Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umwansi wacu rupfu azotsindwa gute?

Umwansi wacu rupfu azotsindwa gute?

NAHO abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva bagambaraye maze bagakwegera abantu bose igicumuro n’urupfu, ntivyahinduye umugambi Imana ifitiye umuryango w’abantu. Imana ibicishije kw’Ijambo ryayo Bibiliya, yaravuze incuro n’izindi yuko umugambi wayo utahindutse.

  • “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​Zaburi 37:29.

  • “Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose.”​—Yesaya 25:8.

  • “Urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho.”​—1 Abakorinto 15:26.

  • “Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:4.

None ni gute Imana ‘izomira miyonzwa urupfu,’ ni ukuvuga ‘igakuraho’ uwo mwansi? Nk’uko twabibonye, Bibiliya ivuga itomora ko ‘abagororotsi ari bo bazobaho ibihe bidahera.’ Mugabo ivuga kandi ko “ata muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza ntacumure.” (Umusiguzi 7:20) None ivyo vyoba bisobanura ko izoca yirengagiza amategeko yayo ku buryo n’abacumuzi babaho ibihe bidahera? Haba na gato! Ntizokwigera ikora ico kintu kuko “Imana idashobora kubesha.” (Tito 1:2) None Imana izokora iki kugira ishitse umugambi uranga urukundo yari ifise igihe yarema abantu?

YEHOVA “URUPFU AZORUMIRA MIYONZWA GUSHITSA IBIHE BIDAHERA.”​—YESAYA 25:8

URUPFU RUZOTSINDWA BICIYE KU NCUNGU

Yehova Imana yarashizeho intunganyo iranga urukundo yo gukiza abantu urupfu mu gutanga incungu. Incungu ahanini ni ikintu kinganya agaciro n’icononekaye umuntu asabwa kuriha canke ico ubutungane busaba. Kubera abantu bose ari abacumuzi, bakaba botegerejwe gupfa, Bibiliya ivuga itomora iti: “Nta n’umwe muri bo ashobora na gato gucungura mwene wabo, canke ngo amutangire incungu ku Mana; (kandi ikiguzi c’icungurwa ry’ubuzima bwabo ni ic’agaciro cane ku buryo cabuze gushika igihe kitagira urugero).”​—Zaburi 49:7, 8.

Iyo umuntu adatunganye apfuye, aba yishuye ibicumuro vyiwe gusa. Ntashobora kwicungura canke gutanga impongano y’ibicumuro vy’uwundi muntu. (Abaroma 6:7) Twari dukeneye rero umuntu atunganye kandi atagira igicumuro kugira atange ubuzima bwiwe ku bw’ibicumuro vyacu, atari ku bw’ivyiwe.​—Abaheburayo 10:1-4.

Ivyo nyene ni vyo Imana yatunganije. Yararungitse Umwana wayo Yezu, arava mw’ijuru kugira avukire kw’isi ari umuntu atunganye kandi atagira igicumuro. (1 Petero 2:22) Yezu yavuze ko yaje “kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mariko 10:45) Yapfuye rero kugira atsinde wa mwansi rupfu maze turonke ubuzima.​—Yohani 3:16.

URUPFU RUZOTSINDWA RYARI?

Muri iki gihe, ivyo Bibiliya yavuze biriko biraranguka. Turi mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” ivyo bigaca vyerekana turi mu “misi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1) Imisi ya nyuma izorangira ku “musi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.” (2 Petero 3:3, 7) Abakunda Imana bobo bazorokoka ako gatikizo, maze bironkere “ubuzima budahera.”​—Matayo 25:46.

Yezu yaje “kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.”​—Mariko 10:45

Abandi bantu amamiliyoni nibamara kuzuka, bazoronka akaryo ko kubaho ibihe bidahera. Yezu yarazuye umuntu igihe yagendera igisagara ca Nayini. Hari umupfakazi yari yabuze umuhungu wiwe w’ikinege maze Yezu “[bi]mutera ikigongwe,” aca aramusubiza ubuzima. (Luka 7:11-15) Intumwa Paulo na we yavuze ati: “Ndafise icizigiro ku Mana . . . yuko hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” Ico cizigiro gikomeye kiragaragaza bimwe bidasanzwe urukundo Imana ifitiye abantu.​—Ivyakozwe 24:15.

Abantu amamiliyoni bariteze kuzobaho ibihe bidahera. Bibiliya ivuga iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zaburi 37:29) Ico gihe, bazokwibonera iranguka ry’amajambo akora ku mutima haheze nk’imyaka 2.000 intumwa Paulo yanditse. Agira ati: “Rupfu we, intsinzi yawe iri he? Rupfu we, uruboyi rwawe ruri he?” (1 Abakorinto 15:55) Emwe umwansi katwa w’abantu ari we rupfu, azoba agiye yatsindwa!