Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Rwaruka, “mugume mushitsa ubukiriro bwanyu”

Rwaruka, “mugume mushitsa ubukiriro bwanyu”

“Nk’uko mwamye mugamburuka, . . . mugume mushitsa ubukiriro bwanyu mutinya kandi mujugumira.”​—FLP. 2:12.

INDIRIMBO: 133, 135

1. Kubera iki ibatisimu ari intambwe ihambaye? (Raba ishusho itangura.)

BURI mwaka, abatohoji ba Bibiliya ibihumbi barabatizwa. Benshi muri bo ni abakiri bato, ni ukuvuga imiyabaga be n’abegereje ubuyabaga. Bashobora kuba barerewe mu kuri. Woba uri muri bo? Nimba ari ukwo, uri uwo gukezwa. Kubatizwa ni ikintu abakirisu basabwa, kandi ni intambwe ihambaye ituma bazoronka ubukiriro.​—Mat. 28:19, 20; 1 Pet. 3:21.

2. Kubera iki udakwiye gutinya kwiyegurira Yehova?

2 Naho kubatizwa bituma umuntu aronka imihezagiro myinshi, biratuma kandi agira ico abazwa. Uti gute? Igihe wabatizwa, barakubajije ngo “Wisunze inkuka ya Yezu Kristu woba warigaye ivyaha vyawe utako uriyegurira Yehova kugira ngo ukore ivyo agomba?” Nawe uti: “Ego.” Ibatisimu yawe yerekana ko wiyeguye. Kwiyegura ni ugusezeranira Yehova ko uzomukunda kandi ugashira imbere ivyo agomba. Ico ni ikintu gikomeye wiyemeje. Woba none ukwiye kwicuza? Habe namba. Ntuzokwigera wicuza kubona warishize mu maboko ya Yehova. Zirikana iki kintu. Umuntu atishize mu maboko ya Yehova aba yemeye gutegekwa na Shetani. Shetani ntiyipfuza ko uronka ubukiriro. Nkako, yohimbarwa umushigikiye mu kurwanya ubusegaba bwa Yehova maze ukazobura ubuzima budahera.

3. Kwiyegurira Yehova bivamwo imihezagiro iyihe?

3 Aho gushigikira Shetani, nuzirikane imihezagiro ufise kubera ko wiyeguye maze ukabatizwa. Kubera weguriye ubuzima bwawe Yehova, urashobora kuvuga ata mazinda uti: “Yehova ari ku ruhande rwanje; sinzotinya. Umuntu yakuwe mw’ivu yongira iki?” (Zab. 118:6) Nta kandi gateka woronka koza karuta kuba ku ruhande rw’Imana no kwemerwa na yo.

IBANGA RIKWEGA

4, 5. (a) Ni gute kwiyegura ari ibanga ryega umuntu ku giti ciwe? (b) Ni ibigeragezo ibihe bidashikira abakiri bato gusa?

4 Ubucuti ugiranira na Yehova si nk’itongo umuvyeyi wawe ashobora kukuraga. Naho rero woba ukibana n’abavyeyi bawe, ni wewe wironderera ubukiriro. Kubera iki bihambaye ko wibuka ico kintu? Kubera ko utama umenya ibigeragezo bishobora kugushikira. Nk’akarorero, nimba wabatijwe utaraba umuyabaga, birashoboka ko niwagera mu buyabaga uzoshikirwa n’ibindi bintu bitoroshe. Hari umukobwa w’umuyabaga yavuze ko umwana mutoyi usanga atababazwa no guhomba ibintu bimwebimwe kubera ko ari Icabona ca Yehova. Mugabo haciye imyaka mikeya, igihe inambu y’umubiri iba imaze gukomera, aba akeneye kujijuka rwose ko kwubaha amategeko ya Yehova vyama ari ngirakamaro.

5 Ariko ntiwumve, abakiri bato si bo bonyene bahura n’ibigeragezo batari bamenyereye. N’ababatijwe bakuze barashikirwa n’ibigeragezo vyinshi batari biteze. Zoshobora kuba ari ingorane zo mu mubano, z’amagara, canke izijanye n’akazi. Mu vy’ukuri, twese abato n’abakuze, tuzoshikirwa n’ibintu bigerageza ukudahemuka kwacu.​—Yak. 1:12-14.

