Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yozefu w’i Arimateya yerekana aho ahagaze

Yozefu w’i Arimateya yerekana aho ahagaze

YOZEFU W’I ARIMATEYA ntiyiyumvira ko yoturukiriye buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato. Uwo mutegetsi yari umuntu agoye cane. Ariko rero, kugira ngo Yezu ahambanwe iteka, hategerezwa kuboneka umuntu yitanga akaja kwa Pilato gusaba ikiziga ciwe. Pilato ntiyagoye Yozefu nk’uko yavyibaza. Intwazangabo imwe imaze kumenyesha Pilato ko Yezu yapfuye, Pilato yaciye yemerera Yozefu ivyo yari amusavye. Naho Yozefu yari agifise intuntu, yaciye anyarukira ku kibanza Yezu yari yiciwemwo.​—Mrk. 15:42-45.

  • Yozefu w’i Arimateya yari nde?

  • Yari afitaniye na Yezu ubucuti nyabaki?

  • Ni kubera iki dukwiye kwitaho inkuru yiwe?

YARI MU BAGIZE INAMA NKURU

Injili ya Mariko ivuga ko Yozefu yari “umuntu w’umwubahwa wo mu Nama Nkuru.” Iyo Nama Nkuru yari sentare nkuru y’Abayuda n’urwego nyobozi rwabo. (Mrk. 15:1, 43) Yozefu rero yari umwe mu bategetsi b’Abayuda, akaba ari co gituma yashobora guhabwa umubonano na buramatari w’Umuroma. Ntibitangaje kubona Yozefu yari n’umutunzi.​—Mat. 27:57.

Woba urinduka, ukemanga ko Yezu ari Umwami wawe?

Abari bagize Inama Nkuru uko bagize umugwi, ntiberekwa Yezu. Ni bo bagize umugambi wo kumwicisha. Yozefu wewe yitwa “umuntu mwiza kandi w’umugororotsi.” (Luka 23:50) Ntiyari ameze nka bagenziwe. Yarigenza runtu, akaba inziramugayo, akongera akihatira gukurikiza amabwirizwa y’Imana. Vyongeye, “yari arindiriye ubwami bw’Imana,” bikaba bishoboka ko ari co gituma yahavuye aba umwigishwa wa Yezu. (Mrk. 15:43; Mat. 27:57) Biboneka ko yakunda inyigisho za Yezu kuko yari anyotewe ukuri n’ubutungane.

UMWIGISHWA WO MU MPISHO

Muri Yohani 19:38 havuga ko Yozefu yari “umwigishwa wa Yezu mugabo wo mu mpisho kubera yatinya Abayuda.” None yatinya iki? Yari azi ingene Abayuda bakengera Yezu, n’ingene bari biyemeje kwirukana mw’isinagogi umuntu wese yahirahira akavuga ko yizera Yezu. (Yoh. 7:45-49; 9:22) Uwirukanywe mw’isinagogi, Abayuda bagenziwe baramusuzugura, bakamuharira ivomo, kandi bakamufata nk’igicibwa. Ni co gituma Yozefu yatinya kwemanga ko yizera Yezu. Aramutse avyemanze yociye atakaza igiti ciwe n’icubahiro ciwe.

Yozefu si we wenyene ivyo vyashikiye. Muri Yohani 12:42 havuga hati: “No mu batware, benshi [barizeye Yezu] vy’ukuri, mugabo ntibamwemera icese kubera Abafarizayo, kugira ngo ntibirukanwe mw’isinagogi.” Uwundi vyashikiye ni Nikodemu, na we nyene akaba yari uwo mu Nama Nkuru.​—Yoh. 3:1-10; 7:50-52.

Naho Yozefu wewe yari umwigishwa, ntiyavyemanga ku mugaragaro. Iyo yari ingorane ikomeye, narirya Yezu yavuze ati: “Umuntu wese . . . yemera icese imbere y’abantu yuko yunze ubumwe nanje, nanje nzokwemera icese imbere ya Dawe ari mw’ijuru yuko nunze ubumwe na we; mugabo uwo wese anyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Dawe ari mw’ijuru.” (Mat. 10:32, 33) Ego ni ko Yozefu ntiyihakanye Yezu. Ariko kandi ntiyubahutse kwemera ku mugaragaro ko yari umwigishwa wiwe. Weho bite?

Igishimishije, Bibiliya ivuga ko Yozefu atashigikiye umugambi w’Inama Nkuru wo kwicisha Yezu. (Luka 23:51) Nk’uko bamwe babivuga, Yozefu ashobora kuba atari ho yari igihe Yezu yasambishwa. Uko biri kwose, naho Yozefu ategerezwa kuba yarababajwe cane no kubona ako karenganyo, nta co yari gushobora gukora kugira agahagarike.

AVA MU GACERERE

Igihe Yezu yapfa, biboneka ko Yozefu yari yaratsinze ubwoba, agafata ingingo yo kwemanga ko na we nyene yari umwigishwa wa Yezu. Ivyo birabonekera ku bivugwa muri Mariko 15:43, ahagira hati: “Ararinduka aja kwa Pilato asaba ikiziga ca Yezu.”

