Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Niwumvirize indero ube inkerebutsi’

‘Niwumvirize indero ube inkerebutsi’

“Bana, . . . nimwumvirize indero, mube inkerebutsi.”​—IMIG. 8:32, 33.

INDIRIMBO: 56, 89

1. Tworonka gute ubukerebutsi kandi bwodufasha gute?

YEHOVA ni we Sôko ry’ubukerebutsi, kandi araburonsa abandi abigiranye umutima ukunze. Muri Yakobo 1:5 hagira hati: “Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe.” Ikintu kimwe gituma turonka ubukerebutsi buva ku Mana ni ukwemera ko idutoza indero. Kandi ubwo bukerebutsi buraturinda gukora ibintu bibi maze tukaguma dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova. (Imig. 2:10-12) Ivyo bica bituma ‘twigumiza mu rukundo rw’Imana, kugira turonke ubuzima budahera.’​—Yuda 21.

2. Tworushiriza gute gutahura ko Imana idutoza indero ibigiranye urukundo?

2 Ariko rero, kuba turi abanyagasembwa, ukuntu twarezwe be n’izindi mvo, birashobora gutuma bitugora kwemera gutozwa indero canke kuyibona mu buryo bwiza. Mugabo iyo twiboneye ivyiza biva ku gutozwa indero, turarushiriza gutahura ko Imana idutoza indero kubera ko idukunda. Mu Migani 3:11, 12 hagira hati: “Indero ya Yehova ntuyite mwananje, . . . kuko uwo Yehova akunda amukangira.” Egome, ntitwigere twibagira ko Yehova azi neza icotubera ciza. (Soma Abaheburayo 12:5-11.) Kubera ko Imana ituzi neza, indero idutoza yama ibereye kandi iyiduha ku rugero rubereye. Nimuze dusuzume ibijanye n’indero mu mice ine: (1) kwicungera, (2) gutozwa indero n’abavyeyi, (3) gutozwa indero mw’ishengero, (4) ikintu kibabaje cane kuruta ugutozwa indero kw’akanya gato.

KWICUNGERA BIRARANGA UBUKEREBUTSI

3. Umwana yiga gute kwicungera? Tanga akarorero.

3 Umuntu yicungera ntapfa ivyo akoze canke avuze. Kwicungera si ikintu tuvukana. Dutegerezwa kuvyiga. Tubitangire akarorero: Igihe umwana ariko ariga kunyonga ikinga, umuvyeyi aguma arifashe kugira ntatembe. Mugabo uko umwana ahera impungenge ni ko uwo muvyeyi aza aramurekura, kugira ngo yijane akanya gato. Iyo umwana amaze guhera impungenge ni ho amureka ngo yijane wenyene. Muri ubwo nyene, igihe abavyeyi baguma bamenyereza abana babo babigiranye ukwihangana “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze” baba kandi bariko barabigisha kwicungera no kuba inkerebutsi.​—Ef. 6:4.

4, 5. (a) Kubera iki kwicungera ari umuce uhambaye ugize “wa muntu mushasha”? (b) Kubera iki tudakwiye gucika intege n’igihe vyoshika ‘tukagwa mbere incuro indwi’?

4 Ukwo nyene ni ko bimeze ku bamenya Yehova bakuze. Ni ivy’ukuri ko baba bamaze kumenya kwicungera ku rugero runaka. Ariko umwigishwa mushasha ntaba araba umuntu ahumuye mu vy’impwemu. Mugabo arashobora gukomera akaba umuntu ahumuye igihe yize kwigana Kristu mu kwambara wa “muntu mushasha.” (Ef. 4:23, 24) Kwicungera biratuma umuntu akomera mu vy’impwemu. Ivyo bica bituma twiga “kwikunkumura ukutibanga Imana n’ivyipfuzo vy’isi no kubaho dufise ukurorana kw’umuzirikanyi n’ubugororotsi n’ukwihebera Imana muri iki gihe.”​—Tito 2:12.

5 Twese turacumura. (Umus. 7:20) Ariko rero dutsitaye ntibica bisigura ko tuticungera namba. Mu Migani 24:16 hagira hati: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka.” None ni igiki kizomufasha kubishikako? Si inguvu ziwe bwite, ahubwo ni impwemu y’Imana. (Soma Abafilipi 4:13.) Kimwe mu bigize icamwa c’iyo mpwemu ni ukwigumya, kukaba gufitaniye isano cane no kwicungera.

