Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuba abizigirwa bituma dushimwa n’Imana

Kuba abizigirwa bituma dushimwa n’Imana

“Mwigane abatorana ya mihango biciye ku kwizera n’ukwihangana.”​—HEB. 6:12.

INDIRIMBO: 86, 54

1, 2. Ni ikintu kitoroshe ikihe cashikiye Yefuta n’umukobwa wiwe?

UWO mwigeme umutima urasubiye mu nda. Arahumurijwe no kubona se wiwe atabarutse impore. Aciye yiruka kumusanganira maze arahimbarwa n’uko atahukanye intsinzi ikomeye. Aho kwifatanya n’umwigeme wiwe mu kuririmba no mu gutamba, uwo muvyeyi aritantamurirako impuzu z’urugamba maze agasemerera ati: “Yoo, ewe mukobwa wanje! Unteye kwicurikira koko.” Aca avuga amajambo ahindura burundu ubuzima bw’uwo mwigeme, akazimanganya ivyiyumviro n’ivyizigiro yari afise vyo kubaho nk’abandi. Yamara, uwo mwigeme arishura se wiwe ata guhigimanga, akamuremesha gushitsa ivyo yasezeraniye Yehova. Ivyo avuga birahishura ukwizera gukomeye afise. Arizigira ko ivyo Yehova asaba vyose ari ku bw’ineza yiwe. (Abac. 11:34-37) Se araryoherwa cane kubona umukobwa wiwe amushigikira n’umutima ukunze, kubera azi ko ivyo bihimbara Yehova.

2 Yefuta n’umukobwa wiwe yatinya Imana barizigiye uburyo Yehova akora ibintu, naho nyene kubigira bitari vyoroshe. Bari barajijutse yuko bibereye ko bagira ivyo bahevye kugira bashimwe n’Imana.

3. Ni kubera iki akarorero ka Yefuta n’umukobwa wiwe gashobora kudufasha muri iki gihe?

3 Turazi yuko bitama vyoroshe kuguma turi abizigirwa kuri Yehova. Dutegerezwa rero “kurwana intambara ikomeye yo kurwanira ukwizera.” (Yuda 3) Ku bw’ivyo, nimuze turimbure ibintu bitoroshe Yefuta n’umukobwa wiwe bihanganiye. Ni igiki cabafashije kuguma ari abizigirwa kuri Yehova?

TUGUME TURI ABIZIGIRWA NAHO ISI ITWOSHA NABI

4, 5. (a) Ni itegeko irihe Yehova yahaye Abisirayeli igihe bari bimirije kwinjira mu Gihugu c’isezerano? (b) Twisunze Zaburi ya 106, ni ibiki vyashikiye Abisirayeli kubera bagambaraye?

4 Yefuta n’umukobwa wiwe bashobora kuba baribuka buri musi ingaruka zibabaje zashikiye Abisirayeli kubera bagambarariye Yehova. Imyaka hafi 300 imbere y’aho, Yehova yarategetse ba sekuruza babo gutikiza abantu bose b’abapagani baba muri ca Gihugu c’isezerano. (Gus. 7:1-4) Kubera ko batagamburutse, vyatumye benshi muri bo batangura kwigana Abanyakanani maze bagwa mu mutego wo gusenga ibigirwamana no gukora ubuhumbu bw’agahomerabunwa.​—Soma Zaburi 106:34-39.

5 Ubwo bugarariji bwahavuye butuma Yehova abakurako amaboko, ntiyaba akibakingira. (Abac. 2:1-3, 11-15; Zab. 106:40-43) Ese ukuntu bitegerezwa kuba bitari vyoroshe ko abagize imiryango itinya Imana baguma ari intahemuka kuri Yehova muri iyo myaka igoye! Ariko rero, Bibiliya irerekana ko hariho abantu b’abizigirwa bari biyemeje gushimwa n’Imana, nka Yefuta n’umukobwa wiwe, Elikana, Hana na Samweli.​—1 Sam. 1:20-28; 2:26.

