UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Nzero 2018

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 26 Ruhuhuma gushika ku wa 1 Ndamukiza 2018.

BARITANZE BABIKUNZE

Baritanze babikunze​—Muri Madagaskari

Nusome ivyerekeye abamamaji bitanze kugira bafashe gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami mu cibare kinini ca Madagaskari.

“Aha ububasha uwurushe”

Uko iherezo ryegereza, twokwitega ko ingorane zizokwongerekana. Icanditswe c’umwaka wa 2018 kiratwibutsa ko dukwiye kwiheka kuri Yehova kugira adukomeze.

Icibutso kiratuma twunga ubumwe

Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe Icibutso gituma twebwe abasavyi b’Imana turushiriza kwunga ubumwe? Icibutso ca nyuma kizohimbazwa ryari?

Kubera iki twoha Umwe afise vyose?

Uburyo bumwe tugaragaza ko dukunda Imana ni mu kugira ico tuyihaye. Twungukira gute ku gutera iteka Yehova dukoresheje ibintu vyacu vy’agaciro?

Ni urukundo nyabaki ruzana agahimbare nyakuri?

Urukundo ruva ku Mana rutandukaniye kuki n’uruvugwa muri 2 Timoteyo 3:2-4? Kubimenya birashobora kudufasha kuronka umunezero n’agahimbare nyakuri.

Ubudasa hagati y’abakorera Yehova n’abatamukorera

Ni ubudasa ubuhe buri hagati y’ingeso ziranga abantu bo mu misi ya nyuma na kamere abasavyi b’Imana bagaragaza?

Wari ubizi?

Rya Tegeko rya Musa ryoba ryarisungwa mu gutatura amatati yo mu buzima bwa misi yose muri Isirayeli ya kera?