Abapfuye boba bazosubira kubaho?
Urupfu rudushikako twese. Ariko none iyo dupfuye vyose biba birangiye? Abapfuye boba baribagiwe buhere? Boba bazosubira kubaho?
RIMBURA ICO BIBILIYA IVUGA:
ABAPFUYE NTIBIBAGIWE
‘Abari mu mva bose bazozivamwo.’—Yohani 5:28, 29.
Imana iribuka abapfuye kandi abo yibuka bose bazosubira kubaho.
HAGIYE KUBA IZUKA KW’ISI
“Hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.”—Ivyakozwe 24:15.
Abantu amamiliyaridi bazosubira kuba bazima, bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mu mahoro menshi.
ICIZIGIRO C’IZUKA NI NTAKEKERANYWA
‘Imana iraharura igitigiri c’inyenyeri; zose izihamagara mu mazina yazo.’—Zaburi 147:4.
Nimba Imana ishobora guhamagara inyenyeri zose mu mazina yazo, izokwibuka bitagoranye abantu izozura.