6. Ni ingeso mbi izihe zirangwa mw’isi muri iki gihe, kandi dutegerezwa gukora iki?

6 Mw’isi tubayemwo, usanga abantu biyumvira nk’Abanyakanani kandi bagakora nka bo. Barahayagiza ivy’igitsina be n’ubukozi bw’ikibi bakongera bakaremesha ivyo kwiruka inyuma y’amaronko. Nk’uko Yehova yagabishije Abisirayeli, aratugabisha mu buryo butomoye kugira adukingire izo nyosha mbi. Hoba hari ico twigira ku makosa y’Abisirayeli? (1 Kor. 10:6-11) Dutegerezwa kwihatira kurandurana n’imizi ivyiyumviro vyose bimeze nk’ivy’Abanyakanani. (Rom. 12:2) Twoba none tuzokwihatira kubigira?

TUGUME TURI ABIZIGIRWA NAHO TWOSHIKIRWA N’IBIDUCA INTEGE

7. (a) Abo mw’ihanga rya Yefuta bamukoreye iki? (b) Yefuta yavyifashemwo gute?

7 Mu gihe ca Yefuta, ukugambarara kw’Abisirayeli kwatumye Abafilisitiya n’Abamoni babagira abaja babo. (Abac. 10:7, 8) Yamara rero, ingorane zashikiye Yefuta ntizavuye gusa ku mahanga y’abansi, zaranavuye no ku bo bavukana no ku ndongozi za Isirayeli. Ishari n’urwanko vyatumye abahungu ba nyina wiwe bamwomora, baramwima intoranwa yari afitiye uburenganzira kuko yari imfura. (Abac. 11:1-3) Yefuta ntiyaretse ngo iyo nyifato yabo y’ubunyamaswa ihindure agatima yari afise. Igihe abakurambere b’iryo hanga bamusaba ngo aze kubafasha, yaragiye n’umutima mwiza. (Abac. 11:4-11) Ni igiki gishobora kuba caratumye Yefuta avyifatamwo nk’umuntu akunda Imana?

8, 9. (a) Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri rya Tegeko zishobora kuba zarafashije Yefuta? (b) Ni igiki Yefuta yabona ko gihambaye cane?

8 Uretse ko Yefuta yari umurwanantambara akomeye, yaranatohoza yitonze ivyo Imana yagiriye abasavyi bayo. Kuba Yefuta yaratahura neza kahise ka Isirayeli vyatumye atahura neza ikibereye n’ikitabereye mu maso y’Imana. (Abac. 11:12-27) Ingingo ngenderwako z’Imana zari muri rya Tegeko yatanga biciye kuri Musa zarahinduye ivyiyumviro vya Yefuta n’umutima wiwe. Yari azi ko Yehova yanka ababika inzika, mugabo ko asaba abasavyi biwe gukundana. Iryo Tegeko ryarigisha kandi yuko umuntu adakwiye kwirengagiza ivyo abandi bakeneye, mbere naho boba ari ‘abamwanka.’​—Soma Kuvayo 23:5; Abalewi 19:17, 18.

9 Uburorero bw’abantu b’abizigirwa nka Yozefu, uwagiriye imbabazi bene wabo naho ‘bamwanka,’ na bwo nyene bushobora kuba bwaratumye Yefuta avyifatamwo neza. (Ita. 37:4; 45:4, 5) Kuzirikana kuri bene ubwo burorero vyoshobora kuba vyarafashije Yefuta guhitamwo gukora ibihimbara Yehova. Nta gukeka ko inyifato y’abo bavukana yamubabaje cane, ariko ntiyaretse gukorera Yehova n’abasavyi biwe. (Abac. 11:9) Yefuta yabona ko kurwana aburanira izina rya Yehova vyari bihambaye kuruta ingorane ziwe bwite. Yari yiyemeje kuguma ari umwizigirwa kuri Yehova, bikaba vyatumye we n’abandi bahungukira.​—Heb. 11:32, 33.

10. Ingingo ngenderwako z’Imana zishobora gute kudufasha gukora nk’abakirisu muri iki gihe?

10 Hoba hari ico twokwigira ku karorero ka Yefuta? Vyoshobora gushika abavukanyi bacu bakaduca intege canke bakadufata nabi. Ivyo bishitse, ntidukwiye kureka ngo bitubuze kwitaba amakoraniro canke gukorera Yehova no kwifatanya n’ishengero bimwe bishitse. Mu kwigana Yefuta, na twebwe nyene turashobora kureka ingingo ngenderwako z’Imana zikadufasha kurengera izo ngorane maze tukabandanya gukora iciza.​—Rom. 12:20, 21; Kol. 3:13.

