Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki dukwiye gukoranira hamwe?

Kubera iki dukwiye gukoranira hamwe?

“Twiyumvirane . . . , tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.”​—HEB. 10:24, 25.

INDIRIMBO: 20, 119

1-3. (a) Abakirisu berekanye gute ko bashashaye gukoranira hamwe? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

IGIHE uwitwa Corinna yari afise imyaka 17 gusa, nyina yarafashwe ajanwa mw’ikambi y’ibikorwa vy’umuruho y’Abasoviyeti. Mu nyuma, Corinna na we nyene yarangarijwe muri Siberiya, ku bilometero ibihumbi n’ibihumbi uvuye iwabo. Kubera ko yafatwa nk’umushumba, rimwe na rimwe yarahatirwa kuja gukorera hanze mu mbeho izura inzara, ata mpuzu z’imbeho yambaye. Naho Corinna n’uwundi mushiki wacu batari borohewe, hari ikoraniro rimwe ry’ishengero bari biyemeje kudasiba.

2 Yigana ati: “Twavuye ku bikorwa ku mugoroba maze tugenda ku gituro c’igariyamoshi cari ku bilometero 25. Igariyamoshi yahagurutse isaha umunani z’ijoro maze tugenda amasaha atandatu. Twururutse, twaciye tugenda n’amaguru ibilometero 10 kugira dushike ahabera iryo koraniro.” Vyoba vyari bibereye ko bagira urwo rugendo? Corinna yigana ati: “Kuri iryo koraniro, twarize Umunara w’Inderetsi twongera turaririmba indirimbo z’Ubwami. Emwe, vyaraturemesheje vyongera birakomeza ukwizera kwacu!” Naho Corinna na mugenziwe bamaze imisi itatu bataja kuri ivyo bikorwa, uwabakoresha ntiyigeze abica n’ikanda.

3 Abasavyi ba Yehova bamye baha agaciro ibihe vyo gukoranira hamwe. Ishengero rya gikirisu rikimara gushingwa, abayoboke ba Yezu baciye batangura gukoranira hamwe kugira basenge Yehova bongere bige ibimwerekeye. (Ivyak. 2:42) Birashoboka ko na wewe wipfuza kwitaba amakoraniro y’ishengero ubudasiba. Ariko rero, abakirisu bose barahura n’intambamyi. Akazi k’umubiri, ugucurumba muri vyinshi canke uburuhe buturutse ku bikorwa vya buri musi, birashobora gutuma tutoroherwa no kwitaba amakoraniro. Ni ibiki none bizodufasha kurengera izo ntambamyi no kugumana akamenyero keza ko kwitaba amakoraniro? [1]Dushobora gute gufasha abo twigisha Bibiliya be n’abandi gutahura akamaro ko kwitaba amakoraniro? Muri iki kiganiro, turarimbura imvo umunani zituma dukoranira hamwe kugira dusenge Imana. Izo mvo turazishira mu migwi itatu: (1)  ukuntu tuhungukira igihe twitavye amakoraniro, (2) ukuntu abandi bahungukira, (3) ukuntu bihimbara Yehova. [2]

UKUNTU TUHUNGUKIRA

4. Gukoranira hamwe bidufasha gute kwiga ivyerekeye Yehova?

4 Amakoraniro aratwigisha. Buri koraniro ry’ishengero riradufasha kwiga ivyerekeye Imana yacu Yehova. Nk’akarorero mu myaka irenga nk’ibiri iheze, amashengero hafi yose yariga igitabu Niwiyegereze Yehova mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero. None kuba twarize ukuntu Imana imeze tukongera tukumva ivyiyumviro bikora ku mutima abavukanyi bashikiriza, ntivyatumye urushiriza gukunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru? N’ikindi kandi, turarushiriza kumenya Ijambo ry’Imana mu gutega yompi insiguro, imyerekano be n’ubusomyi bwa Bibiliya. (Neh. 8:8) Nk’akarorero, iyumvire ubutunzi bwo mu vy’impwemu wubura buri ndwi igihe utegura ukongera ugatega yompi ibikurubikuru vyo mu busomyi bwa Bibiliya!

