UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Gitugutu 2017

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 27 Munyonyo gushika ku wa 24 Kigarama 2017.

INKURU Y’UBUZIMA

Gukora ivyo Yehova adusaba biravamwo imihezagiro

Mu 1952, Olive n’umugabo wiwe Matthews baremeye kuja gukorera ubutsimvyi muri Irlande. None Yehova yabahezagiye gute?

“Dukundane . . . mu bikorwa no mu kuri”

Twokwerekana gute ko urukundo rwacu ruva ku mutima vy’ukuri, ko rutagiramwo ubwiyorobetsi?

Ukuri ntikuzana ‘amahoro, atari inkota’

“Inkota” Yezu yavuze ko yozanye ni nyabaki, kandi ishobora gute kukugirako ingaruka?

Yozefu w’i Arimateya yerekana aho ahagaze

None yari nde? Yari afitaniye na Yezu ubucuti nyabaki? Ni kubera iki dukwiye kwitaho inkuru yiwe?

Ivyo Zekariya yeretswe bitwigisha iki?

Umuzingo uguruka, umugore ari mu gitunga be n’abagore babiri baguruka. Kubera iki Imana yeretse Zekariya ivyo bintu bitangaje?

Imikogote n’urugori bidukingira

Imisozi y’umujumpu, imikogote yiteguriye intambara, n’umuherezi mukuru yimikwa akaba umwami. Ivyo Zekariya yabonye mw’iyerekwa rya nyuma bihumuriza gute abasavyi b’Imana muri iki gihe?

Igikorwa kiranga ubuntu

Ni gute igikorwa kiranga ubuntu catumye uwahoze arwanya Ivyabona yemera ukuri kwo muri Bibiliya?

Wari ubizi?

Kubera iki Yezu yiyamirije umugenzo wo kurahira?