Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ibivugako iki?

Imana yoba yishura amasengesho yose?

WOVUGA KO YISHURA AMASENGESHO YA  . . .

  • Bose?

  • Bamwebamwe?

  • Canke nta n’umwe yishura?

ICO BIBILIYA IVUGA

“Yehova ari hafi . . . y’abamwambaza mu kuri bose.”​—Zaburi 145:18.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Imana ntiyumviriza amasengesho y’abantu bayigarariza. (Yesaya 1:15) Ariko rero, barashobora ‘kugorora ibintu’ mu guhindura inzira zabo.​—Yesaya 1:18.

  • Kugira ngo Imana yishure isengesho, ritegerezwa kuba rihuje n’ivyo isaba biri muri Bibiliya.​—1 Yohani 5:14.

Twoba dukwiye kwifata mu buryo kanaka igihe dusenga?

ABANTU BAMWE BAVUGA ko bakwiye gupfukama, kwunamika umutwe canke gufatanya ibiganza igihe cose bariko barasenga. Wewe ubivugako iki?

IVYO BIBILIYA IVUGA

Imana yarumvirije abantu bayisenze ‘bicaye’ canke ‘bahagaze’ canke ‘bubaraye hasi’ canke mbere ‘bapfukamye.’ (1 Ngoma 17:16; 2 Ngoma 30:27; Ezira 10:1; Ivyakozwe 9:40) Imana ntidusaba kwifata mu buryo kanaka igihe dusenga.

IBINDI BIBILIYA IVUGA