Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo”

“Ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo”

“Ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo, kugira mube abanonosoye kandi mutagira agahonzi muri vyose, mudahajije mu kintu na kimwe.”​—YAK. 1:4.

INDIRIMBO: 135, 139

1, 2. (a) Twigira iki ku kwihangana kwa Gideyoni n’ingabo ziwe 300? (Raba ishusho itangura.) (b) Twisunze Luka 21:19, ni kubera iki kwihangana bihambaye?

INTAMBARA yari ishushe. Ingabo za Isirayeli ziyobowe na Gideyoni zari zomye inyuma abansi babo, ni ukuvuga Abamidiyani be n’abo bari bafatanije. Zaramaze ijoro ryose zibasubiza inyuma gushika ku bilometero 32! Bibiliya iratubwira ingene vyahavuye bigenda: “Gideyoni ashika kuri Yorodani, ararujabuka, we na ba bagabo amajana atatu bari kumwe na we, barushe.” Ariko rero Gideyoni n’ingabo ziwe ntibari bwatsinde intambara kuko hari hagisigaye ingabo z’abansi nka 15.000. Kubera ko Abamidiyani bari bamaze imyaka n’iyindi babahahaza, Abisirayeli barabona ko atari co gihe co gucika intege. Kugira rero bikureko abo bansi, ‘barabandanije kubakurikirana,’ gutyo Midiyani barayimara igabo.​—Abac. 7:22; 8:4, 10, 28.

2 Na twebwe turi mu ntambara y’urudaca. Mu bo turwana harimwo Shetani, isi yiwe be n’agasembwa kacu. Bamwe muri twebwe turamaze imyaka mirongo turwana, kandi tubifashijwemwo na Yehova twaratahukanye intsinzi nyinshi. Ariko rero vyoshobora gushika tukaruhishwa no kurwana n’abansi bacu hamwe no kurindira iherezo ry’ivy’iyi si. Yamara rero ntituraronka intsinzi ya nyuma. Yezu yaratugabishije ko twohuye n’ibigeragezo bikomeye muri iyi misi ya nyuma tukongera tugafatwa nabi cane. Mugabo kandi yaravuze ko ukwihangana kwacu ari kwo kwotumye dutahukana intsinzi. (Soma Luka 21:19.) None ukwihangana ni iki? Ni ibiki bizodufasha kwihangana? Ni ibiki twigira ku bantu bihanganye? Vyongeye, dushobora gute kureka “ukwihangana [kukanonosora] igikorwa cakwo”?​—Yak. 1:4.

UKWIHANGANA NI IKI?

3. Ukwihangana ni iki?

3 Muri Bibiliya, ukwihangana kurimwo n’ibindi uretse kwirengagiza ibigeragezo canke ingorane. Harajamwo n’ukuntu twiyumvira be n’ingene twiyumva, ni ukuvuga ingene tuvyifatamwo mu ngorane. Umuntu yihangana aragaragaza umutima rugabo, akumirako kandi akiyumanganya. Igitabu kimwe kivuga ko ukwihangana ari “umutima wo kwiyumanganya mu ngorane atari kubera gusa ata kundi wobigenza, ahubwo ubigiranye icizigiro gikomeye . . . Ni kamere ituma umuntu aguma ashikamye mu bihe bitoroshe. Ni kamere ishobora gutuma umuntu abona ko ikigeragezo gikomeye cane ari ubuninahazwa, kuko atabona gusa umubabaro arimwo ariko kandi abona n’intumbero yaco.”

4. Kubera iki twovuga ko urukundo ari rwo rutuma twihangana?

4 Urukundo ni rwo rutuma twihangana. (Soma 1 Abakorinto 13:4, 7.) Urwo dukunda Yehova rutuma twihanganira ikintu cose gihuye n’ivyo agomba. (Luka 22:41, 42) Urwo dukunda abavukanyi ruradufasha kwihanganira udusembwa twabo. (1 Pet. 4:8) Urwo dukunda uwo twubakanye ruradufasha kwihanganira “amakuba” ashikira mbere n’abubakanye babanye neza, gutyo tugakomeza umubano wacu.​—1 Kor. 7:28.

