Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ndazi ko azozuka”

“Ndazi ko azozuka”

“Umugenzi wacu araruhutse, mugabo ndagiyeyo kumukangura.”​—YOH. 11:11.

INDIRIMBO: 142, 129

1. Marita yari yizigiye iki ku bijanye na musazawe? (Raba ishusho itangura.)

MARITA umugenzi somambike wa Yezu akaba n’umwigishwa wiwe yari atuntuye. Musazawe Lazaro yari yapfuye. Hoba hari icari kumwirura? Cane nyene. Yezu yamukuye amazinda ati: “Musazawe arazuka.” Naho intuntu Marita yari afise itaciye ihera, yaremeye ivyo Yezu amubwiye. Yavuze ati: “Ndazi ko azozuka mw’izuka ku musi wa nyuma.” (Yoh. 11:20-24) Yaremera adakeka ko izuka rizoba muri kazoza. Yezu yaciye akora igitangaro. Kuri uwo musi nyene yaciye azura Lazaro.

2. Kubera iki woshima kujijuka nka Marita?

2 Ntitwokwitega ko Yezu canke Se wiwe bodukorera igitangaro nk’ico muri iki gihe. Naho ari ukwo, woba warajijutse nk’uko kwa Marita ko abawe bazozuka? Ushobora kuba warabuze uwo mwari mwubakanye, umuvyeyi wawe, nyokuru canke sokuru. Canke na ho ushobora kuba utuntujwe n’ukuba warabuze umwana wawe. Wumva ukumbuye kumugumbira, kumuganiriza, no kumukinisha. Igishimishije n’uko nk’ukwo kwa Marita, ufise imvo yo kuvuga uti: ‘Ndazi ko uwo nikundira azozuka.’ Yamara rero, vyoba vyiza twese tuzirikanye igituma twemera ko ico cizigiro ari ntakekeranywa.

3, 4. Ivyo Yezu yari aherutse gukora bishobora gute kuba vyarakomeje icizigiro Marita yari afise?

3 Kubera ko Marita yaba hafi y’i Yeruzalemu, birashoboka ko atabonye ingene Yezu yazuye wa mwana w’umupfakazi hafi y’i Nayini mu ntara ya Galilaya. Ariko rero ashobora kuba yaravyumvise. Ni ko vyagenze n’igihe Yezu yazura umukobwa wa Yayiro. Abari ng’aho “bari bazi yuko yapfuye.” Ariko Yezu yaramufashe ukuboko avuga ati: “Mukobwa wanje, haguruka!” Kandi yaciye ahaguruka. (Luka 7:11-17; 8:41, 42, 49-55) Marita na mwenewabo Mariya bari bazi ko Yezu ashoboye gukiza abarwaye. Ni co gituma babona ko iyo Yezu aza kuba ahari, Lazaro atari gupfa. None ko uwo mugenzi wa Yezu yari yamaze gupfa, hari icizigiro bari bagifise? Niwibuke ko Marita yavuze ko Lazaro azozuka “ku musi wa nyuma.” Yavyemezwa n’iki? Vyongeye, kubera iki ushobora kwemera udakeka ko abawe bapfuye bazozuka?

4 Urafise imvo zumvikana zo kuvyemera. Nitwasuzuma zimwe muri zo, uraza kubona mw’Ijambo ry’Imana ibintu kumbure utahora ushoka ubona ko bifitaniye isano n’icizigiro co kuzosubira kubona abawe bapfuye.

INKURU ZIDUHA ICIZIGIRO

5. Ni igiki catuma Marita yemera adakeka ko Lazaro azozuka?

5 Urabona ko Marita atavuze ngo ‘Ndizigiye ko musazanje azozuka.’ Ahubwo yavuze ati: “Ndazi ko azozuka.” Marita yaremera adakeka ico kintu kubera ko yari yarumvise ibitangaro vyakozwe n’imbere yuko Yezu aza kw’isi. Yavyumvise akiri muto i muhira iwabo no kw’isinagogi. Ushobora guca wibuka inkuru zitatu zivugwa mu Vyanditswe.

