Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ndafise icizigiro ku Mana”

“Ndafise icizigiro ku Mana”

“Adamu wa nyuma yacitse impwemu itanga ubuzima.”​—1 KOR. 15:45.

INDIRIMBO: 151, 147

1-3. (a) Imwe mu nyigisho zacu z’ishimikiro ni iyihe? (b) Kubera iki izuka rihambaye cane? (Raba ishusho itangura.)

WOKWISHURA gute hamwe bokubaza ngo ‘ukwizera kwawe gushingiye ku nyigisho izihe?’ Nta gukeka ko woshimika ko Yehova ari we Muremyi akaba n’Umutanzi w’ubuzima. Wokwerekana kandi ko wizera yuko Yezu Kristu yaducunguye. Wohimbarwa kandi no kuvuga ko isi nshasha iri hafi, aho abasavyi b’Imana bazokwibera ibihe bidahera. Ariko none, woba woshiramwo yuko icizigiro c’izuka kiri mu nyigisho uha agaciro cane?

2 Naho twoba twizigiye kurokoka ya makuba akomeye maze tukiberaho kw’isi ibihe bidahera, turafise imvo zumvikana zo kuvuga ko izuka ari imwe mu nyigisho z’ishimikiro. Intumwa Paulo yarerekanye igituma izuka ari ishimikiro ry’ukwizera kwacu, ati: “Nimba vy’ukuri ata zuka ry’abapfuye ririho, na Kristu rero ntiyazuwe.” Iyaba Kristu atazutse, ntiyobaye ari Umwami aganza kandi ivyo twigisha ku bijanye n’ubutegetsi bwiwe ntivyoba bifise ishingiro. (Soma 1 Abakorinto 15:12-19.) Ariko rero turazi ko Yezu yazutse. Kubera ko twemera iyo nyigisho, turatandukanye n’Abasadukayo bahakana rwose ko abapfuye bazozuka. Naho abandi bodutwenga, tuguma twumiye ku cizigiro cacu c’izuka.​—Mrk. 12:18; Ivyak. 4:2, 3; 17:32; 23:6-8.

3 Igihe Paulo yandika ibijanye n’“inyigisho y’intango yerekeye Kristu,” yarashizemwo n’‘inyigisho y’izuka ry’abapfuye.’ (Heb. 6:1, 2) N’ikindi kandi, Paulo yarerekanye ko yizera izuka. (Ivyak. 24:10, 15, 24, 25) Mugabo kuba izuka rishirwa mu nyigisho z’ishimikiro canke mu “bintu vy’intango vy’amajambo meranda y’Imana,” ntibisobanura ko ari inyigisho idahambaye. (Heb. 5:12) Uti kuki?

4. Ni ibibazo ibihe vyoshobora kuvyuka ku bijanye n’izuka?

4 Iyo abantu batanguye kwiga Bibiliya, barasoma inkuru z’abantu bazutse kera, nka Lazaro. N’ikindi kandi, baramenya ko Aburahamu, Yobu na Daniyeli bari bazi neza ko hobaye izuka muri kazoza. Ariko none wokwishura gute uwokubaza ibimenyamenya vyerekana ko umuntu ashobora kuzuka naho hoba haciye imyaka amajana yarapfuye? Vyongeye, Bibiliya yoba ivuga igihe izuka rizobera? Kumenya ivyo bintu, vyoshobora gukomeza ukwizera kwacu. Reka turabe ico Bibiliya ibivugako.

IZUKA RYABAYE HACIYE IMYAKA AMAJANA

5. Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

5 Biroroshe kwemera ko umuntu amaze igihe gito apfuye ashobora kuzuka. (Yoh. 11:11; Ivyak. 20:9, 10) Ariko none, tuvuge iki nimba uwo muntu amaze imyaka amajana apfuye? Ko haciye igihe kirekire Imana isezeranye izuka, twoba koko twokwizigira uwo muhango, naho hoba haciye igihe gito canke imyaka myinshi umuntu apfuye? Hariho izuka ryabaye haciye imyaka amajana ryarasezeranywe, kandi ivyo uravyemera. Uti ni irihe? Kandi ivyo bifitaniye isano gute n’izuka twiteze muri kazoza?

6. Ni igiki cerekana ko Zaburi ya 118 yerekeza kuri Yezu?

6 Ku bijanye n’izuka ryari ryaravuzwe kera cane, rimbura Zaburi ya 118, iyo bamwe biyumvira ko ari Dawidi yayanditse. Yatakamvye ati: “Yehova, enda nukize! . . . Hahezagirwe uwuje mw’izina rya Yehova.” Ngira bica bikwibutsa ko ayo majambo ari yo abantu bavuze igihe Yezu yinjira i Yeruzalemu ku wa 9 Nisani, gatoyi imbere yuko yicwa. (Zab. 118:25, 26; Mat. 21:7-9) Ariko none, ni gute Zaburi ya 118 yerekeza kw’izuka ryobaye haciye imyaka myinshi? Iyo zaburi ica yongerako iti: “Ibuye abubatsi bataye ni ryo ribaye umutwe w’imfuruka.”​—Zab. 118:22.

