Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tugume ata ho duhengamiye mw’isi yiciyemwo ibice

Tugume ata ho duhengamiye mw’isi yiciyemwo ibice

“Ivy’Imana muvyishure Imana.”​—MAT. 22:21.

INDIRIMBO: 33, 137

1. Dushobora gute kugamburukira Imana be n’intwaro z’abantu?

IJAMBO RY’IMANA ridusaba kugamburukira intwaro z’abantu, ariko kandi rikatubwira ko dutegerezwa kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu. (Ivyak. 5:29; Tito 3:1) None ukwo si ukwivuguruza? Habe namba! Ingingo ngenderwako ijanye n’ukuyoboka kuri n’aho kugarukira iradufasha gutahura no kugamburuka ayo mabwirizwa. Yezu yavuze muri make iyo ngingo ngenderwako ati: “Nimwishure rero Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.” [1](Mat. 22:21) None iyo mpanuro ya Yezu tuyikurikiza gute? Ni mu gukurikiza amategeko ashingwa n’intwaro idutwara, mu kwubaha abategetsi bayo no mu gutanga amakori idusaba. (Rom. 13:7) Ariko rero igihe abategetsi badusavye kugambararira Imana, turabibankira tubigiranye icubahiro.

2. Twerekana gute ko tuguma ata ho duhengamiye mu vya politike y’iyi si?

2 Uburyo bumwe bwo kwishura Imana ivyayo ni ukuguma ata ho duhengamiye mu vya politike y’iyi si. (Yes. 2:4) Ku bw’ivyo, ntiturwanya intwaro z’abantu Yehova abaye araretse; eka kandi ntituremesha ivyo gukunda cane igihugu canke kucishimira. (Rom. 13:1, 2) Ntituri mu migwi igondoza leta ngo ikore ibintu kanaka, ntituja mu matora, ntiduharanira ibibanza mu ntwaro canke ngo tugerageze guhindura ubutegetsi.

3. Kubera iki dukwiye kuguma ata ho duhengamiye?

3 Bibiliya iratanga imvo nyinshi zerekana igituma Imana idusaba kuguma ata ho duhengamiye. Ubwa mbere, igihe twirinze ‘kuba ab’isi’ ntitwisuke mu vya politike canke mu ntambara, tuba twerekanye ko dukurikiza inyigisho z’Umwana wayo Yezu Kristu be n’akarorero kiwe. (Yoh. 6:15; 17:16) Ubwa kabiri, tubwirizwa kuguma ata ho duhengamiye kugira tube abatwarwa badahemuka b’Ubwami bw’Imana. Bitagenze ukwo, ntitwoshobora kugira ijwi ryo mu mutima ryiza igihe twamamaza inkuru nziza y’uko Ubwami bw’Imana ari wo muti rudende w’ingorane zihanze abantu. Ikindi na co, amadini y’ikinyoma arisuka mu vya politike, bigatuma abayagize bacanamwo. Ugusenga kw’ukuri kwokwo kuradufasha kuguma ata ho duhengamiye, bigatuma umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose uguma wunze ubumwe.​—1 Pet. 2:17.

4. (a) Twemezwa n’iki ko kuguma ata ho duhengamiye bizorushiriza kuba urugamba? (b) Kubera iki ubu ari ho dukwiye kwimenyereza kuguma ata ho duhengamiye?

4 Aho tubaye hoshobora kuba hatarangwa uruhagarara mu vya politike, bigatuma ugusenga kw’ukuri gusa n’aho kutabangamiwe. Yamara rero, uko iherezo ry’isi ya Shetani ryegereza, twokwitega ko ikibazo co kutagira aho duhengamiye kizorushiriza gukomera. Isi yuzuye abantu “badashaka kwumvikana na gato” kandi b’“intumva,” ikaba rero izorushiriza kwicamwo ibice. (2 Tim. 3:3, 4) Mu bihugu bimwebimwe, abavukanyi bacu barahuye giturumbuka n’ibibazo bijanye no kutagira aho bahengamiye, kubera ko ivya politike vyahindutse bukwi na bukwi. Woba ubona igituma ubu ari ho dukwiye kurushiriza kwiyemeza kuguma ata ho duhengamiye? Hamwe tworindira ko dushikirwa n’ingorane, twoshobora kudohoka maze tugahemuka. None twokwitegura gute kugira tugume ata ho duhengamiye muri iyi si yiciyemwo ibice? Reka turimbure ibintu bine bizodufasha.

