Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imikogote n’urugori bidukingira

Imikogote n’urugori bidukingira

Ivyo bizoba, nimwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yanyu.”​ZEK. 6:15.

INDIRIMBO: 61, 22

1, 2. Iyerekwa ry’indwi Zekariya yabonye rirangiye, ivy’Abayuda vyari vyifashe gute i Yeruzalemu?

ZEKARIYA ahejeje kubona ivyo yeretswe mw’iyerekwa ry’indwi, yari afise ibintu vyinshi vyo kuzirikanako. Yehova yari yamukuye amazinda ko azohana ababisha kubera ibibi bakora. Nta gukeka ko ivyo vyakomeje Zekariya. Ariko rero, nta kintu cari bwahinduke. Abantu bari bagikora ibibi bitandukanye. Vyongeye, kurangiza igikorwa co gusanura urusengero rwa Yehova rw’i Yeruzalemu vyari bikiri kure nk’ukwezi. None vyagenze gute ngo Abayuda bace bahagarika ico gikorwa bari bashinzwe n’Imana? Boba bari bagarutse mu gihugu cabo kugira gusa bitwararike ivyabo?

2 Zekariya yari azi ko Abayuda basubiye i Yeruzalemu bari bafise ukwizera. Bari baremeye guheba amazu yabo n’amatungo yabo kubera yuko ‘Imana y’ukuri yari yakabuye impwemu yabo.’ (Ezr. 1:2, 3, 5) Baravuye mu gihugu bari bamenyereye, baja mu gihugu abenshi muri bo batari bwigere bakubita ijisho. Iyaba batabona ko gusanura urusengero rwa Yehova bihambaye ntibari kwemera kugira urwo rugendo rugoye rw’ibilometero 1.600 baca mu gahinga.

3, 4. Abayuda bagarutse i Yeruzalemu bahanganye n’ingorane izihe?

3 None urwo rugendo rwari rumeze gute? Igihe abo Bayuda bari ku rugendo, nta gukeka ko bamaze amasaha n’ayandi biyumvira igihugu bari bagiyemwo. Bari barumvise ingene igisagara ca Yeruzalemu cahoze ari ciza cane. Abari bitereye mu myaka ni bo bari barabonye ubwiza bw’urusengero rwa kera. (Ezr. 3:12) Iyo uza gufatanya urugendo na bo, wari kwumva umerewe gute ugikubita ijisho Yeruzalemu? Woba wari kubabara ubonye ibihomvagurike vy’amazu vyarengewe n’ishamba? Woba wari kugereranya impome amahero za Babiloni n’impome za Yeruzalemu zari zarasenyutse, zitari zigifise imiryango n’iminara y’inderetsi? Ariko rero abo Bayuda ntibacitse intege. Bari bariboneye ingene Yehova yabazigamye muri urwo rugendo rurerure bagize. Bakimara gushika, barashinze igicaniro ahahoze hari urusengero, baca batangura gushikanira ibimazi Yehova buri musi. (Ezr. 3:1, 2) Ico gihe wamengo nta cari gushobora kubaca intege.

4 Uretse gusanura urusengero, Abisirayeli babwirizwa no gusanura ibisagara vyabo. Bategerezwa gusanura amazu yabo, kurima, no kurondera ibibatunga. (Ezr. 2:70) Ivyo bikorwa ubwavyo ntivyari vyoroshe, uruhamo na rwo ngo natanzwe. Naho mu ntango bari bashikamye, imyaka 15 bamaze mu ruhamo yahavuye ituma bacika intege. (Ezr. 4:1-4) Kandundura, mu 522 imbere ya Kristu, umwami w’Ubuperesi yarahagaritse igikorwa co kwubaka i Yeruzalemu. Emwe, wamengo ivy’ico gisagara bigarukiye aho!​—Ezr. 4:21-24

5. Yehova yakoze iki igihe abasavyi biwe bahagarika igikorwa yari yabashinze?

5 Yehova yari azi ivyo abo basavyi biwe bakeneye. Yaciye aha Zekariya iyerekwa rya nyuma kugira abakure amazinda ko abakunda be n’uko akenguruka ivyo bari bamaze gukora vyose. Yaranabasubirije umutima mu nda ko azobakingira baramutse basubiye ku gikorwa yabashinze. Ku bijanye no gusanura urusengero, Yehova yasezeranye ati: “Ivyo bizoba, nimwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yanyu.”​—Zek. 6:15.

