Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bavyeyi, mwoba muriko murafasha abana gutera intambwe yo kubatizwa?

Bavyeyi, mwoba muriko murafasha abana gutera intambwe yo kubatizwa?

“None utebejwe n’iki? Haguruka, ubatizwe.”​—IVYAK. 22:16.

INDIRIMBO: 51, 135

1. Ni igiki abavyeyi bakirisu biyemeza imbere y’uko abana babo babatizwa?

“NARAMAZE amezi mbwira papa na mama ko nipfuza kubatizwa, kandi na bo nyene barakunda kumbwira ibijanye no kubatizwa. Baripfuza kumenya neza yuko ntahura ko iyo ngingo ihambaye. Ku wa 31 Kigarama 1934, narateye iyo ntambwe idasanzwe mu buzima bwanje.” Ukwo ni ko uwitwa Blossom Brandt asigura ingene vyagenze ngo abatizwe. Muri iki gihe, abavyeyi bakirisu na bo nyene baripfuza gufasha abana babo kugira bahitemwo neza. Kwigiza inyuma ibatisimu birashobora gukwega ingorane mu vy’impwemu. (Yak. 4:17) Ariko rero, imbere y’uko abana babo babatizwa, abavyeyi b’inkerebutsi bariyemeza ko abo bana biteguriye kwikorera amabanga ajanye no kuba abigishwa ba Kristu.

2. (a) Kubera iki hari abacungezi b’imizunguruko baseruye amakenga? (b) Ni ibiki tuza kurimbura muri iki kiganiro?

2 Hari abacungezi b’imizunguruko baseruye amakenga kubera ko bamaze kubona abana begereje imyaka 20 canke bayirengeje gato bavukiye mu miryango y’Ivyabona, ariko bakaba batarabatizwa. Akenshi, abo bakiri bato usanga bitaba amakoraniro kandi bakagira uruhara mu ndimiro. Usanga bavuga ko ari Ivyabona vya Yehova. Yamara, kubera imvo kanaka barigiza inyuma ivyo kwiyegurira Yehova no kubatizwa. None bashobora kuba babitumwa n’iki? Rimwe na rimwe biva ku bavyeyi babo bababwira ngo babe bararindiriye kubatizwa. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ibintu bine bituma abavyeyi bamwebamwe badafasha abana babo gutera intambwe yo kubatizwa.

UMWANA WANJE YOBA AKUZE BIHAGIJE?

3. Abavyeyi ba Blossom bashaka kwiyemeza iki?

3 Abavyeyi ba Blossom, umwe twavuga mu ngingo ya mbere, bashaka kwiyemeza ko umukobwa wabo akuze bihagije ku buryo atahura ico ibatisimu isobanura be n’igituma ihambaye. None abavyeyi bomenya gute ko umwana wabo ageze kwiyegurira Imana?

4. Itegeko rya Yezu dusanga muri Matayo 28:19, 20 rifasha gute abavyeyi igihe bigisha abana babo?

4 Soma Matayo 28:19, 20. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Bibiliya ntivuga imyaka umuntu akwiye kuba afise kugira abatizwe. Ariko rero, vyoba vyiza abavyeyi bazirikanye ico bisobanura guhindura umuntu umwigishwa. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “muhindure abantu . . . abigishwa” muri Matayo 28:19, rifise insobanuro yo kwigisha ufise intumbero yo gutuma abo bantu baba abigishwa. Umwigishwa ni umuntu yiga kandi agatahura inyigisho za Yezu maze akiyemeza kuzikurikiza. Rero, intumbero y’abavyeyi bakirisu bose ikwiye kuba iyo kwigisha abana babo kuva mu buhinja, kugira babafashe kuzoba abigishwa ba Kristu babatijwe. Ego ni ko, uruhinja ntirukwije ibisabwa vyo kubatizwa. Ariko rero, Bibiliya irerekana ko mbere n’abana bakiri bato bashobora gutahura no guha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya.

5, 6. (a) Bibiliya ivuga ko Timoteyo yabaye umwigishwa angana gute? (b) Abavyeyi batahura ibintu bashobora gute gufasha abana babo?

