ko imigwi ikoresha igitari yari igiye guharurukwa.

Benshi usanga bakoresha ivy’ubupfumu kugira bamenye ivya kazoza. Hari abitura abaragurira ku nyenyeri. Ibinyamakuru vyinshi usanga birimwo ibicapo baragurirako bafatiye ku nyenyeri. Abandi bitura ababura ibizoba, bano bakaba bavuga ko bashoboye kumenya ivya kazoza bafatiye ku makarata yo kuragurirako, ibitigiri kanaka canke imirongo yo mu kiganza c’umuntu.

Abantu bamwebamwe bo mu bihe vya kera baba bashaka kumenya ivya kazoza baritura ba kamenyi, ni ukuvuga abagabo canke abagore bashikiriza amakuru ngo bahawe n’imana baserukira. Nk’akarorero, bivugwa ko Umwami Crésus w’i Lidiya yarungikiye ingabire z’agaciro kanini kamenyi w’i Delufi mu Bugiriki, amusaba ngo amubwire uko vyogenda hamwe yotera Umwami Kuro w’Ubuperesi. Uwo kamenyi yabwiye Crésus ko hamwe yotera Kuro, yotikiza “inganji ikomeye.” Crésus yibwiye ko intsinzi ari kashi aca aragaba igitero, ariko iyo nganji ikomeye yatikiye yabaye iyiwe bwite.

Amakuru y’urwenge uwo kamenyi yatanze nta co yari amaze. Yari kuguma aboneka nk’aho ari ay’ukuri, naho uwari gutahana intsinzi yobaye nde. Crésus yarahaboneye kubera ayo makuru atari yo. None abakoresha uburyo buharawe muri iki gihe bwo kuvuga ivya kazoza boba baroranirwa?