Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yakobo yoba yabaye sekuruza wa Mesiya kubera yaguriye Esawu uburenganzira bwo kuba imfura?

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Muri Isirayeli ya kera, abo Mesiya yokomotseko bose boba bategerezwa kuba imfura?

Twarigeze kuza turagira ico tuvuze kuri ico kintu. Vyasa n’uko ari kwo biri, twisunze Abaheburayo 12:​16. Uwo murongo uvuga ko Esawu “a[t]aha agaciro ibintu vyeranda” kandi ko [yahebeye Yakobo] uburenganzira bwiwe bw’imfura abukavye isahani imwe y’imfungurwa.” Ivyo vyasa n’ivyerekana ko igihe Yakobo yaronka “uburenganzira . . . bw’imfura,” yaciye aba umwe mu bo Mesiya yokomotseko.​—Mat. 1:2, 16; Luka 3:23, 34.

Ariko rero, dusubiye kwihweza inkuru zo muri Bibiliya twarabonye ko bitari ngombwa ko sekuruza wa Mesiya aba ari imfura. Rimbura uburorero bumwebumwe:

Mu bahungu ba Yakobo (ari we Isirayeli), imfura yari Rubeni, uwo yavyaye kuri Leya. Mu nyuma, umuhungu wa mbere yavyaye ku mugore wiwe yakunda cane Rasheli, ni Yozefu. Igihe Rubeni yigenza nabi, uburenganzira bwo kuba imfura bwaciye buhabwa Yozefu. (Ita. 29:31-35; 30:22-25; 35:22-26; 49:22-26; 1 Ngo. 5:1, 2) Ariko rero, Mesiya ntiyakomotse kuri Rubeni canke kuri Yozefu. Yakomotse kuri Yuda, umuhungu agira kane Yakobo yavyaye kuri Leya.​—Ita. 49:10.

Muri Luka 3:32 haravuga abandi bantu batanu Mesiya yakomotseko. Biboneka ko umwe wese muri bo yari imfura. Bowazi rero yavyaye Obedi, se wa Yese.​—Rusi 4:17, 20-22; 1 Ngo. 2:10-12.

Yamara rero, Dawidi mwene Yese ntiyari imfura. Yari umuhererezi mu bana umunani. Ariko rero, Mesiya yakomotse kuri Dawidi. (1 Sam. 16:10, 11; 17:12; Mat. 1:5, 6) Muri ubwo buryo nyene, naho Salomo atari imfura ya Dawidi, ni we Mesiya yakomotseko.​—2 Sam. 3:2-5.

Ivyo ntibisobanura ko kuba imfura bitari bihambaye. Umuhungu w’imfura yari afise ikibanza c’iteka kandi kenshi ni we yahagarikira umuryango se atakiriho. Ni na we yatorana imigabane ibiri.​—Ita. 43:33; Gus. 21:17; Yos. 17:1.

Ariko uburenganzira bwo kuba imfura bwarashobora guhabwa uwundi. Aburahamu yarirukanye Ishimayeli, uburenganzira bwo kuba imfura buca bwegukira Izahaki. (Ita. 21:14-21; 22:2) Kandi nk’uko twabibonye, uburenganzira bwo kuba imfura bwa Rubeni bwahawe Yozefu.

Reka dusubire turabe ibivugwa mu Baheburayo 12:16, ahavuga hati: “Ntihabe umusambanyi canke umuntu adaha agaciro ibintu vyeranda nka Esawu, umwe yaheba uburenganzira bwiwe bw’imfura abukavye isahani imwe y’imfungurwa.” None uwo murongo ushaka kuvuga iki?

Intumwa Paulo ntiyariko avuga ibijanye n’abo Mesiya akomokako. Yari ahejeje guhimiriza abakirisu ngo ‘batunganirize ibirenge vyabo inzira zigororotse.’ Gutyo, ‘ntibari guhomba bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana,’ ivyo bikaba vyari gushika baramutse bisutse mu busambanyi. (Heb. 12:12-16) Babigenjeje gutyo, bobaye nka Esawu. “[Ntiyahaye] agaciro ibintu vyeranda,” ahubwo yatwawe n’ibintu vy’umubiri.

Esawu yabayeho mu gihe ca ba sekuruza b’imiryango, kandi ashobora kuba rimwe na rimwe yararonka agateka ko gutanga ibimazi. (Ita. 8:20, 21; 12:7, 8; Yobu 1:4, 5) Mugabo kubera ko yakunda ivy’umubiri, yarahevye utwo duteka twose atuguza isahani y’isupu. Ashobora kuba yashatse kwirinda amarushwa yari yaravuzwe ko yoshikiye uruvyaro rwa Aburahamu. (Ita. 15:13) Vyongeye, mu kwabira abagore babiri b’abapagani yaragaragaje ko akunda ibintu vy’umubiri, aho guha agaciro ibintu vyeranda. Ivyo vyarababaje cane abavyeyi biwe. (Ita. 26:34, 35) Ese ukuntu yari atandukanye na Yakobo, uwihatiye kurondera umugore asenga Imana y’ukuri!​—Ita. 28:6, 7; 29:10-12, 18.

None tuvuge iki ku bijanye n’abo Yezu ari we Mesiya, yakomotseko? Rimwe na rimwe abo bantu baba ari imfura, ariko si ko vyama biri. Ivyo Abayuda bari babizi kandi baravyemera. Aho twovuga nk’igihe biyemerera ko Kristu yakomotse kuri Dawidi, umuhungu w’umuhererezi wa Yese.​—Mat. 22:42.