‘Abubatsi barataye’ Mesiya (Raba ingingo ya 7)

7. Abayuda banse Yezu gushika ku rugero rungana iki?

7 Abo “bubatsi,” ni ukuvuga indongozi z’Abayuda, baranse Mesiya. Ntikwari ukwanka kumukurikira gusa canke kutemera ko ari Kristu. Abayuda benshi baramurwanije gushika n’aho bamusabira kwicwa. (Luka 23:18-23) Ku bw’ivyo, baragize uruhara mu rupfu rwa Yezu.

Yezu yarazutse aba “ibuye nyamukuru rigumya imfuruka” (Raba ingingo ya 8, 9)

8. Yezu yocitse gute “ibuye nyamukuru rigumya imfuruka”?

8 Ko Yezu bamwanse bakongera bakamwica, ni gute yocitse “ibuye nyamukuru rigumya imfuruka”? Ivyo vyoshobotse gusa azutse agasubira kuba muzima. Yezu ubwiwe yaravyerekanye igihe yatanga ikigereranyo c’abarimyi barwanije abo shebuja yabatumyeko, nka kurya nyene Abisirayeli barwanije abahanuzi Imana yari yabatumyeko. Amaherezo shebuja yaciye abarungikira umwana wiwe samuragwa. Boba baramwemeye? Uwokubesha! Abo barimyi baruhutse bamwishe. Yezu yaciye asubiramwo ya majambo ari muri Zaburi 118:22. (Luka 20:9-17) Intumwa Petero yarabwiye ikintu nk’ico ‘abatware, abagabo b’inararibonye be n’abanditsi bari bakoraniye i Yeruzalemu.’ Yababwiye ivyerekeye “Yezu Kristu Umunyanazareti, uwo [bari ba]manitse mugabo Imana ikamuzura mu bapfuye.” Yaciye abatomorera ati: “Uyo ni we ‘buye mwebwe abubatsi mwafashe nk’ubusa ryabaye umutwe w’imfuruka.’”​—Ivyak. 3:15; 4:5-11; 1 Pet. 2:5-7.

9. Muri Zaburi 118:22 herekeza ku kintu gihambaye ikihe?

9 Mu vy’ukuri, Zaburi ya 118:22 yari yaravuze ibijanye n’izuka ryobaye haciye imyaka amajana. Mesiya yokwanswe akicwa mugabo yosubiye kuba muzima gutyo akaba ibuye rigumya imfuruka. Yezu amaze kuzuka yaciye aba umwe wenyene izina ryiwe “ryatanzwe mu bantu dutegerezwa gukirizwamwo.”​—Ivyak. 4:12; Ef. 1:20.

10. (a) Ni ibiki muri Zaburi 16:10 hari haravuze? (b) Twemezwa n’iki ko ayo majambo aterekeza kuri Dawidi?

10 Raba ikindi canditswe cari caravuze ibijanye n’izuka. Canditswe hagisigaye imyaka irenga igihumbi ngo ribe, ivyo bikaba bikomeza icizigiro dufise c’uko izuka rishoboka naho hoba haciye igihe kirekire. Muri Zaburi ya 16, iyivugwa ko ari iya Dawidi, dusoma duti: “Kuko utazompebera mu kuzimu. Ntuzokwemera ko intahemuka yawe ibona icobo.” (Zab. 16:​10) Dawidi ntiyariko avuga ko ubwiwe atokwigeze apfa canke ngo aje mu mva. Ijambo ry’Imana ryerekana ko Dawidi yashaje hanyuma arapfa, “aryama hamwe na ba sekuruza, ahambwa mu Gisagara ca Dawidi.” (1 Abm. 2:1, 10) None Zaburi 16:10 yerekeza kuri nde?

11. Ni ryari Petero yasiguye Zaburi 16:10?

11 Bibiliya iraduha inyishu. Haciye imyaka irenga igihumbi iyo zaburi yanditswe, intumwa Petero yarasiguriye uwo murongo abantu ibihumbi bari bagizwe n’Abayuda be n’abahindukiriye idini ryabo. Hari haciye indwi nka zingahe Yezu apfuye hanyuma akazuka. (Soma Ivyakozwe 2:29-32.) Petero yarerekanye ko Dawidi yapfuye hanyuma arahambwa kandi abariko baramwumviriza ivyo bari babizi. Petero yababwiye ko Dawidi ‘yabonye imbere y’igihe yongera aravuga ivyerekeye izuka’ rya Mesiya, kandi nta n’umwe yamuharirije.