INGABO Z’ABAMARAYIKA

6. (a) Iyerekwa ry’umunani Zekariya yabonye ritangura gute? (Raba ishusho itangura.) (b) Kubera iki ayo mafarasi afise amabara atandukanye?

6 Irya nyuma muri ya mayerekwa umunani Zekariya yabona, rishobora kuba ari ryo rikomeza ukwizera kurusha ayandi. (Soma Zekariya 6:1-3.) Raba ivyo yabonye: Imikogote ine iraseruka “hagati y’imisozi ibiri . . . y’umujumpu,” bikaba biboneka ko yiteguriye urugamba. Amafarasi akwega iyo mikogote afise amabara atandukanye. Ivyo bituma umuntu ashobora gutandukanya neza abayagenderako. Zekariya aca abaza ati: “Ivyo ni ibiki?” (Zek. 6:4) Emwe, na twebwe turipfuza kubimenya, kuko iryo yerekwa ritwerekeye!

Yehova aracakoresha abamarayika mu gukingira abasavyi biwe no mu kubakomeza

7, 8. (a) Ya misozi ibiri igereranya iki? (b) Kuba ari iy’umujumpu bitwibutsa iki?

7 Muri Bibiliya, imisozi irashobora kugereranya ubwami canke intwaro. Iyo misozi ivugwa mu gitabu ca Zekariya ni cokimwe n’imisozi ibiri ivugwa mu buhanuzi bwa Daniyeli. Umwe ugereranya ubusegaba bwa Yehova bw’ibihe bidahera. Uwundi ugereranya Ubwami burongowe na Mesiya ari we Yezu. (Dan. 2:35, 45) Kuva aho Yezu yimikiwe mu 1914, iyo misozi ibiri yaragize uruhara rudasanzwe mw’iranguka ry’umugambi Imana ifitiye isi.

8 Kubera iki iyo misozi ari iy’umujumpu? Nka kurya kw’inzahabu, umujumpu ni ubutare bw’agaciro kanini. Yehova yari yarategetse ko ubwo butare bukayangana bukoreshwa mu kwubaka itaberenakulo, mu nyuma na ho mu kwubaka urusengero rw’i Yeruzalemu. (Kuv. 27:1-3; 1 Abm. 7:13-16) Ukuba rero iyo misozi ibiri ari iy’umujumpu bitwibutsa ingene ubusegaba bwa Yehova be n’Ubwami burongowe na Mesiya ari bwiza cane. Buzotuma abantu bose bironkera ugutekana n’imihezagiro.

9. Ya mikogote n’abayigenderako bigereranya iki, kandi bashinzwe ibanga irihe?

9 Reka tugaruke kuri ya mikogote. Iyo mikogote n’abayigenderako bigereranya iki? Bigereranya abamarayika, kumbure ikaba ari imigwi yabo. (Soma Zekariya 6:5-8.) Basohoka bavuye “imbere y’Umukama w’isi yose” kugira barangure igikorwa kidasanzwe. None ico gikorwa ni ikihe? Iyo mikogote n’abayigenderako birungikwa gukorera mu turere dutandukanye. Ibanga ryabo ni iryo gukingira abasavyi ba Yehova, canecane kugira “igihugu co mu buraruko,” ari co Babiloni ntigisubire kubagira abanyagano. Ese ingene ico kintu gitegerezwa kuba cararemesheje abariko barubaka urusengero mu gihe ca Zekariya! Ntibari bakwiye gutinya ko abansi bazohava bahagarika ico gikorwa.

10. Ubuhanuzi bwa Zekariya bwerekeye imikogote n’abayigenderako buremesha gute abasavyi b’Imana muri iki gihe?

10 Cokimwe no mu gihe ca Zekariya, Yehova nyen’ingabo aracakoresha abamarayika biwe mu gukingira abasavyi biwe no mu kubakomeza. (Mal. 3:6; Heb. 1:7, 14) Kuva Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu ikuwe mu bunyagano bwa Babiloni Akomeye mu 1919, ugusenga kw’ukuri kwagumye gusagamba naho abansi batigeze bahengeshanya kuturwanya. (Ivyah. 18:4) Kubera ko abamarayika badukingira, ntidutinya ko ishirahamwe rya Yehova ryohava risubira gutotezwa mu vy’impwemu. (Zab. 34:7) Ahubwo nyabuna, turazi neza ko abasavyi ba Yehova bazobandanya gusagamba kw’isi yose. Tuzirikanye kuri ivyo bintu Zekariya yeretswe, duca dushira amazinda ko ata co tuzoba kuko dukingiwe n’iyo misozi ibiri.

