Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubwakiranyi ni kamere nziza dukeneye cane!

Ubwakiranyi ni kamere nziza dukeneye cane!

“Mwakirane ata kwidoga.”​—1 PET. 4:9.

INDIRIMBO: 100, 87

1. Ni ibiki vyariko birashikira abakirisu bo mu kinjana ca mbere?

NKO hagati y’umwaka wa 62 n’uwa 64 inyuma ya Kristu, intumwa Petero yarandikiye “ingenzi zasabagiye i Ponto, i Galatiya, i Kapadokiya, muri Aziya n’i Bitiniya.” (1 Pet. 1:1) Ayo mashengero y’imico kama itandukanye yo muri Aziya Ntoya yari akeneye indemesho n’ubuyobozi. Abo bavukanyi bariko barashikirwa n’uruhamo kandi baratukwa. Bari bahanganye n’ibigeragezo bimeze nk’“umuriro.” N’ikindi kandi, bari babayeho mu gihe kigoye. Petero yanditse ati: “Iherezo ry’ibintu vyose riregereje.” Kukaba nkako, nta myaka cumi yari isigaye ngo iherezo riteye ubwoba ry’ivy’Abayuda rishike. None muri ivyo bihe bigoye, ni ibiki vyari gufasha abakirisu aho bari hose?​—1 Pet. 4:4, 7, 12.

2, 3. Kubera iki Petero yahimirije abavukanyi biwe kugaragaza ubwakiranyi? (Raba ishusho itangura.)

Petero yaravuze kimwe mu vyobafashije. Yabahimirije ati: “Mwakirane.” (1 Pet. 4:9) Ijambo “ubwakiranyi” rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki risobanura ngo “gukunda, canke kugirira ubuntu abantu utazi.” Ariko rero, urabona ko Petero yahimirije abavukanyi na bashiki bacu ‘kwakirana,’ ni ukuvuga kwakira abo basanzwe bazi kandi bifatanya. None kuba abakiranyi vyobafashije gute?

3 Vyotumye bunga ubumwe. Vyoba bimaze gushika umuntu akagutumira muhira? Wumvise umerewe gute? Ubwo iyo uvyibutse ntuhimbarwa n’ibihe vyiza mwamaranye? Nimba na ho umaze gutumira bamwebamwe mu bagize ishengero ryanyu, ntivyatumye murushiriza kuba abagenzi? Igihe tugaragarije ubwakiranyi abavukanyi na bashiki bacu, biraduha akaryo ko kurushiriza kumenyana. Abakirisu bo mu gihe ca Petero bari bakeneye kwunga ubumwe uko ibintu vyarushiriza kwunyuka. Ni na ko bimeze ku bakirisu muri ino “misi ya nyuma.”​—2 Tim. 3:1.

4. Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura muri iki kiganiro?

4 None ni uturyo utuhe dufise two ‘kwakirana’? Twotsinda gute intambamyi zotubuza kuba abakiranyi? Twokora iki ngo tube abashitsi beza?

UTURYO TWO KUGARAGAZA UBWAKIRANYI

5. Twogaragaza gute ubwakiranyi igihe turi ku makoraniro?

5 Ku makoraniro: Yehova n’ishirahamwe ryiwe baradutumira ku makoraniro. Twipfuza guha ikaze uwo wese yitavye amakoraniro yacu, na canecane abashasha. (Rom. 15:7) Abayitaba na bo nyene baba batumiwe na Yehova, kikaba ari co gituma twipfuza ko bumva bisanze, naho boba bameze gute canke bambaye gute. (Yak. 2:1-4) Nimba hari umushitsi yicaye wenyene, ubona gute umusavye ngo mwicarane? Yoshobora kubishima umufashije gukurikira amakoraniro, kumbure no kuzingurura Bibiliya. Ubwo ni uburyo bwiza bwo “[gukurikira] inzira y’ubwakiranyi.”​—Rom. 12:13.

6. Ni bande twoherako gutumira iwacu?

6 Kwivuna akanyota canke gusangira akajumbu: Mu bihe vya Bibiliya, akenshi ubwakiranyi bwaba burimwo gutumira umuntu kugira musangire ibifungurwa. (Ita. 18:1-8; Abac. 13:15; Luka 24:28-30) Gutumira umuntu ngo musangire ibifungurwa vyagaragaza ko wipfuza ko muba abagenzi kandi mukagiranira amahoro. Ni bande none twoherako gutumira? Ni barya twamana, ni ukuvuga abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero turimwo. None nitwashikirwa n’ingorane, si bo tuzokwikorako? Twipfuza ko bose batubera abagenzi bashika kandi tukabana amahoro. Mu 2011, Inama Nyobozi yarahinduye isaha Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi yatangurirako muri Beteli yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Aho gutangura isaha 12:45 z’umugoroba, ubu itangura isaha 12:15. Uti kubera iki? Itangazo ryavuze ko bizotuma benshi bashobora gutumira Abanyabeteli bagenzi babo canke bemera ubutumire bwabo, kubera ko iryo koraniro rizoza rirahera hakiri kare. N’ibindi biro vy’amashami vyaragize ikintu nk’ico. Iyo ntunganyo yaratumye imiryango ya Beteli irushiriza kwunga ubumwe.