12. Zaburi 16:10 yarangutse gute, kandi bitwemeza iki ku bijanye n’umuhango w’izuka?

12 Petero yaciye ashigikira ico ciyumviro mu gusubiramwo amajambo Dawidi yavuze muri Zaburi 110:1. (Soma Ivyakozwe 2:33-36.) Ukwo kuntu Petero yafashije iryo sinzi kuzirikana akoresheje Ivyanditswe, vyatumye bajijuka ko Yezu ari “Umukama na Kristu.” N’ikindi kandi, baratahuye ko Zaburi 16:10 yarangutse igihe Yezu yapfa hanyuma akazuka. Inyuma y’aho, intumwa Paulo yarakoresheje ico ciyumviro nyene igihe yariko abwira Abayuda bo mu gisagara ca Antiyokiya h’i Pisidiya. Abo bantu barakozwe ku mutima baca bipfuza kumenya n’ibindi. (Soma Ivyakozwe 13:32-37, 42.) Na twebwe turakorwa ku mutima n’izo nkuru zo mu Vyanditswe zerekeye izuka ryabaye haciye imyaka amajana rivuzwe.

IZUKA RIZOBA RYARI?

13. Ni ibibazo ibihe dushobora kwibaza ku bijanye n’izuka?

13 Turashobora kuremeshwa n’uko izuka rishoboka naho hoba haciye imyaka amajana rivuzwe. Yamara, umuntu yoshobora kwibaza ati: ‘Vyoba bisobanura ko ntegerezwa kumara igihe kirekire ndindiriye kugira nongere kubona abanje bapfuye? Izuka rizoba ryari?’ Yezu yabwiye intumwa ziwe ko hari ibintu batashobora gutahura. Hariho ivyerekeye “ibihe canke ibiringo Data yashize mu bubasha bwiwe bwite.” (Ivyak. 1:6, 7; Yoh. 16:12) Naho ari ukwo, ntibisigura ko tudashobora kumenya igihe izuka rizobera.

14. Izuka rya Yezu ritandukaniye he n’ayabaye imbere yiwe?

14 Kwibuka inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivy’izuka birashobora kugufasha kubitahura. Izuka rya Yezu ni ryo rihambaye kuruta ayandi yose. Iyaba atazutse, nta n’umwe muri twebwe yokwiteze gusubira kubona abiwe bapfuye. Abazutse imbere ya Yezu, nk’abazuwe na Eliya be na Elisha, ntibabandanije kubaho. Barasubiye gupfa barahambwa. Yezu we ‘yarazuwe mu bapfuye kandi ntagipfa; urupfu ntirukimuganza.’ Ubu ari mw’ijuru kandi azobaho “ibihe bitazoshira.”​—Rom. 6:9; Ivyah. 1:5, 18; Kol. 1:18; 1 Pet. 3:18.

15. Kuba Yezu ari “umushuzo” vyerekana iki?

15 Yezu ni we wa mbere yazutse akaja mw’ijuru, kandi nta nkeka ko izuka ryiwe ari ryo rihambaye kuruta ayandi yose. (Ivyak. 26:23) Ariko hariho n’abandi baronse umuhango wo kuzozuka, bakaba ibiremwa vy’impwemu mw’ijuru. Yezu yakuye amazinda intumwa ziwe z’intahemuka ko bazofadikanya na we kuganza bari mw’ijuru. (Luka 22:28-30) Ariko kugira baronke iyo mpera bobanje gupfa hanyuma nk’uko vyagenze kuri Kristu, bakazuka bafise umubiri w’impwemu. Paulo yanditse ati: “Kristu yarazuwe mu bapfuye, aba umushuzo w’abasinziriye mu rupfu.” Paulo yabandanije yerekana ko hariho abandi bozukiye kuba mw’ijuru mu kuvuga ati: “Umwe wese mu mwanya wiwe bwite: Kristu ni we mushuzo, hanyuma aba Kristu mu gihe c’ukuhaba kwiwe.”​1 Kor. 15:20, 23.

16. Ni igiki kidufasha kumenya igihe c’izuka ry’abaja mw’ijuru?

16 Ivyo Paulo yavuze, biradufasha kumenya muri rusangi igihe izuka ry’abaja mw’ijuru ryobereye. Ryobaye “mu gihe c’ukuhaba kwiwe.” Ivyabona vya Yehova bisunze Ivyanditswe, baramaze igihe kirekire berekana ko “ukuhaba” kwa Yezu kwatanguye mu 1914. Turacari muri ico kiringo kandi iherezo ry’iyi si mbi ya Shetani riregereje cane.

