Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Umukirisu yoba yokoresha bwa buryo bw’akanyuzi mu gutandukanya imvyaro?

Abakirisu bubakanye barakwiye gutohoza neza ibijanye n’ikoreshwa ry’ubwo buryo be n’ico Bibiliya ibivugako. Mu nyuma, barakwiye gufata ingingo ituma bagumana ijwi ryo mu mutima ryiza imbere y’Imana.

Mu ntango, Yehova yategetse Adamu na Eva ati: “Nimurondoke, mugwire.” Ivyo yarabibwiye na Nowa be n’umuryango wiwe inyuma wa Mwuzure. (Ita. 1:28; 9:1) Bibiliya ntivuga ko abakirisu bakwiye gukurikiza iryo tegeko. Abubakanye rero, ni bo bihitiramwo gukoresha uburyo kanaka bwo kugabanya imvyaro canke bwo kuba bararindiriye kuvyara. Ni ibiki none bakwiye kurimbura?

Abakirisu barakwiye kurimbura uburyo ubwo ari bwo bwose bwo gutandukanya imvyaro bisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ku bw’ivyo, baririnda uburyo bwo gutandukanya imvyaro butuma haba ugukorora inda. Umuntu akoroye inda n’ibigirankana ntaba asoneye ubuzima nk’uko Bibiliya ibisaba. Abakirisu ntibohitamwo kuzimanganya ubuzima bw’umwana agisamwa. (Kuv. 20:13; 21:22, 23; Zab. 139:16; Yer. 1:5) None tuvuge iki ku bijanye no gukoresha akanyuzi?

Ico kibazo cararimbuwe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nyakanga 1979 (urupapuro rwa 30-31). Ico gihe bakoresha canecane utunyuzi twa pulasitike, bakaba badushira mu gitereko c’umuvyeyi kugira ntasame. Ico kiganiro cavuze ko bitari bwamenyekane neza ingene utwo tunyuzi dukora. Abahinga benshi wasanga bavuga ko twatuma imbuto z’umugabo zidahwana n’akabuto k’umugore, ivyo bigatuma adashobora gusama. Adasamye, nta buzima bwaba butanguye.

Yamara rero, vyaragaragaye ko vyashika umukenyezi agasama. Iyo nda yaca ija mu mugende akabuto k’umugore gashikiramwo canke mu gitereko. Bishitse ikaja mu gitereko, ka kanyuzi karashobora kubuza iyo nda y’agasamo gushika mu cari c’igitereko, ni ukuvuga aho umwana akurira. Kubuza iyo nda gukura ni co kimwe no kuyikorora. Ca kiganiro caciye gisozera giti: “Umukirisu yoba ariko ariyumvira gukoresha akanyuzi, arakwiye gusuzuma neza ayo makuru yisunze inyigisho yo muri Bibiliya ivuga ko ubuzima ari bweranda.”​—Zab. 36:9.

None ko ico kiganiro casohotse mu 1979, abaganga n’abahinga boba bararyohoye uburyo bwo gukoresha akanyuzi?

Hariho ubwoko bubiri bw’akanyuzi busigaye bukoreshwa cane. Kamwe gakozwe mu mujumpu, kakaba katanguye gukoreshwa cane muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1988. Mu 2001 na ho, harabonetse akandi karimwo inkabuzo. None utwo tunyuzi tubiri dukora gute?

Agakozwe mu mujumpu: Nk’uko twamaze kuvyumva, biboneka ko akanyuzi gatuma bigora ko imbuto z’umugabo zica mu gitereko kugira zije guhwana n’akabuto k’umugore. Akanyuzi gakozwe mu mujumpu koko, karabangamira imbuto z’umugabo, kuko bivugwa ko umujumpu urimwo ubumara bwica izo mbuto. * Vyongeye, bivugwa ko ako kanyuzi gahungabanya icari c’igitereko.

Akarimwo inkabuzo: Hariho ubwoko butandukanye bw’utunyuzi turimwo inkabuzo nka zirya ziri mu binini vyo gutandukanya imvyaro. Utwo tunyuzi turarekurira inkabuzo mu gitereko. Biboneka ko mwene utwo tunyuzi dutuma abagore bamwebamwe batarekura akabuto. Birumvikana ko akabuto katabonetse, umugore adashobora gusama. Uretse ivyo, bivugwa ko inkabuzo ziri muri utwo tunyuzi zituma icari c’igitereko cituna. * Vyongeye, zirazibira ubwinjiriro bw’igitereko, bigatuma imbuto z’umugabo zidashikayo. Ivyo twa tunyuzi twa pulasitike ntitubigira.

Nk’uko twabibonye, ubwo bwoko bubiri bw’utunyuzi biboneka ko buhungabanya icari c’igitereko. Ariko none tuvuge iki bishitse umugore akarekura akabuto kandi agasama? Ako gasamo koshobora kwinjira mu gitereko, mugabo ntikaronke ikibanza mu cari c’igitereko. Ivyo bituma iyo nda ikoroka. Yamara, bivugwa ko ivyo bishika gake cane, kandi rimwe na rimwe birashikira n’abakoresha ibinini mu kwirinda gusama.

Ku bw’ivyo, nta wokwemeza ko umuntu akoresheje akanyuzi gakozwe mu mujumpu canke akarimwo inkabuzo atigera asama. Ariko rero, abahinga berekana ko abakoresha mwene utwo tunyuzi bishika gake cane ko basama, kubera ubwo buryo dukora.

Abakirisu bubakanye bipfuza gukoresha akanyuzi, barakwiye kubiganira n’umuganga abizi neza kugira ngo bamenye ubwoko buboneka aho babaye be n’uturusho canke ingaruka vyogira ku mukenyezi. Ntibakwiye kureka ngo hagire uwundi muntu abafatira ingingo y’ico bokora, mbere naho yoba ari umuganga. (Rom. 14:12; Gal. 6:4, 5) Ni bo bifatira ingingo. Bakwiye gufata ingingo ihimbara Imana kandi ituma bagumana ijwi ryiza ryo mu mutima imbere yayo.​—Gereranya na 1 Timoteyo 1:18, 19; 2 Timoteyo 1:3.

^ ing. 4 Igitabu c’Urwego rw’igihugu rujejwe amagara y’abantu mu Bwongereza kivuga giti: “Utunyuzi turimwo umujumpu mwinshi turizigiwe ku bice birenga 99 kw’ijana. Ivyo bisobanura ko abagore badashika umwe kw’ijana mu bakoresha ako kanyuzi ari bo basama imbanyi mu mwaka umwe. Akanyuzi karimwo umujumpu muke usanga atari kirumara cane.”

^ ing. 5 Kubera ko utunyuzi turimwo inkabuzo dutuma icari c’igitereko cituna, rimwe na rimwe abaganga baradukoresha ku bagore bubatse be n’abatubatse bafise ingorane yo kuva amaraso menshi iyo bari mu kwezi.