11. Kubera iki tudakwiye gutinya igitero kizogabwa ku basavyi b’Imana?

11 Vuba intwaro zo muri iyi si ya Shetani zizogira urunani kugira ngo zitikize abasavyi b’Imana. (Ezk. 38:2, 10-12; Dan. 11:40, 44, 45; Ivyah. 19:19) Ubuhanuzi bwa Ezekiyeli budondora ingabo z’urwo runani nk’ibicu bipfutse igihugu, bukavuga kandi ko zizodugana uburake kudutera, ziri ku mafarasi. (Ezk. 38:15, 16) * None twoba dukwiye gutinya? Habe namba! Ingabo za Yehova ziri kumwe natwe. Muri ico gihe c’amakuba akomeye, abamarayika ba Yehova nyen’ingabo bazoza gutabara abasavyi biwe no gutikiza abarwanya ubusegaba bwiwe. (2 Tes. 1:7, 8) Uwo musi uzoba ukomeye koko! None ni nde ayoboye izo ngabo za Yehova zo mw’ijuru?

UMUHEREZI YAMBIKWA URUGORI NGO ABE UMWAMI

12, 13. (a) Yehova yasavye Zekariya gukora iki? (b) Twemezwa n’iki ko izina Munago ryerekeza kuri Yezu Kristu?

12 Zekariya ni we wenyene yabonye ya mayerekwa umunani. Ubu na ho, aca akora ikintu c’ubuhanuzi kiremesha abariko barasanura urusengero rw’Imana. (Soma Zekariya 6:9-12.) Yehova arasaba Zekariya kwakira inzahabu n’ifeza ahawe na Heludayi, Tobiya na Yedaya, bakaba ari abagabo batatu baherutse kuva i Babiloni, maze akazikoramwo “urugori ruhambaye.” (Zek. 6:11) Zekariya yoba asabwa kwambika urwo rugori Buramatari Zerubabeli wo mu muryango wa Yuda, akaba n’uwukomoka kuri Dawidi? Oya. Abantu bategerezwa kuba baratangaye babonye arwambitse Umuherezi Mukuru Yosuwa.

13 None urwo rugori uwo Muherezi mukuru Yosuwa yambitswe ruca rutuma aba umwami? Eka da! Yosuwa ntiyashobora kuba umwami kuko atakomoka mu muryango wa cami wa Dawidi. Ukwo kwambikwa urugori, bwari ubuhanuzi bwerekeza ku wobaye umwami n’umuherezi ibihe bidahera. Uwo muherezi mukuru akaba n’umwami yitwa Munago. Ivyanditswe birerekana neza ko uwo yitwa Munago ari Yezu Kristu.​—Yes. 11:1; Mat. 2:23. *

14. Ni igikorwa ikihe Umwami Yezu akaba n’Umuherezi Mukuru arangura?

14 Yezu ni Umwami akaba n’Umuherezi Mukuru, kandi ni we ayoboye ingabo za Yehova zo mw’ijuru. Ntako atagira ngo abasavyi b’Imana uko bagize umugwi babeho batekaniwe naho baba muri iyi si ibanka. (Yer. 23:5, 6) Vuba, Kristu azotsinda amahanga, gutyo ashigikire ubusegaba bw’Imana yongere akingire abasavyi bayo. (Ivyah. 17:12-14; 19:11, 14, 15) Ariko imbere yo gushitsa urwo rubanza, Yezu ari we Munago, aracafise igikorwa gihambaye.

AZOKWUBAKA URUSENGERO

15, 16. (a) Ni igikorwa ikihe co gusubiza umutamana no gutyorora cakozwe mu bihe vya none, kandi cakozwe na nde? (b) Mu mpera za ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi ibintu bizoba vyifashe gute?

15 Uretse ko Yezu yagenywe ngo abe Umwami n’Umuherezi Mukuru, yarashinzwe n’igikorwa co “[kwubaka] urusengero rwa Yehova.” (Soma Zekariya 6:13.) Muri iki gihe, mu vyo Yezu yakoze bijanye n’ico gikorwa co kwubaka, harimwo ugukura abasavyi ba Yehova b’ukuri mu buja bwa Babiloni Akomeye mu 1919, maze agasubiza umutamana ishengero rya gikirisu. Yaranagenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kugira ahagarikire igikorwa kirangurirwa mu bigo vyo kw’isi vya rwa rusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu. (Mat. 24:45) Vyongeye, Yezu yarakoze cane kugira ngo atyorore abasavyi b’Imana yongere abafashe gusenga mu buryo budahumanye.​—Mal. 3:1-3.