NI IBIKI BIZODUFASHA KWIHANGANA?

5. Kubera iki Yehova ari we ashoboye kuruta abandi bose kuduha ivyo dukeneye kugira twihangane?

5 Twiture Yehova kugira aduhe inkomezi. Yehova ni “Imana . . . itanga ukwihangana n’uruhoza.” (Rom. 15:5) Ni we wenyene ashobora gutahura bimwe bishitse ingorane turimwo, aho tubaye n’abadukikuje, ingene twiyumva, mbere n’ukuntu imibiri yacu imeze. Ni we rero ashoboye kuruta abandi bose kuturonsa ivyo dukeneye kugira twihangane. Bibiliya ivuga iti: “Icipfuzo c’abamutinya azogishitsa, kandi azokwumva ugutabaza kwabo, abakize.” (Zab. 145:19) None Imana yishura gute amasengesho tuyitura tuyisaba inkomezi kugira twihangane?

6. Nk’uko bivugwa muri Bibiliya, ni gute Yehova ashobora ‘kuducira icanzo’?

6 Soma 1 Abakorinto 10:13. Igihe dusavye Yehova ngo adufashe kwihanganira ingorane ‘araducira icanzo.’ Yehova yoba none atunganya ibintu kugira adukureko ikigeragezo? Kumbure. Ariko rero kenshi aducira icanzo “kugira [d]ushobore kucihanganira.” Egome, Yehova aradukomeza kugira ‘tubone kwihangana bimwe bishitse twongere twiyumanganye tunezerewe.’ (Kol. 1:11) Vyongeye, kubera ko Yehova azi cane ko turi abanyantege nke ku mubiri, mu bwenge no mu mutima, ntazokwigera areka ngo ingorane ikomere cane kugeza aho tudashobora kuguma turi abizigirwa.

7. Kubera iki dukeneye ibifungurwa vy’impwemu kugira twihangane? Tanga akarorero.

7 Twironse ibifungurwa vy’impwemu bikomeza ukwizera kwacu. Umusozi Everest ni wo musozi muremure kuruta iyindi yose kw’isi. Kugira ngo umuntu awuduge, ku musi akenera gufungura ivyo yofunguye mu misi itatu canke ine. Atabigenjeje gutyo, ntiyokwiyamvya. Muri ubwo nyene, kugira twihangane mw’isiganwa turimwo maze dushike kw’ihangiro, dutegerezwa kwama twihereza ibifungurwa vy’impwemu vyinshi bishoboka. Tubwirizwa kwishingira uturimbi kugira ngo twicungurire umwanya wo gusoma, uwo kwiyigisha be n’uw’amakoraniro ya gikirisu. Ivyo bikorwa biraronsa ukwizera kwacu “ibifungurwa bigumaho ku bw’ubuzima budahera.”​—Yoh. 6:27.

8, 9. (a) Twisunze ibivugwa muri Yobu 2:4, 5, ni igiki kiba kiriko kiraba igihe dushikiwe n’ibigeragezo? (b) Igihe ushikiwe n’ibigeragezo, ni igiki wosa n’uwubona mu bwenge?

8 Twibuke ikibazo kijanye no kutadohoka ku Mana. Igihe dushikiwe n’ibigeragezo turababara, ariko hariho n’ikindi kintu gihambaye kiba kiriko kiraba: Ukudahemukira Imana kwacu kuba kuriko kurasuzumwa. Bivanye n’ukuntu tuvyifatamwo mu bigeragezo, turerekana vy’ukuri ko twoba tubona yuko Yehova ari we Segaba w’ijuru n’isi. Shetani, umwe arwanya ubusegaba bwa Yehova, yaramucokoye mu kuvuga ati: “Ivyo umuntu afise vyose yobitanga ku bw’ubuzima bwiwe. Kugira bihinduke, ndakwinginze utume ukuboko kwawe, ukore gushika no kw’igufa [rya Yobu] no ku mubiri wiwe, urabe ko atakuvuma amaso mu yandi.” (Yobu 2:4, 5) Ng’aho Shetani yavuze ko ata muntu n’umwe akorera Yehova abitumwe n’urukundo ruzira ubwikunzi. Shetani yoba yarahinduye ivyiyumviro kuva aho avugiye ayo majambo? Uwokubesha! Haciye ibinjana vyinshi, yarirukanywe mw’ijuru, akaba yari acitwa “umwagiriji wa bene wacu . . . , umwe abagiriza ku murango no mw’ijoro imbere y’Imana yacu!” (Ivyah. 12:10) Shetani n’ubu aracavuga ko dusenga Imana tubitumwe n’ubwikunzi. Arashashaye kubona twananiwe no kwihanganira ibigeragezo maze tugaheba gushigikira ubusegaba bwa Yehova.

