UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ntwarante 2018

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 30 Ndamukiza gushika ku wa 3 Ruheshi 2018.

Ibatisimu ni igisabwa ku bakirisu

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ibatisimu? Ni intambwe izihe umuntu ategerezwa gutera imbere y’uko abatizwa? Vyongeye, kubera iki dukwiye kwama twibuka ko ibatisimu ihambaye igihe twigisha umwana wacu canke umutohoji wa Bibiliya?

Bavyeyi, mwoba muriko murafasha abana gutera intambwe yo kubatizwa?

Abavyeyi bakirisu bakwiye kwiyemeza iki imbere y’uko abana babo babatizwa?

IBIBAZO VY'ABASOMYI

Ibibazo vy’abasomyi

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bakunze kwerekana intumwa Paulo afise ubuhanza canke udushatsi dukeya?

Ubwakiranyi ni kamere nziza dukeneye cane!

Kubera iki Ivyanditswe bihimiriza abakirisu kwakirana? Ni uturyo utuhe dufise two kugaragaza ubwakiranyi? Twotsinda gute intambamyi zotubuza kuba abakiranyi?

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova ntiyigeze ampemukira!

Erika Nöhrer Bright yarabaye umutsimvyi asanzwe, uwudasanzwe be n’umumisiyonari. Aratwiganira ingene Imana yamushigikiye, iramukomeza yongera iramugumya mu myaka myinshi yayikoreye adahemuka.

Gutozwa indero ni icerekana ko Imana idukunda

Twigira iki ku bantu Imana yatoje indero muri kahise? Igihe dutoza indero, twokwigana gute Yehova?

‘Niwumvirize indero ube inkerebutsi’

Ni mu buryo ubuhe Yehova atwigisha kwicungera? Vyongeye, twokwungukira gute ku gutozwa indero turonka biciye kw’ishengero?