Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ukoresha neza ububasha bwawe bwo kwiyumvira?

Woba ukoresha neza ububasha bwawe bwo kwiyumvira?

UBWONKO bw’umuntu bupima hafi ikilo n’inusu gusa mugabo budondorwa ko ari “ikintu gihanitse kuruta ivyo tumaze kwubura mu vyaremwe bidukikije vyose.” Mu vy’ukuri ni ikintu c’agatangaza. Uko turushiriza kwiga ibibwerekeye, ni ko tuzorushiriza gukenguruka ibikorwa vy’“agatangaza” vya Yehova. (Zab. 139:14) Rimbura kimwe gusa mu bintu vyinshi ubwonko bwacu bushobora gukora, na co kikaba ari ukwiyumvira.

None ububasha bwo kwiyumvira ni iki? Kazinduzi imwe ivuga ko ari “ububasha dufise bwo kubona mu bwenge amashusho canke ivyiyumviro bijanye n’ibintu bishasha kandi bishimishije, canke bitaradushikira.” None uzirikanye kuri iyo nsobanuro, ntuca ubona ko ukoresha kenshi ubwo bubasha? Nk’akarorero, woba urigera usoma canke wumva ibijanye n’ahantu utarigera uja? Ivyo none vyoba vyaratumye utahabona mu bwenge? Mu vy’ukuri, igihe cose tuzirikanye ku kintu tudashobora kubona, kwumva, guhonja, gukorakora canke kwimotereza, ububasha bwacu bwo kwiyumvira buca bukora.

Bibiliya iradufasha gutahura ko abantu baremwe mw’ishusho y’Imana. (Ita. 1:26, 27) Ivyo none ntivyerekana mu buryo kanaka, yuko na Yehova yiyumvira? Kubera yahisemwo kuturemana ubwo bushobozi, birumvikana ko yitega yuko tubukoresha kugira dutahure ivyo agomba. (Umus. 3:11) Twokoresha neza gute ububasha bwacu bwo kwiyumvira kugira tubitahure, kandi twokwirinda gute kubukoresha nabi?

GUKORESHA NABI UBUBASHA BWO KWIYUMVIRA

(1) Gutwarwa n’ivyiyumviro mu gihe kitabereye canke mu bintu bitabereye.

Gutwarwa n’ivyiyumviro ubwavyo si bibi. Nkako, hariho ibimenyamenya vyerekana ko bishobora kuba ngirakamaro. Mugabo rero, mu Musiguzi 3:1 havuga hati: “Ikintu cose  . . kirafise igihe caco.” Vyoshoboka rero ko umuntu akora ibintu mu gihe kitabereye. Nk’akarorero, turetse umuzirikanyi wacu ukangara mu gihe c’amakoraniro y’ishengero canke c’ukwiyigisha Bibiliya, none ububasha bwacu bwo kwiyumvira buba budufashije canke buba butubereye intambamyi? Yezu ubwiwe yaratugabishije ashimitse ku kaga ko kureka umuzirikanyi wacu ukangara mu vyiyumviro bibi, nk’ibijanye n’ubuhumbu. (Mat. 5:28) Bimwebimwe mu bintu dushobora kwangazamwo ivyiyumviro birashobora kuba bidahimbara namba Yehova. Kwangaza ivyiyumviro mu vy’ubuhumbu birashobora gutuma ukora ivy’ubusambanyi. Ese wokwiyemeza kutigera ureka ngo ivyiyumviro vyawe bikwigize kure ya Yehova!

(2) Kwiyumvira ko ubutunzi butuma umuntu aguma atekaniwe.