Timoteyo yari umwigishwa yagize ukuri ukwiwe kuva akiri muto. Intumwa Paulo yavuze ko Timoteyo yize ukuri kwo mu Vyanditswe kuva akiri uruhinja. Naho abavyeyi ba Timoteyo batari basangiye ukwizera, nyina wiwe na inakuru, bano bakaba bari Abayuda, baramufashije gutahura Ivyanditswe nk’uko Abayuda babitahura. Ivyo vyatumye agira ukwizera kutanyiganyiga. (2 Tim. 1:5; 3:14, 15) Igihe Timoteyo yariko aregereza imyaka 20 canke ayirengeje gato, yari amaze kuba umwigishwa wa Kristu ashobora guterwa uduteka tudasanzwe mw’ishengero.​—Ivyak. 16:1-3.

6 Ariko ntiwumve, abana bose ntibameze kumwe. Bose ntibagaragaza ubuhumure ku rugero rumwe. Hari abo usanga baciye ubwenge kandi bahumuye bakiri bato, maze bagaserura icipfuzo co kubatizwa. Abandi na bo boshobora kuba bakeneye gukura kandi gatoya imbere y’uko babatizwa. Ku bw’ivyo, abavyeyi batahura ibintu ntibahata abana babo ngo babatizwe. Ahubwo riho, barafasha umwumwe wese gutera imbere mu vy’impwemu bivanye n’uko ivyiwe vyifashe. Abavyeyi baranezerwa iyo umwana afashe nkama amajambo ari mu Migani 27:11. (Soma.) Yamara rero, ntibakwiye kwigera bibagira ko intumbero yabo ari iyo gufasha abana babo ngo babe abigishwa ba Kristu. Bafise ico kintu ku muzirikanyi, abavyeyi barakwiye kwibaza bati: ‘Umwana wanje yoba afise ubumenyi buhagije ku buryo yokwiyegurira Imana maze akabatizwa?’

UMWANA WANJE YOBA AFISE UBUMENYI BUKWIYE?

7. Uwipfuza kubatizwa vyoba ari ngombwa ngo abanze kugira ubumenyi bwinshi cane bwerekeye Bibiliya? Sigura.

7 Igihe abavyeyi bigisha abana babo, baba bipfuza ko baronka ubumenyi bukwiye kugira bashobore kwiyegurira Imana. Naho ari ukwo, si ngombwa ngo umuntu amenye ibintu vyose imbere y’uko yiyegurira Imana maze akabatizwa. Inyuma y’ibatisimu, abigishwa bose bakwiye kubandanya bironsa ubumenyi butagira amakosa. (Soma Abakolosayi 1:9, 10.) None umuntu akwiye kuba afise ubumenyi bungana gute?

8, 9. Ni ivyigwa ibihe dukura ku nkuru yerekeye Paulo na wa murinzi w’ibohero?

8 Inkuru yerekeye umuryango umwe wo mu kinjana ca mbere irashobora gufasha abavyeyi kuronka inyishu. (Ivyak. 16:25-33) Igihe Paulo yari ku rugendo rugira kabiri rw’ubumisiyonari nko mu 50 inyuma ya Kristu, yaragiye i Filipi. Bari ng’aho, we na mugenziwe Silasi barafashwe bagirizwa ibinyoma, baca batabwa mw’ibohero. Mw’ijoro, harabaye nyamugigima ikomeye maze imiryango y’iryo bohero iruguruka. Kubera ko umurinzi w’iryo bohero yibaza ko imbohe zatorotse, yagira yiyice mugabo Paulo aramutesha. Paulo na Silasi barashoboye kubwira inkuru nziza uwo murinzi w’ibohero n’umuryango wiwe. None bamaze gutahura ukuri bariko bariga kwerekeye Yezu baciye bakora iki? Baciye babatizwa badatebaganye. None iyo nkuru itwigisha iki?

9 Uwo murinzi w’ibohero ashobora kuba yari umusoda yakukurutse. Ntiyari amenyereye Ivyanditswe. Rero, kugira aronke umushinge w’ubumenyi bwo mu Vyanditswe, yari akeneye kwiga ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya, agatahura ico bisobanura kuba umusavyi w’Imana, kandi akiyemeza gukurikiza inyigisho za Yezu. Mu kanya gato, ubumenyi yaronse bwerekeye ukuri kw’ishimikiro kwo mu Vyanditswe be no kuba yaraguhaye agaciro vyatumye abatizwa. Nta nkeka ko yabandanije kwongereza ubwo bumenyi amaze kubatizwa. Twisunze ako karorero, wokora iki igihe umwana wawe agaragaje ko aha agaciro bimwe bivuye ku mutima inyigisho z’ishimikiro zo mu Vyanditswe, akerekana ko atahura ico bisobanura kwiyegurira Imana no kubatizwa be n’igituma bihambaye? Hari aho wobona ko yoshobora kubonana n’abakurambere b’ishengero kugira barabe ko akwije ibisabwa vyo kubatizwa. * Nk’uko bigenda ku bandi bigishwa babatijwe, azobandanya kwongereza ubumenyi afise ku bijanye n’umugambi wa Yehova mu buzima bwiwe bwose, mbere gushika ibihe bidahera.​—Rom. 11:33, 34.