7, 8. Twogaragariza gute ubwakiranyi abaserukira ishirahamwe rya Yehova?

7 Iyo twagendewe n’abashikirizansiguro bo mu yandi mashengero, abacungezi b’imizunguruko, rimwe na rimwe na ho, abaserukira ibiro vy’ishami, biratuma turonka uturyo two kugaragaza ubwakiranyi. (Soma 3 Yohani 5-8.) Uburyo bumwe bwo kubigira, ni ukubatumira ngo twivune akanyota canke dusangire akajumbu. Ubona wobigira?

8 Mushiki wacu umwe wo muri Amerika yigana ati: “Twe n’umugabo wanje twaramaze imyaka twakira iwacu abashikirizansiguro benshi n’abakenyezi babo. Igihe cose tubakiriye vyatuma duhimbarwa, ikiruta vyose tukaremeshwa mu vy’impwemu. Ntitwigeze twicuza.”

9, 10. (a) Ni bande bashobora gukenera indaro? (b) Abafise inzu zibayabaye boba na bo nyene bashobora gutanga indaro? Tanga akarorero.

9 Abashitsi bamara igihe: Mu bihe vya kera, akenshi kugaragaza ubwakiranyi harajamwo no guha indaro abashitsi bamwebamwe. (Yobu 31:32; Flm. 22) No muri kino gihe, hari igihe ivyo bikenerwa. Abacungezi b’imizunguruko akenshi barakenera indaro iyo bagendeye amashengero. Abanyeshure bitaba amashure ya gitewokarasi hamwe n’abitanga mu bwubatsi na bo nyene boshobora gukenera uburaro. Ivyago vy’ivyaduka vyoshobora gutuma imiryango imwimwe ibura aho gukika umusaya, bigatuma ikenera indaro mu kurindira ko inzu zabo zisubira kwubakwa. Ntidukwiye kwibaza ko abafise amazu meza ari bo bonyene bofasha. Hari aho boba bamaze gufasha kenshi. Woba ushobora gutanga indaro naho woba ufise inzu ibayabaye?

10 Hari umuvukanyi wo muri Koreya y’Epfo ahimbarwa iyo yibutse ko yahaye indaro abanyeshure bitavye amashure ya gitewokarasi. Avuga ati: “Nabanje gutinya kubera ko twari tukiri abageni kandi tukaba twaba mu kazu gato. Ariko guha indaro abo banyeshure vyaratumye duhimbarwa. Narirya twari tukiri abageni, twariboneye ingene abubakanye bahimbarwa iyo bakorera Yehova kandi bagakurikirana imigambi y’ivy’impwemu bari kumwe.”

11. Kubera iki abimukiye mw’ishengero ryanyu bakeneye kugaragarizwa ubwakiranyi?

11 Abimukiye mw’ishengero: Vyoshika abantu canke imiryango bakimukira mu karere iwacu. Bamwe bashobora kuba ari abitanga gufasha ahari inkenero kuruta. Abatsimvyi barashobora kurungikwa gufasha ishengero ryanyu. Ayo ni amahinduka akomeye. Abo bose baba bakeneye kumenyera akarere gashasha, ishengero rishasha, kumbure n’ururimi canke imico kama mishasha. Kubatumira ngo mwivune akanyota, musangire akajumbu canke mujane kwisamaza, bizobafasha kuronka abandi bagenzi be no kumenyera.

12. Ni akarorero akahe kerekana ko kugaragaza ubwakiranyi bidasaba ibintu bihanitse?

12 Kugaragaza ubwakiranyi ntibisaba ibintu bihanitse. (Soma Luka 10:41, 42.) Umuvukanyi umwe aribuka ikintu cabaye igihe we n’umukenyezi wiwe batangura igikorwa c’ubumisiyonari. Avuga ati: “Twari tukiri bato, ata buhanga dufise, kandi twarakumbura cane muhira. Umusi umwe ku mugoroba, umukenyezi wanje inkumbu zari zimwishe, kandi naragerageje kumufasha ariko biranka. Rero nk’isaha imwe n’igice z’ijoro, twagiye twumva umuntu adodoye. Twasanze ari umutohoji wa Bibiliya yari atuzaniye imicungwe itatu. Yari aje guha ikaze abamisiyonari bashasha. Twaramuhaye ikaze mu nzu maze tumuha amazi. Twaciye dutegura icayi be n’ishokola. Ntitwari bwamenye igiswahili, kandi na we ntiyari azi icongereza. Ariko ico kintu cabaye intango yo kugiranira ubugenzi buteye umunezero n’abavukanyi bo ng’aho.”

