Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twaremwe kugira tubeho

Twaremwe kugira tubeho

NI NDE ga yemwe atipfuza kuramba kandi akabaho ahimbawe? Ese ingene biba ari agahore iyaba tubaho ibihe bidahera, dufise amagara meza kandi duhimbawe! Twomaranye igihe kirekire n’abacu, tugatembera hirya no hino kw’isi, tukiga ibintu bishasha, tukagira ubwenge bwinshi kandi tukiga gukora ibintu vyinshi twikundira.

Kwipfuza ibintu nk’ivyo kwoba ari ukurenza urugero? Habe namba! Ivyanditswe bivuga ko Imana yadushizemwo ico cipfuzo. (Umusiguzi 3:11) Bivuga kandi yuko “Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) None Imana y’urukundo yoba yari kuturemana icipfuzo co kubaho ibihe bidahera kandi izi ko tutazokwigera tubishikako?

Mu vy’ukuri, nta wipfuza urupfu! Nkako, Bibiliya ivuga ko ari “umwansi” mubi cane. (1 Abakorinto 15:26) Bamwe rurabakubiranya, abandi rukabahitana mu nyuma. Mugabo amaherezo, nta n’umwe arusimba. Abenshi iyo biyumviriye ivy’urupfu baracika intege mbere bakagira ubwoba. None uwo mwansi yoba azokwigera akurwaho? Ivyo koko vyoba bishoboka?

IVYOTUMA TUGIRA ICIZIGIRO

Woba wotangara umenye ko Imana itigeze itegekanya yuko abantu bapfa? Mw’Itanguriro, Bibiliya irerekana neza ko Imana yari ifise umugambi w’uko abantu baba kw’isi ibihe bidahera. Yehova Imana yaremye isi ayitondeye kugira abantu bayibeko bahimbawe. Yaciye arema umuntu wa mbere Adamu amushira mw’iparadizo, ni ukuvuga umurima wa Edeni. Mu nyuma, ‘Imana yarihweje ikintu cose yari yakoze, isanga ni ciza cane.’​—Itanguriro 1:26, 31.

Adamu yaremwe atunganye, aremwa mw’ishusho y’Imana. (Gusubira mu vyagezwe 32:4) N’umugore wiwe Eva yari atunganye ku mubiri no mu bwenge. Yehova yababwiye ati: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe, muganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere, n’ikinyabuzima cose kigendagenda kw’isi.”​—Itanguriro 1:28.

Kugira ngo buzuze isi abobakomotseko, vyofashe igihe kinini. Eva yari kwibaruka abana, na bo bakibaruka gushika aho isi yuzura abantu nk’uko vyari mu mugambi w’Imana. (Yesaya 45:18) Vyoba none vyumvikana ko Yehova yari guha Adamu na Eva uwo muhango, azi ko bazobaho igihe gito co kubona gusa abana kumbure n’abuzukuru?

N’ikindi kandi, Imana yari yabahaye igikorwa co kuganza ibikoko. Imana yabwiye Adamu kwita amazina ibikoko vyose, ivyo bikaba vyomusavye igihe kinini. (Itanguriro 2:19) Ariko igikorwa co kubiganza coco comutwaye igihe kinini kuruta, kuko yobanje kwiga ibivyerekeye kugira amenye ingene avyitwararika.

Kubona rero Imana yategetse umugabo n’umugore ba mbere kwuzuza isi no kuganza ibikoko, vyerekana ko bari baremwe ngo babeho igihe kirekire. Nkako, Adamu yararamvye cane.

UMUGAMBI W’IMANA NI UKO ABANTU BABAHO IBIHE BIDAHERA MW’ISI Y’IPARADIZO

KERA BARARAMBA CANE

Adamu yamaze imyaka 930

Metusela yamaze imyaka 969

Nowa yamaze imyaka 950

Ubu tumara imyaka 70-80

Bibiliya irerekana ko abantu bigeze kuba baramba cane kuruta ubu. Ivuga iti: “Imisi yose Adamu yabayeho igera ku myaka amajana icenda na mirongo itatu.” Iravuga n’abandi bagabo batandatu barengeje imyaka 900! Abo ni Seti, Enoshi, Kenani, Yaredi, Metusela na Nowa. Bose babayeho imbere ya wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, Nowa na we akaba yabayeho imyaka 600 imbere y’uko uwo Mwuzure ushika. (Itanguriro 5:5-27; 7:6; 9:29) None ni igiki catuma abo bantu baramba cane gutyo?

Abo bagabo bose bavutse ata gihe kinini kihaciye Adamu na Eva ari abantu batunganye. Birashoboka ko ari co ahanini catumye baramba cane. Ariko none gutungana bifitaniye isano nyabaki no kuramba? Vyongeye, urupfu ruzotsindwa gute? Kugira turonke inyishu, turakeneye kubanza kumenya igituma dusaza hanyuma tugapfa.