9 Igihe rero uriko uranyinyana n’ingorane, nuse n’uwubona mu bwenge iki kintu: Shetani n’amadayimoni yiwe bari ku ruhande rumwe, bariko bitegereza ukuntu uhangana n’ingorane zawe, bakaba bavuga ko utegerezwa guteshwa ugata. Ku rundi ruhande hari Yehova, Umwana wiwe aganza, abarobanuwe bamaze kuzuka hamwe n’amasinzi y’abamarayika. Bariko bagutera intege, bahimbawe n’ukuntu wihangana buri musi ukongera ugashigikira ubusegaba bwa Yehova. Urashobora gufata nkama iki kintu Yehova agusaba ati: “Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora.”​—Imig. 27:11.

10. Wokwigana gute Yezu mu kugumiza amaso ku vyiza biva ku kwihangana?

10 Tugumize amaso ku vyiza biva ku kwihangana. Dufate ko uri ku rugendo rurerure maze ugahagarara hagati mu nzira ndende ica mw’ishamba rya manyenye. Aho ugeza amaso hose ni umwiza. Yamara urizigiye ko niwabandanya urugendo gushika ku mpera uteba ugasubira kubona umuco. Muri ubwo buryo nyene, rimwe na rimwe woshobora kwumva urengewe n’ingorane urimwo. Na Yezu vyarashitse arumva amerewe gutyo. Yarabwiwe “amajambo y’ibihari abacumuzi bavuga,” arateterezwa yongera mbere aricirwa ku “giti co kubabarizwako,” kikaba vy’ukuri cari co gihe c’umwiza kuruta ibindi vyose mu buzima bwiwe bwo kw’isi! Ariko Yezu yaravyihanganiye vyose “ku bw’akanyamuneza yashizwe imbere.” (Heb. 12:2, 3) Yagumije amaso ku vyiza vyovuye ku kwihangana kwiwe, na canecane ku ruhara yoranguye mu kweza izina ry’Imana no mu kuburanira ubusegaba bwa Yehova. Ibigeragezo Yezu yaciyemwo vyari ivy’igihe gito, mugabo ugukayangana kw’impēra yiwe yo mw’ijuru kwobaye ukw’ibihe bidahera. Ibigeragezo uriko uracamwo muri iki gihe vyoshobora kuba bikubabaza cane, mbere bikakurengera. Mugabo niwibuke ko amakuba urimwo mu nzira ijana mu buzima budahera ari ay’igihe gito.

“ABIHANGANYE”

11. Kubera iki dukwiye kurimbura uturorero tw’“abihanganye”?

11 Mu kwihangana ntituri ba nyamwigendako. Kugira Petero aremeshe abakirisu kwihanganira ibigeragezo bariko batezwa na Shetani, yabandikiye ati: “Mumurwanye mukomeye mu kwizera, muzi yuko iyo mibabaro nyene ishikira umuryango wose wa bene wanyu mw’isi.” (1 Pet. 5:9) Ivyashikiye “abihanganye” biratwigisha ingene twoguma dushikamye, bikadukura amazinda ko dushobora kuroranirwa kandi bikatwibutsa ko ukwizera kwacu atari ukw’ubusa. (Yak. 5:11) Reka turabe uturorero dukeya. [1]