6. Ni igitangaro ikihe Eliya yakoze, kandi cakomeje gute Marita?

6 Izuka rya mbere ryabaye igihe Imana yaha umuhanuzi Eliya ubushobozi bwo gukora ibitangaro. Igihe yari mu gisagara c’i Fenisiya citwa Zarefati, hari umupfakazi w’umukene yamugaragarije ubwakiranyi. Imana yaciye ikora igitangaro ku buryo agafu n’amavuta yari afise bidahera, gutyo we n’umwana wiwe baguma baronka ikibabeshaho. (1 Abm. 17:​8-​16) Mu nyuma, umwana wiwe yararwaye hanyuma arapfa. Eliya yarahaserutse. Yarakoze ku kiziga c’uwo mwana maze asenga ati: “Mana yanje, ndakwinginze utume ubuzima bw’uyu mwana bumugarukamwo.” Imana yarumviye Eliya ica irazura uwo mwana. Iryo ni ryo zuka rya mbere rivugwa muri Bibiliya. (Soma 1 Abami 17:17-24.) Nta gukeka ko Marita yari yarumvise iyo nkuru itangaje.

7, 8. (a) Elisha yafashije gute umugore yari atuntuye? (b) Igitangaro Elisha yakoze kitwereka iki ku bijanye na Yehova?

7 Igitangaro kigira kabiri co kuzura umuntu kivugwa mu Vyanditswe cakozwe n’umuhanuzi Elisha, uwasubiriye Eliya. Umugore w’Umwisirayeli yari azwi cane yaba i Shunemu, yaragaragarije Elisha ubwakiranyi budasanzwe. Biciye kuri uwo muhanuzi, Imana yarahezagiye uwo mugore atari afise akana be n’umugabo wiwe yari yitereye mu myaka. Bararonse umwana mugabo haciye imyaka arapfa. Iyumvire nawe intuntu uwo mugore yagize! Yarasavye uruhusha umugabo wiwe maze aragira urugendo rw’ibilometero nka 30, asanga Elisha ku Musozi Karumeli. Elisha yaciye arungika i Shunemu umusuku wiwe Gehazi ngo abitangire imbere. Gehazi ntiyashoboye kuzura uwo mwana. Mu nyuma, wa muvyeyi yari atuntuye be na Elisha barashitse.​—2 Abm. 4:8-31.

8 Elisha yarahagaze iruhande y’ico kiziga maze atangura gusenga. Wa mwana yahavuye asubira kuba muzima aca amushikiriza nyina. Emwe nyina yarishwe n’umunezero! (Soma 2 Abami 4:32-37.) Ashobora kuba yaciye yibuka isengesho Hana uwahoze ari ingumba yatuye igihe yajana Samweli kw’Itaberenakulo. Yavuze ati: ‘Yehova aramanura mu kuzimu akaba n’uwukurayo.’ (1 Sam. 2:6) Mu kuzura uwo mwana w’i Shunemu, Yehova yarerekanye ko ashoboye kuzura abapfuye.

9. Sigura isano riri hagati ya Elisha n’izuka rigira gatatu rivugwa muri Bibiliya.

9 Mugabo hari ikindi gitangaro cerekeye Elisha cabaye. Amaze imyaka irenga 50 ari umuhanuzi, ‘yarafashwe n’indwara arapfa.’ Haciye igihe kinini apfuye, akagwi kamwe karaje gutera muri ico gihugu. Hari Abisirayeli bari bagiye guhamba umuntu. Kubera ko bariko barahunga uwo mwansi, baciye baterera ico kiziga mu mva ya Elisha. Bibiliya ivuga iti: “Uwo muntu akoze ku magufa ya Elisha, aca asubira kuba muzima, arahagarara.” (2 Abm. 13:14, 20, 21) Ibaze nawe ukuntu izo nkuru zerekeye izuka zakomeje Marita! Zirerekana neza ko Imana ifise ububasha ku rupfu. None weho zikwiye kugufasha iki? Zirakwiye kukujijura ko Imana ifise ububasha butagira aho bugarukira.

