Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gutozwa indero ni icerekana ko Imana idukunda

Gutozwa indero ni icerekana ko Imana idukunda

“Uwo Yehova akunda a[ra]mutoza indero.”​—HEB. 12:6.

INDIRIMBO: 123, 86

1. Muri Bibiliya ijambo indero rikoreshwa gute?

IGIHE wumvise ijambo “indero,” ni igiki gica kiza mu bwenge? Kumbure uca wiyumvira igihano, mugabo indero irajamwo n’ibindi. Muri Bibiliya, akenshi ijambo indero rikoreshwa mu buryo bwiza, rimwe na rimwe rigakoreshwa riri kumwe n’ubumenyi, ubukerebutsi, urukundo hamwe n’ubuzima. (Imig. 1:2-7; 4:11-13) Ivyo ni ko biri kubera ko Imana idutoza indero kuko idukunda kandi ikaba yipfuza ko turonka ubuzima budahera. (Heb. 12:6) Naho mu kudutoza indero yoduhana, ntiyigera ibigirana ishavu canke ngo irenze urugero. Mu vy’ukuri, ijambo “indero” ryerekeza ahanini ku nyigisho, nk’irya umuvyeyi aha umwana wiwe akunda mu kumurera.

2, 3. Ni gute indero ishobora kubamwo kwigisha no guhana? (Raba ishusho itangura.)

2 Rimbura aka karorero: Agahungu twise Jimmy kariko karakinira umupira mu nzu. Nyina akabwiye ati: “Jimmy, urazi ko udakwiye gukinira umupira mu nzu! Wohava umena ikintu.” Mugabo karirengagije ivyo nyina akabwiye kabandanya kwikinira umupira. Gaciye kamena agakono karimwo amashurwe. None nyina aza kugatoza indero gute? Ashobora kubigira mu kukigisha no mu kugahana. Mu kukigisha, yoshobora kukibutsa igituma ivyo kakoze bitari bibereye. Yipfuza kukereka igituma biranga ubukerebutsi kugamburukira abavyeyi, mu kugasigurira yuko amategeko bagashiriraho akenewe kandi ko ari ngirakamaro. Kugira ngo abikumvishe neza, yoshobora kugaha igihano kinaka. Nk’akarorero, yoshobora kwaka Jimmy uwo mupira akawubika mu kiringo kanaka. Ivyo vyoshobora gutuma gatahura ko kugambarara bivamwo inkurikizi.

3 Kubera ko turi mw’ishengero rya gikirisu, turi abo mu rugo rw’Imana. (1 Tim. 3:15) Ku bw’ivyo, turubaha uburenganzira Yehova afise bwo kudushingira ingingo ngenderwako be n’ubwo kudutoza indero abigiranye urukundo igihe tuzirenzeko. N’ikindi kandi, igihe ivyo twakoze bivuyemwo ingaruka zibabaje, indero adutoza ica itwibutsa igituma bihambaye kwumviriza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. (Gal. 6:7) Imana iratwitwararika cane kandi yipfuza kuturinda ibintu vyotuma tugira amaganya.​—1 Pet. 5:6, 7.

4. (a) Ni ukumenyereza ukuhe Yehova ahezagira? (b) Muri iki kiganiro tuza kurimbura iki?

4 Igihe dutoje indero ishingiye ku Vyanditswe umwana canke umutohoji wa Bibiliya birashobora kumufasha kuba umuyoboke wa Kristu. Ikintu nyamukuru dukoresha mu kumumenyereza ni Ijambo ry’Imana, rikaba ridufasha “gutoza indero mu bugororotsi.” Gutyo, umwana wacu canke umutohoji wa Bibiliya arafashwa gutahura no ‘kwubahiriza ibintu vyose Yezu yadutegetse.’ (2 Tim. 3:16; Mat. 28:19, 20) Yehova arahezagira mwene ukwo kumenyereza gutuma abatohoji barushiriza guhindura abantu abigishwa ba Kristu. (Soma Tito 2:11-14.) Nimuze turimbure inyishu z’ibibazo bitatu bihambaye: (1) Indero Imana idutoza igaragaza gute ko idukunda? (2) Twigira iki ku bantu Imana yatoje indero muri kahise? (3) Igihe dutoza indero, twokwigana gute Yehova n’Umwana wiwe?

