Igihe urengewe n’ingorane
Nk’akarorero, uwitwa Sally * wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yarabuze ivyiwe nka vyose bihitanywe n’igihuhusi. Avuga ati: “Nabona ko ntagishoboye kuvyihanganira. Naramaze imisi myinshi numva umengo noturika.”
Tuvuge iki ho igihe ubuze uwawe? Uwitwa Janice wo muri Ostraliya, avuga ati: “Igihe nabura abahungu banje babiri, numvise umengo ndajanjaguritse, bikaba bitanyoroheye gusubirana. Naratakambiye Imana nti: ‘Numva bindengeye! Pfuma ureka nipfire bihere biheze.’”
Uwitwa Daniel wewe yarakubiswe n’inkuba igihe umugore wiwe yamuhemukira. Avuga ati: “Igihe umugore wanje yambwira ko yampemukiye, wamengo bansogose imbugita mu mutima. Naragumanye ico gisebe amezi n’amezi.”
Muri uyu Munara w’Inderetsi turarimbura igituma kubaho biri n’ico bimaze, mbere n’igihe:
Reka tubanze turabe icodufasha igihe hateye icago c’icaduka.
^ Muri uru rukurikirane rw’ibiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.