IVYABAYE MU KINJANA CA MBERE

10. Petero yafashije gute mushiki wacu yari yapfuye?

10 No mu Vyanditswe vy’ikigiriki, haravugwamwo abantu bazuwe n’abasavyi b’Imana b’abizigirwa. Nk’uko twamaze kuvyumva, Yezu yarazuye umuhungu hafi y’i Nayini be n’umukobwa wa Yayiro. Intumwa Petero yarazuye umugore w’umukirisu yitwa Doruka (canke Tabita). Petero yaraje aho bari bashize ikiziga ciwe barindiriye kumuhamba. Igihe yari iruhande y’ico kiziga yarasenze. Yaciye avuga ati: “Tabita, haguruka!” Tabita yaciye azuka maze Petero ‘amushikiriza’ abakirisu bagenziwe. Ico kintu carajijuye abantu ku buryo “benshi bacika abemera Umukama.” Bari bashoboye gushingira intahe Yezu no kwemeza ko Yehova ashobora kuzura abapfuye.​—Ivyak. 9:36-42.

11. Muganga Luka yavuze iki ku bijanye na Eyutiko, kandi ivyabaye vyafashije abandi gute?

11 Hari n’abandi babonye irindi zuka. Igihe kimwe, intumwa Paulo yari mw’ikoraniro mu cumba co hejuru i Tirowa, ubu akaba ari mu buraruko bushira uburengero bwa Tirkiya. Paulo yaratanze insiguro gushika mu gicugu. Umusore yitwa Eyutiko yariko arumviriza yicaye kw’idirisha. Ariko agatiro karamutwaye aca akorokera hasi avuye kw’igorofa rya gatatu. Kumbure muganga Luka ni we yatanguye gushika aho Eyutiko ari maze abamenyesha ko atari yaravye gusa mugabo ko yari yapfuye! Paulo yaramanutse maze aragumbira ikiziga, aca avuga amajambo atangaje ati: “Ubuzima bwiwe buri muri we.” Ibaze ukuntu abari ng’aho baguye mu gahundwe! Kubera ko bari bazi ivyabaye bakaba bari biboneye igitangaro c’izuka, “baraho[jejwe] bimwe bitagira urugero.”​—Ivyak. 20:7-12.

ICIZIGIRO NTAKEKERANYWA

12, 13. Twisunze inkuru twarimbuye zerekeye izuka, ni ibibazo ibihe dukeneye gusuzuma?

12 Izo nkuru duhejeje kuvuga zirakwiye kugufasha nk’uko zafashije Marita. Zirakwiye kukwemeza ko Imana yacu ikaba n’Umutanzi w’ubuzima ishoboye kuzura abapfuye. Ariko rero, biri n’ico bivuze kubona muri ivyo bihe vyose Yehova yazuye abantu, haba hariho umusavyi wiwe w’umwizigirwa nka Eliya, Yezu, canke Petero. None twovuga iki ku bantu bapfuye mu gihe Imana itakora ibitangaro vy’izuka? Ubwo abantu b’abizigirwa bokwitega ko izozura abapfuye muri kazoza? Boba bashobora kuvuga nk’uko Marita yavuze ati: “Ndazi ko [musazanje] azozuka mw’izuka ku musi wa nyuma”? Kubera iki none yemera adakeka ico kintu, kandi na wewe ni igiki cogufasha kuvyemera udakeka?

13 Muri Bibiliya hariho imirongo myinshi yerekana ko abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bari bazi ko izuka rizoba. Reka twihweze mikeya.

14. Inkuru ya Aburahamu itwigisha iki ku bijanye n’izuka?

14 Zirikana ico Imana yasavye Aburahamu gukorera Izahaki, umwe samuragwa yari amaze igihe kirekire arindiriye. Yehova yavuze ati: “Enda tora umuhungu wawe, umuhungu wawe rudende ukunda cane, Izahaki, maze . . . umushikane bwa shikanwa riturirwa.” (Ita. 22:2) Wibaza ko iryo tegeko ryatumye Aburahamu yiyumva gute? Yehova yari yasezeranye ko amahanga yose azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwa Aburahamu. (Ita. 13:14-16; 18:18; Rom. 4:17, 18) Vyongeye, yari yavuze ko uwo muhezagiro wobonetse “biciye kuri Izahaki.” (Ita. 21:12) None ivyo vyari gushoboka gute Aburahamu yishe Izahaki? Paulo ahumekewe n’Imana yarasiguye ko Aburahamu yizera ko Imana ishoboye kuzura Izahaki. (Soma Abaheburayo 11:​17-​19.) Bibiliya ntivuga ko Aburahamu yabona ko agamburutse Izahaki yociye azurwa mu masaha makeyi, inyuma y’umusi umwe canke indwi imwe. Aburahamu ntiyari azi igihe umuhungu wiwe yozuriwe. Ariko yarizera ko Yehova yozuye Izahaki.

