UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Kigarama 2017

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 29 Nzero gushika ku wa 25 Ruhuhuma 2018.

“Ndazi ko azozuka”

Twemezwa n’iki ko izuka rizoba?

“Ndafise icizigiro ku Mana”

Kubera iki izuka ari inyigisho ihambaye ku bakirisu?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba ibibazo ushobora kwishura uko bingana.

Ibibazo vy’abasomyi

Muri Isirayeli ya kera, abo Mesiya yokomotseko bose boba bategerezwa kuba imfura?

Ibibazo vy’abasomyi

Abakirisu bisunze Ivyanditswe boba bokoresha akanyuzi mu gutandukanya imvyaro?

Bavyeyi, fasha abana banyu babe “inkerebutsi ku bw’ubukiriro”

Abavyeyi benshi bakirisu barahagarika umutima igihe umwana wabo yipfuje gutera intambwe yo kwiyegura no kubatizwa. None bofasha gute abana babo gukura bagashikira ubukiriro?

Rwaruka, “mugume mushitsa ubukiriro bwanyu”

Ibatisimu ni intambwe ihambaye, mugabo abakiri bato ntibakwiye kuyitinya.

INKURU Y’UBUZIMA

Narahevye vyose kugira nkurikire Kristu

Felix Fajardo yari afise imyaka 16 gusa igihe yafata ingingo yo kuba umwigishwa wa Kristu. Naho haciye imyaka irenga 70, ntiyicuza kuba yarakurikiye Kristu aho yamurungitse hose.

Ironderero ry’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi wo mu 2017

Uru rutonde ruzogufasha gutora ibiganiro bitandukanye vyasohowe mu Munara w’Inderetsi mu 2017.