Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Igihe abavyeyi b’abimukira bafasha abana babo mu vy’impwemu, ni kubera iki badakwiye kwirengagiza ibijanye n’ururimi?

Birashoboka ko abana bazokwiga kw’ishure no mu kibano ururimi rw’igihugu barimwo. Vyoshobora kuba ngirakamaro umwana amenye indimi zitandukanye. Abavyeyi barakwiye kuraba nimba abana babo borushiriza gutahura ukuri no gutera imbere mu vy’impwemu bari mw’ishengero rikoresha ururimi rw’igihugu babamwo canke irikoresha ururimi rwabo kavukire. Abavyeyi bakirisu bashira imbere ineza y’abana babo aho gushira imbere iyabo.​—w17.05, rup. 9-11.

Igihe Yezu yabaza Petero ngo “Urankunda kurusha izi?” yariko yerekeza ku ki? (Yoh. 21:15)

Biboneka ko Yezu yariko yerekeza ku mafi yari ng’aho canke ku mwuga wo kuroba. Yezu amaze gupfa, Petero yaciye asubira ku mwuga wiwe wo kuroba. Abakirisu barakwiye gusuzuma urugero bashikanako mu kwiyumvamwo akazi kabo k’umubiri.​—w17.05, rup. 22-23.

Kubera iki Aburahamu yabwiye umugore wiwe ngo avuge ko ari mushikiwe? (Ita. 12:10-13)

Mu bisanzwe, Sara yari mushikiwe naho batari basangiye nyina. Iyo Sara avuga ko ari umugore wiwe, Aburahamu yari gushobora kwicwa, gutyo ntaronke uruvyaro Imana yari yaramusezeraniye.​—wp17.3, rup. 14-15.

Ni ubuhinga ubuhe Elias Hutter yakoresheje kugira afashe abipfuza kwiga igiheburayo?

Yipfuza gufasha abanyeshure kugira bashobore gutandukanya itsitso ry’amajambo y’igiheburayo akoreshwa muri Bibiliya be n’uduce tw’imbere n’inyuma yaryo. Yaciye rero yandika itsitso mu ndome zizize, uduce tw’imbere canke tw’inyuma yaryo na two mu ndome zisanzwe. Bibiliya y’isi nshasha yo mu gifaransa ifise utujambo tw’epfo n’amarabiro, na yo nyene irakoresha ubwo buhinga mu tujambo tw’epfo.​—wp17.4, rup. 11-12.

Ni ibiki vyofasha umukirisu kurimbura nimba yotunga ikirwanisho gicira umuriro kugira yivune umwansi?

Bimwebimwe ni ibi: Imana ibona ko ubuzima ari bweranda. Yezu ntiyahimirije abayoboke biwe ngo bitwaze inkota zo kwikingira. (Luka 22:36, 38) Inkota zacu dusabwa kuzicuramwo ibirimisho. Ubuzima buri n’agaciro kuruta ibintu vy’umubiri. Turasonera ijwi ryo mu mutima ry’abandi, kandi twipfuza kuba intangakarorero. (2 Kor. 4:2)​—w17.07, rup. 31-32.

Kubera iki Injili ya Matayo n’iya Luka zigana mu buryo butandukanye ivyerekeye Yezu akiri muto?

Inkuru ya Matayo ishimika kuri Yozefu. Ivuga ingene Yozefu yabanje kuvyakira igihe yamenya ko Mariya yibungenze be n’ingene Imana yamubwiye ngo ahungire mu Misiri, mu nyuma na ho ngo agaruke. Inkuru ya Luka yoyo ishimika kuri Mariya. Nk’akarorero, iravuga ingene yagiye kuramutsa Elizabeti be n’ingene yavyakiriye igihe Yezu yasigara ku rusengero akiri muto.​—w17.08, rup. 32.

Ibintu bimwebimwe vyabangamiye Bibiliya ni ibihe?

Insobanuro y’amajambo be n’imvugo vyakoreshejwe muri Bibiliya yagiye irahinduka. Amahinduka ya politike yaratumye ururimi abantu bavuga ruhinduka. Hari abarwanije ko Bibiliya ishirwa mu ndimi abantu benshi bumva.​—w17.09, rup. 19-21.

Twoba dufise umumarayika murinzi?

Eka data. Yezu yarigeze kuvuga ko abamarayika b’abigishwa biwe bama bitegereza mu maso h’Imana. (Mat. 18:10) Ntiyariko avuga ko buri mwigishwa afise umumarayika murinzi. Yariko avuga gusa ko abamarayika bitwararika cane ivyo abigishwa biwe bakora.​—wp17.5, rup. 5.

Urukundo rurengeye urundi rwose ni uruhe?

Urukundo rushingiye ku ngingo ngenderwako zigororotse ari rwo a·gaʹpe, ni rwo rurengeye urundi rwose. Naho rurimwo kugirira abandi igishika be no kubiyumvamwo, rushingiye ku ngingo ngenderwako ziri hejuru, nk’ibikorwa bizira ubwikunzi dukorera abandi.​—w17.10, rup. 7.