Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Iyo uwawe apfuye

Iyo uwawe apfuye

“Ihorere sha, Imana ni yo yabishatse.”

Ayo majambo yongorewe umugore yitwa Bebe ku maziko ya se wiwe yari yahitanywe n’isanganya ry’imodoka.

Bebe yarakundana cane na se wiwe. Ayo majambo yayabwiwe n’umugenzi yibaza ko ariko aramuremesha, ariko aho kumuremesha yarushirije kumusonga. Bebe yaguma yibwira ati: “Imana si yo yabishatse.” Haciye imyaka, igihe Bebe yavuga ivy’urwo rupfu mu gitabu kimwe, vyaragaragaye ko yari agifise intuntu.

Nk’uko Bebe yavyiboneye, bifata igihe kirekire kugira ngo umuntu akire intuntu na canecane igihe aba yabuze incuti ishika. Bibiliya ivuga itabesha ko urupfu ari “umwansi wa nyuma.” (1 Abakorinto 15:26) Urupfu nta we rugera umutwe kandi kenshi rudutera tutiteguye rukadutandukanya n’abo twikundira. Nta n’umwe adashikirwa n’ingaruka zarwo. Ntibitangaje rero kubona tubura uko twifata igihe tubuze uwacu.

Ushobora kuba umaze kwibaza uti: ‘Iyo umuntu abuze amara igihe kingana gute atuntuye? Yokwihanganira gute intuntu? Noshobora gute kuremesha uwabuze uwiwe? Hoba hari icizigiro ku bacu bapfuye?’