6. (a) Igihe wiyegurira Yehova, wamusezeraniye iki? (b) Mu Bafilipi 4:​11-​13 hatwigisha iki?

6 Kugira ushobore kuguma uri intahemuka, urama wibuka ko wasezeraniye Yehova kumukorera naho ibintu vyoba vyifashe gute. Ivyo bisobanura ko wabwiye Segaba w’ibiriho vyose ko uzobandanya kumukorera naho abagenzi bawe canke abavyeyi bawe bobiheba. (Zab. 27:10) Mu ngorane zose, Yehova arashobora kukuronsa inguvu zo kubaho wisunga ukwiyegura kwawe.​—Soma Abafilipi 4:11-13.

7. Gushitsa ubukiriro bwawe ‘utinya kandi ujugumira’ bisobanura iki?

7 Yehova yipfuza ko umubera umugenzi. Ariko kuzigama ubwo bugenzi no gushitsa ubukiriro bwawe, bisaba akigoro. Nkako, mu Bafilipi 2:12 havuga hati: “Mugume mushitsa ubukiriro bwanyu mutinya kandi mujugumira.” Ayo majambo yerekana ko ukwiye kurimbura ukuntu wozigama ubucuti ufitaniye na Yehova kandi ukaguma uri umwizigirwa kuri we naho woshikirwa n’iki. Ntukwiye kwiyizigira birenze. N’abamaze igihe kirekire ari abasavyi b’Imana vyarashitse barata umurongo. None wokora iki kugira ngo ushitse ubukiriro bwawe?

KWIGA BIBILIYA BIRAHAMBAYE

8. Kwiyigisha bisobanura iki, kandi ni kubera iki bihambaye?

8 Kugira tube abagenzi ba Yehova, dukwiye kumwumviriza no kumuyagira. Uburyo nyamukuru bwo kwumviriza Yehova, ni ukwiyigisha Bibiliya. Ivyo bisobanura kwironsa ubumenyi biciye ku gusoma no kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri ryo. Ariko rero, kwiga Bibiliya si ugupfa gufata ibintu ku mutwe nk’aho woba uriko witegurira gukora ikibazo kw’ishure. Kwiga neza ni ugufata umwanya ukazirikana kugira utahure neza ukuntu Yehova ameze. Ivyo bizogufasha kumwiyegereza, kandi na we azoca akwiyegereza.​—Yak. 4:8.

Uyaga na Yehova ku rugero rungana iki? (Raba ingingo ya 8-11)

9. Ni ibikoresho ibihe vyagufashije mu kwiyigisha kwawe?

9 Ishirahamwe rya Yehova riraturonsa ibikoresho umuyoro bidufasha kwiyigisha neza. Nk’akarorero, udukorwa tujanye no kwiga Bibiliya (mu gifaransa) turi ku rubuga rwa jw.org mu gice kivuga ngo “Imiyabaga,” turashobora kugufasha gukura ivyigwa ngirakamaro mu nkuru zo muri Bibiliya. Vyongeye, kuri urwo rubuga hari amayagwa yo kwiga yerekeye igitabu “Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?” ashobora kugufasha kurushiriza kujijuka ku vyo wemera. Ayo mayagwa arashobora kugufasha kumenya ingene wosigurira abandi ivyo wemera. Ibindi vyiyumviro vyogufasha kwiga, urashobora kubisanga mu kiganiro kivuga ngo “Urwaruka ruribaza . . . Nokora iki ngo gusoma Bibiliya bindyohere?” kiri muri Be maso! (mu gifaransa) yo muri Ndamukiza 2009. Kugira ngo ushitse ubukiriro bwawe, birahambaye ko wiga kandi ukazirikana.​—Soma Zaburi 119:105.