5. Amakoraniro yagufashije gute gushira mu ngiro ivyo wize muri Bibiliya no kuryohora ukuntu wamamaza?

5 Amakoraniro aratwigisha gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu mice yose y’ubuzima bwacu. (1 Tes. 4:9, 10) Nk’akarorero, Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi irahuza n’ivyo abasavyi b’Imana bakeneye. None iyo Nyigisho yoba yaratumye usubira gusuzuma imigambi yawe, igatuma ubabarira umukirisu mugenzawe canke ukaryohora amasengesho utura? Ikoraniro ryo mu ndwi hagati riratwigisha kwamamaza. Turiga uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza no kwigisha neza ukuri kwo mu Vyanditswe.​—Mat. 28:19, 20.

6. Ni gute amakoraniro yacu aturemesha akongera akadufasha kuguma dukomeye?

6 Amakoraniro araturemesha. Ivy’iyi si birashobora gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya, bikanatuma duta umutwe maze tukihebura. Amakoraniro y’ishengero yoyo araturemesha kandi akadukomeza. (Soma Ivyakozwe 15:30-32.) Kenshi mu makoraniro yacu, turihweza iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Bica bituma turushiriza kujijuka ko ivyo Yehova yasezeranye na vyo nyene bizoranguka. Mu bisanzwe, abavugira ku mukiruruko si bo bonyene baturemesha. Abakirisu bagenzi bacu na bo nyene baratwubaka igihe batanga ivyiyumviro kandi bakaririmba babikuye ku mutima. (1 Kor. 14:26) Vyongeye igihe tuyaga n’abavukanyi be na bashiki bacu imbere be n’inyuma y’amakoraniro, turumva ko twitaweho maze tukaruhurirwa vy’ukuri.​—1 Kor. 16:17, 18.

7. Kubera iki bihambaye cane ko twitaba amakoraniro yacu?

7 Amakoraniro aratuma tuyoborwa n’impwemu nyeranda. Yezu Kristu uwaninahajwe, yavuze ati: “Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.” (Ivyah. 2:7) Ego cane, Yezu arayobora ishengero rya gikirisu abicishije ku mpwemu nyeranda. Turakeneye impwemu nyeranda kugira idufashe kunesha ibigeragezo, iduhe ubutinyutsi yongere ituronse ivyo dukeneye igihe twamamaza, idushoboze no gufata ingingo zibereye. Ntidukwiye none kutagisha n’imwe mu ntunganyo zituma turonka iyo mpwemu nyeranda, harimwo n’amakoraniro?

UKUNTU ABANDI BAHUNGUKIRA

8. Igihe abavukanyi batubonye ku makoraniro, bakumva inyishu dutanga n’ingene turirimba, bibafasha gute? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “Yama ataha umengo atoye ka mitende.”)

8 Amakoraniro araduha uturyo two kwereka abavukanyi bacu ko tubakunda. Nuzirikane witonze ku ngorane abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe bo mw’ishengero ryanyu bashobora kuba barimwo. Ntibitangaje kubona intumwa Paulo yanditse ati: “Twiyumvirane,” ni ukuvuga, twitwararikane. Paulo yaciye asigura ko dushobora kwitwararikana mu “[k]udaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.” (Heb. 10:24, 25.) Igihe witavye amakoraniro uba weretse abo musangiye ukwemera ko ubahebera umwanya kandi ko ubitwararika. Vyongeye, iyo utanze ivyiyumviro bivuye ku mutima be n’igihe uririmba biraremesha Ivyabona bagenzawe.​—Kol. 3:16.

9, 10. (a) Sigura ukuntu ivyo Yezu yavuze muri Yohani 10:16 bidufasha kubona igituma gukoranira hamwe n’abavukanyi bacu bihambaye. (b) Igihe twama twitaba amakoraniro, dushobora gute gufasha uwatawe n’incuti ziwe?

9 Amakoraniro atuma twunga ubumwe n’abo dusangiye ukwemera. (Soma Yohani 10:16.) Yezu yigereranije n’umwungere, abayoboke biwe na bo abagereranya n’ubusho bw’intama. Rimbura iki kintu: Nimba intama zibiri ziri ku musozi, izindi zibiri zikaba mu mubande iyindi imwe ikaba iriko irarisha ahandi hantu, twoba twovuga ko izo ntama zitanu zigize ubusho? Mu bisanzwe, ubusho bw’intama buguma buri hamwe, buragiwe n’umwungere wabwo. Muri ubwo buryo nyene, ntidushobora gukurikira wa Mwungere wacu nimba turi ukwa twenyene n’ibigirankana. Tubwirizwa gukoranira hamwe n’abandi bakirisu kugira tube mu bagize “ubusho bumwe” buyobowe n’“umwungere umwe.”