IMANA ITOZA INDERO IBIGIRANYE URUKUNDO

5. Ni mu buryo butandukanye ubuhe indero Yehova adutoza igaragaza ko adukunda?

5 Yehova abitumwe n’urukundo, aradukosora, akatwigisha kandi akatumenyereza kugira tugume mu rukundo rwiwe no mu nzira ijana mu buzima budahera. (1 Yoh. 4:16) Ntiyigera adusuzugura canke ngo atume twiyumvira ko ata co tumaze. (Imig. 12:18) Ahubwo riho aradutera iteka, akatubonamwo iciza kandi akatureka ngo twihitiremwo. Ukwo kwoba ari ko ubona indero Imana idutoza, vyaba biciye kw’Ijambo ryayo, ku bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, ku bavyeyi bakirisu canke ku bakurambere b’ishengero? Mu vy’ukuri, abakurambere baragaragaza ko Yehova adukunda mu kugerageza kudufasha babigiranye ubwitonzi n’urukundo igihe ‘dutirimutse,’ kumbure tutanabizi.​—Gal. 6:1.

6. Igihe umuntu atojwe indero mu gutakaza uduteka, bigaragaza gute urukundo rw’Imana?

6 Ariko rero, rimwe na rimwe indero yoshobora kuba atari impanuro gusa. Igihe umuntu yakoze igicumuro gikomeye, yoshobora gutakaza uduteka mw’ishengero. No muri ico gihe nyene, ukwo gutozwa indero kurerekana ko Imana idukunda. Nk’akarorero, gutakaza uduteka birashobora gutuma umuntu abona ko bihambaye yuko arushiriza kwiyigisha Bibiliya, kuzirikana no gusenga. Yoshobora rero kwikomeza mu vy’impwemu. (Zab. 19:7) Mu nyuma yoshobora kwongera guterwa uduteka. Mbere n’intunganyo ijanye no gucibwa, iragaragaza urukundo rwa Yehova kubera ko ikingira ishengero utwosho tubi. (1 Kor. 5:6, 7, 11) Vyongeye, kubera ko Yehova atoza indero ku rugero rubereye, uwaciwe yoshobora gutahura uburemere bw’igicumuro ciwe maze akigaya.​—Ivyak. 3:19.

YARUNGUKIYE KU GUTOZWA INDERO NA YEHOVA

7. Shebuna yari nde kandi ni ingeso mbi iyihe yatanguye gutsimbataza?

7 Kugira ngo dutahure akamaro ko gutozwa indero, nimuze turimbure uturorero tw’abantu babiri Yehova yatoje indero: Shebuna, uwabayeho mu gihe c’Umwami Hezekiya be na Graham, umuvukanyi wo muri iki gihe cacu. Kubera ko Shebuna yari umusuku “ahagarikiye inzu,” iyishobora kuba yari iya Hezekiya, yari umuntu ahambaye. (Yes. 22:15) Ariko ikibabaje, yaragize ubwibone mu kwironderera ubuninahazwa. Mbere yariteguriye imva izimvye cane, agendera no ku “mikogote y’ubuninahazwa”!​—Yes. 22:16-18.

Kwemera gukosorwa twicishije bugufi biratuma Imana iduhezagira (Raba ingingo ya 8-10)

8. Yehova yatoje gute indero Shebuna, kandi havuyemwo iki?

8 Kubera ko Shebuna yarondeye kwininahaza, Imana ‘yaramukuye ku giti ciwe c’ubukuru’ imusubiriza Eliyakimu. (Yes. 22:19-21) Ivyo vyabaye igihe Senakeribu umwami wa Ashuri yariko arondera gutera Yeruzalemu. Gatoyi inyuma y’aho, uwo mwami yararungitse i Yeruzalemu abanyacubahiro biwe bari kumwe n’ingabo nyinshi, kugira bace intege Abayuda bongere batere ubwoba Hezekiya ngo yishikane. (2 Abm. 18:17-25) Eliyakimu yararungitswe kuvugana na bo ariko ntiyari wenyene. Yari aherekejwe n’abandi babiri umwe muri bo akaba yari Shebuna ico gihe akaba yari asigaye ari umunyamabanga. None ivyo ntivyerekana ko Shebuna atagize umujinya n’inzika mugabo ko yemeye yicishije bugufi amabanga ari munsi y’ayo yahorana? Nimba ari ukwo biri, ni ivyigwa ibihe twokwigira kuri iyo nkuru? Reka twihweze bitatu.

9-11. (a) Ni ivyigwa bihambaye ibihe dushobora gukura ku vyashikiye Shebuna? (b) Ukuntu Yehova yatoje indero Shebuna bikuremesheje gute?

9 Ica mbere, Shebuna yaratakaje ikibanza yarimwo. Ivyamushikiye bitwibutsa ko “ubwishime buza imbere yo gusenyuka, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara.” (Imig. 16:18) Nimba ufise amabanga mw’ishengero atuma kumbure umenyekana, woba uzogerageza kuguma wicishije bugufi? Woba uzokwerekana ko ububangukirwe bwose ufise canke ivyo ushobora kurangura ubikesha Yehova? (1 Kor. 4:7) Intumwa Paulo yanditse ati: “Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira; ahubwo ndamubwira kwiyumvira ku buryo agira umuzirikanyi uroranye.”​—Rom. 12:3.