UMWANA WANJE YOBA ARIKO YIGA IBIZOTUMA AHIMBARWA?

10, 11. (a) Abavyeyi bamwebamwe biyumviriye iki? (b) Ni igiki gikwiye kuraza ishinga umuvyeyi?

10 Hari abavyeyi biyumviriye ko vyoba vyiza abana babo babaye bararindira kubatizwa kugira ngo babanze bige amashure kandi baronke akazi keza. Naho ata mvo mbi boba babigiranye, ubwo vyoba bizotuma abana babo baroranirwa vy’ukuri? N’igihambaye kuruta, vyoba bihuye n’ico Ivyanditswe bivuga? Ijambo rya Yehova rituremesha gukoresha gute ubuzima bwacu?​—Soma Umusiguzi 12:1.

11 Birahambaye kwibuka ko iyi si be n’ibiyigize vyose bitandukanye n’ivyo Yehova ashima be n’ivyiyumviro vyiwe. (Yak. 4:7, 8; 1 Yoh. 2:15-17; 5:19) Igihe umwana afitaniye ubucuti na Yehova biramukingira Shetani, isi yiwe be n’ivyiyumviro vyayo biteye kubiri n’ivy’Imana. Iyo umuvyeyi ashimika ku gukurikirana ibintu vy’umubiri birashobora gutuma umwana azazanirwa kandi ivyo biramugirira nabi. Ubwo abavyeyi bakunda umwana wabo boba bokwipfuza ko iyi si ari yo imwigisha ico ari co agahimbare? Ikizwi coco, umunezero n’agahimbare nyakuri tubironka igihe gusa duhaye Yehova ikibanza ca mbere mu buzima bwacu.​—Soma Zaburi 1:2, 3.

NIYACUMURA NA HO?

12. Kubera iki hari abavyeyi bipfuza ko abana babo baba bararindiriye kubatizwa?

12 Umugore umwe mukirisu mu gusigura icatumye abuza umukobwa wiwe kubatizwa, avuga ati: “Naho biteye isoni kubivuga, imvo nyamukuru yari intunganyo yo gucibwa.” Nk’uko kw’uwo mushiki wacu, hari abavyeyi biyumviriye ko vyoba vyiza abana babo barindiriye kubatizwa gushika bakuze bakareka kwigenza nk’abana. (Ita. 8:21; Imig. 22:15) Boshobora kwibwira bati: ‘Igihe umwana wanje atarabatizwa, ntashobora gucibwa.’ Kubera iki ukwo ari ukwihenda?​—Yak. 1:22.

13. Kwigiza inyuma ivyo kubatizwa vyoba bituma umuntu atagira ico abazwa na Yehova? Sigura.

13 Birumvikana ko abavyeyi bakirisu batokwipfuza ko umwana wabo abatizwa atarakura bihagije ku buryo yokwiyegurira Imana mu buryo yemera. Ariko rero, kwoba ari ukwihenda biyumviriye ko igihe umwana wabo atarabatizwa, Yehova adashobora kugira ico amubaza. Uti kuki? Kugira ico ubazwa na Yehova ntibivana n’uko uba warabatijwe. Ahubwo riho, umwana agira ico abazwa n’Imana igihe azi ico Yehova avuga ko ari ciza canke ari kibi. (Soma Yakobo 4:17.) Ku bw’ivyo, aho guca intege umwana ngo ntabatizwe, abavyeyi b’inkerebutsi barakora uko bashoboye kwose kugira bamuhe akarorero keza. Baba bipfuza kumufasha guha agaciro ingingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru zigenga inyifato runtu kuva akiri muto cane. (Luka 6:40) Ivyo bizomukingira, kubera ko bizotuma aguma mu nzira igororotse ya Yehova.​—Yes. 35:8.