6. Dushobora gute kuba abantu biga neza Ijambo ry’Imana? (Raba ishusho itangura.)

6 Ibindi bintu bihambaye vyodufasha kwicungera ni ugusenga tubikuye ku mutima, kwiyigisha Bibiliya no kuzirikana. Bite ho nimba kwiyigisha Ijambo ry’Imana bikubera urugamba? Hari aho woba udakunda kwiga. Yamara rero, niwibuke ko Yehova ashobora kugufasha. Azogufasha “gucambirwa” Ijambo ryiwe. (1 Pet. 2:2) Ubwa mbere, nusenge Yehova agufashe guhimbarwa no kwiga Ijambo ryiwe. Nuce ukora uhuza n’amasengesho yawe, kumbure mu kuza urafata umwanya muto wiyigisha. Uko haca igihe, uzosanga kwiyigisha bisigaye bikworohera kandi bikuryohera! Nkako, uzohimbarwa no kuza urafata umwanya wo kuzirikana ku vyiyumviro vy’agaciro vya Yehova utekanye.​—1 Tim. 4:15.

7. Kwicungera bidufasha gute gushikira umugambi wo mu vy’impwemu?

7 Kwicungera biradufasha gushikira imigambi yo mu vy’impwemu. Rimbura akarorero ka serugo umwe yabona ko umwete wiwe wariko uragabanuka. Yaciye yishingira umugambi wo gukora ubutsimvyi busanzwe no gusoma ibiganiro biri mu binyamakuru vyacu bivuga ibijanye n’ingorane yiwe. Ico kintu yakoze be n’amasengesho yatura vyaramukomeje mu vy’impwemu. Vyongeye, yarakora ubutsimvyi bwo gufasha igihe vyaba bimushobokeye. None vyavuyemwo iki? Ntiyaretse ngo hagire ikimubuza kugumiza ku mutima umugambi wo gukora ubutsimvyi busanzwe kandi yahavuye awushikako.

RERA ABANA BAWE WISUNZE INDERO YEHOVA ATANGA

Abana ntibavuka bazi gutandukanya ikibi n’iciza; barakenera kumenyerezwa (Raba ingingo ya 8)

8-10. Ni ibiki vyofasha abavyeyi kurera abana babo kugira bakorere Yehova? Tanga akarorero.

8 Abavyeyi bakirisu barafise agateka kadasanzwe ko kurera abana babo mu “kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Ivyo ntivyoroshe na canecane mw’isi ya kino gihe. (2 Tim. 3:1-5) Mu vy’ukuri abana ntibavuka bazi gutandukanya ikibi n’iciza. Bavuka bafise ijwi ryo mu mutima, mugabo baba bakeneye kwigishwa canke gutozwa indero. (Rom. 2:14, 15) Igitabu kimwe c’ivya Bibiliya kivuga ko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “gutoza indero” rishobora kwerekeza kw’“ikura ry’umwana.”

9 Abana batozwa indero mu buryo buranga urukundo barumva ko bakingiwe. Baramenya ko umwidegemvyo wabo ufise aho ugarukira kandi ko ingingo bafata be n’ukuntu bigenza bigira ingaruka nziza canke mbi. Birahambaye rero ko abavyeyi bakirisu biheka kuri Yehova kugira abayobore. Ntiwibagire ko ivyiyumviro canke uburyo bwo kurera abana bigenda birahinduka bivanye n’imico kama be n’igihe. Igihe abavyeyi bumviye Imana, bararoranirwa mu kurera umwana wabo. Ntibirirwa barahwihwisha, eka kandi ntibisunga ubwenge bwabo canke ivyiyumviro vyabo.

10 Dufate akarorero ka Nowa. Igihe Yehova yamubwira kwubaka ubwato, Nowa ntiyisunze ubuhinga yari afise. Ntiyari bwigere yubaka ubwato. Yategerezwa rero kwiheka kuri Yehova kandi yakoze “kuno nyene,” ni ukuvuga nk’uko Yehova yari yamutegetse. (Ita. 6:22) None vyagenze gute? Nowa yararanguye neza ico gikorwa kandi ntibitangaje. Nowa kandi yarayoboye neza umuryango wiwe kubera ko yiheka ku bukerebutsi bw’Imana. Yarigishije neza abana biwe yongera arabaha akarorero keza, ivyo bikaba bitari vyoroshe muri ico gihe kibi c’imbere y’Umwuzure.​—Ita. 6:5.

