Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bakunze kwerekana intumwa Paulo afise ubuhanza canke udushatsi dukeya?

Tuvugishije ukuri, nta n’umwe muri iki gihe azi neza ukuntu Paulo yasa. Ibicapo n’amashusho vyiwe biboneka mu bisohokayandikiro vyacu si amafoto ashingiye ku biba vyarubuwe mu bucukuzi.

Ariko rero, hari ibintu biduha iciyumviro c’ukuntu Paulo yasa. Nk’akarorero, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wo ku wa 1 Ntwarante 1902 (mu congereza), waravuze kimwe, uti: “Ku bijanye n’ukuntu Paulo yasa: . . . Mu gitabu ‘Ivyakozwe na Paulo be na Thecla,’ . . . canditswe nko mu 150 inyuma ya Kristu, Paulo aradondorwa mu buryo bwiza cane, kandi buhuje n’inkuru mpererekanwa y’Abayuda. Adondorwa ko ari ‘mugufi, afise ubuhanza, afise amaguru y’imibango, yugaye, afise ingohe zishaka guhura; akagira n’izuru rirerire.’”

Kazinduzi imwe yo mu 1997 (The Oxford Dictionary of the Christian Church) ivuga ku bijanye n’ico gitabu ca kera iti: “Birashoboka ko ico gitabu kirimwo amakuru amwamwe yo kwizigirwa.” Igitabu Ivyakozwe na Paulo be na Thecla carubahwa cane, nk’uko vyerekanwa n’ukuba hariho ivyandikano vyaco vy’ikigiriki bishika 80, be n’ivyo mu zindi ndimi. Ku bw’ivyo, ibicapo biri mu bisohokayandikiro vyacu birahuje n’ibintu bimwebimwe vya kera vyerekana ukuntu iyo ntumwa yasa.

Yamara rero, ntiwibagire ko hariho ibindi bintu bihambaye kuruta ukuntu Paulo yasa. N’igihe Paulo yariko ararangura ubusuku bwiwe, hari abamunebagura bavuga ngo “iyo ari ng’aha ubwiwe aboneka ko ari goyigoyi, n’imvugo yiwe ikaba iyigayitse.” (2 Kor. 10:10) Ariko ntidukwiye kwibagira ko yabaye umukirisu kubera ko Yezu yamwiyeretse. Niwibuke kandi ivyo Paulo yaranguye ‘ari icombo Kristu yitoreye ngo ashingire intahe izina ryiwe ku mahanga.’ (Ivyak. 9:3-5, 15; 22:6-8) Vyongeye, rimbura ingene dushobora kwungukira ku bitabu Paulo yanditse ahumekewe na Yehova.

Paulo ntiyiratiye ivyo yakoze imbere y’uko aba umukirisu, eka kandi ntiyavuze uko yasa. (Ivyak. 26:4, 5; Flp. 3:4-6) Yiyemereye ati: “Ndi uwo hanyuma y’izindi ntumwa, kandi simbereye no kwitwa intumwa.” (1 Kor. 15:9) Mu nyuma na ho yanditse ati: “Jewe, umuntu ari hasi y’uwo hasi y’aberanda bose, narahawe ubuntu ata wari abukwiriye, kugira menyeshe amahanga inkuru nziza yerekeye ubutunzi budashobora kugerwa bwa Kristu.” (Ef. 3:8) Nta nkeka ko ubwo butumwa ari bwo buhambaye kuruta ibindi bintu vyose vyerekeye ukuntu Paulo yasa.