Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igikorwa urangura coba kimeze nk’ikime?

Igikorwa urangura coba kimeze nk’ikime?

NAHO igikorwa turangura gihambaye cane, si abantu bose tubwira inkuru nziza bagiha agaciro. N’igihe nyene abantu bashimishijwe n’ubutumwa bwo muri Bibiliya, boshobora kutama babona ko bikenewe yuko tubigisha Ijambo ry’Imana.

Ivyo ni vyo vyashikiye Gavin, uwatanguye kwitaba amakoraniro mugabo akanka ko bamwigisha Bibiliya. Avuga ati: “Nta bumenyi bwinshi bwo mu Vyanditswe nari mfise, kandi sinashaka ko abandi babona ko ata co nzi. Naranka guhendwa kandi sinashaka kwemera ivyo ntazoshitsa.” Wewe uvyumva gute? Gavin yoba ata co yari kuvamwo? Habe namba. Rimbura ingene inyigisho zo muri Bibiliya zishobora kugira ububasha ku muntu. Yehova yabwiye abasavyi biwe ba kera ati: “Ijambo ryanje riratemba nk’ikime, nk’akanyanyaga ku bwatsi.” (Gus. 31:19, 30; 32:2) Ibintu biranga ikime biragereranya neza ukuntu dushobora gufasha abantu b’uburyo bwose igihe twamamaza.​—1 Tim. 2:3, 4.

NI GUTE IGIKORWA TURANGURA KIMEZE NK’IKIME?

Ikime kiriyengenga. Ikime kiza buhorobuhoro, kikiyegeranya ima ku rindi kivuye ku mazi aba yacitse umwuka ukaja mu kirere. Amajambo Yehova yavuga ‘yaratemba nk’ikime’ mu buryo bw’uko yavugisha abasavyi biwe n’umutima mwiza, abengenga kandi abitwararika. Turamwigana mu kwubahiriza ivyiyumviro vy’uwundi muntu. Turamufasha kuzirikana maze ubwiwe akagira ico ashitseko. Igihe twitwararitse abantu muri ubwo buryo, ivyo tuvuga birarushiriza kubakora ku mutima maze igikorwa cacu kikarushiriza kuvamwo ivyiza.

Ikime kiraruhura. Igikorwa cacu kiraruhurira abandi igihe tuzirikanye ukuntu twotuma barushiriza gushimishwa. Umwe Gavin twavuga mu ntango, ntibamuhase ngo yige Bibiliya. Ahubwo nyabuna, umuvukanyi Chris bayaze ari bwo bwa mbere yararondeye uburyo butandukanye bwotuma Gavin arushiriza kuryoherwa n’ibiyago bishingiye kuri Bibiliya. Chris yarasiguriye Gavin yuko Bibiliya ifise iciyumviro nyamukuru be n’uko kukimenya vyotumye arushiriza gutahura ibivugwa mu makoraniro yakunda kwitaba. Mu nyuma, Chris yaramubwiye yuko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ari bwo bwamujijuye ko Bibiliya ari ukuri. Ivyo vyatumye bayaga akatari gake ku bijanye n’ubuhanuzi bwarangutse. Gavin yararuhuriwe n’ivyo biyago, arahava aremera kwiga Bibiliya.

Ikime kirahembura. Igihugu ca Isirayeli kirakunze guterwa n’uruzuba, imvura ikamara amezi menshi itaguye. Igihe ikime kidatanze akabombera, ibiterwa birakabirana hanyuma bikuma. Nk’uko Yehova yabivuze, muri iki gihe hariho uruzuba rutuma abantu bagira inyota yo “kwumva amajambo ya Yehova.” (Am. 8:11) Yasezeranye ko abakirisu barobanuwe bobaye “nk’ikime kivuye kuri Yehova” igihe batangaza ubutumwa bw’Ubwami bashigikiwe na bagenzi babo bo mu “zindi ntama.” (Mika 5:7; Yoh. 10:16) Twoba tubona ko inkuru nziza y’Ubwami iri mu bigize akabombera gahembura ko mu buryo bw’impwemu Yehova atanga?

Ikime ni umuhezagiro uva kuri Yehova. (Gus. 33:13) Ubutumwa twamamaza burashobora kubera umuhezagiro abantu babwakira neza. Gavin yarironkeye umuhezagiro nk’uwo. Kwiga Bibiliya vyaramufashije kuronka inyishu z’ibibazo vyose yari afise. Yarateye imbere ningoga maze arabatizwa. Ubu arahimbarwa no kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami ari kumwe n’umukenyezi wiwe Joyce.

Ivyabona vya Yehova bariko barabombeka isi biciye ku butumwa bw’Ubwami

NUHE AGACIRO IGIKORWA URANGURA

Kuzirikana ibijanye n’ikime birashobora kandi gutuma turushiriza guha agaciro uruhara turangura mu ndimiro. Uti gute? Ima rimwe ry’amazi nta kintu kinini rishikako, mugabo igihe amama amamiliyoni agiye hamwe arabombeka isi. Muri ubwo buryo nyene, uruhara umuntu umwe arangura mu ndimiro twoshobora kubona umengo ni ruto cane. Ariko rero iyo utwigoro abasavyi ba Yehova bose bagira babikunze dushizwe hamwe, turatuma intahe ishingwa “ku mahanga yose.” (Mat. 24:14) Igikorwa cacu coba kizobera abandi umuhezagiro uva kuri Yehova? Ivyo bizoshoboka mu gihe ubutumwa twamamaza bubaye nk’ikime, ni ukuvuga igihe bwengenga, buruhura kandi buhembura!