ISENGESHO RIRAHAMBAYE

10. Kubera iki umukirisu yabatijwe akwiye gusenga?

10 Kwiyigisha ni uburyo bwo kwumviriza Yehova, isengesho na ryo ni uburyo bwo kumuyagira. Umukirisu ntakwiye kubona ko gusenga ari uguheza umwuga canke ko ari nk’igiheko gituma aroranirwa mu vyo akora. Ahubwo riho, iyo dusenze tuba turiko turayaga n’Umuremyi wacu. Yehova yipfuza ko umuyagira. (Soma Abafilipi 4:6.) Igihe ushikiwe n’amaganya ayo ari yo yose, Bibiliya iguhimiriza iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova.” (Zab. 55:22) Hari abavukanyi amamiliyoni bashobora kugukura amazinda ko ivyo vyabafashije. Na wewe vyogufasha!

11. Kubera iki dukwiye kwama dushimira Yehova?

11 Gusenga ntibiguha gusa akaryo ko gusaba Yehova ngo agufashe. Bibiliya ivuga iti: “Mwerekane ko mushima.” (Kol. 3:15) Rimwe na rimwe turarengerwa n’ingorane ku buryo tutabona imihezagiro myinshi dufise. Ubona gute wishingiye umugambi w’uko buri musi uzoza uraraba ibintu n’imiburiburi bitatu woshimira Yehova? Nuce ubimubwira mw’isengesho. Umuyabaga yitwa Abigail yabatijwe afise imyaka 12, avuga ati: “Ndabona ko Yehova ari we dukwiye gushimira kuruta uwundi uwo ari we wese. Turakwiye kumushimira ku bintu vyose aduha.”

NIWIBONERE KO YEHOVA ARYOSHE

12, 13. Kubera iki bihambaye ko uzirikana ku vyo wiboneye bigaragaza ko Yehova aryoshe?

12 Umwami Dawidi, uwari yararokowe mu bigeragezo vyinshi, yaririmvye ati: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe; hahiriwe umuntu w’umugabo ahungira muri we.” (Zab. 34:8) Uwo murongo urerekana yuko bihambaye ko uzirikana ku bintu vyiza Yehova agukorera. Igihe uriko urasoma Bibiliya be n’ibisohokayandikiro vyacu be n’igihe witavye amakoraniro, urumva inkuru ziremesha z’ukuntu Imana yafashije abandi kuguma ari intahemuka. Mugabo uko ugenda uratera imbere mu vy’impwemu, urakenera kwibonera ingene Yehova agufasha mu buzima bwawe. Woba umaze kwibonera ko Yehova aryoshe?

13 Hariho uburyo bumwe abakirisu bose biboneye ko Yehova aryoshe. Yarabateye akamo ngo bamwiyegereze be n’Umwana wiwe. Yezu yavuze ati: “Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye.” (Yoh. 6:​44) Woba ubona ko ayo majambo akwerekeye? Uwukiri muto yoshobora kwibwira ati: ‘Yehova yakwegereye abavyeyi banje, nanje mpfa gukurira.’ Mugabo igihe wiyegurira Yehova maze ukabatizwa, waragiraniye na we ubucuti budasanzwe. Ubu arakuzi neza. Bibiliya idukura amazinda iti: “Nimba umuntu akunda Imana, uwo arazwi na yo.” (1 Kor. 8:3) Niwame nantaryo uha agaciro kandi ukenguruka ikibanza ufise mw’ishirahamwe rya Yehova.

14, 15. Kwamamaza bishobora gute gukomeza ukwizera kwawe?

14 Ubundi buryo ushobora kwibonera ko Yehova aryoshe, ni mu kwibonera ingene agushigikira igihe ubwira abandi ivyo wemera, haba igihe uri mu ndimiro canke kw’ishure. Hari ababona ko bigoye kubwira inkuru nziza abo bigana, kandi woshobora kubatahura. Ntuba uzi ingene bovyakira. Kubwira inkuru nziza umugwi w’abanyeshure birashobora kuba urugamba kuruta kubwira umwumwe ukwiwe. None ni igiki cogufasha?