KUGIRA IVYO DUHEVYE BIRAHISHURA UKWIZERA KWACU

11, 12. Ni indagano iyihe Yefuta yagize, kandi ivyo vyasobanura iki?

11 Yefuta yaratahura yuko yari akeneye gufashwa n’Imana kugira akure Isirayeli mu kuboko kw’Abamoni. Yasezeraniye Yehova ko aramutse amuhaye intsinzi, yomushikaniye bwa “shikanwa riturirwa,” uwosohotse ubwa mbere mu nzu yiwe igihe yobaye agarutse avuye ku rugamba. (Abac. 11:30, 31) None iryo shikanwa ryasobanura iki?

12 Gutanga abantu ngo babe ikimazi ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova. Biragaragara rero ko Yefuta atashaka gutanga umuntu nya muntu ngo abe ikimazi. (Gus. 18:9, 10) Mu gihe ca rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa, ishikanwa riturirwa ryashikanirwa Yehova uko ryakabaye. Biboneka rero ko Yefuta yashaka kuvuga yuko yotanze uwo muntu kugira akorere Imana gusa. Ivyo vyasobanura ko uwo muntu yokwamye akorera kw’itaberenakulo. Yehova yaremeye ivyo Yefuta yari yamusavye maze aramuhezagira mu gutuma atsinda bimwe bikomeye abansi biwe, arabasasika, arabamara igabo. (Abac. 11:32, 33) Ni nde none Yefuta yoshikaniye Imana bwa “shikanwa riturirwa”?

13, 14. Amajambo ya Yefuta ari mu Bacamanza 11:35 ahishura iki ku vyerekeye ukwizera kwiwe?

13 Niwibuke ivyavuzwe mu ntango y’iki kiganiro. Yefuta aragarutse avuye ku rugamba. Emwe, nta wundi asohotse kumusanganira atari umukobwa wiwe yikundira, umwana wiwe w’ikinege! Ibintu rero bigira bikomere. Yoba aza gushitsa iryo yavuze maze agatanga uwo mukobwa wiwe ngo azokorere kw’itaberenakulo imisi yose asigaje kubaho?

14 N’ico gihe nyene, ingingo ngenderwako z’Imana zitegerezwa kuba zarafashije Yefuta guhitamwo neza. Kumbure yaributse amajambo ari muri Kuvayo 23:19, ayasaba abasavyi b’Imana kwemera guha Yehova ivyiza kuruta ibindi vyose bafise. Rya Tegeko ryarerekana kandi ko igihe umuntu agize indagano abwirizwa kuyishitsa. Rigira riti: “Mu gihe umugabo agize indagano kuri Yehova . . . , ntaze arenge kw’ijambo ryiwe. Nk’uko ivyasohotse mu kanwa kiwe vyose biri ni ko azokora.” (Guh. 30:2) Cokimwe na wa mwizigirwa Hana, uwushobora kuba yabayeho mu gihe kimwe na Yefuta, Yefuta yabwirizwa gushitsa indagano yiwe, akabigira azi ico vyohinduye kuri kazoza kiwe n’ak’umukobwa wiwe. Nta wundi mwana yari afise. Uwo mukobwa ni we yari yizigiye ko yovyaye maze hakaboneka uwozigamye izina rya Yefuta n’intoranwa yiwe muri Isirayeli. (Abac. 11:34) Ariko rero, mu Bacamanza 11:35 hasozera n’amajambo ya Yefuta agira ati: “Jewe nateranuriye akanwa Yehova, nkaba rero ntashobora kwisubirako.” Kuba yarabaye umwizigirwa mbere n’igihe vyamusaba kugira ikintu gikomeye ahevye, vyaratumye Yehova amushima yongera aramuhezagira. Woba wari kuba umwizigirwa nka Yefuta?

15. Ni indagano iyihe benshi muri twebwe twagize, kandi dushobora kwerekana gute ko turi abizigirwa?

15 Igihe twiyegurira Yehova, twasezeranye yuko tuzokora ivyo agomba ata kwiziganya. Twari tuzi ko gushitsa iryo sezerano vyodusavye kwitanga. Ariko rero, ukwitanga kwacu kurageragezwa na canecane igihe dusabwe gukora ibintu tudasanzwe twiyumvamwo. Igihe twitanze tugakorera Imana ibintu vyifashe gutyo, tuba twerekanye ko turi abizigirwa. Imihezagiro twironkera yama iruta kure n’iyo ikintu ico ari co cose twoheba, naho cotubabaza gute. (Mal. 3:10) Tuvuge iki ku bijanye na wa mukobwa wa Yefuta?