Ibintu vy’umubiri birakenewe kandi birafasha. Ariko rero, ntituzobura kuvunika umutima nitwatangura kwiyumvira ko ari vyo bizana ugutekanirwa n’agahimbare nyakuri. Wa mugabo w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Ibintu vy’agaciro vy’umutunzi ni co gisagara ciwe gikomeye, kandi mu vyiyumviro vyiwe, bimeze nk’uruhome rukingira.” (Imig. 18:11) Rimbura nk’akarorero ivyashitse igihe ibice birenga 80 kw’ijana vy’igisagara ca Manila muri Filipine vyaterwa n’umwuzurira uturutse ku mvura y’isegenya muri Nyakanga 2009. None abari batunze vyinshi boba barazigurijwe? Umugabo umwe w’umutunzi yatakaje ibintu vyinshi yavuze ati: “Uwo mwuzurira waratumye abantu bose bangana, mu gutuma abatunzi n’abakene bashikirwa n’ingorane be n’imibabaro.” Vyoshobora kworoha ko twiyumvira yuko ibintu vy’umubiri bituma dukingirwa kandi tugatekanirwa vy’ukuri. Ariko rero, kwoba ari ukwihenda.

(3) Guhagarikwa umutima n’ivyoshobora kutigera biba.

Yezu yaduhanuye ‘kutiganyira’ birenze. (Mat. 6:34) Kwiganyira igihe cose bituma dukoresha cane ububasha bwo kwiyumvira. Turashobora gutakaza inguvu nyinshi bitagoranye, twiganyira ku ngorane zo mu vyiyumviro gusa, ni ukuvuga ingorane zitarashika canke zoshobora kutigera zishika. Ivyanditswe vyerekana yuko amaganya nk’ayo ashobora gutuma twihebura, no kuyinga tukayinga. (Imig. 12:25) Ese ukuntu bihambaye ko dushira mu ngiro impanuro ya Yezu mu kutiganyira birenze no mu guhangana n’ingorane za buri musi igihe zishitse.

GUKORESHA NEZA UBUBASHA BWO KWIYUMVIRA

(1) Tubone imbere y’igihe ibintu biteye akaga maze tuvyirinde.

Ivyanditswe bituremesha kuba abanyabwenge no kubona kure. (Imig. 22:3) Dukoresheje ububasha bwacu bwo kwiyumvira, tworimbura ingaruka zoshobora guterwa n’ingingo zinaka imbere yo kuzifata. Nk’akarorero mu gihe utumiwe ku rubanza, ni gute ububasha bwawe bwo kwiyumvira bwogufasha kumenya nimba worwitaba canke utorwitaba? Umaze kurimbura ibintu bimwebimwe, nk’akarorero abandi batumiwe, igitigiri c’abantu bazoba bahari, ikibanza be n’isaha ruzoberako, niwibaze uti: ‘Ni ibiki bishobora kuhaba?’ Woba ubona ata kwihenda ko ari urubanza rwiza ruzoba ruhuje n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Ivyo birashobora kugufasha kubona mu bwenge ingene urwo rubanza ruzogenda. Niwakoresha ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira mu gufata ingingo nziza bizotuma wirinda ibintu biteye akaga mu vy’impwemu.

(2) Tuzirikane ukuntu twotora umuti w’ingorane zikomeye.

Ububasha bwo kwiyumvira burimwo kandi “ubushobozi bwo guhangana n’ingorane ukayitorera umuti.” Dufate ko utumvikanye n’umuntu wo mw’ishengero. None ushobora gute kumwegera kugira mugerageze kwikiranura? Hari ibintu vyinshi vyo kurimbura. Mbega asanzwe ayaga gute? Igihe ciza co kuganira na we kuri iyo ngorane coba ikihe? Ni amajambo ayahe be n’urugero rw’ijwi uruhe vyoba vyiza ukoresheje? Ukoresheje ububasha bwawe bwo kwiyumvira, urashobora kuzirikana ku buryo butandukanye wokoresha maze ugahitamwo ubwo ubona ko bworushiriza kuba ngirakamaro no kwakirwa neza. (Imig. 15:28) Niwabigenza gutyo, uzoremesha amahoro mw’ishengero. Emwe, uzoba ukoresheje neza ububasha bwawe bwo kwiyumvira!

(3) Turyohore ukuntu dusoma be n’ukuntu twiyigisha Bibiliya.