16 Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, Yezu hamwe na ba bami bakaba n’abaherezi 144.000 bazofadikanya na we kuganza, bazofasha abantu b’abizigirwa kuba abatunganye. Inyuma y’ivyo, abasavyi b’Imana b’ukuri bonyene ni bo bazokwibera kw’isi izoba yatyorowe. Emwe, ugusenga kw’ukuri kuzoba kwiganje hose!

NUGIRE URUHARA MU GIKORWA CO KWUBAKA

17. Yehova yakuye amazinda gute Abayuda, kandi ivyo vyabafashije gute?

17 None ubutumwa bwa Zekariya bwafashije gute Abayuda bo mu gihe ciwe? Yehova yari yabakuye amazinda ko igikorwa co kwubaka urusengero bokiranguye ata nkomanzi. Ivyo bitegerezwa kuba vyarahumurije abo Bayuda bari bihebuye. None ko bari bake, boranguye gute ico gikorwa amahero? Amajambo Zekariya yavuze ubukurikira yarabakuye amazinda yose boba bari basigaranye. Uretse ko abo Bayuda bashigikiwe na Heludayi, Tobiya na Yedaya, Imana yaravuze ko hariho abandi benshi ‘boje kwubaka urusengero rwa Yehova.’ (Soma Zekariya 6:15.) Abo Bayuda bamaze kubona neza ko Imana ibafashe mu mugongo, baciye basubira ku gikorwa co kwubaka naho cari kibujijwe. Bidatevye, Yehova yarakuyeho iyo ntambamyi yari imeze nk’umusozi, maze urusengero rurangira mu 515 imbere ya Kristu. (Ezr. 6:22; Zek. 4:6, 7) Ariko rero, ayo majambo ya Yehova arerekeza ku bintu bihambaye kuruta biriko biraba muri iki gihe.

Yehova ntazokwigera yibagira urukundo tumukunda! (Raba ingingo ya 18, 19)

18. Muri Zekariya 6:15 hariko haranguka gute muri iki gihe?

18 Muri iki gihe, abantu amamiliyoni bariko baraza mu gusenga kw’ukuri, kandi baratanga ‘ibintu vy’agaciro’ babikuye ku mutima. Aho harimwo umwanya, inguvu be n’amatungo yabo bakoresha mu gushigikira rwa rusengero rwa Yehova ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu. (Imig. 3:9) Twemezwa n’iki none ko Yehova aha agaciro izo ntererano dutanga bivuye ku mutima? Niwibuke ko Heludayi, Tobiya na Yedaya batanze ivyo Zekariya yakozemwo rwa rugori. Urwo rugori rwaciye rubabera “icibutso” c’uko bashigikiye ugusenga kw’ukuri. (Zek. 6:14) Muri ubwo buryo nyene, Yehova ntazokwigera yibagira igikorwa tumurangurira be n’urukundo tumukunda. (Heb. 6:10) Azokwama avyibuka kandi abikenguruka.

19. Ivyo Zekariya yeretswe bikwiye gutuma dukora iki muri iki gihe?

19 Ibintu vyose bimaze kurangurwa muri iyi misi ya nyuma ku bw’ugusenga kw’ukuri, birerekana neza ko Yehova aduhezagira be n’uko tuyobowe na Kristu. Turi mw’ishirahamwe rishinze imizi, ritekanye kandi rizokwamaho. Ivyo Yehova yipfuza ku bijanye n’ugusenga kw’ukuri “bizoba” ata kabuza. Nuhe agaciro ikibanza ufise mu basavyi b’Imana, kandi ‘wumvirize ijwi rya Yehova Imana yawe.’ Niwabigira, uzoguma ukingiwe na wa Mwami wacu akaba n’Umuherezi Mukuru be n’abagendera kuri ya mikogote yo mw’ijuru. Nushigikire ugusenga kw’ukuri uko ushoboye kwose. Gutyo, uzoshira amazinda ko Yehova nyen’ingabo azokuzigama mu gihe cose iyi si isigaje, eka mbere no gushika ibihe bidahera!

^ ing. 11 Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2015, rup. 29-30.

^ ing. 13 Izina “Umunyanazareti” rikoreshwa muri Matayo 2:23, rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “umunago.”