NUBONE INTWARO Z’ABANTU NK’UKO YEHOVA AZIBONA

5. Yehova abona gute intwaro z’abantu?

5 Ikintu ca mbere codufasha kuguma ata ho duhengamiye ni ukubona intwaro z’abantu nk’uko Yehova azibona. Naho intwaro zimwezimwe zoshobora gusa n’izikora neza, Yehova ntiyigeze ategekanya yuko abantu baganza abandi. (Yer. 10:23) Intwaro z’abantu ziraremesha ivyo kwishimira igihugu, bigatuma abantu bacanamwo. Mbere n’abategetsi bameze neza kuruta abandi bose ntibashobora gutorera umuti ingorane zose z’abantu. Vyongeye kuva mu 1914, intwaro z’abantu zararwanije Ubwami bw’Imana, buno bukaba bwimirije kuzikuraho zose.​—Soma Zaburi 2:2, 7-9.

6. Dukwiye kubona gute abategetsi mu vy’intwaro?

6 Imana ibaye irareka intwaro z’abantu kubera ko zituma haba agahengwe, ivyo bigatuma twamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (Rom. 13:3, 4) Imana iradusaba mbere gusabira abaganza, canecane igihe ingingo bafata zoshobora kugira ico zikoze ku gusenga kwacu. (1 Tim. 2:1, 2) Iyo turenganijwe turitura ubutegetsi, nk’uko intumwa Paulo yabigize. (Ivyak. 25:11) Naho Bibiliya ivuga ko wa mwansi w’Imana Shetani ari we aganza intwaro z’abantu, ntivuga ko akoresha umutegetsi umwumwe ku giti ciwe. (Luka 4:5, 6) Ku bw’ivyo, turakwiye kwirinda kuvuga ko umutegetsi kanaka akoreshwa na Shetani. Ahubwo riho, igihe tuvuga ivyerekeye “intwaro n’abakuru,” turirinda ‘kugira uwo tuvuga nabi.’​—Tito 3:1, 2.

7. Ni ibiki dukwiye kwirinda?

7 Turagamburukira Imana mu kutigera dushigikira uwitoza n’umwe canke umugambwe kanaka, naho vyoba bisa n’ibidushigikira canke biturwanya. Ni gute twoshobora gushirwa ku munzane muri ivyo? Dufate ko abanyagihugu bahagurutse kugira biyamirize intwaro y’igikenye, iyacinyije mbere n’abasavyi b’Imana. Naho tutoja muri iyo myiyerekano, twoba twoyishigikira mu vyiyumviro? (Ef. 2:2) Dukwiye kuguma ata ho duhengamiye mu vyo tuvuga no mu vyo dukora, tutibagiye no mu mitima yacu.

“MWIYUBARE” YAMARA “MUBE INTUNGANE”

8. Ni gute dukwiye ‘kwiyubara’ yamara ‘tukaba intungane’ igihe duhuye n’ibintu vyoshobora gutuma tudohoka?

8 Ikintu ca kabiri cotuma tuguma ata ho duhengamiye ni ‘ukwiyubara nk’inzoka yamara tukaba intungane nk’inuma’ igihe duhuye n’ibintu bitoroshe. (Soma Matayo 10:16, 17.) Turerekana ko twiyubara mu kwirinda ingeramizi imbere y’igihe, tukaguma turi intungane mu kutareka ngo nya ngeramizi zitume tudohoka. Rimbura ibintu bimwebimwe vyoshobora gushika be n’ukuntu twovyifatamwo.

9. Ni ibiki dukwiye kubako maso igihe tuganira n’abandi?

9 Ibiyago vyacu. Turakwiye kwiyubara igihe havyutse ibibazo bijanye na politike. Nk’akarorero, igihe uvuga ubutumwa bw’Ubwami, niwirinde guhayagiza canke gutora amahinyu ivyiyumviro vy’umugambwe canke umunyapolitike kanaka. Nugerageze kuvuga ivyo muhurijeko n’uwo muyaga, mu kwibanda ku ngorane iriho aho kwibanda ku co abanyapolitike bokora kugira bayitorere umuti. Nuce umwereka muri Bibiliya ingene intwaro y’Imana izotorera umuti iyo ngorane rimwe rizima. Mu gihe havyutse ibihari, nko ku bijanye n’ukwubakana kw’abasangiye igitsina canke ugukorora inda, niwerekane ico Ijambo ry’Imana ribivugako be n’ingene turishira mu ngiro mu buzima bwacu. Muri ico kiyago, niwirinde cane gushigikira canke kunegura ukuntu abanyapolitike babona ibijanye n’ivyo bibazo. Ntidushigikira canke ngo turwanye abavuga ko hari amategeko akwiye gushirwaho, gukurwaho canke guhindurwa, kandi ntiduhata abandi ngo babone ibintu nk’uko tubibona.

