Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urupfu ntiruhungwa

Urupfu ntiruhungwa

SA N’UWURIKO araraba isinema y’umuntu w’icamamare, kumbure akaba ari umuririmvyi azwi cane kandi ukunda. Mu ntango barerekana ubuto bwiwe, ingene yatanguye kwiga umuziki n’ingene yaguma yimenyereza. Mu nyuma uramubona aremesha ibiteramo, agira ingendo nyinshi bigatuma aba rurangiranwa mu makungu. Bidatevye, urabona amashusho y’ibintu bishimishije vyaranze imyaka yiwe, ariko mu mpera z’iyo sinema ugaca umubona yapfuye.

Iyo sinema si igitito. Yerekeye umuntu yabayeho koko mugabo ubu atakiriho. Nimba yari umuririmvyi, umunyasiyansi, umunonotsi canke uwundi muntu azwi cane, iherezo ryabaye rimwe. Uwo muntu ashobora kuba yarakoze vyinshi. Mugabo ibaze ukuntu yari gukora n’ibiruta ivyo iyo adasaza kandi agapfa!

Ivyo birababaje, mugabo twese ni yo nzira. (Umusiguzi 9:5) Naho twokwita ku rutare gute, ntidushobora guhunga ingaruka z’ubusaza n’urupfu. Uretse n’ivyo, turashobora guhitanwa n’isanganya canke indwara ikomeye. Nk’uko bivugwa muri Bibiliya, tumeze nk’igipfungu co mu gitondo “kiboneka akanya gato maze kikazimangana.”​—Yakobo 4:14.

Kubera ko umwanya uwo ari wo wose dushobora gupfa, hari abaca babaho bavuga ngo “twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa.” (1 Abakorinto 15:32) None ntiwemera ko abantu babaho muri ubwo buryo kubera ko batagira icizigiro ca kazoza? Bitebe bitebuke, na canecane niwashikirwa n’ingorane ikomeye, uzokwibaza uti: ‘Ubuzima bwoba buzokwama uku nyene?’ None wokura hehe inyishu?

Abenshi muri iki gihe bazeye urukiza ku bahinga mu vya siyansi. Ego ni ko, abanyasiyansi n’abaganga barubuye ibintu bifasha abantu kuramba. Hari mbere n’abariko bararondera ingene tworamba kuruta. Ariko ivyo boshikako vyose, ikibazo ni ca kindi: Kubera iki dusaza maze tugapfa? Hoba hari icizigiro c’uko umwansi wacu rupfu azokurwaho? Mu biganiro bikurikira turihweza ivyo bibazo, turonke n’inyishu ya ca kibazo kigira giti: Ubuzima bwoba buzokwama uku nyene?