12. Ni igiki twigira ku karorero ka ba bakerubi bashirwa mu murima wa Edeni?

12 Abakerubi. Akarorero ka bamwe mu bamarayika batanguye kubonwa n’abantu karashobora kutwigisha kwihangana igihe duhawe igikorwa kitoroshe. Yehova Imana “[yarashize] mu buseruko [bw’umurima] wa Edeni abakerubi be n’icuma c’inkota caka urubeya caguma cizunguriza, ku bwo kurinda inzira ija kuri ca giti c’ubuzima.” [2](Ita. 3:24) Mu bisanzwe, abo bakerubi ntibari baremwe ngo barangure ico gikorwa. Nakare, igicumuro n’ubugarariji ntivyari mu mugambi Yehova yari afitiye abantu. Yamara nta na hamwe dusoma ko abo bamarayika bo ku rwego rwo hejuru, ari bo bakerubi, bigeze bidoga ko bari barengeye ico gikorwa. Ntibarambiwe ngo batane n’akabando. Ahubwo riho, barumiye ku gikorwa cabo babigiranye ukugamburuka kandi barihanganye gushika bakirangije, kumbure mu gihe ca wa Mwuzure waba haciye imyaka irenga 1.600!

13. Ni ibiki vyafashije Yobu kwihanganira ibigeragezo vyamushikiye?

13 Sekuruza w’imiryango Yobu. Nimba uvunitse umutima kubera amajambo wabwiwe n’umugenzi canke incuti, ukaba useserejwe n’indwara idakira canke utuntujwe no kubura uwo wakunda, urashobora kuremeshwa n’akarorero ka Yobu. (Yobu 1:18, 19; 2:7, 9; 19:1-3) Naho Yobu atari azi icatumye ashikirwa n’ingorane, ntiyihebuye. Uti kubera iki? Kimwe coco “[yar]atinya Imana.” (Yobu 1:1) Yobu yari yiyemeje guhimbara Yehova mu mahirwe no mu marushwa. Abifashijwemwo n’Imana, yarazirikanye ku bintu bitangaje Yehova yari amaze kurangura abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda. Yobu yararushirije mbere kwizigira ko igihe kigeze, Yehova yomukuyeko ingorane yarimwo. (Yobu 42:1, 2) Ivyo ni vyo vyahavuye bishika. Dusoma duti: “Yehova abohora Yobu mu mvuto igihe yasabira bagenziwe, maze Yehova yongera guha Yobu ivyari ivyiwe, abigwiza kabiri.” Yobu yapfuye “yisaziye kandi ahaze imisi.”​—Yobu 42:10, 17.

14. Twisunze ibivugwa mu 2 Abakorinto 1:6, ukwihangana kwa Paulo kwafashije gute abandi?

14 Intumwa Paulo. Abansi b’ugusenga kw’ukuri boba bariko barakurwanya cane, mbere bakaguhama? Woba uri umukurambere w’ishengero canke umucungezi w’umuzunguruko, ukaba ubona ko amabanga ufise atoroshe? Nuzirikane akarorero ka Paulo. Yarashikiwe n’uruhamo rukaze, kandi ku musi ku musi yamana umwitwarariko w’amashengero. (2 Kor. 11:23-29) Yamara ntiyatanye n’akabando kandi akarorero kiwe karakomeje abandi. (Soma 2 Abakorinto 1:6.) Igihe wihanganira ibigeragezo, niwibuke ko woshobora kuba uriko uraremesha abandi kwihangana.

KWOBA ‘KUZONONOSORA IGIKORWA CAKWO’ MURI WEWE?

15, 16. (a) Ni “igikorwa” ikihe ukwihangana gutegerezwa kunonosora? (b) Tanga uburorero bw’ukuntu twoshobora kureka ‘ukwihangana kukanonosora igikorwa cakwo.’