15 Ubwa mbere ho, nuzirikane igituma wajijutse ku vyo wemera. Ya mayagwa yo kwiga ari kuri jw.org, yoba aboneka mu rurimi rwawe? Nimba utabizi neza, nufate umwanya wo kuyarondera. Yagenewe kugufasha kuzirikana ku vyo wemera, igituma uvyemera, be n’ingene wobisigurira abandi. Umaze kujijuka no kwitegura neza, uzovyurirwa umutima wo gushingira intahe izina rya Yehova.​—⁠Yer. 20:8, 9.

16. Ni igiki cogufasha kwikuramwo ubwoba bwo kubwira abandi ivyo wemera?

16 Ariko naho wokwitegura, woshobora gutinya kubwira abandi ivyo wemera. Mushiki wacu w’imyaka 18, akaba yabatijwe afise imyaka 13, yiyemerera ati: “Ndazi ivyo nemera, mugabo rimwe na rimwe birangora kubibwira abandi.” None aca abigenza gute? Avuga ati: “Ngerageza kumera nk’uwubatera inkuru. Abo twigana barakunda gutera inkuru z’ibintu bakora. Na jewe sinkwiye gutinya kubigira. Hari igihe rero nivugira gusa nti: ‘Umusi umwe nariko ndigisha Bibiliya umuntu, hanyuma . . . ’ Nca nduga kw’ijambo. Naho iyo nkuru ubwayo itaba yerekeza kuri Bibiliya, kenshi abandi baca bipfuza kumenya ingene nigisha Bibiliya. Rimwe na rimwe baca bambaza ibibazo. Uko ndushiriza gukoresha ubwo buryo, ni ko binyorohera. Kandi mu nyuma, nca numva ndyohewe cane!”

17. Ukuntu ubona ivyo wemera vyogufasha gute kubiyagira abandi?

17 Niwasonera abandi kandi ukabitwararika, birashoboka ko na bo nyene bazogusonera. Uwitwa Olivia w’imyaka 17 yabatijwe ari mu kugera mu buyabaga, avuga ati: “Kuva kera naratinya ko mvuze ivya Bibiliya abantu boca babona ko numira cane ku vyo nemera.” Mu nyuma yaratanguye guhindura ivyiyumviro. Aho gutwarwa n’ubwoba, yibwiye ati: “Abakiri bato benshi ntibazi namba ivyerekeye Ivyabona vya Yehova. Ni twebwe gusa babona. Uko tuvyifatamwo rero, birashobora gutuma bavyakira uku canke kuriya. Hamwe twogira isoni canke bikatugora kubabwira ivyerekeye ukwizera kwacu, canke na ho tukajugumira iyo turiko turabayagira, boshobora guca babona ko tutiyumvamwo ivyo twemera. Boshobora mbere kuvyakira nabi kubera ko tutavugana ubujijutsi. Ariko igihe tubayagira ivyo twemera ata bwoba kandi tujijutse, tukabigira nko mu kiyago gisanzwe, vyoshoboka ko bazovyakira neza.”

NUGUME USHITSA UBUKIRIRO BWAWE

18. Ukwiye gukora iki kugira ngo ushitse ubukiriro bwawe?

18 Nk’uko twabibonye, gushitsa ubukiriro bwawe ni ibanga rihambaye. Bimwebimwe mu vyo twokora ni ugusoma Ijambo ry’Imana no kurizirikanako, gusenga Yehova be no kuzirikana ku vyo yadukoreye ku giti cacu. Niwakora ivyo bintu, bizotuma urushiriza kwizigira ko Yehova ari umugenzi wawe. Ivyo bizoca bituma uyagira abandi ivyo wemera.​—Soma Zaburi 73:28.

19. Kubera iki ukwiye kugira akigoro ngo ushitse ubukiriro bwawe?

19 Yezu yavuze ati: “Nimba umuntu ashaka kunkurikira, niyiyanke atore igiti co kubabarizwako ciwe hanyuma agume ankurikira.” (Mat. 16:24) Egome, kugira ngo umuntu abe umwigishwa wa Yezu ategerezwa kwiyegurira Yehova maze akabatizwa. Ivyo biratuma aronka imihezagiro myinshi ubu, muri kazoza na ho akazoronka ubuzima budahera mw’isi nshasha y’Imana. Ni co gituma rero ukwiye kuguma ushitsa ubukiriro bwawe.