17, 18. Abarobanuwe bizobagendera gute mu gihe ca ya makuba akomeye?

17 Bibiliya iratanga ayandi makuru ku vyerekeye izuka ry’abaja mw’ijuru, iti: “Ntidushaka ko mutamenya ivyerekeye abasinzira mu rupfu . . . Kuko nimba twizera yuko Yezu yapfuye akongera akazuka, n’abasinziriye mu rupfu . . . na bo nyene Imana izobazanana na we . . . Twebwe abazima bazoba bakiriho gushika mu gihe c’ukuhaba kw’Umukama [ntitu]zotanga mu buryo na bumwe abasinziriye mu rupfu; kuko Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru n’akamo k’ugutegeka, . . . maze abapfiriye muri Kristu bazobanza kuzuka. Mu nyuma twebwe abazima tuzoba tukiriho, hamwe na bo, tuzojanwa mu bicu gusanganira Umukama mu kirere; gutyo tuzokwama turi kumwe n’Umukama.”​—1 Tes. 4:13-17.

18 Aba mbere bozutse “ukuhaba” kwa Kristu kumaze gutangura. Abarobanuwe bazoba bakiriho mu gihe ca ya makuba akomeye “[ba]zojanwa mu bicu.” (Mat. 24:31) Abo ‘bazojanwa ntibazosinzira mu rupfu,’ ni ukuvuga ko batazomara igihe kirekire mu rupfu. “[Bazohindurwa bose], mu kanya gato, mu kanya nk’ako kuvuna urugohe, mu gihe c’urumbete rwa nyuma.”​—1 Kor. 15:51, 52.

19. “Izuka ryiza kuruta” ryimirije ni irihe?

19 Muri iki gihe, abakirisu benshi b’abizigirwa ntibari mu barobanuwe kandi ntibazoja gufadikanya na Kristu kuganza. Ahubwo riho, barindiriye ko iyi si mbi ya Shetani ivaho ku “musi wa Yehova.” Nta n’umwe ashobora kumenya neza na neza igihe iryo herezo rizobera, mugabo ibimenyamenya vyerekana ko ryegereje cane. (1 Tes. 5:1-3) Inyuma y’aho hazoca haba irindi zuka, ry’abazoba kw’isi y’Iparadizo. Abo bazozuka, bazoba bafise icizigiro co kugirwa abatunganye no kudasubira gupfa. Iryo rizoba ari “izuka ryiza kuruta” ayabaye kera igihe “abagore ba[ronka] abapfuye babo biciye kw’izuka,” ariko mu nyuma bagasubira gupfa.​—Heb. 11:35.

20. Kubera iki twokwizigira ko izuka rizoba ku rutonde?

20 Ku bijanye n’abazukira kuba mw’ijuru, Bibiliya ivuga ko bazuka “umwe wese mu mwanya wiwe bwite.” (1 Kor. 15:23) Turashobora kwizigira ko izuka ry’abazoba kw’isi na ryo nyene rizoba ku rutonde. Ivyo bica bituma twibaza ibibazo bikurikira: Abazoba baheruka gupfa, boba ari bo bazozuka mu ntango y’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi kugira ngo ababakira bazobe babazi? Abagabo b’abizigirwa ba kera bari bazi kuyobora abantu, boba bazozurwa kare kugira bafashe gutunganya abasavyi b’Imana mw’isi nshasha? Bite ho ku batigeze bakorera Yehova? Bazozukira he kandi ryari? Ibibazo twokwibaza ni vyinshi. Ariko none, vyoba ari ngombwa ko biduhagarika umutima? Ubwo ntivyoba vyiza turindiriye tukazovyibonera? Bizoba biteye umunezero kwibonera ingene Yehova azotunganya ivyo bibazo.

21. Ufise icizigiro ikihe ku bijanye n’izuka?

21 Mu kurindira, turakwiye kuguma twizigiye Yehova, uwadukuye amazinda abicishije kuri Yezu yuko abo yibuka bazozuka. (Yoh. 5:28, 29; 11:23) Mu kwerekana ko Imana ishoboye kuzura abapfuye, Yezu yavuze ko Aburahamu, Izahaki na Yakobo “ari bazima kuri yo.” (Luka 20:37, 38) Ku bw’ivyo, turi n’imvo zumvikana zo kuvuga nka kumwe kwa Paulo duti: “Ndafise icizigiro ku Mana . . . yuko hagiye kubaho izuka.”​—Ivyak. 24:15.