15. Ni icizigiro ikihe Yobu yari afise?

15 Umwe sekuruza w’imiryango Yobu, na we nyene yari yiteze izuka. Yari azi ko igiti ciciwe gishobora gusubira kunaga. Ariko umuntu si ukwo. (Yobu 14:7-12; 19:25-27) Apfuye ntashobora kwizura ngo asubire kuba muzima. (2 Sam. 12:23; Zab. 89:48) Ariko ntiwumve, ivyo ntibisobanura ko Imana idashobora kuzura umuntu. Na Yobu yarizera ko Yehova yomushingiye igihe maze akamwibuka. (Soma Yobu 14:13-15.) Yobu ntiyashobora kumenya ico gihe. Yamara rero, ntiyakekeranya ko uwamuremye yomwibutse maze akamuzura.

16. Umumarayika yaremesheje Daniyeli gute?

16 Uwundi mugabo w’umwizigirwa avugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo ni Daniyeli. Yaramaze imyaka mirongo akorera Yehova adahemuka kandi Imana yaramushigikiye. Igihe kimwe, umumarayika yabwiye uwo “muntu ahimbaye cane” ari we Daniyeli ati: “Gira amahoro. Nukomere.”​—Dan. 9:22, 23; 10:11, 18, 19.

17, 18. Daniyeli yahawe icizigiro ikihe ku bijanye na kazoza?

17 Daniyeli yari afise imyaka nka 100, akaba yari yegereje gupfa. Ashobora kuba yaribaza ico kazoza kamubikiye. Yoba none yari gusubira kubaho? Cane nyene! Mu mpera y’igitabu ca Daniyeli, Imana yamukuye amazinda iti: “Nayo wewe, niwigire ugana kw’iherezo; uzoruhuka.” (Dan. 12:​13) Uwo mutama Daniyeli yari azi ko abapfuye baruhutse be n’uko ata “mugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi mu kuzimu.” Daniyeli aho ni ho yariko araja. (Umus. 9:10) Ariko ntivyohereye aho. Yari afise icizigiro ca kazoza.

18 Uwo mumarayika yabwiye Daniyeli kandi ati: “Uzohaguruka ngo utorane umugabane wawe mu mpera y’imisi.” Nta kiringo yamuhaye. Daniyeli yategerezwa gupfa maze akaruhuka. Ariko mu kumubwira ko ‘yohagurutse ngo atorane umugabane wiwe,’ yari amubwiye mu buryo butomoye ko azozuka haciye igihe kirekire yarapfuye. Ivyo vyobaye “mu mpera y’imisi.” Muri Bibiliya nyeranda uwo murongo ugira uti: “[Uzohaguruka] uronka umugabane wawe mu misi y’imperuka.”

Nka kumwe kwa Marita, urashobora kwemera udakeka ko izuka rizoba (Raba ingingo ya 19, 20)

19, 20. (a) Ivyo tumaze kurimbura gushika ubu, bifitaniye isano gute na ya majambo Marita yabwira Yezu? (b) Mu kiganiro gikurikira tuzokwihweza iki?

19 Biragaragara ko Marita yari afise imvo zumvikana zo kwemera adakeka ko musazawe Lazaro “azozuka mw’izuka ku musi wa nyuma.” Umuhango Daniyeli yahawe be na ya majambo arimwo ukujijuka Marita yabwiye Yezu, birakwiye guhumuriza abakirisu muri iki gihe. Izuka rizobaho.

20 Inkuru z’ivyabaye muri kahise zatweretse ko izuka rishoboka: abapfuye barashobora gusubira kubaho. Mbere abagabo n’abagore bakoreye Imana bari biteze ko hazobaho izuka. Ariko none, hoba hari icemeza ko izuka rishobora kuba haciye igihe kinini cane ryarasezeranywe? Nimba bishoboka, twoba turonse iyindi mpamvu yo kwitegana umushasharo izuka nk’uko Marita yabigira. None rizoba ryari? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu cigwa gikurikira.