10. Twokwirinda gute kugira aho duhengamiye igihe dusoma canke turaba ibishikirizwa mu bimenyeshamakuru?

10 Ibimenyeshamakuru. Akenshi amakuru ashikirizwa aba afise aho ahengamiye. Rimwe na rimwe usanga ibimenyeshamakuru ari ibikoresho vy’abanyapolitike. Amakuru yoshobora guhengama bimwe vyeruye mu bihugu usanga leta yifatiye mu minwe ibimenyeshamakuru. Ariko rero n’abakirisu baba mu bihugu vyitwa ko birimwo umwidegemvyo, barakwiye kwiyubara ntibapfe kwemera ibishikirizwa n’abagira ico bavuze ku makuru. Niwibaze uti: ‘Noba ndyoherwa no kwumviriza umuntu kanaka mu bimenyeshamakuru kubera ko nemera ivyiyumviro vyiwe vya politike?’ Nimba ari ukwo biri, vyoba vyiza urondeye amakuru adahengamye. Uko biri kwose, urakwiye kutumviriza cane ibimenyeshamakuru bihengamira kuri politike, kandi ukwiye gusuzuma ivyo wumva ukoresheje “ca citegererezo c’amajambo ngirakamaro” dusanga muri Bibiliya.​—2 Tim. 1:13.

11. Ni gute kuguma ata ho duhengamiye bishobora kutubera urugamba igihe tubona ko ivyo dutunze bihambaye cane?

11 Gukunda amaronko. Hamwe twoguma twumiye ku vyo dutunze, twohakwa kudohoka mu gihe c’ibigeragezo. Uwitwa Ruth wo muri Malawi yariboneye ingene ivyo vyashikiye Ivyabona batari bake igihe bari mu ruhamo mu myaka ya 1970. Yigana ati: “Vyaranse ko baheba ubuzima bwiza. Hari abo twahunganye, ariko mu nyuma binjira mu mugambwe maze basubira i muhira kubera babona ko ubuzima bwo mw’ikambi y’impunzi batari kubusabirako.” Ariko rero, abasavyi b’Imana benshi bagumye ata ho bahengamiye naho bari mu bukene canke mbere baratakaje utwabo twose.​—Heb. 10:34.

12, 13. (a) Yehova abona gute abantu? (b) Twomenya gute ko dutanguye kwishimira birenze urugero aho duturuka?

12 Ubwibone. Abantu kenshi usanga bahayagiza ubwoko bwabo, imiryango yabo, imico kama yabo, igisagara canke igihugu cabo. Ariko rero, turazi ko kwishimira ivyo bintu cane bituma tutabona abantu canke ubutegetsi bwabo nk’uko Yehova abibona. Ego ni ko, Imana ntiyiteze ko twihakana imico kama yacu. Kanatsinda, ubwiza bw’umuryango w’abantu buhagaze ku mico kama yabo itandukanye. Ariko rero, dukwiye kwibuka ko imbere y’Imana, abantu bose bangana.​—Rom. 10:12.

13 Igihe abantu bishimira cane aho baturuka biratuma bishimira igihugu cabo birenze, kandi vyoshobora kuba intambwe ya mbere ishikana ku kudohoka. Ivyo n’abakirisu vyobashikira, kuko no mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere hari abinuvye abavukanyi babo kubera ko bataturuka hamwe. (Ivyak. 6:1) None twomenya gute ko ubwibone buriko burashinga imizi muri twebwe? Dufate ko umuvukanyi canke mushiki wacu ava mu kindi gihugu aguhaye iciyumviro. Woba woca ucanka, wibwira uti: ‘Uwo ivy’ino nta vyo azi’? Ahubwo nyabuna, dukwiye gushira mu ngiro iyi mpanuro igira iti: “Mwiyumvir[e] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.”​—Flp. 2:3.

NURONDERE INKOMEZI ZIVA KURI YEHOVA

14. Isengesho rishobora kudufasha gute, kandi ni akarorero akahe ko muri Bibiliya kavyerekana?

14 Ikintu ca gatatu cotuma tuguma ata ho duhengamiye ni ukurondera inkomezi ziva kuri Yehova. Numusabe impwemu nyeranda, iyishobora gutuma wihangana kandi ukigumya, izo zikaba ari kamere ukeneye kugira ngo uvyifatemwo neza igihe hari intwaro imeze nabi canke irenganya. Urashobora kandi gusaba Yehova ubukerebutsi butuma utahura ukongera ukavyifatamwo neza mu bintu vyotuma udohoka. (Yak. 1:5) Bishitse ugapfungwa canke ugahabwa ikindi gihano kubera ko wiyemeje kwumira ku gusenga kw’ukuri, nusenge usaba inkomezi kugira uburanire ukwizera kwawe ubigiranye ubutinyutsi wongere wihanganire uruhamo rwose rwoshobora gushika.​—Soma Ivyakozwe 4:27-31.

15. Bibiliya yodufasha gute kuguma ata ho duhengamiye? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “Ijambo ry’Imana ryaratumye barushiriza gushikama.”)