10 Ica kabiri, impanuro ikomeye Yehova yahaye Shebuna ishobora kuba yerekana ko yari yizigiye yuko Shebuna azokwikubita agashi. (Imig. 3:11, 12) Ese ukuntu ari icigwa ciza ku batakaza uduteka mw’ishengero muri kino gihe! Aho gushavura no kubika inzika, boshobora kubandanya basukurira Imana uko bashoboye kwose bivanye n’uko ivyabo vyifashe, bakabona ko gutozwa indero ari ikimenyamenya c’uko Yehova abakunda. Niwibuke ko Umuvyeyi wacu aguma adufiseko icizigiro, nimba twicisha bugufi imbere yiwe. (Soma 1 Petero 5:6, 7.) Indero Imana idutoza ibigiranye urukundo yoshobora kuba uburyo ikoresha mu kutubumbabumba. Nimuze rero tube ibumba ryoroshe mu maboko yayo.

11 Ica gatatu, uburyo Yehova yatoje indero Shebuna buratanga icigwa gihambaye ku bafise ibanga ryo gutoza indero abandi, aho twovuga nk’abavyeyi n’abacungezi bakirisu. Uti icigwa ikihe? Naho indero Yehova atanga yerekana ko yanka igicumuro, irerekana kandi ko ababaye uwo mucumuzi. Nimba uri umuvyeyi canke umucungezi ukaba ubwirizwa gutoza indero, woba uzokwigana Yehova mu kwanka ikibi ariko ukaguma ubona ivyiza mu mwana wawe canke uwo musangiye ukwizera?​—Yuda 22, 23.

12-14. (a) Bamwebamwe bakira gute indero batozwa n’Imana? (b) Ijambo ry’Imana ryafashije gute umuvukanyi umwe kwikuramwo agatima yari afise, kandi vyavuyemwo iki?

12 Ikibabaje n’uko hari abatojwe indero mugabo ntibakure icigwa ku vyabashikiye, mbere bagaheba Yehova n’abasavyi biwe. (Heb. 3:12, 13) Ariko none ivyo vyoba bisigura ko badashobora gufashwa? Rimbura ivyashikiye uwitwa Graham, uwari yaraciwe mu nyuma akagarukanwa ariko akaba yahavuye ahororokerwa. Haciye imyaka yarasavye umukurambere yari umugenzi wiwe ngo amwigishe Bibiliya.

13 Uwo mukurambere yigana ati: “Graham yari afise ingorane y’ubwibone. Yaratora amahinyu abakurambere bari muri komite ncarubanza igihe yacibwa. Mu nyigisho namugirira twaciye tuza turafata umwanya wo kwihweza ivyanditswe bivuga ivy’ubwibone be n’ingaruka zabwo. Graham yaciye atangura kwisuzuma neza akoresheje Ijambo ry’Imana asanga ntahuje n’ivyo risaba! Emwe vyaragize ico bikoze kuri we! Amaze kubona ko yari yarahumishijwe n’‘ikigiga’ c’ubwibone kandi ko ingorane yiwe kari agatima ko gutorana amahinyu, yaciye atangura kugira ivyo aryohoye. Yaratanguye kwitaba amakoraniro adahorereza, kwiga Ijambo ry’Imana abigiranye umwete, no kwama asenga buri musi. N’ikindi kandi, yaratanguye guhagarikira umuryango wiwe mu vy’impwemu, ivyo bikaba vyaranezereje cane umugore wiwe n’abana biwe.”​—Luka 6:41, 42; Yak. 1:23-25.

14 Uwo mukurambere abandanya ati: “Umusi umwe, Graham yarambwiye ikintu cankoze ku mutima. Yambwiye ati: ‘Haraciye imyaka myinshi menye ukuri, kandi narakoze n’ubutsimvyi. Ariko ubu ni ho novuga ata buryarya ko nkunda Yehova.’ Hadaciye na kabiri, yaratewe agateka ko kuza aratembereza mikoro ku Ngoro y’Ubwami akaba yarabikengurutse cane. Ivyo vyanyeretse ko igihe umuntu yicishije bugufi imbere y’Imana mu kwemera gutozwa indero, imihezagiro aronka iza yisukira!”

IGIHE UTOZA INDERO, NIWIGANE IMANA NA KRISTU

15. Twokora iki nimba twipfuza gukora ku mutima abo dutoza indero?

15 Kugira tube abigisha beza, turakeneye kubanza kuba abigishwa beza. (1 Tim. 4:15, 16) Muri ubwo buryo nyene, abo Imana yashinze ibanga ryo gutoza indero abandi na bo nyene bategerezwa kubandanya bayoboka ubuyobozi Yehova atanga. Ukwo kuyoboka bicishije bugufi kuratuma bubahwa kandi bakagira umwidegemvyo wo kuvuga igihe bigisha canke bakosora abandi. Rimbura akarorero ka Yezu.