Gusoma Bibiliya buri musi birahambaye. Ariko rero, igihambaye si uguhetura gusa amayagwa kanaka. Turakeneye gutahura ivyigwa ngirakamaro dusanga muri Bibiliya maze tukavyurirwa umutima wo kubishira mu ngiro mu buzima bwacu. Nimba dushaka gutahura cane inzira za Yehova tubwirizwa gusoma Bibiliya. Ububasha bwacu bwo kwiyumvira burashobora kudufasha kubigira. Uti gute? Rimbura igitabu Niwigane ukwizera kwabo. Gusoma inkuru ziri muri ico gitabu birashobora gukabura ububasha bwacu bwo kwiyumvira bigatuma twiha ishusho y’ingene ivy’umwumwe wese mu bavugwa muri Bibiliya vyari vyifashe. Biradufasha kubona ivyo bintu mu bwenge, kwumva amajwi, kwumva akamoto no gutahura ukuntu abariko baravugwa biyumva. Ivyo bica bituma tubona neza ivyigwa bitangaje be n’ivyiyumviro biremesha dukura mu nkuru zo muri Bibiliya kumbure twahora twibaza ko tuzi cane. Nitwakoresha ububasha bwacu bwo kwiyumvira muri ubwo buryo igihe twiyigisha be n’igihe dusoma Bibiliya, bizotuma vy’ukuri tuhamenyera vyinshi.

(4) Turushirize kugira impuhwe no kuzigaragaza.

Impuhwe ni ikintu ciza cane gikunze kudondorwa ko ari ukwumva mu mutima wacu umubabaro uwundi muntu afise. Kubera ko Yehova na Yezu bagaragaza impuhwe, vyoba vyiza tubiganye. (Kuv. 3:7; Zab. 72:13) None twotsimbataza gute impuhwe? Bumwe mu buryo buhambaye kuruta ubundi bwo kubigira ni ugukoresha ububasha bwacu bwo kwiyumvira. Twoshobora kuba tutarigera dushikirwa n’ivyo umuvukanyi canke mushiki wacu ariko aracamwo. Ariko urashobora kwibaza uti: ‘Hamwe yoba ari jewe, nokwiyumva gute? Nokenera iki?’ Dukoresheje ububasha bwacu bwo kwiyumvira mu kwishura ivyo bibazo birashobora gutuma turushiriza kuba abanyempuhwe. Mu vy’ukuri nitwagaragariza impuhwe abandi, baba abo tubwira inkuru nziza canke abakirisu bagenzi bacu, tuzohungukira mu mice yose y’ubuzima bwacu bwa gikirisu.

(5) Twihe ishusho y’ingene ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha.

Ivyanditswe vyuzuyemwo amakuru y’ido n’ido akora ku mutima adondora ubuzima bwo mw’isi nshasha Imana yadusezeraniye. (Yes. 35:5-7; 65:21-25; Ivyah. 21:3, 4) Ibitabu vyacu birunganira ayo makuru bikoresheje amashusho ateye igomwe. Uti gute? Amashusho arakabura ububasha bwacu bwo kwiyumvira agaca adufasha kwibona turiko turinovora iyo mihezagiro yasezeranywe. Yehova we yaturemanye ububasha bwo kwiyumvira arazi neza kuruta uwundi uwo ari we wese ukuntu ubwo bushobozi bukomeye cane. Tubukoresheje mu kuzirikana ku vyo yasezeranye birashobora gutuma twizigira cane ko bizoranguka vyongere bidufashe kuguma turi intahemuka, mbere n’igihe twihanganira ingorane zidushikira muri iki gihe.

Yehova abigiranye urukundo, yaraduhaye ububasha butangaje bwo kwiyumvira. Burashobora vy’ukuri kudufasha kumukorera neza mu buzima bwacu bwa buri musi. Ese twogaragaza ko dukengurukira uwo Mutanzi w’iyo ngabire nziza igitangaza, mu kuyikoresha neza ku musi ku musi.