‘Imana irakubabaye’
Naho abandi boguhemukira, hariho uwutazokwigera aguheba. None ni nde?
Umwami Dawidi yavuze ati: “Hamwe data na mama bonta, Yehova ubwiwe yonyitorera.”—Zaburi 27:10.
Yehova ni “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose, iyiduhoza mu makuba yacu yose.”—2 Abakorinto 1:3, 4.
“Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”—1 Petero 5:7.
Nimba ushaka kumenya ko Imana yipfuza kugufasha, raba icigwa ca 08 c’igitabu Kwiberaho ibihe bidahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.pr418.com