ABANDI BARASHOBORA GUFASHA

14. Abakurambere boshigikira gute utwigoro abavyeyi bagira mu gufasha abana babo kugira batere imbere maze babatizwe?

14 Kubera ko abakurambere ari abungere bo mu buryo bw’impwemu, barashobora gushigikira utwigoro tw’abavyeyi mu kuvuga neza ivyerekeye imigambi yo mu vy’impwemu. Mushiki wacu umwe yamaze imyaka irenga 70 ari umutsimvyi, aribuka ingene ikiyago yagiranye n’umuvukanyi Charles T. Russell camufashije igihe yari afise imyaka itandatu gusa. Yigana ati: “Yarafashe iminuta 15 aranganiriza ku bijanye n’imigambi yanje yo mu vy’impwemu.” Ego cane, amajambo meza be n’indemesho birashobora gufasha umuntu ubuzima bwiwe bwose. (Imig. 25:11) Abakurambere barashobora kandi kuremesha abavyeyi n’abana babo kugira uruhara mu bikorwa vyo ku Ngoro y’Ubwami, bagaha abakiri bato udukorwa duhuye n’imyaka bafise be n’ivyo bashoboye.

15. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe abagize ishengero bashobora kuremesha abakiri bato?

15 Abagize ishengero barashobora gufasha mu kwitwararika abakiri bato. Ivyo bisaba ko babona ibimenyetso vyerekana ko abo bakiri bato bariko baratera imbere mu vy’impwemu. Uwukiri muto yoba yatanze insasanuro ziteguwe neza kandi zivuye ku mutima, canke yoba yatanze ikiganiro mw’Ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu? Yoba aherutse kunanira ikigeragezo canke yoba atagisha akaryo ko gushinga intahe kw’ishure? Ntutebe kumukeza ubikuye ku mutima. Ikindi na co, ubona gute wishingiye umugambi wo kuganira n’uwukiri muto imbere y’ikoraniro canke inyuma yaryo, ukamwereka ko umwitwararika vy’ukuri? Muri ubwo buryo no mu bundi, abakiri bato barashobora kubona ko bari mu bagize “ishengero rinini.”​—Zab. 35:18.

FASHA UMWANA WAWE ATERE INTAMBWE YO KUBATIZWA

16, 17. (a) Kubatizwa bifitaniye isano gute n’icizigiro c’ukurokoka? (b) Ni umunezero uwuhe abavyeyi bakirisu bashobora kwironkera? (Raba ishusho itangura.)

16 Kurera abana “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze” ni kamwe mu duteka tudasanzwe abavyeyi bakirisu bafise. (Ef. 6:4; Zab. 127:3) Mu buryo butandukanye n’abana bo mw’ihanga rya Isirayeli ya kera, abana banyu ntibavukira mw’ihanga ryiyeguriye Yehova. N’ikindi kandi, ntibavuka bakunda Imana hamwe n’ukuri. Abavyeyi bakwiye kwihatira gufasha abana babo kuva bakivuka ngo babe abigishwa ba Kristu, no kugira babe abasavyi ba Yehova biyeguye bakabatizwa. Hari ikintu coza gihambaye kuruta ico? Nkako, kwiyegurira Imana, kubatizwa hamwe no kuyikorera udahemuka ni vyo bizotuma umuntu ashirwako ikimenyetso c’ukurokoka ya makuba akomeye yimirije.​—Mat. 24:13.

Abavyeyi bakwiye kwishingira umugambi wo gufasha abana babo kugira babe abigishwa ba Kristu (Raba ingingo ya 16, 17)

17 Igihe Blossom Brandt yipfuza kubatizwa, abavyeyi biwe batinya Imana bashaka kwiyemeza neza ko yari ageze gutera iyo ntambwe ihambaye mu buzima bwiwe. Bamaze kubona ko ageze, baramushigikiye. Buca abatizwa, se wiwe yarakoze ikintu ciza cane. Blossom yigana ati: “Yaradusavye twese ngo dupfukame, aca aratura isengesho. Yabwiye Yehova ko yari ahimbawe cane n’ingingo agakobwa kiwe kafashe yo kumwiyegurira.” Haciye imyaka irenga 60, Blossom yavuze ati: “Ico womenya coco, sinzokwigera nibagira iryo joro!” Ese namwe bavyeyi, mwokwironkera agahimbare n’umunezero biva ku kubona abana banyu bacika abasavyi ba Yehova biyeguye bakabatizwa.

^ ing. 9 Abavyeyi barashobora kurabira hamwe n’abana babo amakuru ngirakamaro ari mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2, rup. 304-310. Raba kandi ikiganiro kivuga ngo “Inyishu ku bibazo vyanyu” mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 2011, rup. 2.