GUTSINDA INTAMBAMYI ZOTUBUZA KUBA ABAKIRANYI

13. Kuba umwakiranyi bivamwo ivyiza ibihe?

13 Woba umaze kugonanwa kugaragaza ubwakiranyi? Nimba vyarashitse, waragishije uturyo two kugiranira n’abandi ubugenzi buramba kandi buteye umunezero. Ubwakiranyi ni kimwe mu bituma umuntu atagira irungu. Ariko woshobora kwibaza uti: ‘Ni ibiki vyotuma umuntu agonanwa?’ Bishobora kuva ku bintu bitandukanye.

14. Twokora iki nimba bitugora kwemera ubutumire canke kugaragariza abandi ubwakiranyi?

14 Umwanya n’inguvu: Abasavyi ba Yehova usanga bafise ibikorwa vyinshi n’amabanga menshi. Hari aboshobora kubona ko batogaragaza ubwakiranyi kubera ata mwanya bafise canke kubera baba barushe. Nimba ivyawe vyifashe gutyo, hari aho woba ukeneye gusuzuma urutonde rwawe rw’ibikorwa. Woba wogira ivyo uhinduye kugira ushobore kwemera ubutumire canke kugaragariza abandi ubwakiranyi? Ivyanditswe bihimiriza abakirisu kugaragaza ubwakiranyi. (Heb. 13:2) Si bibi rero kurondera umwanya wo kugaragaza ubwakiranyi, ahubwo riho ni ikintu ciza. Ariko kugira ubishikeko, hari aho vyoba ngombwa ko uheba ibikorwa bimwebimwe bidahambaye cane.

15. Ni ibiki vyoshobora kubuza abantu bamwebamwe kugaragaza ubwakiranyi?

15 Ukuntu wiyumva: Woba umaze kwipfuza kugaragaza ubwakiranyi ariko ukabona ko utobishobora? Bamwe usanga ari abanyamasoni, bagatinya ko vyobagora kuganiriza abashitsi. Abandi na bo usanga bafise uburyo buke, bakabona ko batoshobora gutanga ivyo abandi bo mw’ishengero batanga. Ariko niwibuke ko urugo rwiza atari ururimwo ibintu bihanitse, ahubwo ko ari ururimwo urutonde n’isuku kandi rukaba rubamwo abantu b’abakiranyi.

16, 17. Ni ibiki vyotuma kwakira abashitsi bitaguhagarika umutima cane?

16 Nimba kwakira abashitsi biguhagarika umutima, si wewe wenyene. Umukurambere umwe wo mu Bwongereza yiyemerera ati: “Umuntu arashobora guhagarika umutima igihe yitegurira kwakira abashitsi. Ariko nk’uko vyama bigenda mu gikorwa cose dukorera Yehova, ivyiza n’umunezero bivamwo biraruta kure n’iyo umwitwarariko wose twogira. Kwicarana vyonyene n’abashitsi tugasangira agakawa n’ikiyago birampimbara.” Niwibuke ko vyama ari ngirakamaro kwitwararika abashitsi. (Flp. 2:4) Nta muntu adahimbarwa no kuyagira abandi ivyo yaciyemwo mu buzima. Ibiringo vyo guteramana n’abandi biraturonsa akaryo ko kubiganira ivyo twaciyemwo. Uwundi mukurambere avuga ati: “Kwakira abagenzi bo mw’ishengero biramfasha kubamenya neza, na canecane nkamenya ukuntu bize ukuri.” Igihe cose witwararitse abandi ubigiranye urukundo biratuma haba agahimbare.

17 Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yaraha indaro abanyeshure bitaba amashure atandukanye ya gitewokarasi. Avuga ati: “Nabanje guhagarika umutima kubera ko inzu nabamwo yari ibayabaye kandi ikaba yarimwo ibikoresho vyakoze nahawe n’abandi. Umugore w’umwe mu bigisha yaransubirije umutima mu nda. Yambwiye ko igihe we n’umugabo wiwe bari mu gikorwa co kugendera amashengero, bahimbarwa igihe bahawe indaro n’umuntu akunda ivy’impwemu naho atoba atunze ibintu vyinshi ariko akaba yihatira gukorera Yehova no kworosha ubuzima nk’uko na bo babigira. Vyaciye binyibutsa ivyo mawe yahora atubwira tukiri abana ati: ‘Icibo c’imboga ahari urukundo kiruta vyose.’” (Imig. 15:17) Niwareka urukundo rugatuma ugaragaza ubwakiranyi, ntuzohagarika umutima.