Igihe Yezu yapfa, biboneka ko Yozefu ari ho yari ari. Kanatsinda, yamenye ivyerekeye urwo rupfu imbere yuko Pilato abimenya. Ni co gituma igihe Yozefu yasaba ikiziga ca Yezu, Pilato “[yatangajwe] n’ingene yoba yari yamaze gupfa.” (Mrk. 15:44) Nimba Yozefu yariboneye ingene Yezu apfa urw’agashinyaguro ku giti co kubabarizwako, vyoba ari vyo vyatumye yisuzuma maze agafata ingingo yo kwemanga ko na we yari umwigishwa wa Yezu? Birashoboka. Ikigaragara coco, ni uko Yozefu yavuye mu gacerere. Ntiyari akiri umwigishwa wo mu mpisho.

YOZEFU AHAMBA YEZU

Itegeko ry’Abayuda ryasaba ko abishwe bahambwa imbere yuko izuba rirenga. (Gus. 21:22, 23) Abaroma bobo, ibiziga vy’inkozi z’ikibi babigumiza ku giti gushika bisangutse, canke na ho bakabita mu binogo rusangi. Ariko Yozefu ntiyipfuza ko Yezu ahambwa gutyo. Yozefu yari asanzwe afise imva ikorogoshoye mu gitandara, hafi y’aho Yezu yiciwe. Iyo mva ntiyari bwigere ikoreshwa, ivyo bikaba vyerekana ko hari haciye igihe gito Yozefu avuye i Arimateya * akimukira i Yeruzalemu. Iryo tongo ryokoreshejwe mu guhamba abo mu muryango wiwe. (Luka 23:53; Yoh. 19:41) Kubona Yozefu yaremeye ko Yezu ahambwa mu mva yari yariteguriye ubwiwe, vyerekana ko yari afise umutima wo gutanga kandi vyararanguye ivyari vyaravuzwe ko Mesiya yohambanywe “n’abatunzi.”​—Yes. 53:5, 8, 9.

Hoba hari ikintu uha agaciro kuruta ubucuti ufitaniye na Yehova?

Injili zose uko ari zine, ziravuga ko igihe ikiziga ca Yezu camanurwa ku giti, Yozefu yakizingiriye mu mpuzu y’ilino nziza, akagishingura mu mva yiwe. (Mat. 27:59-61; Mrk. 15:46, 47; Luka 23:53, 55; Yoh. 19:38-40) Umuntu wenyene bivugwa ko yafashije Yozefu ni Nikodemu, uwazanye ibimota vyakoreshwa mu gutegura amaziko. Uravye icubahiro abo bagabo babiri bari bafise, birashoboka ko atari bo ubwabo batwaye ico kiziga. Bashobora kuba bakoresheje abasuku mu guterura no mu guhamba ico kiziga. Uko vyoba vyaragenze kwose, abo bagabo babiri bakoze igikorwa gikomeye. Uwakora ku kiziga wese yategerezwa kumara imisi indwi ahumanye, n’ico akozeko cose kigaca gihumana. (Guh. 19:11; Hag. 2:13) Ivyo rero vyari gutuma batifatanya n’abandi muri iyo ndwi ya Pasika kandi ntibagire uruhara no mu bindi bikorwa vyari bijanye n’uwo musi mukuru. (Guh. 9:6) Kubona Yozefu yaremeye gutunganya amaziko ya Yezu, kwari nko kwiha akamenyo imbere ya bagenziwe. Ariko rero ico gihe, yaremanze ingaruka zari kuva ku guhambana iteka Yezu no kwerekana ku mugaragaro ko yari umuyoboke wa Kristu.

IHEREZO RY’INKURU YA YOZEFU

Inyuma y’amaziko ya Yezu, Bibiliya ntisubira kuvuga Yozefu w’i Arimateya. Ivyo bica bivyura iki kibazo: Vyahavuye bimugendera gute? Nta vyo tuzi. Ariko twisunze iyi nkuru twarimbuye, birashoboka cane ko yahavuye yemanga ko ari umukirisu. Kanatsinda, muri ico gihe kitoroshe, ukwizera kwiwe n’uburindutsi bwiwe vyagiye birongerekana aho kugabanuka. Ico cari ikimenyetso ciza.

Iyi nkuru irakwiye gutuma twese twibaza duti: Hoba hari ikintu duha agaciro kuruta ubucuti dufitaniye na Yehova, caba icubahiro, akazi, amatungo, ugukunda umuryango, canke mbere kuba dufise umwidegemvyo?

^ ing. 18 Igisagara ca Arimateya gishobora kuba ari co Rama, ubu kikaba citwa Rentis (Rantis). Ni ho umuhanuzi Samweli yaba, ku bilometero nka 35 mu buraruko bushira uburengero bwa Yeruzalemu.​—1 Sam. 1:19, 20.