11. Kubera iki abavyeyi bakwiye kugira akigoro mu kurera abana babo?

11 Nimba uri umuvyeyi, ushobora gute gukora “kuno nyene”? Niwumvirize Yehova. Nureke akwigishe uburyo bwo kurera umwana biciye kw’Ijambo ryiwe be n’ubuyobozi aturonsa abicishije kw’ishirahamwe ryiwe. Mu nyuma, abana bawe bazogushimira ko wabareze gutyo! Umuvukanyi umwe yanditse ati: “Ndakengurukira cane abavyeyi banje ukuntu bandeze. Nta co batagize ngo bankore ku mutima. Iterambere mfise mu vy’impwemu ahanini ni bo ndarikesha.” Ariko rero, abana bamwebamwe baraheba Yehova naho abavyeyi babo baba baragize utwigoro. Naho ari ukwo, abavyeyi bagira ukwo bashoboye kwose ngo binjize ukuri mu mutima w’umwana, baragira ijwi ryiza ryo mu mutima. Barashobora kwizigira kandi ko umwana wabo azoteba akagaruka kuri Yehova.

12, 13. (a) Abavyeyi bakirisu bokwerekana gute ko bagamburukira Imana igihe umwana wabo yaciwe? (b) Umuryango umwe wungukiye gute ku kuntu abavyeyi bagamburukiye Yehova?

12 Kimwe mu bintu bikomeye bigerageza ukugamburuka kw’abavyeyi bamwebamwe ni imigenderanire bagirana n’umwana wabo yaciwe. Rimbura akarorero k’umuvyeyi umwe yari afise umukobwa yaciwe ariko atakiba i muhira. Uwo mukenyezi avuga ati: “Narirondeza mu bisohokayandikiro ivyitwazo kugira ngo nze ndamarana umwanya na we be n’umwuzukuru wanje.” Yongerako ati: “Ariko umugabo wanje abigiranye umutima mwiza yaramfashije kubona ko umwana wacu atakiri mu maboko yacu.”

13 Haciye imyaka, uwo mukobwa yaragarukanywe. Nyina wiwe avuga ati: “Ubu hafi buri musi aranterefona canke akanyandikira! Vyongeye aratwubaha twe na se kubera ko azi yuko twagamburukiye Imana. Turafitaniye ubucuti bwiza igitangaza.” Nimba ufise umwana yaciwe, woba “wizigir[a] Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite”? (Imig. 3:5, 6) Niwibuke ko indero Yehova atanga iranga ubukerebutsi n’urukundo ntangere. Ntiwigere wibagira ko yatanze Umwana wiwe ku bwa bose, harimwo n’umwana wawe. Imana ntiyipfuza ko hagira n’umwe arandurwa. (Soma 2 Petero 3:9.) Niwizigire rero indero Yehova adutoza be n’ubuyobozi aduha. Naho vyokubabaza, nubigire kubera ko ari vyo Yehova agusaba. Ego cane, nushigikire indero Yehova atanga aho kuyirwanya.

MW’ISHENGERO

14. Twungukira gute ku nyigisho Yehova aduha biciye kuri wa “mubwiriza w’umwizigirwa”?

14 Yehova yarasezeranye kwitwararika, gukingira no kwigisha ishengero rya gikirisu. Ivyo abigira mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, yaragenye Umwana wiwe ngo yitwararike ishengero, na we aca agena wa “mubwiriza w’umwizigirwa” kugira atange ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye. (Luka 12:42) Ivyo bifungurwa turonka mu buryo butandukanye, biratwigisha mu buryo ngirakamaro, canke bikadutoza indero. Niwibaze uti: ‘Ni kangahe insiguro canke ikiganiro co mu binyamakuru vyacu bimaze gutuma ngira ivyo mpinduye mu kuntu niyumvira canke mu nyifato yanje?’ Nimba bimaze gushika, ni vyiza cane! Uriko urareka ngo Yehova akubumbabumbe canke agutoze indero ku neza yawe.​—Imig. 2:1-5.

15, 16. (a) Twokwungukira gute ku “ngabirano z’abagabo” mw’ishengero? (b) Ni gute twotuma abakurambere barushiriza guhimbarwa n’umurimo barangura?

15 Vyongeye Kristu yararonkeje ishengero “ingabirano z’abagabo,” ari bo bakurambere kugira baragire ubusho bw’Imana. (Ef. 4:8, 11-13) Twokwungukira gute kuri izo ngabirano z’agaciro? Uburyo bumwe ni mu kwigana ukwizera abakurambere bagaragaza be n’akarorero keza batanga. Ubundi buryo ni mu gukurikiza impanuro baduha zishingiye ku Vyanditswe. (Soma Abaheburayo 13:7, 17.) Niwibuke ko abakurambere badukunda kandi ko bipfuza ko tuba abantu bakomeye mu vy’impwemu. Nk’akarorero, iyo babonye ko dusiba amakoraniro canke ko umwete wacu uriko uragabanuka, nta gukeka ko baca bihutira kudufasha. Baratwumviriza maze bakaduha indemesho n’impanuro zishingiye ku Vyanditswe. Woba ubona ko iyo mfashanyo igaragaza ko Yehova adukunda?