18, 19. Kuba abakiranyi bidufasha gute kwirinda kubona abandi nabi?

18 Ukuntu ubona abandi: Hoba hari uwo mw’ishengero yagukoreye ikintu kibabaje? Mu ntango woshobora kumubona nabi kandi ata gikozwe, ivyo vyoshobora kumara igihe. Kudahuza kamere n’umuntu vyoshobora kukubuza kumugaragariza ubwakiranyi. Canke na ho, umuntu ashobora kuba yarigeze kukubabaza, bikaba bikugora kuvyibagira.

19 Bibiliya ivuga ko kuba abakiranyi bishobora kudufasha kuryohora ubucuti dufitaniye n’abandi, mbere n’abansi bacu. (Soma Imigani 25:21, 22.) Kugaragariza umuntu ubwakiranyi birashobora gutuma dusubiza hamwe. Birashobora gutuma tubona kamere nziza z’uwo mushitsi wacu, izo Yehova yamubonyemwo igihe yamukwegera mu kuri. (Yoh. 6:44) Igihe dutumiye umuntu tubigiranye urukundo atari avyiteze, birashobora kuba intango yo kugiranira ubucuti bwiza. None ni igiki cokwemeza ko urukundo ari rwo rutuma ugaragaza ubwakiranyi? Uburyo bumwe, ni mu gukurikiza indemesho dusanga mu Bafilipi 2:3, igira iti: “Mwiyumvira mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.” Kubona ko abavukanyi canke bashiki bacu baturuta, haba mu kwizera, ukwihangana, kugira umutima rugabo, canke mu yindi kamere ya gikirisu, bizotuma turushiriza kubakunda kandi bitume bitworohera kubagaragariza ubwakiranyi.

KUBA UMUSHITSI MWIZA

Iyo twiteze abashitsi turabitegurira neza (Raba ingingo ya 20)

20. Igihe twemeye ubutumire, kubera iki dukwiye kubuha agaciro kandi twobigira gute?

20 Umwanditsi wa zaburi Dawidi yabajije ati: “Ewe Yehova, ni nde azoba umushitsi mw’ihema ryawe?” (Zab. 15:1) Yaciye avuga kamere z’ivy’impwemu Imana yiteze ku bashitsi bayo. Imwe muri zo ni ukutihindukiza mw’ijambo. Yavuze ati: “Ico yarahiye naho comugirira nabi, ntahindura.” (Zab. 15:4) Nimba twemeye ubutumire, ntidukwiye gupfa gusiba. Hari aho uwadutumiye yoba yatwiteguriye, maze utwigoro twose yagize tukaba tubaye impfagusa. (Mat. 5:37) Rimwe na rimwe, hari abareka kwitaba ubutumire kugira bitabe ubwo babona ko ari bwiza kuruta. Ubwo ivyo vyoba biranga urukundo n’urupfasoni? Dukwiye nyabuna kwemera ubwakiranyi tugaragarijwe n’umuntu abikuye ku mutima tutaravye ivyo azotuzimana. (Luka 10:7) Nimba na ho dushikiwe n’ibintu tutari twiteze bikaba ngombwa ko dusiba, vyoba biranga urukundo n’urupfasoni tubimenyesheje hakiri kare uwadutumiye.

21. Kwubahiriza imico kama y’aho tubaye vyodufasha gute kuba abashitsi beza?

21 Birahambaye kandi kwubahiriza imico kama y’aho tubaye. Mu mico kama imwimwe, baraha ikaze abashitsi batari bitezwe; mu yindi na ho, bisaba ko muba mwarabivuganye. Mu mihingo imwimwe, umushitsi bamuha ibintu vyiza kuruta baba bafise, abagize umuryango bakaronka mu nyuma; ahandi na ho, bose barasangira. Mu turere tumwetumwe, abashitsi baza bitwaje ikintu; ahandi na ho, uwatanze ubutumire arahimbarwa igihe abashitsi batabona ko babwirizwa kugira ico bazanye. Vyongeye mu mico kama imwimwe, vyitezwe ko umushitsi abanza kwanka igihe atumiwe rimwe canke kabiri; mu yindi na ho, wanse bifatwa ko udashima. Turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira dutume uwadutumiye anezerwa.

22. Kubera iki bihambaye cane ko ‘twakirana’?

22 Ubu kuruta ikindi gihe, “iherezo ry’ibintu vyose riregereje.” (1 Pet. 4:7) Twimirije gushikirwa n’amakuba atari bwigere abaho kw’isi. Uko ingorane zirushiriza kwongerekana, turakeneye gukundana cane n’abavukanyi na bashiki bacu. Ubu birahambaye cane ko twumvira impanuro Petero yahaye abakirisu ati: “Mwakirane.” Iyo kamere nziza dukeneye cane, izokwamaho.​—1 Pet. 4:9.