15 Yehova arashobora kugukomeza biciye kw’Ijambo ryiwe. Nuzirikane ku mirongo ishobora kugufasha kutadohoka igihe woba uri mu kigeragezo. Nube urayifata ku mutwe kugira izogufashe igihe uzoba udashobora kuronka Bibiliya. Ijambo ry’Imana rirashobora no gutuma urushiriza kwizigira imihezagiro izozanwa n’Ubwami. Ico cizigiro ni ntahara kugira twihanganire uruhamo. (Rom. 8:25) Nucagure imirongo ivuga ibijanye n’ibintu vyiza ushashaye kwibonera, hanyuma wibone uriko uravyinovora mw’Iparadizo.

NUGIRE ICO WIGIYE KU BAGUMYE ARI INTAHEMUKA

16, 17. Twigira iki ku basavyi b’Imana b’intahemuka bagumye ata ho bahengamiye? (Raba ishusho itangura.)

16 Ikintu kigira kane cotuma tuguma ata ho duhengamiye ni abasavyi ba Yehova b’intahemuka. Uburorero bwabo burashobora kuduha ubukerebutsi n’inkomezi dukeneye kugira twihangane. Nk’akarorero, Shaduraki, Meshaki na Abedinego baranse gusenga igishusho cagereranya intwaro ya Babiloni. (Soma Daniyeli 3:16-18.) Igihe Ivyabona b’ubu basomye ivyerekeye ugushikama kwabo, biratuma bagira umutima rugabo wo kwanka kwunamira ibendera ry’igihugu babamwo. Yezu na we nyene yagumye yitandukanya n’indyane zo mu vya politike no mu vy’imibano zarangwa mw’isi. Kubera ko yari azi ukuntu akarorero kiwe kofashije abigishwa biwe, yabahimirije ati: “Nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.”​—Yoh. 16:33.

17 Ivyabona benshi bo mu bihe vya none baragumye ata ho bahengamiye. Bamwe muri bo baragiriwe nabi ku mubiri bongera barapfungwa, no kwicwa baricwa bazira ukwemera kwabo. Uburorero bwabo burashobora kugufasha nk’uko bwafashije Barış wo muri Tirkiya, uwavuze ati: “Franz Reiter yari umuvukanyi akiri muto yishwe kubera yanse kuja mu gisoda ca Hitler. Ikete yandikiye nyina wiwe buca yicwa ryarerekanye ko yizera Yehova bimwe bikomeye be n’uko yamwizigira, kandi na jewe nipfuza kumwigana hamwe vyoshika ngahura n’ikigeragezo nk’ico.” [2]

18, 19. (a) Abo mw’ishengero urimwo boshobora gute kugufasha kuguma ata ho uhengamiye? (b) Wiyemeje iki?

18 Abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero urimwo na bo nyene barashobora kugufasha. Numenyeshe abakurambere ibigeragezo ushobora kuba urimwo bijanye no kutagira aho uhengamiye, maze ubasabe impanuro zishingiye kuri Bibiliya. Abo mw’ishengero bazokuremesha nibamenya ingorane urimwo. Nubasabe bakwibuke mu masengesho batura. Ariko ntiwumve, nimba twipfuza ko abavukanyi bacu badushigikira kandi bakadusengera, na twebwe turakwiye kubibagirira. (Mat. 7:12) Ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ivyabona vya Yehova bapfunzwe bazira ukwemera kwabo​—Urutonde rw’ibihugu bapfunzwemwo” kiri ahavuga ngo AMAKURU > IBIJANYE N’IMANZA, kirashobora kugufasha kubasengera udomako. Kirimwo amazina y’ibihugu ufyondako ugaca uronka intonde z’Ivyabona bapfunzwe muri iki gihe bahorwa ukwemera kwabo. Nucagure amazina ya bamwebamwe maze ubasabire kuguma bashikamye babigiranye umutima rugabo.​—Ef. 6:18-20.

19 Uko intwaro z’abantu zegereza iherezo ryazo, ntituzotangara zirushirije kutatworohereza kuguma turi intahemuka kuri Yehova no ku Bwami bwiwe. Ku bw’ivyo, ubu ni co gihe c’uko turushiriza kwiyemeza kuguma ata ho duhengamiye muri iyi si yiciyemwo ibice.

^ [1] (ingingo ya 1) Ng’aha Yezu yakoresheje izina Sezari, uwari umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru ico gihe, bwa kigereranyo c’ubutegetsi canke leta.

^ [2] (ingingo ya 17) Raba igitabu Les Témoins de Jéhovah, prédicateurs du Royaume de Dieu, rup. 662; be n’uruzitiro ruvuga ngo “Yapfuye azira gutera iteka Imana,” mu gitabu Ubwami bw’Imana buraganza!, ikigabane ca 14.