Dushobora gute kugaragaza ukwizera nk’ukwa Yefuta n’umukobwa wiwe? (Raba ingingo ya 16, 17)

16. Umukobwa wa Yefuta yakiriye gute indagano ya se? (Raba ishusho itangura.)

16 Bishobora kuba bitoroheye umukobwa wa Yefuta kwemera ingaruka z’indagano se yari yagize. Iyo ndagano yari itandukanye n’iyo Hana yagize yo gutanga umuhungu wiwe Samweli ngo akorere kw’itaberenakulo ari Umunaziri. (1 Sam. 1:11) Umunaziri yarashobora kwubaka urwiwe akagira umuryango. Umukobwa wa Yefuta wewe yari kuba “ishikanwa riturirwa” uko ryakabaye. Yobwirijwe guheba umunezero wo kwubaka urwiwe no kuba inabibondo. (Abac. 11:37-40) Kubera ko yari umukobwa w’indongozi ya Isirayeli yatahukanye intsinzi, yobwirijwe kwubakana n’umusore w’intore kuruta abandi bose muri ico gihugu. Mugabo yari agiye kuba umusukukazi aciye bugufi wo kw’itaberenakulo. None uwo mwigeme yavyakiriye gute? Yarerekanye ko ashira imbere umurimo wa Yehova mu kuvuga ati: “Dawe, nimba wateranuriye akanwa Yehova, nungirire nk’uko vyakwiviriye mu kanwa.” (Abac. 11:36) Yarahevye icipfuzo mvukanwa co kuronka umugabo n’abana, kugira ateze imbere ugusenga kw’ukuri. Twokwigana gute agatima kiwe ko kwitanga?

17. (a) Dushobora gute kwigana ukwizera kwa Yefuta n’umukobwa wiwe? (b) Amajambo ari mu Baheburayo 6:10-12 akuremesha gute kwitanga?

17 Hari abakirisu b’imisore n’inkumi benshi bahitamwo kuba bararetse kwubaka izabo canke kwibaruka kugira ngo bakorere Yehova bimwe bishitse. Abakuze na bo nyene baraheba umwanya bomaranye n’abana be n’abuzukuru babo kugira bakore mu bwubatsi bw’inyubakwa zikorerwamwo ivya gitewokarasi. Barabigira kandi kugira bitabe rya Shure ry’abamamaji b’Ubwami canke bakorere aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta. Abandi barashira ku ruhande ivyabo kugira bagire uruhara mu masekeza aba mu kiringo c’Icibutso. Uwo murimo bakora n’umutima wabo wose uranezereza cane Yehova, akaba atazokwigera yibagira igikorwa bamurangurira be n’urukundo bamugaragariza. (Soma Abaheburayo 6:10-12.) Vyoba bishoboka ko ugira ibindi bintu uhevye kugira ukorere Yehova bimwe bishitse?

IVYIGWA TWOHAKURA

18, 19. Inkuru ya Yefuta n’umukobwa wiwe yatwigishije iki, kandi dushobora gute kubigana?

18 Naho Yefuta yahuye n’ingorane mu buzima, yararetse Yehova aramufasha kugira amahitamwo. Yaranse kwoshwa n’abari bamukikuje. Naho abandi bamuciye intege cane, ntivyahungabanije umwiyemezo yari afise wo kuguma ari umwizigirwa. Kubera ko we n’umukobwa wiwe bemeye kugira ivyo bahevye, Yehova yarabahezagiye cane, arabakoresha mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri. Yefuta n’umukobwa wiwe barumiye ku ngingo ngenderwako z’Imana mu gihe abandi bari bahevye kuzisunga.

19 Bibiliya iduhimiriza “[kwigana] abatorana ya mihango biciye ku kwizera n’ukwihangana.” (Heb. 6:12) Ese twokwigana Yefuta n’umukobwa wiwe, tuzi neza yuko Yehova azoduhezagira nitwaguma turi abizigirwa!