10 Igihe twitavye ikoraniro, turagira ico duterereye ku bumwe bw’umuryango wacu w’abavukanyi. (Zab. 133:1) Bamwebamwe mu bo dusangiye ukwemera usanga baranswe n’abavyeyi babo be n’abo bavukana. Ariko Yezu yasezeranye ko yobaronkeje umuryango wo mu vy’impwemu wobakunze kandi ukabitwararika. (Mrk. 10:29, 30) Igihe witaba amakoraniro ubudasiba, woshobora koko gusanga wabaye umuvyeyi, umuvukanyi canke mushiki w’umwe muri abo bakirisu twikundira. Ivyo none ntibituma twokora uko dushoboye kwose kugira tube ari ho turi ku makoraniro yacu yose?

UKUNTU YEHOVA AVYAKIRA

11. Kwitaba amakoraniro bidufasha gute guha Yehova ivyo abereye?

11 Igihe twitavye amakoraniro tuba duhaye Yehova ivyo abereye. Kubera ko Yehova ari we Muremyi wacu, arabereye gushemezwa, kuninahazwa, gushimirwa no guterwa iteka. (Soma Ivyahishuwe 7:12.) Igihe dusenga, tukaririmba kandi tukavuga ivyerekeye Yehova ku makoraniro yacu, tuba turiko turamuha ivyo abereye koko, ni ukuvuga ugusengwa. Mbega akaryo kadasanzwe dufise ko gutera iteka buri ndwi Umwe yadukoreye vyinshi!

12. Igihe tugamburutse itegeko Yehova yatanze ryo kwitaba amakoraniro, avyakira gute?

12 Vyongeye, Yehova arabereye ko tumugamburukira. Yadutegetse kudaheba gukoranira hamwe, na canecane muri iki gihe c’iherezo. Igihe tugamburutse iryo tegeko tubikunze, Yehova arahimbarwa. (1 Yoh. 3:22) Arabona akigoro tugira kugira ngo twitabe buri koraniro kandi aragaha agaciro.​—Heb. 6:10.

13, 14. Ni mu buryo ki twiyegereza Yehova na Yezu ku makoraniro?

13 Igihe twitavye amakoraniro tuba tweretse Yehova ko dushaka kumwiyegereza be n’Umwana wiwe. Igihe turi ku makoraniro yacu, Umwigisha wacu Ahambaye aratuyobora abicishije kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. (Yes. 30:20, 21) Mbere n’abo tudasangiye ukwemera baza ku makoraniro yacu, boshobora kuvuga bati: “Ni ukuri Imana iri kumwe namwe.” (1 Kor. 14:23-25) Igihe turi ku makoraniro, Yehova araturonsa impwemu yiwe nyeranda kandi inyigisho tuharonkera ziva kuri we. Tuba rero turiko turumviriza ijwi rya Yehova, tukibonera ukuntu atwitwararikana urukundo. Ivyo bituma tumwiyegereza.

14 Yezu yavuze ati: “Aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, mba ndahari hagati yabo.” (Mat. 18:20) Mu bisanzwe, ivyo Yezu yavuze vyerekeza ku makoraniro yacu. Kubera ko Kristu ari umutwe w’ishengero, “agendagenda hagati” y’amashengero y’abasavyi b’Imana. (Ivyah. 1:20–2:1) Ibaze nawe! Yehova na Yezu bararangura uruhara rukomeye mu kudukomeza ku makoraniro ya gikirisu. Wiyumvira ko Yehova amererwa gute igihe aravye ukuntu tuba dushashaye kumwiyegereza be n’Umwana wiwe?

