Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abapfuye boba bazosubira kubaho?

Abapfuye boba bazosubira kubaho?

Urupfu rudushikako twese. Ariko none iyo dupfuye vyose biba birangiye? Abapfuye boba baribagiwe buhere? Boba bazosubira kubaho?

RIMBURA ICO BIBILIYA IVUGA:

ABAPFUYE NTIBIBAGIWE

‘Abari mu mva bose bazozivamwo.’​—Yohani 5:28, 29.

Imana iribuka abapfuye kandi abo yibuka bose bazosubira kubaho.

HAGIYE KUBA IZUKA KW’ISI

“Hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.”​—Ivyakozwe 24:15.

Abantu amamiliyaridi bazosubira kuba bazima, bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mu mahoro menshi.

ICIZIGIRO C’IZUKA NI NTAKEKERANYWA

‘Imana iraharura igitigiri c’inyenyeri; zose izihamagara mu mazina yazo.’​—Zaburi 147:4.

Nimba Imana ishobora guhamagara inyenyeri zose mu mazina yazo, izokwibuka bitagoranye abantu izozura.