16. Ni ibiki dushobora kwigira kuri Yezu ku bijanye no kwigisha be no gutoza indero mu buryo ngirakamaro?

16 Yezu yama yumviriza Se wiwe abigiranye ukugamburuka, mbere n’igihe kubigira vyaba ari urugamba. (Mat. 26:39) Kandi inyigisho ziwe n’ubukerebutsi yari afise yavuga ko biva kuri Se wiwe. (Yoh. 5:19, 30) Ukwicisha bugufi no kugamburuka kwiwe vyarakwegera abantu b’umutima nziraburyarya kandi vyaratumye aba umwigisha w’impuhwe n’igikundiro. (Soma Matayo 11:29.) Amajambo yiwe aranga umutima mwiza yarakora ku mutima abantu bagereranywa n’irenga rijanjaguritse canke urutambi rw’itara rigira rizime. (Mat. 12:20) Mbere n’igihe ukwihangana kwiwe kwageragezwa, yagumana umutima mwiza n’urukundo. Ivyo vyaribonekeje igihe yakosora intumwa ziwe zari zagaragaje agatima k’ubwikunzi no guhahamira ubukuru.​—Mrk. 9:33-37; Luka 22:24-27.

17. Ni kamere nziza izihe zofasha abakurambere kuragira neza ubusho bw’Imana?

17 Igihe abo bose bafise ibanga ryo gutoza indero ishingiye ku Vyanditswe biganye akarorero ka Yezu, baba babaye inkerebutsi. Babigenjeje gutyo, baba berekanye ko bipfuza kubumbabumbwa n’Imana be n’Umwana wayo. Intumwa Petero yanditse ati: “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze; mutabitumwe n’ugukunda inyungu mbi, ahubwo mubishashaye; atari nko mu gukandamiza abari intoranwa y’Imana, ahubwo mu kubera uburorero ubusho.” (1 Pet. 5:2-4) Mu vy’ukuri, abacungezi banezerwa no kuyobokera Imana na Kristu, we mutwe w’ishengero, barironkera ivyiza bo ubwabo be n’abo bajejwe.​—Yes. 32:1, 2, 17, 18.

18. (a) Yehova asaba iki abavyeyi? (b) Imana ifasha gute abavyeyi kurangura amabanga bajejwe?

18 Izo ngingo ngenderwako z’ishimikiro, zirakora no mu muryango. Bibiliya ibwira ba serugo iti: “Ntimutere ishavu abana banyu, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) None ivyo bihambaye ku rugero rungana iki? Mu Migani 19:18 harerekana ko ukuntu dutoza indero umwana bishobora gutuma aronka ubuzima canke akabubura. Ego cane, Yehova aragira ico abaza abavyeyi bakirisu badatoza umwana indero ibereye! (1 Sam. 3:12-14) Ariko rero Yehova araha abavyeyi ubukerebutsi n’inkomezi bakeneye igihe bamusenze bicishije bugufi kandi bakarondera kuyoborwa n’Ijambo ryiwe be n’impwemu nyeranda.​—Soma Yakobo 1:5.

TURIGA UKUNTU TUZOBAHO IBIHE VYOSE MU MAHORO

19, 20. (a) Kwemera gutozwa indero n’Imana bivamwo ivyiza ibihe? (b) Tuzokwiga iki mu kiganiro gikurikira?

19 Ntitwodondora ivyiza vyose biva ku kwemera gutozwa indero n’Imana be no ku kwigana Yehova na Yezu igihe dutoza indero abandi. Kimwe coco, ivyo bituma imiryango be n’amashengero birangwamwo amahoro. Abantu na bo baca bumva ko bakundwa vy’ukuri be n’uko bafise agaciro kandi bakumva batekaniwe, iyo ikaba ari imponjo gusa y’ivyiza tugiye kuzokwironkera. (Zab. 72:7) Mu vy’ukuri, ntitwoba tubeshe tuvuze ko gutozwa indero na Yehova bitwigisha ukuntu tuzobana ibihe vyose mu mahoro no mu bumwe. (Soma Yesaya 11:9.) Nitwabona ugutozwa indero n’Imana muri ubwo buryo, bizotworohera kubona ko vy’ukuri ari icerekana ko Imana idukunda bimwe bidasanzwe.

20 Mu kiganiro gikurikira, tuzokwiga ibindi bijanye no gutozwa indero mu muryango no mw’ishengero. Tuzobona kandi ibijanye no kwicungera be n’ikintu kibabaje kuruta umubabaro w’akanya gato umuntu agira iyo atojwe indero.