15. Ni gute kwitaba amakoraniro vyereka Imana ko twipfuza kuyigamburukira?

15 Igihe twitavye amakoraniro tuba twerekanye ko dushigikiye ubusegaba bw’Imana. Naho Yehova adutegeka kwitaba amakoraniro, ntaduhata. (Yes. 43:23) Ni twebwe rero twihitiramwo kwereka Yehova ukuntu tumukunda cane bivuye ku mutima be n’ukuntu dushigikira dushikamye ubutegetsi bwiwe. (Rom. 6:17) Nk’akarorero, umukoresha yoshobora kuduhata ashimitse ngo duhebe amakoraniro amwamwe kugira twitwararike akazi. Leta yoshobora kuturwanya mu kudutangisha amahadabu, mu kudupfunga canke mu gukora n’ibiruta ivyo, iduhora ko dukoranira hamwe kugira dusenge Imana. Canke na ho, twoshobora kugwa mu mutego wo kwishinga kwiruhura aho kuja ku makoraniro. Muri ivyo bihe vyose, Yehova aratureka ngo duhitemwo ico dukwiye gukora. (Ivyak. 5:29) Igihe rero duhisemwo gushigikira ubusegaba bwa Yehova, tuba tunezereje umutima wiwe.​—Imig. 27:11.

NUGUME UKORANIRA HAMWE N’ABAVUKANYI

16, 17. (a) Tubwirwa n’iki ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere babona ko amakoraniro ahambaye cane? (b) Umuvukanyi George Gangas yabona gute amakoraniro?

16 Abakirisu bo mu ntango ntibakoraniye hamwe mu kiringo gitoyi gusa cakurikiye igitangaro gikomeye cabaye kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu. Ahubwo riho, “imisi yose bama ku rusengero bahuje inama.” (Ivyak. 2:46) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kwama” risobanura kutarambirwa canke kwumirako ubigiranye akigoro gakomeye. Kubera ko ico gihe abakirisu bategekwa n’Uburoma kandi bagahamwa n’indongozi z’idini ry’Abayuda, ntivyaborohera kwitaba amakoraniro. Ariko rero, barumiyeko.

17 Abasavyi ba Yehova benshi bo mu gihe ca none barerekanye ko baha agaciro cane amakoraniro ya gikirisu. Uwitwa George Gangas, akaba yamaze imyaka irenga 22 ari mu Nama Nyobozi, yavuze ati: “Gukoranira hamwe n’abavukanyi mbona ko ari kimwe mu bintu bihimbara kandi biremesha kuruta ibindi vyose mu buzima. Igihe cose bishoboka, ndaryoherwa no gushika ku Ngoro y’Ubwami mu ba mbere no kuhava mu ba nyuma. Iyo ndiko ndaganira n’abasavyi b’Imana, ndumva akanyamuneza mu mutima. Igihe ndi kumwe na bo, numva ntekaniwe nk’aho noba ndi kumwe n’umuryango wanje, mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu.” Yongeyeko ati: “Nka kurya nyene akuma karanga amerekero kama kerekana mu buraruko, ni na ko iciyumviro n’icipfuzo canje co mu mutima ari ukwitaba amakoraniro.”

18. Ubona gute ibijanye n’amakoraniro yacu, kandi wiyemeje gukora iki?

18 Woba nawe ubona gutyo ibijanye no gukoranira hamwe kugira dusenge Yehova? Nimba ari ukwo biri, niwiyemeze kwihangana no kwumirako, ugume ugira akigoro gakomeye ko kwitaba amakoraniro ubudasiba. Gutyo, uzoba werekanye ko ubona ibintu nk’uko Umwami Dawidi yabibona, uwavuze ati: “Yehova, nakunze inzu ubamwo.”​—Zab. 26:8.

^ [1] (ingingo ya 3) Hari abo dusangiye ukwemera badashobora kwama bitaba amakoraniro kuko ata kundi bari bugire, nk’igihe barembejwe n’indwara. Barashobora kwizigira badakeka ko Yehova abatahura be n’uko aha agaciro ivyo bakora kugira bamusenge n’umutima wabo wose. Abakurambere boshobora gufasha abo batishoboye kugira bungukire kuri porogarama z’ivy’impwemu, kumbure bakabafasha kuzikurikira biciye kuri telefone canke bakabashira ivyo bafashe amajwi.

^ [2] (ingingo ya 3) Raba uruzitiro ruvuga ngo “Imvo zituma twitaba amakoraniro.”