15 Yakobo ahumekewe n’Imana, yanditse ati: “Ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo.” Ni “igikorwa” ikihe ukwihangana gutegerezwa kunonosora? Ukwihangana kuradufasha kuba “abanonosoye kandi [ba]tagira agahonzi muri vyose, [ba]dahajije mu kintu na kimwe.” (Yak. 1:4) Akenshi ibigeragezo birerekana ubugoyagoye dufise, ni ukuvuga kamere zimwezimwe dukwiye kuryohora. Ariko mu gihe twihanganiye ibigeragezo, kamere zacu za gikirisu zirarushiriza kunonosorwa, zikaba izitagira agahonzi. Nk’akarorero, twoshobora kurushiriza kuba abantu bihangana, bakenguruka kandi b’impuhwe.

Igihe twihanganiye ibigeragezo, kamere zacu za gikirisu zirarushiriza kunonosorwa (Raba ingingo ya 15, 16)

16 Kubera ko ukwihangana kunonosora igikorwa co gutuma tuba abakirisu beza, ntidukwiye kurenga ku ngingo ngenderwako z’Imana kugira gusa duhunge ibigeragezo. Nk’akarorero, wokora iki nimba uriko urarwana n’ivyiyumviro bihumanye? Aho kurekerana inyosha mbi, niwamirire kure ivyo vyipfuzo ubijanisha n’isengesho. Niwabigira, uzorushiriza kuba umuntu yigumya. Woba uriko urahamwa n’incuti mudasangiye ukwemera? Aho gutana n’akabando mu gihe c’umukazo, niwiyemeze kuguma usukurira Yehova n’umutima wawe wose. Ubigenjeje gutyo, uzorushiriza kwizigira Yehova. Ntiwibagire iki kintu: Kugira dushimwe n’Imana, dutegerezwa kwihangana.​—Rom. 5:3-5; Yak. 1:12.

17, 18. (a) Tanga akarorero kerekana akamaro ko kwihangana gushika kw’iherezo. (b) Uko turushiriza kwegereza iherezo, ni igiki dushobora kwizigira?

17 Ntitwihangana mu gihe kinaka gusa, mugabo dutegerezwa kwihangana gushika kw’iherezo. Tubitangire akarorero: Dufate ko hari ubwato bwibiye mu mazi. Kugira abari muri bwo barokoke, bategerezwa kwoga bagashika ku nkengera. Uwutanye n’akabando agira ashike ku nkengera na we nyene arasoma nturi, cokimwe n’uwatanye n’akabando mu ntango. Dukwiye rero kwiyemeza kwihangana gushika twinjiye mw’isi nshasha. Aho ni ho gusa dushobora kuzoronka ubuzima. Tubona ibintu nk’intumwa Paulo, uwavuze incuro zibiri ati: ‘Ntiduheba.’​—2 Kor. 4:1, 16.

18 Turashobora kwizigira duherejeko yuko Yehova azodufasha kwihangana gushika kw’iherezo. Tubona ibintu cokimwe na Paulo, uwavuze mu Baroma 8:37-39 ati: “Muri ivyo vyose turatahukana intsinzi bimwe bishitse biciye ku wadukunze. Kuko najijutse yuko rwaba urupfu, canke ubuzima, canke abamarayika, canke intwaro, canke ibiriho ubu, canke ibizoza, canke ububasha, canke uburebure bw’igihagararo, canke ubwimbike, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu.” Ego ni ko birashika tukaruha. Ariko rero, ese twokwihangana gushika kw’iherezo kugira ngo tuvugwe nka Gideyoni n’ingabo ziwe, abavugwa ko ‘babandanije gukurikirana’ abansi babo.​—Abac. 8:4.

^ [1] (ingingo ya 11) Urashobora kandi kuremeshwa no gusuzuma ukwihangana kw’abasavyi b’Imana bo mu bihe vya none. Nk’akarorero Igitabu c’umwaka co mu 1992, ico mu 1999 n’ico mu 2008 birimwo amakuru akomeza ukwizera yerekeye abavukanyi bacu bo muri Etiyopiya, muri Malawi no mu Burusiya.

^ [2] (ingingo ya 12) Bibiliya ntivuga igitigiri c’abakerubi bashinzwe ico gikorwa.