16 Niwibuke ko abakurambere bishobora kutaborohera kutwegera ngo baduhe impanuro dukeneye. Nk’akarorero, niwihe ishusho y’ukuntu bishobora kuba vyaragoye umuhanuzi Natani kuganira na Dawidi, inyuma y’aho uwo mwami ageragereje guhisha igicumuro ciwe gikomeye. (2 Sam. 12:1-14) Nta nkeka ko n’intumwa Paulo yabwirijwe kugira umutima rugabo igihe yakosora Petero, umwe muri za ntumwa 12, kubera ko yagiriye ka mwana wa mama abavukanyi b’Abayuda nka we. (Gal. 2:11-14) None wokworohereza gute abakurambere bo mw’ishengero urimwo? Niwicishe bugufi, ube uwegereka kandi ube umuntu akenguruka. Nubone ko imfashanyo baguha igaragaza ko Imana igukunda. Ivyo bizokugirira akamaro vyongere bitume bahimbarwa cane n’umurimo barangura.

17. Mushiki wacu umwe yungukiye gute ku kuntu abakurambere bo mw’ishengero bamufashije babigiranye urukundo?

17 Mushiki wacu umwe, afatiye ku vyamushikiye muri kahise, vyaramugora gukunda Yehova. Avuga ati: “Igihe naba ncitse intege kubera ivyanshikiye be n’izindi ngorane, nari nzi ko ntegerezwa kuganira n’abakurambere. Ntibankarira canke ngo banegure, ahubwo barandemesha bakongera bakankomeza. Igihe cose inyuma y’amakoraniro, naho baba bafatiriwe gute, ntihabura n’umwe ambaza ukuntu merewe. Kubera ivyanshikiye muri kahise, vyarangora kubona ko Imana yonkunda. Ariko Yehova yarakoresheje kenshi ishengero n’abakurambere kugira anjijure ko ankunda. Ico nsaba n’uko ntokwigera ndamuhemukira.”

NI IGIKI KIBABAJE KURUTA UGUTOZWA INDERO?

18, 19. Ni igiki kibabaje kuruta ugutozwa indero? Tanga uturorero.

18 Naho gutozwa indero bishobora kubabaza, hari ikintu kibabaje mbere kuruta, na co kikaba ari ingaruka zishobora kuva ku kwanka gutozwa indero. (Heb. 12:11) Rimbura uburorero bubiri: Kayini be n’Umwami Zedekiya. Igihe Kayini yipfuza kwica Abeli, Imana yamuhanuye iti: “Ni kubera iki urunguye n’ishavu, kandi ni kubera iki mu maso hawe hiraburaniwe? Niwahindukira ugakora iciza, ntuzoshirwa hejuru? Mugabo nutahindukira ngo ukore iciza, hari igicumuro kibunze ku bwinjiriro, kandi ni wewe gihahamiye; mbega wewe uzokirusha inguvu?” (Ita. 4:6, 7) Kayini yaranse kumwumviriza. Mu nyuma yaratsinzwe n’igicumuro. Ese ingene yikwegeye ingorane n’umubabaro bitari bikenewe! (Ita. 4:11, 12) Iyo yemera gutozwa indero na Yehova ntiyari gushikirwa n’uwo mubabaro wose.

19 Umutware mubi Zedekiya, yaganje mu gihe Yeruzalemu yari mu ngorane. Umuhanuzi Yeremiya yaguma ahimiriza Zedekiya ngo ahebe ingendo yiwe mbi, mugabo uwo mwami yaranse gutozwa indero. Na we nyene yarashikiwe n’ingaruka zibabaje. (Yer. 52:8-11) Ese ukuntu Yehova yipfuza kudukingira umubabaro!​—Soma Yesaya 48:17, 18.

20. Ni ibiki bigiye gushikira abemera gutozwa indero n’Imana be n’abatavyemera?

20 Muri iyi si, abantu ntiberekwa ugutozwa indero ushizemwo no kwicungera. Mugabo abafise ako gatima kabi bagiye kwibonerako. (Imig. 1:24-31) Nimuze rero ‘twumvirize indero tube inkerebutsi.’ Mu Migani 4:13 hagira hati: “Fata indero ugumye; nturekure. Yizigame, kuko ari yo buzima bwawe.”