Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Izina ry’Imana (muri utwo tuzingi) aho riboneka mu candikano kimwe ca kera ca Bibiliya

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ibivugako iki?

Imana yoba ifise izina?

ABANTU BAMWE BAVUGA ko ata zina ifise, abandi bakavuga ko yitwa Imana canke Umukama. Abandi na bo bavuga ko ifise amazina menshi. Wewe ubivugako iki?

ICO BIBILIYA IVUGA

“Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”​—Zaburi 83:18.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Naho Imana ifise amazina y’icubahiro menshi, ifise izina ry’uruharo rimwe gusa.​—Kuvayo 3:15.

  • Imana si amayobera; yipfuza ko tuyimenya.​—Ivyakozwe 17:27.

  • Kumenya izina ry’Imana ni yo ntambwe ya mbere yo kugiranira ubucuti na yo.​—Yakobo 4:8.

Vyoba ari bibi kuvuga izina ry’Imana?

WOKWISHURA GUTE?

  • Ego

  • Oya

  • Bivana

ICO BIBILIYA IVUGA

“Ntugafate izina rya Yehova Imana yawe nk’aho ata co rimaze.” (Kuvayo 20:7) Ikibi ni ukurikoresha mu buryo butaranga icubahiro.​—Yeremiya 29:9.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Yezu yari azi izina ry’Imana kandi yararikoresha.​—Yohani 17:25, 26.

  • Imana yipfuza ko dukoresha izina ryayo.​—Zaburi 105:1.

  • Abansi b’Imana ntibashaka ko abantu bamenya izina ryayo.​—Yeremiya 23:27.